Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo

Ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo

Ivyo twigira kuri Yezu

Ku bijanye n’ubuzima bwo mu rugo

Ni ukubona umubano w’ababiranye mu buryo ubuhe gutuma imiryango igira agahimbare?

Abantu babiranye baba bafitaniye ubucuti bweranda. Igihe babaza Yezu nimba vyari vyemewe kwahukana, yavuze ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye. . . . Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Matayo 19:4-6, 9) Igihe ababiranye bakurikije iyo mpanuro Yezu yatanze kandi ntibahemukiranire, abagize umuryango bose barumva batekaniwe kandi bahimbawe.

Ni kubera iki gukunda Imana bituma imiryango igira agahimbare?

Yezu yavuze ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere.” None ibwirizwa rya kabiri risumba ayandi yose ni irihe? Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe [ushizemwo n’abo mubana, ni ukuvuga umuryango wawe] nk’uko wikunda.” (Matayo 22:37-39) Rero, ikintu nyamukuru gituma umuryango ugira agahimbare ni ukugiranira n’Imana ubucuti bwiza kubera yuko kuyikunda bidusunikira gukundana.

Abanega n’abakenyezi bashobora gute gutuma umwe wese agira agahimbare?

Abanega baratuma abakenyezi babo bagira agahimbare igihe bakurikije akarorero ka Yezu. Yaritanga kubera urukundo yakunda umugore wiwe w’ikigereranyo, ni ukuvuga ishengero. (Abanyefeso 5:25) Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi.” (Matayo 20:28, Bibiliya Yera) Yezu ntiyigeze atwaza umukazo canke ngo acinyize abo yabwirizwa kwitwararika, ahubwo yarabaruhurira. (Matayo 11:28) Ku bw’ivyo rero, abanega bakwiye gukoresha ubukuru bafise babigiranye ubuntu ku buryo abagize umuryango bose bahungukira.

Abakenyezi na bo nyene barashobora kwungukira ku karorero ka Yezu. Bibiliya ivuga iti: “Umutwe wa Kristu . . . ni Imana.” Ivuga kandi yuko “umutwe w’umugore . . . [ari] umugabo.” (1 Abakorinto 11:3) Yezu ntiyabona ko arengeye kuyobokera Imana. Yarubaha cane Se wiwe. Yezu yavuze ati: “Nama nantaryo nkora ibimuhimbara.” (Yohani 8:29) Umukenyezi ayobokera ububemutwe bw’umunega wiwe abitumwe n’urukundo be n’icubahiro afitiye Imana, aragira ikintu kinini aterereye kugira ngo ubuzima bwo mu muryango wiwe bubemwo agahimbare.

Ni ibiki abavyeyi bashobora kwigira ku kuntu Yezu yabona abana?

Yezu yaramarana umwanya n’abana kandi yaritwararika ivyiyumviro vyabo n’inyiyumvo zabo. Bibiliya ivuga iti: “Yezu ahamagara za nzoya ngo zize kuri we, avuga ati: ‘Nimureke abana batoyi baze kuri jewe.’” (Luka 18:15, 16) Igihe kimwe, hari abantu banebaguye uduhungu tumwe twariko turavuga ibijanye n’ukwizera twari dufitiye Yezu. Ariko Yezu yarakeje utwo duhungu, abarira abariko baratunebagura ati: “Mbega ntimwigeze musoma ngo: ‘Mu kanwa k’inzoya n’abonka wakuyeyo ishemezo’?”​—Matayo 21:15, 16.

Ni ibiki abana bashobora kwigira kuri Yezu?

Yezu yarahaye abana akarorero keza mu bijanye no kwitwararika ibintu bijanye n’ugusenga. Igihe yari afise imyaka 12, bamusanze “mu rusengero, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yongera ababaza ibibazo.” Uti vyavuyemwo iki? “Abariko bamwumviriza bose baguma bumizwa n’ugutahura kwiwe be n’inyishu ziwe.” (Luka 2:42, 46, 47) Yamara rero, ubumenyi Yezu yari afise ntibwatumye yishira hejuru. Ahubwo riho, bwatumye yubaha abavyeyi biwe. Bibiliya ivuga iti: “Aguma abayobokera.”​—Luka 2:51.

Ushaka kumenya ibindi, raba ikigabane ca 14 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.