Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana

Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana

Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana

YEHOVA ashaka ko unezerwa. (Zab. 100:2) Kubera ko uri umusavyi wiwe, ushobora kuba ufise vyinshi ukora. Kumbure ntiwari ufise ibintu vyinshi ukora igihe wegurira Imana ubuzima bwawe, ariko ubu amabanga ujejwe mu vy’umubiri no mu vy’impwemu hari aho woba ubona ko ari umuzigo. Woshobora kuba wumva mbere wiyagirije igihe utashoboye kurangura ibintu vyose washaka gukora. Ushobora gute none kugira uburimbane no kugumana “umunezero w’Uhoraho”?​—Neh. 8:10.

Kubera ko ubayeho mu bihe bitoroshe kandi ukaba ushikirwa n’imikazo myinshi, urakeneye kuba umuntu afise urutonde rwiza. Imwe mu mpanuro zahumetswe intumwa Paulo yatanze usanga ari ngirakamaro canecane muri uwo muce, ni iyigira iti: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye, kubera ko imisi ari mibi.”​—Ef. 5:15, 16.

Wisunze iyo mpanuro iranga ubukerebutsi, ushobora gute kwishingira imigambi ushobora gushitsa be no kugira uburimbane hagati yo kwiyigisha, kwitaho umuryango wawe, umurimo wo mu ndimiro, akazi ukora be n’iyindi mirimo ikenewe mu buzima?

Woba wibuka umunezero wagize igihe wiyegurira Imana ukabatizwa? Waragize umunezero kubera ko wamenye ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe. Hari aho woba wamaze amezi atari make uriko uriga ubigiranye umwete kugira ngo utahure ivyo bintu wongere ugire uwo munezero. Ariko, mu vy’ukuri vyasavye akigoro. Ivyo wize vyaratumye uhindura ubuzima bwawe burarushiriza kuba bwiza.

Kugira ngo ugumane uwo munezero, urakeneye kuguma wigaburira mu buryo bw’impwemu. Nimba bikubera urugamba kuronka umwanya wo gusoma no kwiyigisha Bibiliya, nusuzume urutonde rw’ivyo ukora. Naho womara iminuta mikeyi gusa buri musi uriko uriyigisha wongera uzirikana ku vyo wiga, bizotuma urushiriza kwiyegereza Yehova, kandi nta gukeka ko bizogira ico biterereye ku munezero uzogira.

Abenshi mu basavyi b’Imana barashobora kwicungurira umwanya bakaronka uwo bakoresha mu mirimo ihambaye cane bawukuye ku wo bahora bamara bariko bakora ibintu bidahambaye cane. Niwibaze uti: ‘Mara umwanya ungana gute ndiko ndasoma ibinyamakuru vyo mw’isi, ndorera televiziyo, numviriza akaziki canke ndiko ndisamaza?’ Mwene ivyo bikorwa bishobora gutuma umuntu anezerwa igihe gusa abikoze ku burimbane. (1 Tim. 4:8) Niba usanze ufise ingorane mu bijanye n’ukuntu ukoresha umwanya wawe, nugire ico ukoze kugira ngo uhindure urutonde rw’ivyo ukora.

Uwitwa Adam, uno akaba ari serugo, umukurambere na sebibondo w’abana batatu, arasigura ikimufasha ati: “Ndihatira kugira ubuzima bworoheje. Ndirinda ibintu vyo kwisamaza bisahura umwanya be no gutunga ibintu bisaba kwitwararikwa cane. Si ukuvuga ko mbayeho nibabaza, ahubwo gusa ndinezereza mu buryo bworoshe cane.”

Kuzirikana ku vyiza biva ku ngingo ufata birashobora gutuma urushiriza kugira umunezero no kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. Nk’akarorero, umukurambere yitwa Mariusz akaba afise abana batatu, avuga ati: “Igihe natangura kwiga Bibiliya, naciye mba umuntu atihebura. N’ubu ndacashikirwa n’ingorane, nyinshi muri zo Yehova akaba ari we azi ibizerekeye. Ariko kubera yuko amfata mu mugongo, niteze kazoza mfise umunezero.”

Nk’uko kwa Mariusz, kubona ibintu mu buryo bwiza ntibizoca bikuraho amaganya yose ufise. Ariko birashobora kugufasha kumererwa neza kuruta no kurushiriza kuvyifatamwo neza mu ngorane zigushikira mu buzima. Dusoma muri Bibiliya duti: “Imisi y’umunyamubabaro ni mibi yose, arik’uw’umutima ukeye yamana ibinoboye.” (Imig. 15:15) Nuze kandi urazirikana ku rukundo Imana imaze kukugaragariza. Mwene ukwo kuzirikana kurashobora gutuma urushiriza kuyikunda no kugira umunezero uva kuri yo.​—Mat. 22:37.

Gushira Yehova be n’ivyo agomba mu kibanza ca mbere mu buzima biratuma mu muryango harushiriza kurangwa umunezero. Kugaragaza kamere za gikirisu biratuma ukutumvikana mu muryango kugabanuka, abawugize na bo bakarushiriza kwiyegerezanya no kugiranira ibiyago biryoshe. Ku bw’ivyo, abo mu rugo rwawe bose barashobora kwumva ko bagize umuryango urangwamwo amahoro n’ubumwe.​—Zab. 133:1.

Kugira uruhara mu mirimo y’ivy’impwemu uko mugize umuryango birongereza umunezero nyakuri mufise. Mariusz asigura ati: “Ndaha agaciro umwanya mara ndi kumwe n’abo mu muryango wanje. Umukenyezi wanje aranshigikira cane. Igihe cose bishobotse, tuba turi kumwe igihe mba ndi mu busuku bwo mu ndimiro canke ndiko ndasukura ku kibuga c’inkino ku bw’amahwaniro, kandi aramperekeza igihe ngiye gushikiriza insiguro z’icese mu yandi mashengero. Ivyo birandemesha cane.”

Ivyanditswe bitegeka abakirisu kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Ariko igihe akazi ukora gasaba umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi, karashobora kukwaka umunezero uronkera mu murimo urangurira Imana. Nuture Yehova ico kibazo mw’isengesho. (Zab. 55:22) Hari abashitse ku ciyumviro c’uko ngo kugira bashire Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere, bategerezwa kurondera gukora ubuzi butandukanye. Nta mukirisu n’umwe akwiye kureka ngo amahera menshi yohembwa kubera akazi akora gasaba amasaha menshi n’inguvu nyinshi amuhume amaso ntabe akibona yuko ivy’impwemu ari vyo bihambaye kuruta ibindi.​—Imig. 22:3.

Vyoshobora kuba ngirakamaro wanditse ivyiza vyose vy’akazi ushobora gukora canke usanzwe ukora, be n’ingaruka mbi zako zose. Ego ni ko, gukora akazi uhembwa neza kandi kamara akanyota ni vyiza. Yamara, akazi ukora koba kagufasha gutuma umuryango wawe urushiriza kumererwa neza mu vy’impwemu? Nuzirikane kuri ivyo bintu vyose ata kwiyorohereza, hanyuma uce ufata ingingo zishira mu kibanza ca mbere ubucuti ufitaniye na Yehova.

Niba akazi ukora kadatuma utera imbere mu vy’impwemu, urakwiye kugira ivyo uhinduye mu bijanye n’ukuntu ivyawe vyifashe. Abakirisu benshi baragize amahinduka akomeye kugira ngo baronke umwanya wo kwitwararika ivy’impwemu. Umuvukanyi umwe wo muri Polonye yigana ati: “Nta rindi hitamwo nari kugira atari ukuva mw’ihinguriro nakoreramwo kubera ko akenshi nama nafashe ingendo z’ivy’akazi. Nta mwanya uhagije naronka wo kwitwararika neza ivy’impwemu canke umuryango wanje.” Ubu uwo muvukanyi abeshejweho n’akazi katamusaba umwanya munini be n’inguvu nyinshi.

Niwironkere umunezero mu gufasha abandi

Yezu yavuze yuko “gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ibik. 20:35) Abakirisu barafise uturyo twinshi two gutanga. Rimwe na rimwe wosanga kumwenyurira umuntu ubigiranye igishika, kumuha ukuboko canke kumushimira bimwe bivuye ku mutima kubera ko akora agatama mu gikorwa ca gitewokarasi yashinzwe ari vyo bikenewe kugira ngo mwempi munezerwe.

Intumwa Paulo yaremesheje abakirisu bagenziwe ati: “Muhoze abadendebukiwe, mufate mu mugongo abagoyagoya.” (1 Tes. 5:14) Abadendebukiwe boshobora kubona ko ata nkomezi ubwabo bafise zobafasha kunyinyana n’ingorane zibashikira. Woba ushobora gufasha mwene abo bantu? Nimba ubonye ko umwe mu bavukanyi bawe ariko aratakaza umunezero afitiye umurimo arangurira Yehova, nugerageze kumuremesha. Niwabigenza gutyo, na wewe bizokuremesha. Hariho ingorane ata muntu n’umwe yotorera umuti. Ariko rero, urashobora kwumvira ikibabarwe kivuye ku mutima umuvukanyi wawe kandi ugashobora kumuhimiriza kwiheka kuri Yehova, we atigera ananirwa. Abamwihekako ntibazokwigera bataha zirayoye.​—Zab. 27:10; Yes. 59:1.

Ikindi kintu c’ingirakamaro wokora ni ugusaba uwusa n’uwuriko aratakaza umunezero ngo mukorane mu busuku. Igihe Yezu yarungika ba bigishwa 70, yabarungitse “babiribabiri.” (Luka 10:1) Ntiwemera none ko yari atanze akaryo k’uko abo babiribabiri baremeshanya? Woba ushobora muri iki gihe gukoresha ico citegererezo kugira ngo ugire abo ufashije gusubira kugira umunezero?

Kuba dufise imyitwarariko ni ikintu cumvikana. Yamara, Paulo aduhimiriza ati: “Mwame nantaryo munezerwa mu Mukama. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe!” (Flp. 4:4) Kubera ko ukunda Imana, uyigamburukira kandi ukaba ushishikara gukora igikorwa yagushinze ubigiranye umwete, ubuzima bwawe burafise intumbero. Ivyo biratuma unezerwa. N’ikiruta ivyo, Yehova aragufasha kwihanganira imikazo be n’ingorane bigushikira.​—Rom. 2:6, 7.

Dukoresheje amaso y’ukwizera, turabona ko twegereje cane isi nshasha Yehova yadusezeraniye. Ese ukuntu dufise imihezagiro myinshi be n’imvo nyinshi vyotuma tunezerwa! (Zab. 37:34) Ku bw’ivyo, turakwiye kunezerwa, tukaguma twibuka ukuntu Yehova ariko araduhezagira cane no muri iki gihe turimwo. Gutyo rero, turashobora ‘gusaba Uhoraho tunezerewe.’​—Zab. 100:2.

[Picture/Igicapo ku rup. 8]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Hari aho woba ukeneye kugira ivyo uhinduye ku bijanye n’ingene ukoresha umwanya wawe niba wipfuza kugumana umunezero

KWISAMAZA be no KWINEZEREZA

KWITAHO URUGO n’UMURYANGO

AKAZI

UBUSUKU

KWIYIGISHA

AMAKORANIRO YA GIKIRISU

[Pictures on page 10]

Woba ushoboye gufasha abandi kugira ngo basubire kugira umunezero bahorana?