Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umwami Dawidi be n’ibijanye n’umuziki

Umwami Dawidi be n’ibijanye n’umuziki

Umwami Dawidi be n’ibijanye n’umuziki

NIMBA hariho izina rituma umuntu yibuka ibijanye n’umuziki wo mu bihe vya Bibiliya, ni Dawidi, na we akaba ari umuntu adasanzwe yabayeho mu myaka 3.000 iheze. Nkako, vyinshi mu vyo tuzi ku bijanye n’umuziki wo muri ico gihe biva mu nkuru zo muri Bibiliya zigana ibikorwa vya Dawidi, ivyo yakoze kuva igihe yari akiri agahungu k’akungere gushika igihe yaba umwami be n’uwushoboye gutunganya ibintu.

Biciye kuri Dawidi, hariho ibintu vyinshi dushobora kwiga ku vyerekeye umuziki wo mu bihe vya Bibiliya. Nk’akarorero, ni ibicurarangisho ibihe vyakoreshwa, kandi ni indirimbo bwoko ki zaririmbwa? Mbega umuziki wagize uruhara uruhe mu buzima bwa Dawidi? Muri rusangi na ho ni uruhara uruhe wagize mw’ihanga rya Isirayeli?

Ikibanza umuziki wari ufise muri Isirayeli ya kera

Gusubiramwo amajambo agize ururirimbo akenshi biratuma umuntu aca yibuka umuziki ujana na yo. Bibiliya irimwo amajambo y’indirimbo zitari nke, ariko ikibabaje ni uko usanga ukuntu zaririmbwa bitazwi. Zitegerezwa kuba zari ziryoheye ugutwi, mbere zikora ku mutima. Ukuntu igitabu c’Amazaburi gitunganijwe mu buryo ndyoshamvugo budasanzwe, birerekana ko umuziki wajana n’ayo majambo wari uryoheye ugutwi bimwe bihebuje nk’ukwo nyene.

Ibicurarangisho na vyo, Bibiliya ibivuga gusa mu ncamake. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ibicurarangisho vyo mu bihe vya Bibiliya.”) Mbere n’ubwoko bw’inanga Dawidi yakoresha ntibuzwi neza. Ariko rero, biri n’ico bivuze kubona Abisirayeli baratanguje ivyo guhingura ibicurarangisho bitari bike, nk’inanga zikorwa mu biti zitoroshe kuronka kandi zizimvye.​—2 Ngoma 9:11; Amosi 6:5.

Ariko rero, hariho ikintu kimwe ntakekeranywa. Umuziki wari ufise ikibanza gihambaye mu buzima bw’Abaheburayo, na canecane mu bijanye no gusenga Imana kwabo. Umuziki waravuzwa mu bihe vy’ukwimika abami, ugakoreshwa mu bijanye n’ibirori vyo gusenga, kandi waragira uruhara mu bijanye n’intambara. Umuziki kandi waranezereza cane abo ku kirimba i bwami, ugatuma imanza z’ubugeni be n’uguhurira hamwe kw’abagize imiryango birangwamwo igishika, ukongera ugatuma ibintu biryoha mu gihe c’imisi mikuru ijanye no kwimbura inzabibu be n’ibintu vy’intete. Ikibabaje, umuziki warakoreshwa no mu bibanza vyakorerwamwo ibintu bibi. Ubwa nyuma, igihe haba hagize ababura ababo, umuziki warakoreshwa mu guhoza ababa basigaye baba bishwe n’intuntu.

Muri Isirayeli, umuziki waragira uruhara no mu bindi bintu. Vyari bizwi ko washobora gukabura ubwenge, maze bigatuma abahanuzi bitegurira kwakira ubutumwa bw’Imana. Igihe Elisa yumva ijwi ry’igicurarangisho c’imirya, ni ho yaciye aronka ubuyobozi buvuye ku Mana. (2 Abami 3:15) Umuziki warakoreshwa kandi mu bijanye no kumenyesha ibiringo vyo ku kirangamisi. Mu kumenyesha imboneko z’ukwezi be n’imisi mikuru, havuzwa inzumbete zibiri zikozwe mw’ifeza. Ku musi wa Yubile, ijwi ry’inzamba yavuzwa ryamenyesha ko abaja baronse umwidegemvyo, be n’uko amatongo be n’amazu vyaba vyaragwatirijwe bisubizwa benevyo. Ese ukuntu abakene bategerezwa kuba baranezerwa cane no kwumva iryo jwi rimenyesha ko basubiye kuronka umwidegemvyo be n’ivyabo!​—Abalewi 25:9; Guharūra 10:10.

Abisirayeli bamwebamwe bategerezwa kuba bari abacuraranzi canke abaririmvyi badasanzwe. Nk’uko vyerekanwa n’ibintu vyashushanijwe n’Abashuri, Umwami Senakeribu yarasavye Umwami Hezekiya ko amuha bwa kibuguro abagabo n’abagore b’abacuraranzi. Biboneka ko abo bantu bari mu rwego rw’abacuraranzi ba mbere. Ariko Dawidi ni we yari agahebuza muri bose.

Umucuraranzi adasanzwe

Dawidi yari uwudasanzwe mu buryo bw’uko yari umucuraranzi akaba n’umuryoshamvugo. Amazaburi arenga ica kabiri ni we yitirirwa. Akiri agahungu gatoyi, yari umwungere, kandi ivyo yabona igihe yaba aragiye i Betelehemu vyaragize ico bikora ku bwenge bwiwe bwari bubangutse kandi bunyaruka gufata. Yari azi ukuntu bitera umunezero kwumviriza ugusūma kw’amazi y’imigezi be n’ukwabira kw’imyagazi y’intama igihe yaba yumvise ijwi ryiwe. Amaze gukorwa ku mutima n’ivyo bintu twokwita ko ari umuziki vyabera hirya no hino yiwe, yaca afata inanga yiwe maze akikora mu gahogo, agashemeza Imana. Ese ingene kwumviriza umuziki Dawidi yatunganije mu kuririmba Zaburi ya 23 bitegerezwa kuba vyarakora ku mutima!

Igihe Dawidi yari agasore, yaravuza inanga neza cane ku buryo vyatumye bamurata kuri Sauli umwami, uwahavuye amujana akamushinga igikorwa. Igihe Sauli yaba afise umubabaro mwinshi canke adatekanye mu mutwe, Dawidi yaraza aho ari hanyuma akavuza utuziki turuhura akoresheje inanga yiwe, maze tugatururuza umutima w’umwami. Ivyiyumviro bibi vyaba bihagaritse umutima Sauli ntiyamenya n’iyo biciye, maze agasubira gutekana.​—1 Samweli 16:16.

Umuziki, uno Dawidi akaba yarawukunda cane rwose kandi ugatuma yumva ko yuzuye umunezero, rimwe na rimwe warateza ingorane. Umusi umwe, igihe Dawidi na Sauli bagaruka batahukanye intsinzi mu ntambara bariko barwana n’Abafilisitiya, hari ururirimbo rwo kwigina intsinzi kandi rurangwa umunezero umwami yumvise. Abakenyezi bariko baririmba bati: “Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri.” Ivyo vyatumye Sauli aca ashavura cane yongera agira ishari ryinshi ku buryo “kuva uyo musi . . . yama arāba Dawidi ijisho ribi.”​—1 Samweli 18:7-9.

Umuziki waratuma agira ico akoze

Indirimbo Dawidi yatunganije ahumekewe n’Imana ni agahebuza mu buryo bwinshi. Mu ndirimbo ziwe harimwo amazaburi ahishura ukuzirikana kugera kure be n’ayerekeye ubuzima bw’umwungere. Hariho izirimwo amajambo yo gushemeza be n’izirimwo inkuru zigana ibintu, izivuga ivyerekeye umunezero ujanye n’ukwimbura inzabibu be n’izerekeye ibirori vy’ukwinjira ikirimba, izivuga ibintu yibuka vyabaye muri kahise be n’izerekeye ivyo yizigira, hamwe n’izerekeye ivyo yasaba Imana be n’izerekeye ivyo yavuga yinginga. (Raba Zaburi 32, 23, 145, 8, 30, 38, 72, 51, 86 n’utujambo twazo tw’intangamarara.) Igihe Sauli n’umuhungu wiwe Yonatani bapfa, Dawidi yaratunganije ururirimbo rwo gucura intimba, urwo yise ngo “Agacurantimba k’Umuheto,” rukaba rutangurwa n’amajambo agira ati: “Ewe Isirayeli, icubahiro cawe gitsinzwe ku mpinga z’imisozi yawe!” Yakoresheje ijwi riserura umubabaro. Dawidi yari azi uburyo bwo guserura inyiyumvo zitandukanye, haba mu majambo canke mu muziki yacuraranga akoresheje inanga yiwe.​—2 Samweli 1:17-19.

Kubera ko Dawidi yari umuntu ashwashwanutse, yarakunda umuziki uryoshe kandi unezereza, urimwo umudiho unyaruka. Igihe yadugana isandugu y’isezerano i Siyoni, yariginaguye yongera aratamba n’inkomezi ziwe zose kugira ngo ahimbaze ico kintu. Iyo nkuru yo muri Bibiliya irerekana ko uwo muziki utegerezwa kuba warakabura bimwe bidasanzwe. Woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Ivyo vyatumye umukenyezi wiwe Mikali amunebagura. Ariko ivyo nta co vyagize Dawidi. Yarakunda Yehova, kandi uwo muziki, uwari watumye agira umunezero mwinshi, waratumye yiginagura imbere y’Imana yiwe.​—2 Samweli 6:14, 16, 21.

Nk’aho umenga ivyo vyose ntivyari bihagije kuri Dawidi, yarabaye kandi rurangiranwa mu vyo guhingura ibicurarangisho bishasha vy’umuziki. (2 Ngoma 7:6) Muri make, bisa n’uko Dawidi yari umunyatugenegene afise ingabirano idasanzwe, kuko yari umuhinguzi w’ibicurarangisho, umuryoshamvugo, uwutunganya indirimbo, akaba n’umuririmvyi. Ariko rero, Dawidi yarakoze n’ibiruta ivyo.

Ukuririmba be n’ibijanye n’umuziki vyabera ku rusengero

Ukuntu ivy’ukuririmba be n’umuziki vyari bitunganije ku nzu ya Yehova ni iragi Dawidi yasize. Asafu, Hemani be na Yedutuni (uwo bishoboka ko yitwa kandi Etani), ni bo Dawidi yagize abakuru b’abaririmvyi n’abacuraranzi 4.000. Dawidi yabashize hamwe n’abahinga 288 bamenyereza abasigaye bo muri uwo mugwi bakongera bagacungera ivyo bakora. Abo baririmvyi n’abacuraranzi 4.000, bose baba bari ku rusengero ku bw’uguhimbaza ya misi mikuru itatu ikomeye yagirwa mu mwaka. Iyumvire nawe ukuntu uwo mugwi udasanzwe w’abaririmvyi baba bariko baririmbira icarimwe wari igitangaza!​—1 Ngoma 23:5; 25:1, 6, 7.

Ku rusengero, abagabo gusa ni bo baririmba. Imvugo ngo “bavugira inanga mu kajwi karangurutse,” iyo dusanga mu kajambo k’intangamarara ka Zaburi ya 46, yerekana ko hakoreshejwe ijwi ryo hejuru canke igicurarangisho kivuza ijwi ryo hejuru. Baririmbira icarimwe nk’uko vyerekanwa mu 2 Ngoma 5:13, ahagira hati: “Abaririmvyi bahūza amajwi.” Izo ndirimbo zarashobora kuba uduhibongozo, nka Zaburi ya 3 be n’ayandi mazaburi menshi Dawidi yatunganije, kandi rimwe na rimwe zarabamwo ivyitabirizo, nk’ico dusanga muri Zaburi 42:5, 11 be na 43:5. Indirimbo zirimwo ivy’uguhanahana, izo wasanga imigwi y’abaririmvyi iza irahanahana canke umuririmvyi umwe ahanahana n’uwundi, na zo nyene zarakundwa cane. Ivyo ni ko bimeze muri Zaburi ya 24, akaba ata gukeka ko yatunganijwe igihe Dawidi yazana isandugu y’isezerano i Siyoni.​—2 Samweli 6:11-17.

Ariko rero, ivyo kuririmba ntivyagarukira ku Balewi gusa. Abagize igisata bose ni bo baririmba igihe baba bariko baraduga i Yeruzalemu ku bw’uguhimbaza imisi mikuru yagirwa buri mwaka. Ico ni co kumbure imvugo ngo “indirimbo yo mw idūga” isobanura. (Zaburi 120 gushika 134) Nk’akarorero, muri Zaburi ya 133, Dawidi yarashemagije ubumwe bwa kivukanyi Abisirayeli binovora muri ivyo biringo. Atangura n’aya majambo agira ati: “Ewe kuntu ari vyiza kand’ar’ivy’igikundiro kw abavukana babana nyakubana!” Gerageza kwiyumvira akaziki kaherekeza urwo ruririmbo!

Umuziki be n’ibijanye no gusenga Yehova

Ic’icumi ca Bibiliya kigizwe na mwene izo ndirimbo, kandi igitabu ca Zaburi kiraremesha abantu bose gushemeza Imana. (Zaburi 150) Umuziki urafise ububasha bwo gutuma umuntu yibagira amaganya yo mu buzima, kandi ku bantu bafise igikomere ku mutima, kuririmba birashobora kuba nk’amavuta agabanya ububabare. Ariko rero, Bibiliya iraremesha n’abanezerewe kuririmba amazaburi.​—Yakobo 5:13.

Kuririmba ni ikintu umuntu ashobora kwikorako mu guserura ukwizera kwiwe be n’urukundo akunda Imana. Mw’ijoro rya buca Yezu yicwa, we hamwe n’intumwa bahejeje gufungura bararirimvye. (Matayo 26:30) Ese ukuntu uwo Mwana wa Dawidi ategerezwa kuba yari afise agahogo keza, we yari yarumvise ukuririmba kuninahaye kwo ku kirimba co mw’ijuru c’Imana! Bisa n’uko baririmvye amashemezo yitwa Haleli, ni ukuvuga Zaburi ya 113 gushika ku ya 118. Nimba vyagenze gutyo igihe Yezu yari kumwe n’intumwa, zino zikaba zitari zizi ibintu vyose vyari bigiye gushika, ashobora kuba yararirimvye n’ijwi rirenga ati: ‘Ndakunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje n’ukwinginga kwanje. Ingoyi z’urupfu zaranyizingiriyeko, uburibwe bw’i kuzimu bwaramfashe: Uhoraho, ndakwinginze, rokora ubugingo bwanje.’​—Zaburi 116:1-4.

Umuntu si we yatanguje ivyerekeye umuziki. Bibiliya iravuga ibijanye n’umuziki be n’ukuririmba bibera mw’ijuru, aho ibiremwa vy’impwemu bivuza inanga z’ikigereranyo bikongera bikaririmba amashemezo bikikuje intebe y’Ubwami ya Yehova. (Ivyahishuwe 5:9; 14:3; 15:2, 3) Yehova Imana yarahaye abantu ibijanye n’umuziki, ashira mu mitima yabo ivyo kwiyumvamwo umuziki be n’icipfuzo gikomeye co guserura ukuntu biyumva biciye ku kuvuza igicurarangisho canke ku kuririmba. Ku muntu afise ukwizera, imbere ya vyose umuziki ni ingabirano iva ku Mana.​—Yakobo 1:17.

[Iciyumviro ku rup. 27]

“Mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, . . . izo nzumbete muze muzivu[ze].”​—GUHARŪRA 10:10

[Iciyumviro ku rup. 28]

“Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye: andōngōrera i ruhande y’amazi adasūma.”​—ZABURI 23:1, 2

[Iciyumviro ku rup. 29]

“[Hari hariho] ibihumbi bine vy’abashemeza Yehova ku bicurarangisho Dawidi yavuze ku bivyerekeye ati: ‘Nabikoze ngo bikoreshwe ku bw’ugushemeza.’”​—1 NGOMA 23:4, 5, NW

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 29]

Dawidi yaraseruye inyiyumvo zitandukanye, haba mu majambo canke mu muziki

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 30]

“Shemeze Ya! Nimuyishemeze n’akagoma be n’intambo z’umuzingi. Igihumeka cose, emwe, nigishemeze Ya!”​—ZABURI 150:1, 4, 6, NW

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28]

 Ibicurarangisho vyo mu bihe vya Bibiliya

Mu bicurarangisho vy’imirya hari harimwo ibitari, inanga, n’ibicurarangisho bifise imirya cumi. (Zaburi 92:3, NW) Vyari biregereye kuri Alamoti no kuri Sheminiti, izo mvugo kumbure zikaba zerekeza kw’ijwi ryo hejuru be no kuri iryo jwi nyene mugabo ryo hasi. (1 Ngoma 15:20, 21, NW akajambo k’epfo) Mu bicurarangisho bavuza mu guhuha hari harimwo umwironge, inzamba hamwe n’inzumbete, bino bikaba vyavuga ‘n’ijwi rirenga.’ (2 Ngoma 7:6; 1 Samweli 10:5; Zaburi 150:3, 4) Igihe urusengero rwegurirwa Imana, inzumbete be n’abaririmvyi “[vyu]mvikanisha ijwi rihūye.” (2 Ngoma 5:12, 13) Ivyo bisa n’ibishaka kwerekana ko vyari biregereye kw’ijwi rimwe kandi ko vyisunga ingero imwe. Mu bicurarangisho bavuza bakubitagura, hari harimwo utugoma be n’amapendo, ubwoko bw’ibicurarangisho vyo kujegeza, hamwe n’“ubwoko bwose bw’ibicurarangisho vyo mu giti c’umuberoshi.” Hari hariho n’ivyuma bisāma: bitobito vyari bifise “umusāmīro uryoshe,” bininibinini na vyo bikaba vyitwa “ivyuma vyasirana.”​—2 Samweli 6:5, NW; Zaburi 150:5, NW.

[Pictures]

Hejuru: Ivyakuwe ku Cubako cihese citiriwe Titus, kiri i Roma mu Butaliyano, kikaba cerekana inzumbete zakuwe ku rusengero rw’i Yeruzalemu mu 70 G.C. Ibiceri vyakoreshwa nko mu 130 G.C., bikaba vyerekana ivyo Abayuda bakoresha mu gucuraranga umuziki

[Abo dukesha ifoto]

Coins: © 2007 by David Hendin. Uburenganzira bwose ni ubw’abanditsi.