Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwerekane ko uri umuyoboke nyakuri wa Kristu

Niwerekane ko uri umuyoboke nyakuri wa Kristu

Niwerekane ko uri umuyoboke nyakuri wa Kristu

“Igiti ciza cose cama ivyamwa vyiza, mugabo igiti cose caboze cama ivyamwa ata co bimaze.”​—MAT. 7:17.

1, 2. Ni gute abayoboke b’ukuri ba Kristu batandukanye n’ab’ikinyoma, na canecane muri kino gihe c’iherezo?

YEZU yavuze yuko abantu bivugisha ko bamukorera be n’abayoboke biwe b’ukuri botandukaniye ku vyo bama, ni ukuvuga ivyo bigisha be n’ukuntu bigenza. (Mat. 7:15-17, 20) Nkako, ibintu abantu binjiza mu muzirikanyi wabo no mu mutima wabo ntibibura kubagirako akosho. (Mat. 15:18, 19) Abaronswa inyigisho z’ibinyoma usanga bama “ivyamwa ata co bimaze,” mu gihe abigishwa ukuri kwo mu vy’impwemu bobo bama “ivyamwa vyiza.”

2 Ubwo bwoko bubiri bw’ivyamwa bwarigaragaje neza muri kino gihe c’iherezo. (Soma Daniyeli 12:3, 10.) Abakirisu b’ikinyoma babona Imana ukutari kwo kandi akenshi usanga bihebera Imana mu buryo bw’ubwiyorobetsi, mu gihe abafise ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu bobo usanga basenga Imana “mu mpwemu no mu kuri.” (Yoh. 4:24; 2 Tim. 3:1-5) Barihatira kugaragaza kamere nk’iza Kristu. Bite hoho ku bitwerekeye umwumwe ku giti ciwe? Uko urimbura ibintu bitanu bikurikira biranga abakirisu nyakuri, niwibaze uti: ‘Ukuntu nigenza be n’ivyo nigisha, vyoba bihuza neza n’Ijambo ry’Imana? Ubwo noba ntuma ukuri kuba ugukwegera ku bantu bakurondera?’

Nubeho wisunga Ijambo ry’Imana

3. Ni igiki gihimbara Yehova, kandi ivyo vyerekeye iki ku bakirisu b’ukuri?

3 Yezu yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Data ari mw’ijuru.” (Mat. 7:21) Mu vy’ukuri, kwivugisha ko uri umukirisu si vyo bihimbara Yehova ahubwo ikimuhimbara ni ukubugendera. Ku bayoboke b’ukuri ba Kristu, ivyo vyerekeye imice yose y’ubuzima bwabo, harimwo n’ukuntu babona ibijanye n’amahera, akazi, ukwinezereza, imigenzo be n’imisi mikuru vy’iyi si, hamwe n’ibijanye n’umubano w’ababiranye be n’ibindi bintu bakorera hamwe n’abandi bantu. Ariko rero, abakirisu b’ikinyoma bobo bagengwa n’ivyiyumviro vy’isi be n’inzira zayo, bino bikaba vyagiye birarushiriza kuba ibitibanga Imana muri iyi misi ya nyuma.​—Zab. 92:7.

4, 5. Dushobora gute gushira mu ngiro mu buzima bwacu ivyo Yehova avuga muri Malaki 3:18?

4 Mu buryo busa n’ubwo, umuhanuzi Malaki yanditse ati: “Muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.” (Mal. 3:18) Igihe uzirikana kuri ayo majambo, niwibaze uti: ‘Noba ncudika n’iyi si, canke noba nitandukanya na yo? Noba nama nihatira kumera nk’abagenzi banje haba kw’ishure kibure ku kazi, canke nguma nshikamye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mbere nkagira ico mvuze igihe bibereye?’ (Soma 1 Petero 3:16.) Mu vy’ukuri, ntidushaka kwiyerekana ko turi abagororotsi, mugabo dukwiye kwitandukanya n’abantu badakunda Yehova kandi batamukorera.

5 Nimba hari ivyo ubona ko woryohora, ubona gute usenze ku bijanye n’ico kintu maze ukarondera inkomezi zo mu vy’impwemu biciye ku kwama wiyigisha Bibiliya, ku gutura isengesho, no ku kwitaba amakoraniro? Uko Ijambo ry’Imana rirushiriza kugira uruhara mu buzima bwawe, ni ko uzorushiriza kwama “ivyamwa vyiza,” harimwo n’”icamwa c’iminwa yatura icese ku bw’izina ry’[Imana].”​—Heb. 13:15.

Nushigikire Ubwami bw’Imana

6, 7. Ku bijanye n’ubutumwa bw’Ubwami, ni itandukaniro irihe rishobora kuboneka hagati y’abakirisu b’ukuri n’ab’ikinyoma?

6 Yezu yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Ni kubera iki none Ubwami bw’Imana Yezu yabugize wo mutwe nyamukuru w’ubusuku yaranguye? Yari azi yuko we ubwiwe, bwa Mwami w’ubwo Bwami, ari kumwe na benewabo bavyawe n’impwemu bazoba bazuwe, yokwitwararitse ibijanye no gukuraho ibintu nyamukuru bituma abantu bagira amagorwa, ivyo na vyo bikaba ari igicumuro be na wa Mubesheranyi. (Rom. 5:12; Ivyah. 20:10) Ni co gituma yategetse abayoboke biwe kwamamaza ubwo Bwami gushika kw’iherezo ry’ivy’iyi si. (Mat. 24:14) Abantu bivugisha ko ari abayoboke ba Kristu, ntibakora ico gikorwa; kukaba nkako, nta n’ivyo boshobora. Uti kubera iki? Ni kubera n’imiburiburi imvo zitatu: ubwa mbere, ntibashobora kwamamaza ivyo badatahura. Ubwa kabiri, ni uko abenshi muri bo batagira ukwicisha bugufi be n’umutima rugabo bikenewe kugira ngo bihanganire ugushinyagurirwa be n’ukurwanywa vyoshobora kuva ku kubwira bagenzi babo ubutumwa bw’Ubwami. (Mat. 24:9; 1 Pet. 2:23) Ubugira gatatu na ho, ni uko abakirisu b’ikinyoma batagira impwemu y’Imana.​—Yoh. 14:16, 17.

7 Abayoboke ba Kristu b’ukuri bobo, baratahura Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ico buzorangura. Ikigeretseko, ivyungura ubwo Bwami ni vyo bashira imbere mu buzima bwabo kandi bakabwamamaza hirya no hino kw’isi babifashijwemwo n’Impwemu ya Yehova. (Zek. 4:6) None woba uriko uragira uruhara muri ico gikorwa udahorereza? Woba uriko uragerageza kugira ivyo uryohoye bwa mwamamaji w’Ubwami, kumbure mu kumara umwanya wiyongereye mu busuku canke mu kurushiriza kuba kirumara muri bwo? Hari abagerageje kuryohora ubusuku barangura biciye ku gukoresha neza Bibiliya. Intumwa Paulo uwari asanzwe amenyereye kuzirikana afatiye ku Vyanditswe, yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.”​—Heb. 4:12; Ibik. 17:2, 3.

8, 9. (a) Ni ivyabonywe ibihe bishimika ku kamaro ko gukoresha Bibiliya mu busuku turangura? (b) Dushobora gute kurushiriza kuba abantu bazi gukoresha Ijambo ry’Imana?

8 Igihe umuvukanyi umwe yariko yamamaza inzu ku nzu, yarasomeye umugabo umwe w’Umugatolika muri Daniyeli 2:44, hanyuma aramusigurira ukuntu Ubwami bw’Imana buzozana amahoro n’umutekano nyakuri. Nya mugabo yavuze ati: “Mu vy’ukuri ndakengurutse kubona uzinguruye Bibiliya ukanyereka ivyo ico canditswe kivuga, aho kubimbwira ku munwa.” Igihe uwundi muvukanyi yasomera icanditswe Umugirikikazi w’Umworotodogisi, uno yaramubajije ibibazo bitari bike bigaragaza ugushimishwa. No muri ico gihe nyene, nya muvukanyi, ari kumwe n’umukenyezi wiwe, baramwishuye ivyo bibazo bakoresheje Bibiliya. Mu nyuma, uwo mugore yavuze ati: “Mwoba muzi none igituma nemeye kuganira namwe? Ni kubera ko mwaje iwanje mufise Bibiliya, kandi mukaba mwasomye ibiri muri yo.”

9 Ego ni ko, ibitabu vyacu birahambaye kandi turakwiye kubishikiriza mu ndimiro. Yamara rero, Bibiliya ni co gikoresho nyamukuru dufise. Ku bw’ivyo, nimba udafise akamenyero ko kwama uyikoresha mu busuku urangura, ubona gute wishingiye umugambi wo kubigira? Kumbure woshobora guhitamwo ivyanditswe nyamukuru bikeyi bisigura Ubwami bw’Imana ico ari co be n’ukuntu buzotorera umuti ingorane kandondwa ziraje ishinga abantu bo mu kibano iwanyu. Nuce witegurira kubibasomera igihe wamamaza inzu ku nzu.

Nuhimbarwe no kwitirirwa izina ry’Imana

10, 11. Ku bijanye no gukoresha izina ry’Imana, ni itandukaniro irihe riri hagati ya Yezu be n’abandi benshi bivugisha ko ari abayoboke biwe?

10 “[Ni] mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, kandi ni jewe Mana.” (Yes. 43:12) Yezu Kristu, we Cabona ca Yehova ahambaye kuruta abandi, yabona ko kwitirirwa izina ry’Imana no kurimenyekanisha ari agateka. (Soma Kuvayo 3:15; Yohani 17:6; Abaheburayo 2:12.) Nkako, kubera yuko Yezu yamamaza izina rya Se, yiswe “Icabona Cizigirwa.”​—Ivyah. 1:5; Mat. 6:9.

11 Igihushanye n’ivyo, abantu batari bake bivugisha ko baserukira Imana n’Umwana wayo baragaragaje inyifato iteye isoni ku bijanye n’izina ry’Imana, baranarikura muri Bibiliya zabo. Mu kugaragaza agatima mwene ako, hari ubuyobozi buherutse guhabwa abasenyeri ba Gatolika buvuga yuko “izina ry’Imana ryanditswe hakoreshejwe za ndome zine YHWH ridakwiye gukoreshwa canke gucishwa mu kanwa” mu gihe co gusenga. * Mbega ukuntu ico ciyumviro giteye isoni!

12. Abasavyi ba Yehova barushirije gute kugiranira isano rya hafi n’izina Yehova mu mwaka wa 1931?

12 Mu kwigana Kristu be na ca “gipfungu c’ivyabona” kinini kigizwe n’abantu babayeho imbere yiwe, abakirisu b’ukuri bobo barahimbarwa no gukoresha izina ry’Imana. (Heb. 12:1) Nkako, mu mwaka wa 1931, abasavyi b’Imana bararushirije kugiranira isano rya hafi n’izina Yehova, mu kwemera kwitwa Ivyabona vya Yehova. (Soma Yesaya 43:10-12.) Gutyo, mu buryo budasanzwe, abayoboke b’ukuri ba Kristu barabaye ‘abantu bitirirwa izina ry’Imana.’​—Ibik. 15:14, 17.

13. Dushobora gute kubaho twisunga izina twahawe n’Imana?

13 None umwumwe wese muri twebwe ashobora gute kubaho yisunga iryo zina ryacu ridasanzwe? Kimwe coco, dutegerezwa gushingira intahe Imana tudahemuka. Paulo yanditse ati: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa. Ariko none, bazokwambaza gute uwo batizeye? Kandi bazokwizera gute uwo batumvise ivyiwe? Kandi bazokwumva gute ata wamamaza? Kandi bazokwamamaza gute batatumwe?” (Rom. 10:13-15) Vyongeye, turakwiye gushira ku kabarore tubigiranye ubugenge inyigisho z’ikinyoma zo mu madini zambika ibara Umuremyi wacu, nka ya nyigisho y’umuriro udahera, ino mu vy’ukuri ikaba ituma Imana y’urukundo ibonwa ko ifise kamere z’ubunyamaswa ziranga wa Mubesheranyi.​—Yer. 7:31; 1 Yoh. 4:8; gereranya na Mariko 9:17-27.

14. Bamwebamwe bavyakiriye gute igihe bamenya izina ry’uruharo ry’Imana?

14 None woba uhimbarwa no kwitirirwa izina rya So wo mw’ijuru? Woba ufasha abandi kugira ngo bamenye iryo zina ryeranda? Umugore umwe w’i Paris mu Bufaransa, aho amariye kwumva ko Ivyabona vya Yehova bazi izina ry’Imana, yaciye asaba ikindi Cabona bahuye ngo amwereke iryo zina muri Bibiliya yiwe bwite. Igihe uwo mukenyezi yasoma muri iyo Bibiliya yiwe icanditswe co muri Zaburi 83:18, yarakozwe cane ku mutima. Yaratanguye kwiga Bibiliya, kandi ubu akaba ari umuvukanyikazi w’intahemuka asukurira Imana mu kindi gihugu. Igihe umukenyezi umwe w’Umugatolika wo muri Ositaraliya yabona izina ry’Imana muri Bibiliya ari bwo bwa mbere, yararize kubera umunezero. Ubu amaze imyaka myinshi ari umutsimvyi asanzwe. Ubu bwa vuba, igihe Ivyabona bamwe bo muri Jamayika bereka umugore umwe izina ry’Imana muri Bibiliya yiwe bwite, na we nyene yarakoroye amosozi y’umunezero. Ku bw’ivyo rero, nuhimbarwe no kwitirirwa izina ry’Imana, kandi mu kwigana Yezu, uhimbarwe no kumenyesha abantu bose iryo zina ry’agaciro.

“Ntimukunde isi”

15, 16. Abakirisu b’ukuri babona gute isi, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

15 “Ntimukunde isi canke ibintu biri mw’isi. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we.” (1 Yoh. 2:15) Isi be n’agatima kayo gashira imbere ivy’umubiri, birarwanya Yehova be n’impwemu yiwe nyeranda. Ku bw’ivyo, abayoboke b’ukuri ba Kristu ntibareka kuba ab’isi gusa, ariko kandi barayamirira kure bivuye inyuma, bazi yuko “kugiranira ubugenzi n’isi [ari] ukwankana n’Imana” nk’uko vyanditswe n’umwigishwa Yakobo.​—Yak. 4:4.

16 Kwumvira ayo majambo Yakobo yanditse birashobora kuba urugamba muri iyi si irimwo ibigeragezo umuyoro. (2 Tim. 4:10) Ni co gituma Yezu yasenze asabira abayoboke biwe ati: “Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yoh. 17:15, 16) Niwibaze uti: ‘Noba ndiko nihatira kutaba uw’isi? Ubwo abandi boba bazi impagararo yanje ku bijanye n’imisi mikuru be n’imigenzo bidashingiye ku Vyanditswe, harimwo n’iyoshobora kuba idafise inkomoko ya gipagani mugabo ikaba irangwa n’agatima k’isi?’​—2 Kor. 6:17; 1 Pet. 4:3, 4.

17. Ni ibiki bishobora gutuma abantu b’umutima nziraburyarya baja ku ruhande rwa Yehova?

17 Ni ivy’ukuri yuko impagararo yacu ishingiye kuri Bibiliya itazotuma twemerwa n’isi, yamara yoshobora gutuma abantu b’umutima nziraburyarya bipfuza kumenya vyinshi. Mu vy’ukuri, iyo mwene abo bantu babonye ko ukwizera kwacu gushinze imizi rwose mu Vyanditswe be n’uko gukora mu mice yose y’ubuzima bwacu, hari aho vyotuma babwira abarobanujwe amavuta bati: “Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.”​—Zek. 8:23.

Nugaragaze urukundo nyakuri rwa gikirisu

18. Ugukunda Yehova be na bagenzi bacu bisaba iki?

18 Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose” kandi “utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mat. 22:37, 39) Urwo rukundo (a·gaʹpe mu kigiriki) ni urukundo rwisunga ibigororotse, rusaba kugira ico ukoze, rugengwa n’ingingo ngenderwako be n’ibibereye, mugabo akenshi rukaba rurimwo inyiyumvo zikomeye. Rurashobora kurangwamwo igishika kandi rukagira inkomezi. (1 Pet. 1:22) Ni igihushane koko c’ubwikunzi, kubera ko rubonekera mu majambo no mu bikorwa bizira ubwikunzi.​—Soma 1 Abakorinto 13:4-7.

19, 20. Niwigane ivyabonywe bimwebimwe vyerekana ububasha urukundo rwa gikirisu rufise.

19 Kubera yuko urukundo ari icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana, ruratuma abakirisu b’ukuri bakora ivyo abandi badashobora gukora, nko kurengera ivyobatandukanya bishingiye kw’ibara ry’urukoba, ku mico kama no ku vya politike. (Soma Yohani 13:34, 35; Gal. 5:22) Abameze nk’intama barakorwa ku mutima cane iyo babonye mwene urwo rukundo. Nk’akarorero, igihe umusore umwe y’Umuyahudi wo muri Isirayeli yitaba amakoraniro ya gikirisu ari bwo bwa mbere, yaratangajwe cane no kubona abavukanyi b’Abayahudi be n’Abarabu basenga Yehova bari hamwe. Ivyo vyatumye atangura kwitaba amakoraniro adahorereza yongera aremera kwiga Bibiliya. Woba nawe uhora ugaragariza abavukanyi bawe mwene urwo rukundo ruvuye ku mutima? Vyongeye, woba uhora wihatira kwakirana igishika abashasha baza ku Ngoro y’Ubwami iwanyu, utarinze kuraba igihugu bakomokamwo, ibara ry’urukoba canke ikibanza bafise mu kibano?

20 Kubera ko turi abakirisu b’ukuri, turihatira kugaragariza urukundo abantu bose. Mu gihugu ca El Salvador, hari umwamamaji akiri muto w’umwigeme yayoborera inyigisho ya Bibiliya umugore umwe w’imyaka 87 w’Umugatolika, yumira kw’idini ryiwe. Umusi umwe, uwo mugore yararwaye bimwe bikomeye gushika naho aja mu bitaro. Igihe yataha, hari Ivyabona bamuterefonye maze bariyemeza nimba yari yaronse utwo afungura. Ivyo babigize nko mu kiringo c’ukwezi kwose. Mu basenga hamwe na nya mugore, nta n’umwe yaje kumuraba. None ivyo vyavuyemwo iki? Yarashibuye ibishushanyo yari atunze, araheba idini yarimwo, hanyuma asubira kwiga Bibiliya. Vyemere, urukundo rwa gikirisu rurafise ububasha. Rurashobora gushikira imitima kuruta uko amajambo yobigira.

21. Dushobora gute gutuma kazoza kacu katagira inkomanzi?

21 Vuba, Yezu agiye kubwira abivugisha ko bamusukurira bose ati: “Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.” (Mat. 7:23) Rero, nimuze twame ivyamwa bitera iteka Data wa twese be n’Umwana wiwe. Yezu yavuze ati: “Umuntu wese . . . yumva aya majambo yanje akayashira mu ngiro azomera nk’umugabo w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku gitandara.” (Mat. 7:24) Ni vyo, nitwerekana ko turi abayoboke nyakuri ba Kristu, tuzotoneshwa n’Imana, kandi kazoza kacu kazoba akatagira inkomanzi, bimere nk’aho kubakiwe ku rutare!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Ibitabu bimwebimwe vyo muri iki gihe vya Gatolika biri mu congereza, ushizemwo na ya Bibiliya (Bible de Jérusalem), bihindura za ndome zine ngo “Yahweh.”

Woba uvyibuka?

• Abayoboke b’ukuri ba Kristu batandukanye gute n’ab’ikinyoma?

• Nuvuge “ivyamwa” bimwebimwe biranga abakirisu b’ukuri.

• Ni imigambi iyihe ushobora kwishingira mu bijanye no kwama ivyamwa vya gikirisu?

[Study Questions]

[Ifoto ku rup. 13]

Woba ufise akamenyero ko kwama ukoresha Bibiliya mu busuku urangura?

[Ifoto ku rup. 15]

Mbega abandi boba bazi impagararo yawe ku bijanye n’imisi mikuru idashingiye ku Vyanditswe?