Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yipfuza ko twererwa

Yipfuza ko twererwa

Niwiyegereze Imana

Yipfuza ko twererwa

Yosuwa 1:6-9

ABAVYEYI bitwararikana usanga bashashaye kubona abana babo bererwa, bakagira ubuzima buri n’ico buvuze kandi bumara akanyota. Yehova, Dawe wa twese wo mw’ijuru, na we nyene yipfuza ko abana biwe bo kw’isi bererwa. Kugira ngo atugaragarize ubwitwararitsi burangwa ikibabarwe, aratubwira ico twokora ngo twererwe. Raba nk’akarorero, amajambo yabariye Yosuwa, yanditswe muri Yosuwa 1:6-9.

Niwihe ishusho y’ukuntu ibintu vyifashe, ari vyo nyene bivugwa imbere y’ico canditswe. Inyuma y’urupfu rwa Musa, Yosuwa ni we aca aba umuyobozi mushasha w’Abisirayeli, abaharurwa mu mamiliyoni. Abisirayeli bariko bitegurira kwinjira muri ca gihugu Imana yari yarasezeraniye ba sekuruza babo. Imana irafise impanuro zitari nke ishaka guha Yosuwa. Niyazikurikiza, bizotuma yererwa. Ariko rero, ntizitangwa ku bw’ineza ya Yosuwa gusa. Na twebwe nyene tuzishize mu ngiro, turashobora kwererwa.​—Abaroma 15:4.

Yehova arabwira Yosuwa, atari rimwe gusa ahubwo incuro zitatu, ngo agire umutima rugabo kandi akomere. (Imirongo ya 6, 7, 9, NW) Nta gukeka ko Yosuwa azokenera umutima rugabo n’inkomezi kugira ayobore iryo hanga neza arishikane muri ca Gihugu c’Isezerano. Ariko, ashobora gute kwihatira gutsimbataza izo kamere nziza?

Yosuwa arashobora kuronka umutima rugabo n’inkomezi abikuye mu vyanditswe vyahumetswe. Yehova avuga ati: “Witondere ivy’ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze.” (Umurongo wa 7) Muri ico gihe, Yosuwa ashobora kuba afise ibitabu bikeya gusa vyo muri Bibiliya biri mu nyandiko. a Yamara, kuba gusa afise Ijambo ry’Imana si vyo bica bituma aroranirwa. Kugira Yosuwa aryungukireko, arakeneye gukora ibintu bibiri.

Ubwa mbere, Yosuwa ategerezwa kwama yuzuza umutima ijambo ry’Imana. Yehova avuga ati: “Uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro.” (Umurongo wa 8) Igitabu kimwe kivuga giti: “Imana yariko itegeka Yosuwa ngo yibuke Itegeko ryayo mu ‘kuryiyongorera’ ubwiwe, mu ‘kurizirikanako,’ canke mu ‘kuririmbura.’” Gusoma no kuzirikana buri musi kw’Ijambo ry’Imana vyofashije Yosuwa gutorera umuti intambamyi yari yimirije guhura na zo.

Ubwa kabiri, Yosuwa arakeneye gushira mu ngiro ivyo yiga mw’Ijambo ry’Imana. Yehova amubwira ati: “[Witondere] ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza.” (Umurongo wa 8) Kugira ngo Yosuwa yererwe, bivana n’ukuba akora ivyo Imana igomba. None ivyo ntivyumvikana? Ivyo Imana igomba vyama nantaryo biranguka.​—Yesaya 55:10, 11.

Yosuwa yarumviye impanuro Yehova yamuhaye. Ivyo vyatumye agira ubuzima burangwa agahimbare kandi bumara akanyota kubera yuko yari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa.​—Yosuwa 23:14; 24:15.

Woba wipfuza kugira ubuzima burangwa agahimbare, nk’ukwo kwa Yosuwa? Yehova yipfuza ko wererwa. Ariko rero, kuba gusa ufise Ijambo ryiwe Bibiliya ntibihagije. Umukirisu umwe amaze igihe kirekire ari umwizigirwa yatanze iciyumviro kigira giti: “Ivyanditswe mu mpapuro zo muri Bibiliya, nubikure muri izo mpapuro maze ubishire mu mutima wawe.” Nimba ushira mu mutima wawe udahorereza ibintu biri mw’Ijambo ry’Imana kandi ugashira mu ngiro mu buzima bwawe ivyo wiga, nka kumwe kwa Yosuwa, “ivyawe bizogenda neza.”

[Akajambo k’epfo]

a Ivyanditswe vyahumetswe Yosuwa yashobora kuronka bishobora kuba vyarimwo vya bitabu bitanu Musa yanditse (Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharūra no Gusubira mu vyagezwe), igitabu ca Yobu be n’izaburi imwe canke zibiri.