Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni inzira iyihe Paulo yajanye igihe yagira urugendo rwiwe rwa mbere aja i Roma?

Mu Bikorwa 28:13-16 havuga yuko ubwato Paulo yarimwo aja mu Butaliyano bwashitse i Puteyoli (ahitwa muri kino gihe Pouzzoles), ku Kigobe c’i Naples. Yaciye afata urugendo aja i Roma aciye mw’Ibarabara rya Apiyo, rikaba ryari ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara.

Ibarabara rya Apiyo ryiswe gutyo kubera Appius Claudius Caecus, umutegetsi w’Umuroma yatanguye kurica mu 312 B.G.C. Iryo barabara, iryari rifise ubwaguke buri hagati ya metero 5 na 6 rikaba ryari rishashemwo ibibuye bininibinini vyakuwe ahaturitse ibirunga, ryahavuye ryongererezwa uburebure rireha n’ibilometero 583 uja amagana mu Bumanuko bushira Ubuseruko uvuye i Roma. Ryafatanya Uburoma n’ikivuko ca Brundisium (icitwa muri iki gihe Brindisi), kino kikaba ari co cashikana mu Buseruko. Abagenda n’amaguru baza barahagarara ahantu baruhukira, bakaba bahashika uko baba bagiye ibilometero 24 canke birenga, kugira bagure utuntu twa nkenerwa, baryame canke baguze amafarasi kibure imikogote.

Ariko rero, birashoboka ko Paulo yariko agenda n’amaguru. Igice c’Ibarabara rya Apiyo yagenze careha n’ibilometero 212 vy’uburebure. Igice caryo caca mu karere k’ibidengeri (marais Pontins), kakaba kari akarere kuzuyemwo ibishanga katumye umwanditsi umwe w’Umuroma yidoga ku bijanye n’imibu y’aho be n’ukuntu hanuka. Ugishika mu Buraruko bw’ivyo bidengeri hari Akaguriro ka Apiyo, nko ku bilometero 65 uvuye i Roma, ku Buraro Butatu, kino kikaba cari ikibanza abari ku rugendo baruhukiramwo, cari nko ku bilometero 50 uvuye mu gisagara. Aho hantu habiri ho kuruhukira ni ho abakirisu b’i Roma bari barindiririye Paulo. “Paulo ababonye, [yaciye] akengurukira Imana, ararema.”​—Ibikorwa 28:15.

Ni ubwoko ubuhe bw’igisate co kwandikako buvugwa muri Luka 1:63?

Injili ya Luka ivuga yuko abagenzi ba Zekariya bamubajije ingene umwana wiwe yari aherutse kuvuka yokwiswe. Zekariya yaciye “asaba igisate hanyuma yandika ngo: ‘Yohani ni ryo zina ryiwe.’” (Luka 1:63) Nk’uko igitabu kimwe c’incabwenge kibivuga, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aho ngo “igisate” ryerekeza ku “gasate gatoya ko kwandikako mu bisanzwe kaba gahinguwe mu mbaho kakaba gashongererejeko ishashara.” Uduhimbahimba tw’utubaho twaba duteranijwe twaca dushongererezwako ishashara rihingurwa n’inzuki ku buryo ico gisate kiba igisenye neza. Umwanditsi akoresheje agasaruzo, yarashobora gusarura ivyandikano kuri utwo tubaho. Ivyo yanditse vyarashobora mu nyuma gufutwa kandi aho hantu haba hasubiye kuba ahasenye neza hagasubira gukoreshwa.

Igitabu kimwe (Reading and Writing in the Time of Jesus) kivuga giti: “Ibicapo bituruka i Pompéi, ibishusho bituruka mu mihingo itandukanye yo mu Nganji y’Uburoma be n’uburorero bw’ibintu bibaho koko vyacukuwe mu bibanza vyinshi bisabagiye kuva mu Misiri gushika ku Ruhome rwa Hadrien [mu Buraruko bw’Ubwongereza] birerekana ko ibisate vyakoreshwa ahantu henshi.” Abantu batandukanye bashobora kuba bari bafise mwene ivyo bisate, nk’abadandaza, abakuru mu vy’intwaro, kumbure mbere n’abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere.

[Ifoto ku rup. 11]

Ibarabara rya Apiyo

[Ifoto ku rup. 11]

Ikibaho gishongererejeko ishashara uduhungu twakoresha kw’ishure, mu kinjana ca 2 G.C.

[Abo dukesha ifoto]

Uruhusha rwatanzwe na British Library