Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore

Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore

Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore

“Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko muri Kristu bose bazogirwa bazima.”​—1 KOR. 15:22.

1, 2. (a) Andereya na Filipo bavyifashemwo gute igihe bahura na Yezu? (b) Ni kubera iki tuvuga yuko dufise ibimenyamenya vyinshi vyemeza ko Yezu ari we Mesiya biruta ivyo abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise?

 “TWABONYE Mesiya.” Uko ni kwo Andereya yabwiye mwene wabo Petero, ajijutse ko Yezu w’i Nazareti yari Uwarobanuwe w’Imana. Filipo na we nyene yarajijutse ko Yezu ari Mesiya, maze aca aja kurondera mugenzi wiwe Natanayeli, amubwira ati: “Twabonye umwe Musa yandika ivyiwe mw’Itegeko, n’Abahanuzi bakavyandika, ari we Yezu, wa mwana wa Yozefu, w’i Nazareti.”​—Yoh. 1:40, 41, 45.

2 Woba warajijutse bimwe bishitse ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe, uno akaba ari “Imboneza y’ubukiriro” yatanzwe na Yehova? (Heb. 2:10) Muri iki gihe, turafise ibimenyamenya vyinshi vyemeza ko Yezu ari we Mesiya biruta ivyo abayoboke biwe bo mu kinjana ca mbere bari bafise. Ijambo ry’Imana riratanga icemeza ntaharirizwa c’uko Yezu yari Kristu, kuva kw’ivuka ryiwe gushika kw’izuka ryiwe. (Soma Yohani 20:30, 31.) Bibiliya kandi irerekana yuko Yezu yobandanije kurangura uruhara rwiwe ari Mesiya mw’ijuru. (Yoh. 6:40; Soma 1 Abakorinto 15:22.) Ufatiye ku vyo umaze kwiga muri Bibiliya, na wewe ubu urashobora kuvuga ko ‘wabonye Mesiya.’ Ariko reka tubanze turimbure ingene abo bigishwa bo mu ntango bashitse ata kwibesha ku ciyumviro c’uko bari babonye Mesiya.

“Ibanga ryeranda” ryerekeye Mesiya ryagiye rirahishurwa buhorobuhoro

3, 4. (a) Abigishwa bo mu kinjana ca mbere bashoboye gute ‘kubona Mesiya’? (b) Ni kubera iki wovuga yuko Yezu wenyene ari we yashoboye gushitsa ubuhanuzi bwose bwerekeye Mesiya?

3 Abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bashoboye gute kuvuga badakeka ko Yezu yari we Mesiya? Yehova abicishije ku bahanuzi, yagiye arahishura buhorobuhoro ivyoranze Mesiya yari agiye kuza. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yagereranije iryo hishurwa n’uguterateranya ibihimba bigize igishushanyo kinaka. Dufate ko hari abantu benshi batigeze bavugana bazanye mu cumba kinaka igihimba kimwekimwe c’ico gishushanyo. Mu gihe ivyo bihimba vyomatanywa kimwekimwe aho gikwiye kuja maze bikavamwo igishushanyo kitagira agahaze, ntiwoba wihenze ushitse ku ciyumviro c’uko hategerezwa kuba hari umuntu yari inyuma y’ivyo bintu, yacafye ivyo bihimba vyose vy’ico gishushanyo maze agaca arungikira umwumwe wese muri abo bantu igicapo kiriko igihimba asabwa guhingura. Nk’ukwo kw’ico gihimba kimwekimwe, ubuhanuzi ubwo ari bwo bwose bwerekeye Mesiya bwotanze amakuru kanaka ahambaye cane amwerekeye.

4 Tuvuge iki none ku bijanye n’uko vyari gushobora guhurirana ubuhanuzi bwose bwerekeye Mesiya bukarangukira ku muntu umwe? Umushakashatsi umwe yavuze yuko ari ikintu kidashoboka na gato ko umuntu munaka yari gushobora gushitsa bipfuye kwizana ubuhanuzi bwose bwerekeye Mesiya. Yavuze ati: “Mu bantu bose babayeho, Yezu, emwe Yezu wenyene, ni we yashoboye gushitsa ubwo buhanuzi.”

5, 6. (a) Urubanza Shetani yaciriwe rwoshikijwe gute? (b) Ni gute Imana yagiye buhorobuhoro irahishura uwo rwa “ruvyaro” rwarasezeranywe rwokomotseko?

5 Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bushimikiye kw’“ibanga ryeranda” ririmwo imice myinshi ifitiye akamaro kanini abantu bo kw’isi yose. (Kol. 1:26, 27; Ita. 3:15) Muri iryo banga hari harimwo ibijanye n’urubanza rwociriwe Shetani wa Mubesheranyi, “ya nzoka yo mu ntango,” uno akaba ari we yakwegeye abantu icaha n’urupfu. (Ivyah. 12:9) None urwo rubanza rwoshikijwe gute? Yehova yavuze yuko “uruvyaro” rwovyawe n’“umugore” rwokomerekeje Shetani mu mutwe. Urwo “ruvyaro” rwasezeranywe rwofyonyoye umutwe w’iyo nzoka, rugakuraho inyanduruko y’ubugarariji, indwara n’urupfu. Ariko rero, Imana yoretse Shetani akabanza gukomeretsa mu buryo bw’ikigereranyo urwo “ruvyaro” rw’umugore ku gitsintsiri.

6 Yehova yagiye arahishura buhorobuhoro uwobaye urwo “ruvyaro” rwari rwarasezeranywe. Imana yarahiye Aburahamu iti: “Mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi [“azokwihesha,” NW] umugisha.” (Ita. 22:18) Musa yari yaravuze ko uwo Muntu yobaye “umuhanuzi” aruta Musa. (Gus. 18:18, 19) Dawidi yarakuwe amazinda ko Mesiya yokomotse mu ruvyaro rwiwe kandi ko yorazwe ingoma yiwe ibihe bidahera, kandi ivyo abahanuzi baravyemeje mu nyuma.​—2 Sam. 7:12, 16; Yer. 23:5, 6.

Ibimenyamenya vyerekana ko Yezu ari Mesiya

7. Ni mu buryo ki Yezu yakomotse ku “mugore” w’Imana?

7 Imana yararungitse Umwana wayo, ikiremwa cayo ca mbere, imukuye mw’ishirahamwe ryayo rigereranywa n’umugore rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vyo mw’ijuru, kugira ngo abe rwa “ruvyaro” rwasezeranywe. Ivyo vyasavye ko uwo Mwana w’ikinege w’Imana ‘aheba vyose’ ku bijanye n’ubuzima bwo mw’ijuru maze akavuka ari umuntu atagira agasembwa. (Flp. 2:5-7; Yoh. 1:14) Kuba Mariya ‘yaratwikirijwe igitutu’ n’impwemu nyeranda vyaratumye uwo yovutse “[yitwa mwe]randa, Umwana w’Imana.”​—Luka 1:35.

8. Yezu yashikije gute ubuhanuzi bwerekeye Mesiya igihe yizana ubwiwe kugira ngo abatizwe mu mazi?

8 Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwarerekanye ikibanza be n’igihe Yezu yobonekeyeko. Yezu yavukiye i Betelehemu nk’uko vyari vyaravuzwe. (Mika 5:2) Mu kinjana ca mbere, Abayuda bari biteze ibintu bikomeye. Kubera yuko bari bashashaye cane ukuboneka kwa Mesiya, hari ababajije ku vyerekeye Yohani Umubatizi bati: “Yoba kumbure ari we Kristu?” Ariko Yohani yabishuye ati: “Uwukomeye kundusha ariko araza.” (Luka 3:15, 16) Igihe Yezu yaza kuri Yohani mu mpera z’umwaka wa 29 G.C. kugira ngo amubatize, ico gihe akaba yari afise imyaka 30, yarigaragaje ku gihe cari carashinzwe nyene ko yari we Mesiya. (Dan. 9:25) Yaciye atangura kurangura ubusuku bwiwe bwabayemwo ibintu vyinshi, avuga ati: “Igihe cashinzwe carangutse, kandi ubwami bw’Imana buregereje.”​—Mrk. 1:14, 15.

9. Naho abigishwa ba Yezu batari bazi amakuru yose y’ido n’ido, ni igiki bemera badakekeranya?

9 Ariko rero, abantu bari bakeneye kugira ivyo bahinduye ku bijanye n’ivyo bari biteze. Naho abantu bashemeza Yezu mu kuvuga ko ari Umwami kandi ivyo bikaba vyari bibereye, ico gihe ntibari bwatahure bimwe bishitse yuko yotegetse muri kazoza kandi agategeka ari mw’ijuru. (Yoh. 12:12-16; 16:12, 13; Ibik. 2:32-36) Naho vyari ukwo, igihe Yezu yabaza ngo ‘Mweho muvuga ko ndi nde?’, Petero yaciye yishura ata gukekeranya ati: “Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.” (Mat. 16:13-16) Petero yarishuye nk’ukwo nyene igihe benshi baheba gukurikira Yezu kubera ko bari batsitajwe n’inyigisho imwe yari ahejeje kubigisha.​—Soma Yohani 6:68, 69.

Nitwumvirize Mesiya

10. Ni kubera iki Yehova yashimitse ku vy’uko bikenewe kwumviriza Umwana wiwe?

10 Igihe uwo Mwana w’ikinege w’Imana yari akiri mw’ijuru, yari ikiremwa c’impwemu gifise ububasha. Igihe yari ng’aha kw’isi, ‘yaserukira Se’ wiwe. (Yoh. 16:27, 28) Yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse.” (Yoh. 7:16) Muri kwa guhinduka ukundi, Yehova yaremeje ko Yezu ari we Mesiya mu kuvuga ati: “Nimumwumvirize.” (Luka 9:35) Emwe, nitwumvirize, canke tugamburukire Uwo yatoranijwe. Ivyo bisaba ko tugira ukwizera kandi tugakora ibikorwa vyiza, bino bikaba ari ibintu bihambaye cane dusabwa kugira ngo duhimbare Imana kandi tuze twironkere ubuzima budahera.​—Yoh. 3:16, 35, 36.

11, 12. (a) Ni imvo izihe zatumye Abayuda bo mu kinjana ca mbere banka kwemera ko Yezu ari Mesiya? (b) Ni bande bizeye Yezu?

11 Naho ico gihe hari ibimenyamenya vyinshi cane vyerekana ko Yezu yari we Mesiya, Abayuda benshi cane bo mu kinjana ca mbere ntibamwemeye. Uti kubera iki? Ni uko hari ivyiyumviro ubwabo bari barishizemwo ku vyerekeye Mesiya, harimwo n’ic’uko yobaye indongozi yo mu vya politike yobakuyeko agahahazo k’Abaroma. (Soma Yohani 12:34.) Ni co gituma batashoboye kwemera Mesiya yashikije ubuhanuzi bwari bwaravuze yuko yosuzuguwe, akinubwa n’abantu, yuko yogenewe imibabaro n’ukumenya indwara, amaherezo akicwa. (Yes. 53:3, 5, gereranya na NW) Hari mbere n’abigishwa biwe b’intahemuka bavunywe umutima n’uko atabakuyeko abanyapolitike babatwaza umukazo. Ariko bagumye ari intahemuka, kandi mu nyuma bararonse ugutahura kutagiramwo amakosa.​—Luka 24:21.

12 Iyindi mvo yatumye abantu biyamiriza ko Yezu atari we Mesiya yari yarasezeranywe, yari iyijanye n’inyigisho ziwe, izo benshi babona ko zigoye kwemera. Kugira ngo umuntu yinjire mu Bwami vyosavye ko ‘yiyanka,’ ‘akarya’ umubiri wa Yezu, akanywa amaraso yiwe, ‘akongera kuvuka,’ vyongeye ‘ntabe uw’isi.’ (Mrk. 8:34; Yoh. 3:3; 6:53; 17:14, 16) Abanyabwibone, abatunzi be n’abiyorobetsi babona ko ivyo bisabwa bigoye cane gushitsa. Ariko rero, Abayuda bicisha bugufi baremeye ko Yezu yari we Mesiya nk’uko bamwebamwe mu Basamariya babigize, abavuze bati: “Uyu muntu vy’ukuri [ni] umukiza w’isi.”​—Yoh. 4:25, 26, 41, 42; 7:31.

13. Ni gute Yezu yakomerekejwe ku gitsintsiri mu buryo bw’ikigereranyo?

13 Yezu yari yaravuze yuko yociriwe urubanza n’abakuru b’abaherezi kandi ko yomanitswe n’Abanyamahanga, ariko ko yozuwe ku musi ugira gatatu. (Mat. 20:17-19) Ukuba yaremanze imbere y’Inama Nkuru ko yari “Kristu Umwana w’Imana” vyabonywe ko ari ukurogota. (Mat. 26:63-66) Pilato yasanze ‘ata kintu na kimwe cari gikwiriye kwicisha Yezu,’ ariko kubera ko Abayuda bagirije Yezu yuko yanagumura abantu, Pilato “[yaratanze] Yezu ngo bamugire uko bagomba.” (Luka 23:13-15, 25) Ukwo ni ko ‘bihakanye ya Mboneza y’ubuzima’ bongera barayicisha naho hari ibimenyamenya vyinshi cane vyerekana ko yari yarungitswe n’Imana. (Ibik. 3:13-15) Nk’uko vyari vyaravuzwe, Mesiya ‘yarakuweho’ amanitswe ku giti kuri Pasika yo mu 33 G.C. (Dan. 9:26, 27; Ibik. 2:22, 23) Biciye kuri urwo rupfu rw’agashinyaguro, yarakomerekejwe ku “gitsintsiri” nk’uko vyari vyaravuzwe mw’​Itanguriro 3:15.

Igituma Mesiya yabwirizwa gupfa

14, 15. (a) Ni imvo zibiri izihe zatumye Yehova areka Yezu agapfa? (b) Ni ibiki Yezu yakoze amaze kuzuka?

14 Imvo zibiri zihambaye cane ni zo zatumye Yehova areka Yezu akicwa. Ubwa mbere, ukuba Yezu yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu vyarishuye umuce uhambaye wa rya “banga ryeranda.” Yaragaragaje ku rugero rw’agaheta ko umuntu atunganye ashobora kuguma ‘yihebeye Imana’ no gushigikira ubusegaba bw’Imana naho Shetani yomuteza ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose. (1 Tim. 3:16) Ubwa kabiri, nk’uko Yezu yabivuze, “Umwana w’umuntu yaje . . . kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Iyo “ncungu ikwiranye” yararishe igihano c’igicumuro abakomoka kuri Adamu barazwe maze ituma bishoboka ko abemera bose yuko Yezu ari we Imana ikoresha kugira ngo iturokore baronka ubuzima budahera.​—1 Tim. 2:5, 6.

15 Haheze imisi itatu Yezu ari mu mva, yarazuwe maze amara imisi 40 yiyereka abigishwa biwe kugira ngo abemeze ko yari muzima yongere abaronse ubundi buyobozi. (Ibik. 1:3-5) Mu nyuma yaraduze mw’ijuru kugira ngo ashikirize Imana agaciro k’inkuka y’agaciro yatanze yongere arindire igihe cashinzwe c’uko ukuhaba kwiwe ari Umwami Mesiya gitangura. Mu kurindira ko ico gihe gishika, yari afise vyinshi akora.

Azosozera uruhara arangura ari Mesiya

16, 17. Nudondore uruhara Yezu arangura ari Mesiya inyuma y’aho adugiye mw’ijuru.

16 Mu binjana vyose bihaciye kuva aho Yezu azukiye, yagumye acungera adahemuka ibikorwa ishengero rya gikirisu yatwara ari Umwami ryarangura. (Kol. 1:13) Igihe cashinzwe gishitse, yotanguye gukoresha ububasha bwiwe ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya be n’ibintu biba kw’isi birerekana ko ukuhaba kwiwe ari Umwami kwatanguye mu 1914, ico gihe akaba ari na ho “insozero y’ivy’isi” yatangura. (Mat. 24:3; Ivyah. 11:15) Gatoyi inyuma y’aho, yarayoboye abamarayika beranda mu gikorwa co kwirukana mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe.​—Ivyah. 12:7-10.

17 Igikorwa co kwamamaza no kwigisha Yezu yatanguje mu 29 G.C. kiriko cegereza igihe caco c’agaheta. Vuba agiye gucira urubanza abariho bose. Azobwira rero abantu bameze nk’intama bemera ko ari we Yehova akoresha kugira ngo aturokore, ngo ‘batorane ubwami bateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.’ (Mat. 25:31-34, 41) Abahakana ko Yezu ari Umwami bazorandurwa niyayobora ingabo zo mw’ijuru kugira ngo zikureho ubukozi bw’ikibi bwose. Yezu azoca aboha Shetani maze amuraririze mu “nyenga” hamwe n’amadayimoni yiwe.​—Ivyah. 19:11-14; 20:1-3.

18, 19. Ni ibiki Yezu arangura mu gushitsa uruhara rwiwe ari Mesiya, kandi ivyo bizanira ivyiza ibihe abantu bagamburuka?

18 Mu gihe ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, Yezu azoshitsa bimwe vyuzuye ico amazina yiwe yose y’icubahiro asobanura, nk’aya ngo “Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.” (Yes. 9:6, 7) Ubwami bwiwe buzoshikana abantu ku kutagira agasembwa, harimwo n’abazoba bazuwe mu bapfuye. (Yoh. 5:26-29) Mesiya azoyobora abantu b’umutima ukunze ku “masôko y’amazi y’ubuzima,” atume abantu bagamburuka bagiranira na Yehova ubucuti burangwa amahoro. (Soma Ivyahishuwe 7:16, 17.) Ikigeragezo ca nyuma kirangiye, abagarariji bose, harimwo Shetani be n’amadayimoni yiwe, “[bazo]raririzwa mu kiyaga c’umuriro,” ukwo kukazoba ari kwa gufyonyora umutwe wa ya “nzoka.”​—Ivyah. 20:10.

19 Ese ukuntu Yezu ashitsa uruhara rwiwe ari Mesiya mu buryo bwiza igitangaza kandi butagira agahaze! Iparadizo yo kw’isi izoba yuzuyemwo abantu bacunguwe, bano bakaba bazobaho ibihe bidahera bafise amagara meza kandi bahimbawe. Izina ryeranda rya Yehova rizoba ryakuweko iceyi cose ryasizwe, kandi uburenganzira afise bwo kugaba no kuganza ibiriho vyose buzoba bumaze kwemezwa bimwe vyuzuye. Ese ukuntu iyo ari intoranwa ntangere irindiriye abo bose bagamburukira Uwarobanuwe w’Imana!

Woba warabonye Mesiya?

20, 21. Ni imvo izihe zotuma ubwira abandi ivyerekeye Mesiya?

20 Kuva mu 1914, tubayeho mu kiringo citwa pa·rou·siʹa ya Kristu, ari kwo kuhaba kwiwe. Naho ukuhaba kwiwe ari Umwami w’Ubwami bw’Imana ari ikintu kitabonwa n’amaso y’abantu, kuragaragara biciye kw’iranguka ry’ubuhanuzi. (Ivyah. 6:2-8) Naho biri ukwo, nka kumwe kw’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, abantu benshi muri iki gihe barirengagiza ibimenyamenya bigaragaza ukuhaba kwa Mesiya. Na bo nyene bishakira indongozi yo mu vya politike canke n’imiburiburi umuntu azogira ico akoze abicishije ku bategetsi bo mu vya politike. Ariko weho, waramenye ko Yezu ubu aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. None ntiwumvise akamwemwe kagusya igihe wabimenya? Nka kumwe kwa ba bigishwa bo mu kinjana ca mbere, waravyuriwe umutima wo gutangaza uti: “Twabonye Mesiya.”

21 Muri iki gihe, woba ushira ahabona uruhara Yezu arangura ari Mesiya igihe ubwira abandi ivyerekeye ukuri? Kubigenza gutyo bizotuma urushiriza gukenguruka ivyo yagukoreye, ivyo ariko aragukorera ubu be n’ivyo azogukorera. Nka kumwe kwa Andereya na Filipo, nta gukeka ko wabwiye incuti zawe n’abagenzi ivyerekeye Mesiya. Ubona gute ubegereye ubigiranye umwete mwinshi kuruta maze ukabereka ko Yezu Kristu ari we vy’ukuri Mesiya yari yarasezeranywe, uwo Imana ikoresha kugira ngo iturokore?

Woshobora kubisigura?

• Abigishwa bo mu kinjana ca mbere boshoboye gute kumenya Mesiya?

• Ni imvo zibiri izihe zihambaye zatumye Yezu apfa?

• Ni ibiki Yezu agisigaje gukora kugira ngo ashitse uruhara arangura ari Mesiya?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 21]

Abantu bo mu kinjana ca mbere boshoboye gute kumenya ko Yezu yari we Mesiya yari yarasezeranywe?

[Ifoto ku rup. 23]

Igihe uganira n’abandi, woba ushira ahabona uruhara Yezu arangura ari Mesiya?