Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nufashe abana bawe kuvyifatamwo neza mu ngorane nyinshi zibashikira

Nufashe abana bawe kuvyifatamwo neza mu ngorane nyinshi zibashikira

Nufashe abana bawe kuvyifatamwo neza mu ngorane nyinshi zibashikira

ABANA bacu bari mu mukazo ukomeye. Barahanzwe n’agatima k’isi mbi ya Shetani, kandi bategerezwa kunyinyana n’“ivyipfuzo bijana n’ubuto.” (2 Tim. 2:22; 1 Yoh. 5:19) Vyongeye, kubera ko bagwa bavyuka kugira ngo ‘bibuke Umuremyi wabo’ Ahambaye, bategerezwa kwihanganira ugutyekezwa n’abarwanya ivyo bemera, bakihanganira mbere n’uguturubikwa na bo. (Umus. 12:1) Umuvukanyi umwe yiswe Vincent, asubije amaso inyuma akibuka igihe yari akiri muto, avuga ati: “Hari umuntu yama anturubika, akampahaza canke akansotora ashaka ko turwana kubera yuko nari Icabona. Akenshi yaranturubika cane ku buryo ntipfuza gusubira kw’ishure.” *

Uretse imikazo bashirwako n’abantu b’isi, abahungu canke abakobwa bacu boshobora kandi kunyinyana n’icipfuzo ubwabo bafise co kumera nk’abo mu runganwe rwabo. Uwiswe Cathleen, uno akaba ari umuvukanyikazi afise imyaka 16, avuga ati: “Kuboneka ko utandukanye n’abandi ntivyoroshe.” Umuvukanyi akiri muto yiswe Alan yiyemerera ati: “Naratumirwa kenshi n’abo twigana ngo dusohokane mu mpera z’imishamvu, kandi narumva vy’ukuri nshaka kugenda.” N’ikindi kandi, icipfuzo abakiri bato bafise co kugira uruhara mu nkino zigirwa kw’ishure, zino zikaba zishobora gutuma vyoroha ko bifatanya n’abagenzi babi, kirashobora kuba igikomeye. Umuvukanyikazi akiri muto yiswe Tanya avuga ati: “Ndakunda inkino. Abamenyereza bo kw’ishure baragerageje kenshi kunjijura ngo nkine mu mugwi w’ishure. Ntivyari vyoroshe kubankira.”

Woshobora gute none gufasha abana bawe guhangana n’ingorane nyinshi bahura na zo? Yehova yarashinze abavyeyi ibanga ryo kuronsa ibibondo vyabo ubuyobozi. (Imig. 22:6; Ef. 6:4) Intumbero abavyeyi batinya Imana baba bafise ni iyo gutsimbataza mu mitima y’abana babo icipfuzo co kugamburukira Yehova. (Imig. 6:20-23) Muri ubwo buryo, abana bazovyurirwa umutima wo kunanira imikazo y’isi n’igihe nyene abavyeyi babo bataba bababona.

Ku bavyeyi, usanga ari urugamba kurondera ibibeshaho umuryango, muri ico gihe nyene bakarera abana bakongera bakitwararika amabanga bajejwe mw’ishengero. Bamwebamwe bategerezwa kubikora bireranye abana canke bakabikora bariko bararwanywa n’uwo bubakanye atizera. Naho ari ukwo, Yehova asaba abavyeyi ko barondera umwanya wo gufata mu mugongo ibibondo vyabo. Ni igiki none ushobora gukora kugira ngo ufashe abana bawe kwikingira akosho k’urunganwe, ibibosha nabi be n’uguturubikwa bahangana ku musi ku musi?

Ubucuti bo ubwabo bagiranira na Yehova

Imbere ya vyose, abana bacu barakeneye kumenya ko Yehova atari umugani. Barakeneye gufashwa ‘kubona Umwe ataboneka.’ (Heb. 11:27) Vincent, umwe twamara kuvuga, aribuka ukuntu abavyeyi biwe bamufashije gutsimbataza we ubwiwe ubucuti agiranira na Yehova. Avuga ati: “Baranyigishije akamaro k’isengesho. Ndibuka yuko kuva nkiri muto cane nasenga Yehova imisi yose mw’ijoro imbere yuko nja kuryama. Yehova ntiyari umugani kuri jewe.” Woba uhora usenga uri kumwe n’abana bawe? Ubona gute wumvirije ivyo babwira Yehova mu masengesho bo ubwabo batura? Boba bapfa kuguma basubiramwo amajambo manaka? Canke boba baserura mu masengesho batura ukuntu vy’ukuri biyumva ku bijanye na Yehova? Wumvirije amasengesho yabo, woshobora kumenya iterambere bagezeko mu vy’impwemu.

Kwisomera Ijambo ry’Imana ni ubundi buryo buhambaye butuma abakiri bato barushiriza kwiyegereza Yehova. Cathleen, umwe twamara kuvuga, agira ati: “Gusoma Bibiliya yose nkiri muto vyaramfashije. Vyaratumye nizigira yuko naho mbere vyoshitse abantu bakandwanya, Yehova yonshigikiye.” Abana bawe boba bafise urutonde rwabo bwite rwo gusoma Bibiliya?​—Zab. 1:1-3; 77:12.

Ego ni ko, abana baratandukanye mu kuntu bavyifatamwo igihe abavyeyi babahaye ubuyobozi. Vyongeye, iterambere ryabo ryo mu buryo bw’impwemu ryoshobora kuvana n’imyaka bafise. Ariko rero, abakiri bato badahawe ubuyobozi, vyobagora kumenya ko Yehova atari umugani. Abavyeyi bategerezwa kwinjiza mu bana babo amajambo y’Imana kugira ngo, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, abo bana bashobore kwumva Yehova ariko aravuga aho ari ho hose boba bari. (Gus. 6:6-9) Abana bawe babwirizwa kwizera yuko Yehova abababaye ku giti cabo.

Ukuntu wotuma uguseruriranira akari ku mutima biba ngirakamaro

Uguseruriranira akari ku mutima ni ubundi buryo buhambaye bwo gufasha abana bawe. Mu bisanzwe, uguseruriranira neza akari ku mutima birajamwo n’ibindi uretse kuyagisha gusa abana bawe. Birajamwo kubabaza ibibazo no gutega ugutwi wihanganye inyishu batanga, naho mbere izo nyishu zoba zitandukanye n’ivyo wewe woshima kwumva. Uwitwa Anne, uno akaba ari nyina w’uduhungu tubiri, avuga ati: “Ndababaza ibibazo gushika numvise ko ntahura ivyo biyumvira be n’ivyo bariko baracamwo mu buzima.” Abana bawe boba babona ko ubatega yompi? Tanya, umwe twavuga, agira ati: “Abavyeyi banje baranyumviriza vy’ukuri kandi bakibuka ivyo twaba twarayaze. Bari bazi amazina y’abana twigana. Barashobora kumbaza ibiberekeye be n’ivyerekeye ibindi bintu twaba twarayaze.” Gutega yompi be no kwibuka ivyo mwayaze birahambaye kugira ngo museruriranire akari ku mutima mu buryo ngirakamaro.

Imiryango myinshi yasanze ibihe vyo gufungura bitanga uturyo twiza two guseruriranira akari ku mutima mu buryo kirumara. Vincent asigura ati: “Gufungurira hamwe cari ikintu gihambaye mu muryango wacu. Igihe cose vyaba bishoboka vyari vyitezwe ko tuba turi kumwe ku meza mu muryango. Ntivyaba vyemewe ko turorera televiziyo, ko twumviriza iradiyo canke tugira ico dusoma mu kiringo co gufungura. Kubera yuko akenshi ico kiyago caba ari igisanzwe, vyaratuma buri musi haboneka akanya gatekanye kamfasha kuvyifatamwo neza mu bintu bitesha umutwe be n’imikazo nahura na yo kw’ishure.” Yongerako ati: “Kubera yuko nari menyereye kuyaga n’abavyeyi banje mu biringo vyo gufungura, vyaramfashije kandi kwumva norohewe no kubayagira igihe naba nkeneye ko bamfasha mu bintu birushirije kuba ibikomeye.”

Niwibaze uti: ‘Ni kangahe ku ndwi dufungurira hamwe uko tugize umuryango?’ Kugira ivyo uhinduye muri uwo muce, vyoba vyokuronsa utundi turyo two guseruriranira akari ku mutima n’abana bawe mu buryo burushirije kuba bwiza?

Igituma udukino tw’imyimenyerezo ari utw’igiciro cane

Kugira umugoroba buri ndwi uhariwe Ugusenga kwo mu muryango na vyo nyene biraremesha abawugize kuyaga bisanzuye bikongera bigafasha abakiri bato kuvyifatamwo neza mu ngorane zinaka. Alan, umwe twamara kuvuga, agira ati: “Abavyeyi banje barakoresha ikiringo c’inyigisho y’umuryango kugira ngo baduhimirize guserura akari ku mutima. Bararimbura ibiganiro vyari bihuye n’ivyo twaba turiko turacamwo.” Nyina wa Alan avuga ati: “Twarakoresha ibihe bimwebimwe vy’inyigisho kugira ngo tugire udukino tw’imyimenyerezo. Utwo dukino twarafashije abana bacu kwiga ukuntu boburanira ukwizera kwabo no kwerekana ko ivyo bemera ari ivy’ukuri. Ivyo vyarabaronkeje uguhera amazinda bari bakeneye kugira ngo batorere umuti ingorane bahura na zo.”

Vy’ukuri, igihe abana bahanganye n’akosho k’urunganwe, akenshi ntibaba bakeneye gusa kuvuga ngo oya maze bagaca bakura meza. Babwirizwa kuba bashoboye gusigura igituma bakora ibintu binaka n’igituma badakora ibinaka. Barakeneye kandi guhera amazinda ku bijanye n’ivyo bokora igihe batyekejwe kubera ukwizera kwabo. Niba badashoboye kuburanira ivyo bemera, bizobagora gushigikira ugusenga kw’ukuri babigiranye ubutinyutsi. Udukino tw’imyimenyerezo turashobora kubafasha gutsimbataza ukwo gushira amazinda.

Uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 18 rurimwo urutonde rw’ibintu bimwebimwe vyoshobora gushirwa mu dukino mu gihe c’umugoroba mwahariye Ugusenga kwo mu muryango. Nutume utwo dukino tuba uduhuye n’ibintu bibaho koko mu kugerageza kuvuguruza inyishu umwana wawe atanga. Mu gihe mugira mwene utwo dukino tw’imyimenyerezo, nimurimbure bimwebimwe mu vyigwa ngirakamaro twigira ku burorero bwo muri Bibiliya. Mwene ukwo kumenyerezwa kugirirwa i muhira, nta gukeka ko kuzoronsa abana bawe ivyo bakeneye kugira ngo bahangane n’ingorane bahura na zo kw’ishure be n’ahandi.

I muhira iwanyu hoba ari ahantu hatekanye?

I muhira iwanyu hoba ari ahantu abana bawe bumva bashashaye gutaha imisi yose bavuye kw’ishure? Nimba ari ahantu hatekanye, bizofasha abana bawe guhangana n’ingorane bahura na zo buri musi. Umuvukanyikazi ubu ari mu bagize umuryango umwe wa Beteli, avuga ati: “Igihe nari nkiriko ndakura, kimwe mu bintu nabona ko bihambaye cane kuruta ibindi kwari ukuba i muhira iwacu hari ahantu hatekanye. Naho ibintu vyaba bimeze nabi gute kw’ishure, naba nzi ko nshitse i muhira, ibintu vyose vyociye bigenda neza.” Ni igiki kiranga akayaga kari i muhira iwanyu? Hoba ari ahantu hakunze kubarizwa “ugushangashirwa, amahane [be n’]amacakubiri,” canke hoba hazwi ko harangwa “urukundo, akanyamuneza [n’]amahoro”? (Gal. 5:19-23) Nimba amahoro akunze guhungabana, mwoba mwihatira kumenya ivyo mukeneye guhindura kugira ngo mutume i muhira iwanyu haba ahantu abana banyu bumva batekaniwe?

Ubundi buryo bwo gufasha abana bawe guhangana n’ingorane ni ukwibwiriza kubaronderera abagenzi baremesha. Nk’akarorero, woba ushobora gutumira abavukanyi n’abavukanyikazi bakomeye mu vy’impwemu bo mw’ishengero ngo mwifatanye mu bintu umuryango wanyu ugira vyo kwiruhura? Canke woba wotunganya ivy’uko musangira udufungurwa dusanzwe i muhira iwanyu n’umucungezi w’ingenzi canke abandi bakora umurimo w’igihe cose? Hoba hari abamisiyonari canke abanyabeteli uzi abana bawe boshobora kugiranira ubucuti na bo, naho vyoba biciye gusa ku dukete, ku kwandikiranira kuri orodinateri canke ku kuza rimwe na rimwe barayaga kuri telefone? Mwene ubwo bucuti burashobora gufasha abana bawe kugira ngo bace mu nzira itomoye no kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu. Zirikana ku kuntu intumwa Paulo yagize ikintu ciza akoze ku wari akiri muto Timoteyo. (2 Tim. 1:13; 3:10) Ubucuti bwa hafi Paulo yari afitaniye na we bwarafashije Timoteyo kuguma ashingiye ivyiyumviro vyiwe ku migambi yo mu vy’impwemu.​—1 Kor. 4:17.

Nukeze abana bawe

Yehova arahimbarwa no kubona abakiri bato bashigikira ibigororotse naho baca mu mikazo iva kw’isi ya Shetani. (Zab. 147:11; Imig. 27:11) Ata gukeka, na wewe nyene uranezerwa no kubona abakiri bato bacu bahitamwo ingendo iranga ubukerebutsi. (Imig. 10:1) Numenyeshe abana bawe ukuntu wiyumva ku biberekeye, wongere ubakeze bimwe biranga urukundo wivuye inyuma. Yehova araha akarorero keza abavyeyi. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yavuze ati: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye.” (Mrk. 1:11) Ese ukuntu ukwo gukurwa amazinda na Se wiwe gutegerezwa kuba kwarakomeje Yezu kugira ngo avyifatemwo neza mu ngorane nyinshi zari zigiye kumushikira! Muri ubwo buryo nyene, numenyeshe abana bawe yuko ubakunda, wongere uhe agaciro ivyo bariko bararangura.

Ego ni ko, ntushobora gukingira abana bawe ngo ntibazokwigere bashikirwa n’imikazo, uguturubikwa be n’ugutyekezwa. Yamara, urashobora gukora vyinshi kugira ngo ubafashe. Ivyo wobigira mu buryo butandukanye ubuhe? Nubafashe gutsimbataza bo ubwabo ubucuti bafitaniye na Yehova. Nutume haba akayaga karemesha ibiyago ngirakamaro. Nutume umugoroba wahariwe Ugusenga kwo mu muryango uba ngirakamaro, wongere utume i muhira iwanyu haba ahantu hatekanye. Niwabigenza gutyo, nta gukeka ko bizoronsa abana bawe ivyo bakeneye kugira ngo bahangane n’ingorane nyinshi bahura na zo.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko bitwa.

[Uruzitiro ku rup. 18]

UDUKINO TWO KWIMENYEREZA TURASHOBORA GUFASHA

Ubu ni uburorero bumwebumwe bw’ibintu bishikira abana bacu. Ubona gute musubiyemwo mu buryo bw’udukino bimwebimwe muri ivyo bintu mu biringo vy’imigoroba mwahariye Ugusenga kwo mu muryango?

▸ Umumenyereza ariko asaba umukobwa wawe ngo aje mu mugwi w’inkino wo kw’ishure.

▸ Umuhungu wawe asabwe kunywa itabi igihe ariko arataha avuye kw’ishure.

▸ Hari abahungu bariko baratera ubwoba umuhungu wawe ngo bazomukubita basubiye kumubona ariko aramamaza.

▸ Igihe umukobwa wawe ari mu busuku bw’inzu ku nzu, ahuye n’uwo bigana.

▸ Umukobwa wawe ari imbere y’abandi banyeshure, ariko arabazwa igituma ataramutsa ibendera.

▸ Hari umuhungu yama atyekeza umuhungu wawe amuhora ko ari Icabona.

[Ifoto ku rup. 17]

Abana bawe boba bafise urutonde rwabo bwite rwo gusoma Bibiliya?

[Ifoto ku rup. 19]

Woba utumira abantu bakomeye mu vy’impwemu ngo mwifatanye mu bintu mugira vyo kwiruhura?