Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye

Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye

Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye

“Turi aba Yehova.”​—ROM. 14:8.

1, 2. (a) Ni agateka akahe twatewe? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

MBEGA agateka gahambaye abagize ihanga rya Isirayeli batewe igihe Yehova yababwira ati: ‘Muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose’! (Kuv. 19:5) Muri iki gihe, abagize ishengero rya gikirisu na bo nyene baratewe agateka ko kuba aba Yehova. (1 Pet. 2:9; Ivyah. 7:9, 14, 15) Ni agateka gashobora gutuma turonka ivyiza vy’ibihe bidahera.

2 Kuba aba Yehova si agateka gusa, ariko kandi ni ibanga. Hari abokwibaza bati: ‘Ubwo nzoshobora gukora ivyo Yehova anyitezeko? Mbega hoho nka hamwe nokora igicumuro, ubwo ntazoca anshibura? Ubwo kuba uwa Yehova ntibizonyaga umwidegemvyo?’ Nta kibi kiri mu kwibaza ibibazo mwene ivyo. Ariko rero, hariho ikindi kibazo umuntu akwiye kubanza kurimbura yitonze, na co kikaba ari iki: ni inyungu izihe ziva ku kuba uwa Yehova?

Kuba aba Yehova bishikana ku gahimbare

3. Rahabu yungukiye gute ku ngingo yafashe yo gukorera Yehova?

3 Mbega abantu boba bungukira ku kuba aba Yehova? Rimbura ivyerekeye Rahabu, uno akaba yari umumaraya yaba i Yeriko ha kera. Nta gukeka yuko yari yakuriye mu vy’ugusenga kwononekaye kwagirirwa imana z’i Kanani. Yamara, igihe yumva ivyerekeye intsinzi zitandukanye Yehova yagiye araha Isirayeli, yaratahuye ko Yehova ari Imana y’ukuri. Ku bw’ivyo, yarashize ubuzima bwiwe mu kaga kugira ngo akingire abantu Imana yatoranije, gutyo kazoza kiwe aba agashize mu maboko yabo. Bibiliya igira iti: “Mbega Rahabu wa mumaraya we ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira?” (Yak. 2:25) Iyumvire nawe ivyiza yironkeye igihe yacika uwo mu bagize abasavyi b’Imana batyoroye, abigishijwe biciye kw’Itegeko ry’Imana mu rukundo no mu butungane. Ese ukuntu ategerezwa kuba yarahimbawe no kuba yarahevye uburyo yari abayeho imbere y’aho! Yarubakanye n’Umwisirayeli, maze arera umuhungu bavyaranye ari we Bowazi, uwahavuye aba umuntu w’Imana adasanzwe.​—Yos. 6:25; Rusi 2:4-12; Mat. 1:5, 6.

4. Rusi yungukiye gute ku ngingo yafashe yo gukorera Yehova?

4 Rusi w’i Mowabu na we nyene yarafashe ingingo yo gukorera Yehova. Igihe yari umukobwa, ashobora kuba yarasenga Kemoshi be n’izindi mana z’i Mowabu, mugabo yahavuye amenya Imana y’ukuri Yehova, hanyuma yubakana n’Umwisirayeli umwe yari yahungiye mu gihugu cabo. (Soma Rusi 1:1-6.) Mu nyuma, igihe Rusi na mugenziwe Orupa, bafata urugendo baja i Betelehemu bari kumwe na inabukwe wabo Nawomi, Nawomi yarahimirije abo bagore babiri bakiri bato gusubira i wabo. Kugerera muri Isirayeli ntivyoboroheye. Mu vy’ukuri, Orupa ‘yarasubiye mu b’i wabo no ku mana zabo,’ ariko Rusi we ntiyasubiyeyo. Yarakoze yisunze ukwizera kwiwe kandi yari azi uwo yipfuza kwegukira. Yabwiye Nawomi ati: “Reka kunyinginga kuguheba, no gusubira inyuma ngo noye kugukurikira; kukw ah’uzoja ari ho nzoja, kand’ah’uzorāra ari ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.” (Rusi 1:15, 16) Kubera ko Rusi yahisemwo gukorera Yehova, yarungukiye kw’Itegeko ry’Imana, iryari ryarashizeho intunganyo idasanzwe ku bw’ineza y’abapfakazi n’abakene be n’abatagira amatongo. Yararonkeye ubuhirwe, ugukingirwa be n’ugutekanirwa munsi y’amababa ya Yehova.

5. Ni ibiki wiboneye ku bijanye n’abakorera Yehova badahemuka?

5 Hari aho woba uzi abantu bamaze imyaka mirongo bakorera Yehova badahemuka inyuma y’aho bamariye kumwiyegurira. Nubabaze ukuntu bungukiye ku kumukorera. Naho ata n’umwe abuze ingorane, hariho ibimenyamenya bishigikira bimwe bikomeye aya majambo y’umwanditsi wa zaburi agira ati: “Hahirwa ihanga rifise Uhoraho kw Imana yaryo.”​—Zab. 144:15.

Yehova atwitegako ibitegereka

6. Ni kubera iki tudakwiye gutinya ko tutazoshobora gukora ivyo Yehova atwitezeko?

6 Hari aho woba waribajije nimba uzoshobora gukora ivyo Yehova akwitezeko. Biroroshe ko umuntu yumva ko kuba agiye kuba umusavyi w’Imana, kubaho yisunga itegeko ryayo, be n’uko azovuga mw’izina ryayo ari amananiza. Nk’akarorero, Musa yariyumvisemwo ko atabereye igihe yarungikwa kugira ico abwiye Abisirayeli be n’umwami wa Misiri. Ariko Imana ntiyari yiteze kuri Musa ibidategereka. Yehova ‘yaramwigishije ivyo yokoze.’ (Soma Kuvayo 3:11; 4:1, 10, 13-15.) Kubera yuko Musa yemeye imfashanyo yahawe, yarironkeye umunezero uva ku gukora ivyo Imana igomba. Na twebwe Yehova atwitezeko ibitegereka. Aratahura ko turi abanyagasembwa, kandi aripfuza kudufasha. (Zab. 103:14) Gukorera Imana uri umuyoboke wa Yezu ntibinaniza ahubwo biraruhura, kuko kubaho muri ubwo buryo bigira ico vyunguye abandi kandi bikanezereza umutima wa Yehova. Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, . . . ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima.”​—Mat. 11:28, 29.

7. Ni kubera iki wokwizigira udakeka ko Yehova azogufasha gukora ivyo akwitezeko?

7 Yehova azokwama aduha indemesho dukeneye, igihe cose tuzomwihekako kugira ngo aturonse inkomezi. Nk’akarorero, biboneka ko Yeremiya yari umuntu atari asanzwe yoroherwa no kuvuga. Ni co gituma igihe Yehova yamushinga igikorwa co kuba umuhanuzi wiwe, Yeremiya yavuze ati: “Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.” Mu nyuma, yaranavuze ati: “Sinzosubira . . . [kugira] ico mvuga mw’izina ryiwe.” (Yer. 1:6; 20:9) Yamara, biciye ku ndemesho Yehova yamuhaye, Yeremiya yarashoboye kumara imyaka 40 yamamaza ubutumwa abantu bataha nirwere. Yehova yaramusubirije umutima mu nda incuro n’izindi muri aya majambo agira ati: “Nzoba ndi kumwe nawe ngo ngukize, nkurokore.”​—Yer. 1:8, 19; 15:20.

8. Twerekana gute ko twizigira Yehova?

8 Nka kurya nyene Yehova yakomeje Musa na Yeremiya, arashobora kudufasha gukora ivyo yiteze ku bakirisu muri kino gihe. Igihambaye ni ukwiheka ku Mana. Bibiliya igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imig. 3:5, 6) Twerekana ko twizigira Yehova igihe twungukira ku mfashanyo atanga biciye kw’Ijambo ryiwe be no kw’ishengero. Nitwareka Yehova akayobora intambuko zacu mu buzima, nta kintu na kimwe kizotubuza kuba intahemuka kuri we.

Yehova aritwararika abasavyi biwe umwumwe ukwiwe

9, 10. Ni ugukingirwa bwoko ki Zaburi ya 91 isezerana?

9 Igihe bamwebamwe bariko barazirikana ku ngingo yo kwiyegurira Yehova, bashobora kuba bariyumviriye yuko bazohava bagwa mu caha, bagacika abatabereye, maze Yehova akabaheba. Igishimishije ni uko Yehova aturonsa uburinzi bwose dukeneye kugira ngo tuzigame ubucuti bw’agaciro dufitaniye na we. Nimuze twihweze ukuntu ivyo biserurwa muri Zaburi ya 91.

10 Iyo zaburi itangura n’aya majambo agira ati: “Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose azokwama ari mu gitūtu c’Īshobora vyose. Ndabgira Uhoraho, nt’Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira. Kukw ari yo izogukiza umutego w’umutezi.” (Zab. 91:1-3) Urabona yuko Imana isezerana gukingira abayikunda bakongera bakayizigira. (Soma Zaburi 91:9, 14.) None ni ugukingirwa bwoko ki yashaka kuvuga? Mu vy’ukuri, Yehova yarakingiye mu buryo bw’umubiri bamwebamwe mu basavyi biwe ba kera, mu bihe bimwebimwe akaba yabigize kugira ngo azigame urutonde rw’abantu Mesiya yari yarasezeranywe yokomotseko. Ariko rero, hari abandi bantu benshi b’abizigirwa bapfunzwe, barasinzikarizwa ubuzima, bongera baricwa bivuye ku bitero bituruka kuri Shetani birondera gutuma bahemukira Imana. (Heb. 11:34-39) Bararonse umutima rugabo bari bakeneye kugira ngo bihangane, kuko Yehova yabakingiye mu buryo bw’impwemu ivyotuma bava ku gutungana kwabo. Ni co gituma ibivugwa muri Zaburi ya 91 bishobora kubonwa ko ari isezerano ry’ugukingirwa kwo mu vy’impwemu.

11. “Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni iki, kandi ni bande Imana ikingirira muri bwo?

11 Rero, ubwo “bgigobeko bg’Īsumba vyose” buvugwa n’uwo mwanditsi wa Zaburi, ni ahantu h’ikigereranyo ho gukingirirwa mu vy’impwemu. Muri ubwo bwigobeko, ababa kumwe n’Imana ari abashitsi bayo, nta kintu na kimwe canke umuntu n’umwe ageramira ukwizera kwabo be n’urwo bakunda Imana. (Zab. 15:1, 2; 121:5) Ni ubwigobeko kubera yuko abatizera badashobora kubutahura. Aho ni ho Yehova akingirira abantu ku bwa ngingo bavuga bati: ‘Uri Imana yanje nizigira.’ Igihe tugumye muri ico kibanza c’ubuhungiro, ntibiba ngobwa ko duhagarika umutima bidakenewe ku bijanye no gutakaza ubutoni ku Mana, mu kugwa mu mutego wa Shetani, wa “mutezi.”

12. Ni ibiki bigeramiye ubucuti dufitaniye n’Imana?

12 Ni ibiki none bigeramiye ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana? Umwanditsi wa zaburi aravuga ingeramizi zitari nke, muri zo hakaba harimwo “ikīza kigendagendera mu mwiza, . . . n’agatikizo kayogeza mu mashōka.” (Zab. 91:5, 6) Wa “mutezi” yarafashe benshi akoresheje icipfuzo c’ubwikunzi kijanye no kurondera kwigenga. (2 Kor. 11:3) Abandi yabafashe biciye ku kuremesha agatima k’umwina, ubwibone no guhahamira amaronko. Abandi na bo yabayobeje abicishije ku mafilozofiya mwene aya: ukwiratira igihugu, inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’idini ry’ikinyoma. (Kol. 2:8) Vyongeye, abatari bake barakwegakwezwe maze bagwa mu mutego w’ubushegabo. Mwene ivyo vyago vyonona mu buryo bw’impwemu vyaratumye abantu amamiliyoni batakaza urwo bakunda Imana.​—Soma Zaburi 91:7-10; Mat. 24:12.

Nukingire urwo ukunda Imana

13. Yehova adukingira gute ibintu bigeramira ukumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu?

13 None Yehova akingira gute abasavyi biwe ivyo bintu bibageramiye mu vy’impwemu? Ya Zaburi ivuga iti: “Azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame mu nzira zawe zose.” (Zab. 91:11) Abamarayika bo mw’ijuru baratuyobora bakongera bakadukingira kugira ngo dushobore kwamamaza inkuru nziza. (Ivyah. 14:6) Uretse abamarayika, abakurambere bakirisu na bo nyene baradukingira biciye ku kuguma bisunga Ivyanditswe mu nyigisho batanga, kugira ngo ntiduhendwe n’ivyiyumviro vy’ikinyoma. Barashobora kuronsa imfashanyo uwo ari we wese aba ariko arinanata kugira ngo atsinde ukuntu isi ibona ibintu. (Tito 1:9; 1 Pet. 5:2) Vyongeye, wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” araturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu kugira ngo adukingire ya nyigisho y’ivy’ihindagurika, ugukwegakwegwa n’ivyipfuzo vy’ubuhumbu, ukwiruka inyuma y’ubutunzi be no kuba rurangiranwa, hamwe n’ibindi vyipfuzo be n’utwosho vyonona bitari bike. (Mat. 24:45) None wewe ni ibiki vyagufashije kunanira zimwe muri izo ngeramizi?

14. Dushobora gute kwungukira ku gukingirwa Imana itanga?

14 Ni ibiki dutegerezwa gukora kugira ngo tugume mu “bgigobeko” bw’Imana dukingirirwamwo? Nka kurya nyene tubwirizwa kwama twikingira ingeramizi zo mu buryo bw’umubiri, nk’amasanganya, ubugizi bwa nabi canke indwara zandukira, ni ko dutegerezwa kuguma twikingira ivyotugirira nabi mu buryo bw’impwemu. Ku bw’ivyo, turakwiye kuguma twungukira ku buyobozi Yehova aturonsa biciye ku bisohokayandikiro vyacu no ku makoraniro y’ishengero be no ku materaniro. Turaronderera impanuro ku bakurambere. Vyongeye, ntitwungukira none kuri kamere zitandukanye zigaragazwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu? Nkako, kwifatanya n’ishengero biradufasha kuba inkerebutsi.​—Imig. 13:20; soma 1 Petero 4:10.

15. Ni kubera iki ushobora kwizigira udakeka yuko Yehova ashobora kugukingira ikintu ico ari co cose cotuma utaba ugitoneshwa na we?

15 Nta mvo n’imwe dufise yotuma dukekeranya ko Yehova ashobora kudukingira ikintu icari co cose cotuma tuba tutacemerwa na we. (Rom. 8:38, 39) Yarakingiye ishengero abanyamadini be n’abanyapolitike b’abanyabubasha batwanka, akenshi bano bakaba bamye bafise intumbero itari iyo kutwica, ahubwo yo kudutandukanya n’Imana yacu nyeranda. Ivyo Yehova yasezeranye vyaragaragaye ko ari ukuri. Yasezeranye ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara.”​—Yes. 54:17.

Ni nde aturonsa umwidegemvyo?

16. Ni kubera iki isi idashobora kuturonsa umwidegemvyo?

16 Mbega kuba aba Yehova vyoba bitunyaga umwidegemvyo? Ahubwo kuba ab’isi ni vyo bishobora kuwutunyaga. Iyi si yaronkowe kuri Yehova kandi iganzwa n’imana y’ububisha igira abantu abaja. (Yoh. 14:30) Nk’akarorero, iyi si ya Shetani irakoresha ingorane z’ivy’ubutunzi kugira ngo inyage abantu umwidegemvyo wabo. (Gereranya n’Ivyahishuwe 13:16, 17.) Igicumuro na co nyene kirafise ububasha buhendana bwo kugira abantu abaja. (Yoh. 8:34; Heb. 3:13) Ku bw’ivyo, naho mbere abatizera bosezerana gutanga umwidegemvyo igihe baremesha uburyo bwo kubaho buteye kubiri n’inyigisho za Yehova, ababumviriza bose ntibazoteba gusanga bamaze kugirwa abaja bo kubaho mu buryo burangwa igicumuro kandi bwononekaye.​—Rom. 1:24-32.

17. Ni umwidegemvyo nyabaki Yehova aturonsa?

17 Ariko, mu gihe twishize mu maboko ya Yehova, araturinda ikintu ico ari co cose gishobora kutugirira nabi. Hari ukuntu ivyacu vyifashe nk’ivy’umuntu ashira ubuzima bwiwe mu maboko y’umuganga w’umuhinga mu kubaga, uwushobora kumuvura indwara yoba igeramiye ubuzima bwiwe. Twese turafise indwara igeramiye ubuzima bwacu, na yo ikaba ari igicumuro twarazwe. Mu gihe gusa twokwishira mu maboko ya Yehova twishimikije inkuka ya Kristu, ni ho dushobora kwizigira gukurwako ingaruka z’igicumuro maze tukabaho ibihe bidahera. (Yoh. 3:36) Nka kurya nyene turushiriza kwizigira umuganga abaga iyo tumenye ukuntu avugwa neza, ni ko turushiriza kwizigira Yehova uko tubandanya kwiga ibimwerekeye. Ni co gituma tubandanya kwiga Ijambo ry’Imana twitonze kubera yuko bidufasha kuyikunda, ku buryo tutaba tugitinya namba kuba abayo.​—1 Yoh. 4:18.

18. Abahitamwo kuba aba Yehova bibaviramwo iki?

18 Yehova araha abantu bose umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Ijambo ryiwe rigira riti: “Ni muhitemw’ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu.” (Gus. 30:19, 20) Imana yipfuza ko tugaragaza urwo tuyikunda mu guhitamwo kuyikorera tuvyishakiye. Kuba ab’iyo Mana twikundira biratuma vy’ukuri tugira agahimbare kandi tukakagumana, aho kutunyaga umwidegemvyo.

19. Ni kubera iki kuba aba Yehova ari ubuntu tutari dukwiriye?

19 Kubera ko turi abacumuzi, ntitubereye kuba ab’Imana itunganye. Ivyo bishoboka gusa kubera ubuntu tutari dukwiriye bw’Imana. (2 Tim. 1:9) Ni co gituma Paulo yanditse ati: “Nimba tubaho, tubaho ku bwa Yehova, kandi nimba dupfa, dupfa ku bwa Yehova. Nimba rero tubaho canke nimba dupfa, turi aba Yehova.” (Rom. 14:8) Mu vy’ukuri, ntituzokwigera twicuza kuba twarahisemwo kuba aba Yehova.

Wokwishura gute?

• Ni inyungu izihe ziva ku kuba aba Yehova?

• Ni kubera iki dushoboye gukora ivyo Imana itwitezeko?

• Yehova akingira gute abasavyi biwe?

[Study Questions]

[Ifoto ku rup. 8]

Nubaze abandi ukuntu bungukiye ku kuba aba Yehova

[Ifoto ku rup. 10]

Yehova adukingira mu buryo butandukanye ubuhe?