Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova boba bagize idini ry’abaporotisanti?

Ivyabona vya Yehova boba bagize idini ry’abaporotisanti?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ivyabona vya Yehova boba bagize idini ry’abaporotisanti?

Ivyabona vya Yehova ubwabo ntibabona ko bagize idini ry’abaporotisanti. Uti kubera iki?

Idini ry’abaporotisanti ryatanguriye i Buraya mu kinjana ca 16 mu ntumbero yo gutunganya bushasha Ekeleziya Gatolika y’i Roma. Ijambo ngo “Umuporotisanti” ryakoreshejwe ari bwo bwa mbere ryerekeza ku bayoboke ba Martin Luther muri ya Nama kaminuza yabereye i Spire mu 1529. Kuva ico gihe, iyo mvugo yahavuye muri rusangi iza irakoreshwa mu kwerekeza ku bantu bose bashigikira ingingo be n’imigambi vya kwa Gutunganya ivy’idini bushasha. Ku bw’ivyo, inyizamvugo imwe (Merriam-Webster’s Collegiate Dictionary), mu nteguro yayo ya 11, isigura ko umuporotisanti ari “umwe mu bagize iryo ari ryo ryose mu madini atari make atemera ubukuru Papa afise kw’isi yose kandi ashigikira ingingo za kwa Gutunganya ivy’idini bushasha zerekana ko ukwizera kwonyene gukiza, ko abemera bose baba ari abaherezi be n’uko Bibiliya ari ryo sôko nyamukuru ryonyene ukuri kwahishuwemwo.”

Naho Ivyabona vya Yehova batemera ubukuru Papa afise kw’isi yose kandi bakaba bashigikira n’umutima wabo wose ko Bibiliya ari co gitabu gihambaye kuruta ibindi vyose, baratandukanye n’amadini y’abaporotisanti mu buryo bwinshi bwibonekeza. Nkako, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi y’ivy’idini (The Encyclopedia of Religion) kivuga ko Ivyabona vya Yehova “bameze ukwabo.” Rimbura uburyo butatu batandukaniyemwo n’abandi.

Ubwa mbere, naho amadini y’abaporotisanti yiyamiriza imice imwimwe ijanye n’ugusenga kw’abagatolika, abagiye imbere abandi muri kwa Gutunganya ivy’idini bushasha baragumanye inyigisho zimwezimwe za Gatolika, nk’iyijanye no kwemera Ubutatu, umuriro udahera be n’uko ubugingo bw’umuntu budapfa. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova bobo bemera yuko izo nyigisho zitavuguruza gusa ivyo Bibiliya yigisha, ariko kandi ko zituma abantu babona Imana ukutari ko.​—Raba urupapuro rwa 4-7 muri iki kinyamakuru.

Ubwa kabiri, idini Ivyabona vya Yehova bahurikiyemwo si iryo gutyozanya, ahubwo ritanga inyigisho zubaka. Barafata nka nkama impanuro Bibiliya itanga, iti: “Umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose, no kuba uburyo bgo kwigisha, no kwihangana, no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza.” (2 Timoteyo 2:24, 25, Bibiliya Yera) Ivyabona vya Yehova barashira ahabona ukuvuguruzanya kuri hagati y’ivyo Bibiliya ivuga be n’ivyo amadini menshi yigisha. Ariko rero, intumbero baba bafise mu kugira ivyo, si iyo gutuma ayandi madini ahindura ivyo yigisha. Ahubwo riho, intumbero yabo ni iyo gufasha abantu b’umutima nziraburyarya kugira ngo baronke ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana be n’Ijambo ryayo Bibiliya. (Abakolosayi 1:9, 10) Igihe abantu bafise ibindi bemera babaharirije bashimitse, Ivyabona vya Yehova baririnda kuja mu bihari ataco bivamwo.​—2 Timoteyo 2:23.

Ubwa gatatu, mu buryo butandukanye n’amadini y’abaporotisanti, ayo usanga yarigabaguye mu migwi amajana n’amajana, Ivyabona vya Yehova bobo bagumye bagize ikivukano cunze ubumwe gikwiye kw’isi yose. Ku bijanye n’inyigisho zo muri Bibiliya, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu birenga 230 bakurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze ibahimiriza ‘kuvuga bahuza.’ Nta tudumbi turangwa muri bo. Ahubwo riho, ‘barunze ubumwe [bimwe vy’ukuri] mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe.’ (1 Abakorinto 1:10) Hagati yabo, barihatira “kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.”​—Abanyefeso 4:3.