Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dutsimbataze urukundo rutigera runanirwa

Dutsimbataze urukundo rutigera runanirwa

Dutsimbataze urukundo rutigera runanirwa

‘Urukundo rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa’​—1 KOR. 13:7, 8.

1. (a) Urukundo usanga akenshi rudondorwa gute? (b) Abantu benshi usanga bakunda nde kandi bakunda ibiki?

 HARI ibintu vyinshi vyavuzwe ku bijanye n’urukundo. Iyo kamere abantu barayishimagije barongera barayikundwakaza mu buryo budasanzwe bakoresheje indirimbo. Urukundo ni ikintu nyamukuru abantu bakeneye. Ariko ibitabu be n’amasenema akenshi vyagiye birigana inkuru z’ivy’urukundo zitabayeho namba, kandi ivyo bintu usanga ari vyinshi cane mu masoko. Yamara, birababaje cane kubona abantu batagaragariza Imana na bagenzi babo urukundo nyakuri. Turibonera ingene ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’iyi misi ya nyuma biriko biraranguka. Abantu ni ‘abikunzi, inkunzi z’amahera, abakunda ibinezereza aho kuba abakunda Imana.’​—2 Tim. 3:1-5.

2. Ni ingabisho iyihe Bibiliya itanga ku bijanye n’ugukunda mu buryo butabereye?

2 Abantu barafise ubushobozi bwo kugaragaza urukundo, yamara Ijambo ry’Imana riratugabisha ku bijanye n’ugukunda mu buryo butabereye. Vyongeye, Bibiliya iradondora ibica biba igihe mwene urwo rukundo rushinze imizi mu mutima w’umuntu. (1 Tim. 6:9, 10) Woba wibuka ivyo intumwa Paulo yanditse ku bijanye na Dema? Naho Dema yakorana na Paulo, yaramuhevye maze yikundira ivyo isi itanga. (2 Tim. 4:10) Intumwa Yohani yaraburiye abakirisu ku bijanye n’ako kaga nyene. (Soma 1 Yohani 2:15, 16.) Gukunda isi n’ibintu vyayo vy’akanya gato be n’inzira zayo, ntibijana no gukunda Imana n’ibikomoka kuri yo.

3. Ni urugamba uruhe turimwo, kandi ivyo bituma havyuka ibihe bibazo?

3 Naho tuba muri iyi si, ntituri abayo. Ni co gituma dutegerezwa kurwana urugamba rwo kwirinda ukuntu isi ibona mu buryo butari bwo ivy’urukundo. Birahambaye cane ko tutareka ubwacu ngo tugwe muri uwo mutego ujanye n’ugukunda mu buryo butabereye canke butari bwo. Ku bw’ivyo none, dukwiye gutsimbataza urukundo nyakuri no kurugaragariza bande? Ni ibiki bidufasha gutsimbataza urukundo rwihanganira vyose kandi rutigera runanirwa? Iyo ngendo tuyungukirako gute muri iki gihe kandi igira ico ikoze gute kuri kazoza kacu? Turakeneye inyishu zishingiye ku kuntu Imana ibona ibintu kugira ngo zishobore kutuyobora.

Dutsimbataze urukundo dukunda Yehova

4. Urukundo dukunda Imana rukura gute?

4 Gutsimbataza urukundo dufitiye Yehova vyoshobora kugereranywa n’ukuntu umurimyi akora agatama kugira ngo ategure isi ndimwa maze ateragire imbuto yongere atume vyoroha ko zikura. Nya murimyi araheza akitega ko izo mbuto zikura. (Heb. 6:7) Muri ubwo buryo nyene, urukundo dukunda Imana rukwiye gukura. Bisaba iki none kugira ngo rukure? Dutegerezwa kubanza gutegura isi nziza yo mu mutima wacu, aho imbuto z’ukuri kwerekeye Ubwami zabibwe. Ivyo turashobora kubishikako mu kwiga Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete kugira ngo turushirize kumenya ibiyerekeye. (Kol. 1:10) Kwitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza no kuyagiramwo uruhara na vyo nyene birashobora kudufasha kwongereza ubumenyi bwacu. Umwe wese muri twebwe yoba agira utwigoro adatezura kugira ngo yironse ubumenyi bwimbitse?​—Imig. 2:1-7.

5. (a) Dushobora gute kumenya ibijanye na kamere nyamukuru za Yehova? (b) Ushobora kuvuga iki ku bijanye n’ubutungane bw’Imana, ubukerebutsi bwayo be n’ububasha bwayo?

5 Yehova arahishura kamere ziwe abicishije kw’Ijambo ryiwe. Biciye ku kwiga Ivyanditswe no kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova intambwe ku yindi, turashobora kurushiriza gutahura kamere ziwe nyamukuru, ari zo ubutungane, ububasha, ubukerebutsi be n’iyiruta zose, ari yo rukundo rwayo ntangere. Yehova aragaragaza ubutungane mu nzira ziwe zose no mw’itegeko ryiwe ritunganye. (Gus. 32:4; Zab. 19:7) Turashobora kuzirikana ku bintu vyose Yehova yaremye maze tukagirira akoba ubukerebutsi bwiwe ntangere. (Zab. 104:24) Vyongeye, ibiri mu kirere biratanga ikimenyamenya c’uko Yehova ari we Sôko ry’inkomezi be n’ububasha bw’akaburarugero.​—Yes. 40:26.

6. Imana yatugaragarije gute urwo idukunda, kandi rwagize ico rukoze gute kuri wewe?

6 Tuvuge iki none ku bijanye na kamere nkuru y’Imana, ari yo rukundo rwayo? Rugera kure kandi ruragira ico rukoze kuri twebwe twese. Yagaragaje urwo rukundo mu gutanga incungu kugira ngo abantu bacungurwe. (Soma Abaroma 5:8.) Iyo ncungu yatanzwe ku bw’abantu bose bo kw’isi, ariko abitabira urwo rukundo rw’Imana kandi bakizera Umwana wayo ni bo gusa bashobora kuyungukirako. (Yoh. 3:16, 36) Kuba Imana yaratanze Yezu ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu bikwiye kutuvyurira umutima wo kuyikunda.

7, 8. (a) Ni igiki dusabwa gukora kugira ngo twerekane ko dukunda Imana? (b) Ni ibiki bitabuza abasavyi b’Imana gukurikiza amabwirizwa yayo?

7 Dushobora gute kugaragaza urwo dukunda Imana ku bw’ibintu vyose yatugiriye? Inyishu yahumetswe itangwa irahambaye cane, na yo ikaba igira iti: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko dukurikiza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yoh. 5:3) Egome, urukundo dukunda Yehova Imana ruratuvyurira umutima wo gukurikiza amabwirizwa yiwe. Iyo ni yo mvo imwe ituma dushingira intahe izina ryiwe be n’Ubwami bwiwe, ivyo bikaba bigirira akamaro abandi. Kubikora n’umutima wacu wose ni ikimenyamenya c’uko dukurikiza amabwirizwa y’Imana tubigiranye imvo ityoroye.​—Mat. 12:34.

8 Abavukanyi bacu bo hirya no hino kw’isi baguma bakurikiza amabwirizwa y’Imana naho bahura n’abatanegwa ubutumwa bw’Ubwami be n’abatabwerekwa. Ntibadendebukirwa mu twigoro bagira kugira ngo bashitse ubusuku bwabo bimwe vyuzuye. (2 Tim. 4:5) Na twebwe nyene turavyurirwa umutima wo kubwira abandi ubumenyi bwerekeye Imana no gukurikiza ayandi mabwirizwa yayo yose.

Igituma dukunda Umukama wacu Yezu Kristu

9. Ni ibiki Kristu yihanganiye, kandi ni igiki catumye avyihanganira?

9 Uretse ugukunda Imana, hariho ibindi bintu bituma dutsimbataza urukundo dukunda Umwana wayo. Naho tutigeze tubona Yezu, uko turushiriza kwiga ibimwerekeye, ni ko urwo tumukunda rurushiriza gukomera. (1 Pet. 1:8) Ni ibintu bimwebimwe ibihe Yezu yihanganiye? Naho Yezu yariko akora ivyo Se wiwe agomba, yaranswe ata co azira, arahamwa, aragirizwa ibinyoma yongera aratukwa. Yaranashikiwe n’ibindi bintu vyo kumutyoza. (Soma Yohani 15:25.) Urukundo Yezu yakunda Se wiwe wo mw’ijuru rwaratumye yihanganira ivyo bigeragezo. Kandi abitumwe n’urukundo, urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka rwaratumye abantu benshi bacungurwa.​—Mat. 20:28.

10, 11. Twisunze ivyo Kristu yadukoreye, ni umugambi uwuhe dukwiye kwishingira?

10 Iyo ngendo ya Yezu iradusunikira kugira ico dukoze. Uko tuzirikana ku vyo Kristu yadukoreye, ni ko urukundo tumukunda rurushiriza gukomera. Twebwe abayoboke biwe, turakwiye kwishingira umugambi wo gutsimbataza no kuguma tugaragaza urukundo nk’urwa Kristu kugira ngo bize bidufashe kwihangana mu bijanye no gukurikiza ibwirizwa ryiwe ridusaba gushingira intahe Ubwami no guhindura abantu abigishwa.​—Mat. 28:19, 20.

11 Mu kwitabira urukundo Kristu yakunze abantu bose, turumva tugoberewe gusozera igikorwa twashinzwe imbere y’uko umuhero uza. (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Urukundo Kristu yagaragaje rwari rushingiye ku gushitsa umugambi Imana ifitiye abantu. Vyongeye, akarorero Kristu yasize ngo tugakurikize neza karafasha umwumwe wese muri twebwe kugira uruhara muri uwo mugambi w’Imana. Ivyo bisaba ko dutsimbataza neza urwo dukunda Imana gushika ku rugero rwose rushoboka. (Mat. 22:37) Dukurikije ivyo Yezu yigishije kandi tukitondera amabwirizwa yiwe, tuba twerekanye ko tumukunda be n’uko twiyemeje gushigikira ubusegaba bw’Imana nk’uko yabigize, naho vyodusaba iki.​—Yoh. 14:23, 24; 15:10.

Dukurikire ya nzira irengeye y’urukundo

12. Paulo yashaka kuvuga iki igihe yakoresha imvugo ngo “inzira irengeye”?

12 Intumwa Paulo yarigana Kristu. Kubera yuko Paulo yakurikira neza intambuko za Kristu, yari afise umwidegemvyo wo kuvuga igihe yahimiriza abavukanyi biwe kumwigana. (1 Kor. 11:1) Naho Paulo yahimirije abakirisu b’i Korinto kuguma baronderana ubwira ingabirano zinaka z’impwemu zariho mu kinjana ca mbere, nko gukiza abarwaye be no kuvuga izindi ndimi, yarerekanye ko hariho ikindi kintu ciza kuruta bari bakwiye gukurikirana. Mu 1 Abakorinto 12:31, Paulo yasiguye ati: “Yamara jewe ndabereka inzira irengeye.” Amajambo avugwa mu mirongo ikurikira arerekana ko nzira yariko aravuga ari ya nzira irengeye y’urukundo. Ni mu buryo ki none yari irengeye? Paulo yaciye atanga akarorero kerekana ico yashaka kuvuga. (Soma 1 Abakorinto 13:1-3.) Mu gihe yobaye afise ububangukirwe bunaka budasanzwe kandi akaba yarakoze ibintu bihambaye, ariko akaba ata rukundo afise, none yobaye amaze iki? Nta co yobaye amaze! Abitumwe n’impwemu y’Imana yarasiguye ukwo kuri gukabura. Ese ukuntu yanditse amajambo akomeye adufasha gutahura neza ico ciyumviro!

13. (a) Icanditswe c’umwaka wa 2010 kizoba kivuga gute? (b) Ni mu buryo ubuhe urukundo rutigera runanirwa?

13 Ubukurikira, Paulo aradusigurira ico urukundo ruri be n’ico rutari. (Soma 1 Abakorinto 13:4-8.) Ubu na ho, nufate akanya usuzume urugero wewe ubwawe ushikanako mu gushitsa ivyo bintu biranga urukundo. Niwibande canecane ku majambo avugwa mu ryungane rya nyuma ryo ku murongo wa 7 be n’ayo mu ryungane rya mbere ryo ku murongo wa 8, agira ati: ‘Urukundo rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa,’ ano akaba ari yo azoba agize icanditswe cacu c’umwaka wa 2010. Urabona ko mu murongo wa 8, Paulo yavuze ko ingabirano z’impwemu, muri izo hakaba harimwo ukuvuga izindi ndimi be n’ukuvuga ubuhanuzi, izakoreshwa ishengero rya gikirisu rigitangura, zokuweho. Zogize iherezo. Ariko urukundo rworwo ruzokwamaho. Urukundo ni rwo kameremere ka Yehova, na we akaba yamaho. Ni co gituma urukundo rutazokwigera runanirwa, canke ngo ruhere. Ruzokwama ibihe bidahera ari kamere iranga Imana yacu yamaho.​—1 Yoh. 4:8.

Urukundo rwihanganira vyose

14, 15. (a) Urukundo rushobora gute kudufasha kwihanganira ibigeragezo? (b) Ni kubera iki umuvukanyi umwe akiri muto yanse guhemuka?

14 Ni igiki gifasha abakirisu kwihangana naho boshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, ibintu bitoroshe ibihe be n’ingorane zimeze gute? Ahanini, ni urukundo nyakuri. Mwene urwo rukundo ntirutuma gusa duheba ivyo dufise. Ruratuma tugira umutima ukunze wo kugumana ugutungana kwacu, eka mbere no guheba ubuzima bwacu ku bwa Kristu. (Luka 9:24, 25) Zirikana ku kuntu Ivyabona bagumye ari abizigirwa igihe bacumukurizwa mu makambi y’itunatuniro, mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho be no mu mabohero mu kiringo ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose be n’inyuma y’aho.

15 Ivyashikiye Icabona akiri muto wo mu Budagi yitwa Wilhelm birashingira intahe ico kintu. Yagumye ari intahemuka igihe yagira yicwe n’umugwi w’abasoda b’Abanazi bari bahawe itegeko ryo kumwica. Mw’ikete ryo gusezera yandikiye umuryango wiwe, yavuze ati: “Ikiruta vyose dutegerezwa gukunda Imana yacu, nk’uko Indongozi yacu Yezu Kristu yabitegetse. Nitwaguma twumiye kuri we, azoduhera.” Mu nyuma, mu kiganiro kimwe co mu Munara w’Inderetsi, hari uwo mu muryango wiwe yanditse ati: “Mu bigeragezo vyose vyadushikiye muri ico gihe, twese uko tugize umuryango twaguma turaba neza ko urukundo dukunda Imana ari rwo twama nantaryo dushira mu kibanza ca mbere.” Ako ni ko gatima abavukanyi benshi ubu bapfungiwe muri Arumeniya, Eritireya, Koreya y’epfo no mu bindi bihugu bagaragaza. Abo bavukanyi baguma bashikamye mu rukundo bakunda Yehova.

16. Ni ibiki abavukanyi bacu bo muri Malawi bihanganiye?

16 Mu mihingo myinshi, usanga hari ibintu bitandukanye bigerageza ukwizera be n’ukwihangana kw’abavukanyi bacu. Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi baramaze imyaka 26 bihanganiye ukubuzwa gukorera ku mugaragaro na leta yaho, ukurwanywa gukaze be n’ibintu vyinshi biranga ubunyamaswa. Ukwihangana kwabo kwaravuyemwo ivyiza. Igihe uruhamo rwatangura, muri ico gihugu hari Ivyabona bashika 18.000. Inyuma y’imyaka 30, Ivyabona muri ico gihugu bari 38.393, ni ukuvuga ko barenga incuro zibiri. Ivyiza nk’ivyo nyene vyarabonetse mu bindi bihugu.

17. Ni ibiki abavukanyi bamwebamwe bo mu ngo zigizwe n’abadasangiye ukwizera usanga bihanganira, kandi ni kubera iki bashoboye kwihanganira ukwo gufatwa nabi?

17 Usanga bigoye igihe abasavyi b’Imana muri rusangi bagizweko ibitero vy’imbonankubone. Ariko, igihe abakirisu bamwe barwanijwe n’abo mu miryango yabo, hoho usanga bigoye gusumba. Umukirisu yoshobora guta umutwe abitumwe n’abo babana mu nzu canke incuti ziwe za hafi. None Yezu ntiyari yaravuze ko ivyo vyobaye? Ego cane, kandi benshi bariboneye ko ayo majambo yiwe ari ay’ukuri. (Mat. 10:35, 36) Abakirisu b’imiyabaga barihanganiye ukurwanywa n’abavyeyi babo batizera. Hari mbere n’abirukanywe iwabo, ariko barakiranywe umutima mwiza n’Ivyabona bagenzi babo. Abandi baraciwe mu miryango yabo. Ni ibiki none vyafashije abo bavukanyi kwihanganira ukwo gufatwa nabi? Urukundo bakunda umuryango w’abavukanyi si rwo rwonyene rwabafashije, ariko ikiruta vyose, barafashijwe n’urukundo bakunda Yehova be n’Umwana wiwe.​—1 Pet. 1:22; 1 Yoh. 4:21.

18. Urukundo rwihanganira vyose rufasha gute abakirisu bubakanye?

18 Hariho ibindi bintu vyinshi vyo mu buzima bisaba ko tugaragaza urukundo rwihanganira vyose. Mu mubano w’abubatse, urukundo rurafasha abubakanye gukurikiza amajambo ya Yezu agira ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:6) Igihe abakirisu bubakanye bashikiwe n’“amakuba mu mubiri wabo,” barakwiye kwibuka yuko Yehova afise uruhara ruhambaye mu mubano wabo. (1 Kor. 7:28) Ijambo ryiwe rivuga yuko ‘urukundo rwihanganira vyose,’ kandi umugabo n’umugore bambaye iyo kamere bararemeshwa kubana akaramata no kurinda umubano wabo ntusambuke.​—Kol. 3:14.

19. Ni igiki cabaye mu basavyi b’Imana inyuma y’aho hatereye ivyago vy’ivyaduka?

19 Urukundo ruradufasha kwihanganira vyose mu gihe c’ivyago vy’ivyaduka. Uko ni kwo vyagenze igihe mu Bumanuko bwa Peru haba ikinyamugigima be n’igihe ca gihuhusi catazariwe Katrina cabica bigacika mu bice vy’akarere k’ikigobe ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ivyo vyago vyarahitanye amazu y’abavukanyi benshi canke ivyo bari batunze. Urukundo rwaratumye ishengero rikwiye kw’isi yose ritanga ivyo gutabara abo bavukanyi, kandi abakora bavyishakiye barafashije mu gikorwa co gusubira kwubaka amazu no gusanura Ingoro z’Ubwami. Ibikorwa nk’ivyo biragaragaza ko abavukanyi bacu bakundana kandi ko bitwararikana mu bihe vyose be n’uko ivyabo vyoba vyifashe kwose.​—Yoh. 13:34, 35; 1 Pet. 2:17.

Urukundo ntirwigera runanirwa

20, 21. (a) Ni kubera iki urukundo rufise agaciro ntangere? (b) Ni kubera iki wiyemeje gukurikira ya nzira y’urukundo?

20 Mu basavyi ba Yehova bo muri iki gihe, turibonera ko gukurikirana ya nzira irengeye y’urukundo biranga ubukerebutsi. Mu vy’ukuri, iyo nzira ni ntangere muri vyose. Raba ingene intumwa Paulo yashimitse kuri ukwo kuri. Ubwa mbere, yarerekanye ko ingabirano z’impwemu zokuweho kandi ko abagize ishengero rya gikirisu bokuze bakava mu bwana maze bagashikira ubuhumure. Yaciye asozera ati: “Ariko rero, ubu hagumaho ukwizera, icizigiro, urukundo, ivyo bitatu; mugabo ikiruta ivyo ni urukundo.”​—1 Kor. 13:13.

21 Mu nyuma, kubera ko ibintu twizeye bizoranguka, ntibizoba bigikenewe ko tuvyizera. Ibintu vyose nivyamara guhindurwa bishasha, ntituzosubira kwizigira imihango ubu dushashaye cane kubona irangutse. Bite ho ku bijanye n’urukundo? Rworwo ntiruzokwigera runanirwa canke ngo ruhere. Ruzokwamaho. Nta gukeka ko tuzobona kandi tugatahura iyindi mice igize urukundo rw’Imana kubera ko tuzobaho ibihe bidahera. Niwakora ivyo Imana igomba mu gukurikira ya nzira irengeye y’urukundo rutigera runanirwa, uzoshobora kubaho ibihe bidahera.​—1 Yoh. 2:17.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki dutegerezwa kwirinda ugukunda mu buryo butabereye?

• Ni ibiki urukundo rushobora kudufasha kwihanganira?

• Ni mu buryo ki urukundo rutigera runanirwa?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Iciyumviro ku rup. 27]

Icanditswe c’umwaka wa 2010 kizoba kivuga ngo ‘Urukundo rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.’​—1 Kor. 13:7, 8.

[Ifoto ku rup. 25]

Urukundo dukunda Imana ruratuvyurira umutima wo gushinga intahe

[Ifoto ku rup. 26]

Urukundo rutananirwa rwarafashije abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo muri Malawi kwihanganira ibigeragezo