Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Ni mu buryo ubuhe Imana ishobora kukugira umutunzi?

Muri kahise, Yehova yarahezagiye abantu bamwebamwe, nka Aburahamu na Salomo, mu kubaha ubutunzi bw’umubiri. Ariko ubutunzi abakirisu bakeneye cane kandi Imana ishobora gufasha umuntu kuronka, burimwo ukwizera, amahoro, ugushira akanyota be n’agahimbare.​—1/9, urupapuro rwa 3-7.

• Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku kuba Yezu yarakijije Petero igihe yariko aranyika mu kiyaga? (Mat. 14:28-31)

Nka hamwe twobona yuko biboneka ko umuvukanyi munaka abuze ukwizera, turashobora kumera nk’abaramvura ukuboko kwacu kugira ngo tumufashe kurushiriza kugira ukwizera.​—15/9, urupapuro rwa 8.

• Yehova vyamusavye iki kugira ngo turokorwe?

Yehova yarihanganiye kubona Umwana wiwe ariko arakubagurwa yongera atyekezwa. Vyongeye, nk’uko vyari vyaragereranijwe n’umutima ukunze Aburahamu yari afise wo gutanga umwana wiwe, Yehova yarihanganiye kubona Umwana wiwe ariko yicwa nk’inkozi y’ikibi.​—15/9, urupapuro rwa 28-29.

• Ni kubera iki Codex y’i Vatikano ari ubutunzi?

Iyo codex ni icandikano c’iminwe c’ikigiriki canditswe haciye imyaka idashika 300 Bibiliya ihejeje kwandikwa. Irimwo igisomwa nka cose c’Ivyanditswe vy’igiheburayo n’ivy’ikigiriki. Ni igikoresho kimwe incabwenge zikoresha mu bijanye no kumenya ivyari mu gisomwa co mu ntango ca Bibiliya.​—1/10, urupapuro rwa 18-20.

• Mu Migani 24:27 harimwo icigwa ikihe ku bijanye no “kwubaka inzu”?

Umusore agomba kwubaka urwiwe akwiye kwitegurira iryo banga. Ivyo birimwo kuba uwiteguriye kuronsa umuryango ivyo ukeneye mu vy’umubiri be no kuba umutwe w’urugo mu vy’impwemu.​—15/10, urupapuro rwa 12.

• Ni kubera iki bitabereye kuvuga yuko Ivyabona vya Yehova bagize idini ry’abaporotisanti?

Idini ry’abaporotisanti ryatanguriye i Buraya mu kinjana ca 16 mu ntumbero yo gutunganya bushasha Ekeleziya Gatolika y’i Roma. Ijambo “abaporotisanti” ryerekeza ku bantu bashigikira imigambi ya kwa Gutunganya ivy’idini bushasha. Ivyabona vya Yehova ntibemera ubukuru papa afise kw’isi yose kandi barashigikira n’umutima wabo wose ko Bibiliya ari co gitabu nyamukuru, yamara ntibemera inyigisho nyinshi be n’imigenzo bidashingiye ku Vyanditswe vyiraye mu madini y’abaporotisanti.​—1/11, urupapuro rwa 19.

• Vyoba bikenewe ko umuntu yiga igiheburayo n’ikigiriki kugira ngo atahure Bibiliya?

Oya. Kumenya izo ndimi ubwavyo ntibituma umuntu arushiriza kuba uwushoboye gutahura ubutumwa bwo muri Bibiliya. Uwuba yarize izo ndimi aguma akeneye kwisunga inyizamvugo be n’ibitabu vy’indimburo. Kuba Imana yarahumekeye abantu ngo bazigame mu vyandikano vyahinduwe gusa amajambo yavuzwe n’Umusavyi wayo aruta abandi bose, vyerekana ko umuntu ashobora gukoresha no kwiga ukuri kwo muri Bibiliya akoresheje Bibiliya zahinduwe mu ndimi za none.​—1/11, urupapuro rwa 20-23.

• Yehova na Yezu baduhaye gute uturorero mu bijanye no kugira imico myiza?

Naho Yehova afise ikibanza kiri hejuru cane, abantu abafatana ubuntu n’icubahiro. Igihe yavugana na Aburahamu be na Musa, yakoresheje ijambo ry’igiheburayo rikunze guhindurwa ngo “ndakwinginze.” (Ita. 13:14; Kuv. 4:6) Imana kandi iratega ugutwi abantu. (Ita. 18:23-32) Na Yezu ni ko yabigenjeje, kandi yari yiteguriye gufasha abantu bari bamukikije akagira n’umutima ukunze wo kubigira, mbere akenshi agakoresha amazina yabo.​—15/11, urupapuro rwa 25.

• Ni kubera iki abakirisu b’ukuri birinda ivyo guhimbaza umusi mukuru w’Umwaka mushasha uhimbazwa muri Aziya?

Umusi mukuru w’Umwaka mushasha uhimbazwa muri Aziya ni umusi uhambaye ku birangamisi vyo muri Aziya. Ivyo guhimbaza uwo musi mukuru akenshi usanga birimwo ibijanye n’ukwipfurizanya umugisha be n’ukwerekana ko bubaha imizimu y’abapfuye. Abakirisu baratera iteka kandi bakubaha abavyeyi babo, ariko ntibagira uruhara mu manza zishingiye ku vyo kwiyegereza ba sekuruza bapfuye kugira ngo babakingire canke ku vyo kurondera gutoneshwa n’ibimana vy’ibinyarugo.​—1/12, urupapuro rwa 20-23.