Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Rwa rusansuma rwatuma Yezu avukira i Betelehemu rwari nyabaki?

Nk’uko Injili ya Luka ibivuga, igihe Sezari Ogusito yasohora itegeko ryo kugira rusansuma mu Nganji yose y’Uburoma, “abantu bose [barafashe] ingendo baja kwiyandikisha, umwe wese mu gisagara iwabo.” (Luka 2:1-3) Igisagara Yozefu se murezi wa Yezu yaturukamwo cari Betelehemu, kandi urugendo Yozefu na Mariya bafashe kugira ngo bakurikize iryo tegeko rwatumye Yezu avukira i Betelehemu. Rusansuma mwene izo zatuma ivyo gutoza amakori be n’ivyo guhamagaza abaja mu gisoda vyoroha.

Igihe Abaroma batsinda Misiri mu 30 B.G.C., ivy’ukugira rusansuma vyari bimaze imyaka myinshi bigirwa mu Misiri. Incabwenge ziyumvira yuko Abaroma baciye batangura gukoresha ubwo buryo Abanyamisiri bakoresha bwo kugira rusansuma, maze barabukoresha no mu bindi bice vy’inganji yabo.

Ikimenyamenya ca rusansuma rumwe mwene urwo kirabonekera mw’itegeko ryatanzwe na buramatari w’Umuroma yatwara Misiri mu 104 G.C. Ikopi y’iryo tegeko, iyishinguwe muri kino gihe mu bubiko bw’ibitabu bwo mu Bwongereza, ivuga iti: “Gaius Vibius Maximus, Umutegetsi wa Misiri (avuga ati): Kubera yuko igihe co kugira rusansuma rw’inzu ku nzu kigeze, birakenewe ko dutegeka abantu bose bataba mu ntara bakomokamwo bivuye ku mpamvu iyo ari yo yose, bagasubira iwabo kugira ngo bashobore kwubahiriza urutonde rusansuma yama ikurikiza, bongere barime amatongo yabo babigiranye umwete.”

Ni kubera iki Yozefu yarondeye ingene yoha Mariya icete c’ukwahukana kandi bari bareshanije gusa?

Nk’uko Injili ya Matayo ibivuga, Yozefu yamenye ko Mariya yari yibungenze igihe “yari yasabwe na Yozefu” mugabo hakaba hari imbere y’uko babirana. Kubera ko Yozefu atari azi yuko Mariya yari yibungenze “bivuye ku mpwemu nyeranda,” ategerezwa kuba yiyumviriye ko yamuhemukiye, akaba ari co gituma yaciye arondera kwahukana na we.​—Matayo 1:18-20.

Mu Bayuda, umusore n’inkumi bareshanije bafatwa nk’abamaze kwabirana. Ariko rero, abo babiri ntibatangura kubana nk’umugabo n’umugore imbere yuko basozera ibintu vyagirwa bijanye n’ubugeni. Ukureshanya ryari isezerano rikomeye cane ku buryo bishitse ubugeni ntibube, bivuye ku kuba uwo musore yahinduye ivyiyumviro canke ku yindi mpamvu yumvikana, uwo mwigeme atari arekuriwe kwubaka urwiwe gushika aronse icete c’ukwahukana. Bishitse umusore areheje umwigeme agapfa imbere yuko bagira ubugeni, uwo mwigeme yafatwa nk’umupfakazi. Ku rundi ruhande, bishitse uwo mwigeme akagwa mu busambanyi kandi arehejwe, yafatwa nk’uwarenze ibigo kandi yacirwa urwo gupfa.​—Gusubira mu vyagezwe 22:23, 24.

Bigaragara ko Yozefu yazirikanye ku ngaruka zari gushikira Mariya hamwe yari kuba akabarore. Naho yabona ko abwirizwa gushikiriza ico kibazo abakuru babijejwe, yashaka kumukingira no kwirinda ko biba akamenyo. Ku bw’ivyo, yafashe ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. Nakare, kubera yuko yobaye ari umukenyezi yireranye umwana afise icete c’ukwahukana, vyokwerekanye ko yari yaramaze kwabirwa.

[Ifoto ku rup. 16]

Itegeko ryo kugira rusansuma ryatanzwe na buramatari w’Umuroma yatwara Misiri mu 104 G.C.

[Abo dukesha ifoto]

© The British Library Board, all rights reserved (P.904)