Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!

Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!

Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!

“Īsumba vyose [ni] yo iganza ubgami bg’abantu.”​—DAN. 4:17.

1, 2. Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye ubutegetsi bw’abantu bunanirwa?

UBUTEGETSI bw’abantu bwarananiwe! Ivyo ntawoharira ko ari ko biri. Imvo nyamukuru ituma ubwo butegetsi bunanirwa ni uko abantu batagira ubukerebutsi bwo gutegeka mu buryo ngirakamaro. Ukunanirwa kw’ubutegetsi bw’abantu kuraboneka na canecane muri iki gihe usanga abategetsi benshi cane bagaragaza ko ari ‘abikunzi, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, ibihemu, abadashaka kwumvikana na gato, ababesheranyi, abatagira ukwigumya, inkazi, abadakunda iciza, abaguranyi, intumva, be n’uko bishira hejuru kubera ubwishime.’​—2 Tim. 3:2-4.

2 Haraciye igihe kitari gito abavyeyi bacu ba mbere bateye ibitugu uburyo Imana itegeka. Mu kubigenza gutyo, boshobora kuba biyumviriye ko bariko barahitamwo umwidegemvyo. Ariko, mu vy’ukuri bariko barayoboka uburyo Shetani ategeka. Imyaka ibihumbi bitandatu abantu bamaze bategeka nabi bivanye n’uko bohejwe bimwe bikomeye na wa “mutware w’iyi si” ari we Shetani, yadushikanye muri aka kabi kabishe tubona katari bwigere kabaho. (Yoh. 12:31) Igitabu kimwe (The Oxford History of the Twentieth Century) kiragira ico kivuze ku bijanye n’ukuntu ivy’abantu bimeze muri iki gihe, kikavuga yuko “kurondera isi itunganye” ata co bimaze. Gisigura giti: “Uretse gusa ko idashobora kuboneka, no kugerageza gutuma iboneka bishikana ku vyago, ku ntwaro z’agahotoro, intambara na yo igaca ibica bigacika.” Mbega ukuntu ico ari icemeza vy’ukuri ko ubutegetsi bw’abantu bwananiwe!

3. Twovuga iki ku bijanye n’ukuntu Imana yotegetse iyo Adamu na Eva badacumura?

3 Ese rero ingene biteye agahinda kubona abavyeyi bacu ba mbere barateye ibitugu ubutegetsi bwonyene bukora neza, ari bwo butegetsi bw’Imana! Ego ni ko, ntituzi neza na neza ukuntu Yehova yotunganije uburyo bwiwe bwo gutwara isi iyo Adamu na Eva baza kuguma ari abizigirwa kuri we. Ariko rero, turashobora guhera amazinda yuko ubutegetsi bw’Imana bwemewe n’abantu bose bworanzwe n’urukundo be n’ukutagira nkunzi. (Ibik. 10:34; 1 Yoh. 4:8) Kubera yuko Imana ifise ubukerebutsi ntangere, turashobora kandi kwemera tudakekeranya yuko iyo abantu buguma bategekwa na Yehova, boshoboye kwirinda amakosa yose yakozwe n’abashigikira ubutegetsi bw’abantu. Ubutegetsi bw’Imana, ari bwo tewokarasi, bwoshoboye “[gu]hāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.” (Zab. 145:16) Tubivuze muri make, bwobaye ubutegetsi butunganye. (Gus. 32:4) Ese ukuntu bibabaje kubona abantu barabuteye akagere!

4. Shetani yarekuriwe gutwara gushika ku rugero uruhe?

4 Ariko ntiwumve, ni vyiza kwibuka yuko naho nyene Yehova yaretse abantu bakitegeka, atigeze aheba uburenganzira afise bwo gutegeka ibiremwa vyiwe. Mbere n’umwami w’umunyabubasha w’i Babiloni yarabwirijwe kwemera yuko iyo bija hose, “Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu.” (Dan. 4:17) Bitebe bitebuke, Ubwami bw’Imana buzotuma ivyo igomba bikorwa. (Mat. 6:10) Ni ivy’ukuri ko Yehova yabaye arareka Shetani agakora nk’“imana y’iki gihe” kugira ngo atange inyishu ijijura ku bibazo vyavyuwe n’uwo amurwanya. (2 Kor. 4:4; 1 Yoh. 5:19) Ariko rero, Shetani ntiyigeze ashobora gukora ibirenze ivyo Yehova areka ngo akore. (2 Ngo. 20:6; gereranya na Yobu 1:11, 12; 2:3-6.) Vyongeye, hamye hariho abantu bahitamwo kuyobokera Imana, naho mbere bari babaye mw’isi itwarwa n’Umwansi mukuru w’Imana.

Ubutegetsi Imana yari ifise kuri Isirayeli

5. Ni igiki Abisirayeli basezeraniye Imana?

5 Kuva mu gihe ca Abeli gushika mu gihe ca ba sekuruza b’imiryango, abantu b’abizigirwa batari bake barasenze Yehova bongera baragamburuka amategeko yiwe. (Heb. 11:4-22) Mu gihe ca Musa, Yehova yaragiraniye isezerano n’abakomoka kuri sekuruza w’imiryango Yakobo, kandi bano baracitse ihanga rya Isirayeli. Mu 1513 B.G.C., Abisirayeli be n’ababakomokako barasezeranye ubwabo yuko bemeye ko Yehova ari we Mutegetsi wabo, bavuga bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.”​—Kuv. 19:8.

6, 7. Uburyo Imana yategetse Isirayeli bwarangwa n’iki?

6 Yehova yari afise umugambi mu guhitamwo Abisirayeli ngo babe ihanga ryiwe. (Soma Gusubira mu vyagezwe 7:7, 8.) Iryo hitamwo ryarimwo n’ibindi uretse gusa ibijanye n’ukumererwa neza kw’Abisirayeli. Ryarimwo kandi ibijanye n’izina ry’Imana be n’ubusegaba bwayo, kandi ni vyo vyari bihambaye gusumba. Abisirayeli bobwirijwe gusukura ari ivyabona bashinga intahe ko Yehova ari we Mana y’ukuri wenyene. (Yes. 43:10; 44:6-8) Ku bw’ivyo, Yehova yabwiye iryo hanga ati: “Mur’ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.”​—Gus. 14:2.

7 Mu gutegeka Abisirayeli, Imana yaribuka ko badatunganye. Muri ico gihe nyene, amategeko yayo yari atunganye kandi yaragaragaza kamere za nyene kuyatanga. Amabwirizwa Yehova yatanze biciye kuri Musa yarerekana mu buryo butomoye ubweranda bw’Imana, urukundo ikunda ubutungane, umutima ukunze ifise wo kubabarira be n’ukwihangana kwayo. Mu nyuma, mu gihe ca Yosuwa n’abo mu runganwe rwiwe, iryo hanga ryaragamburuka amabwirizwa ya Yehova kandi ryaragize amahoro n’imihezagiro yo mu vy’impwemu. (Yos. 24:21, 22, 31) Ico kiringo co muri kahise ka Isirayeli carerekanye ko Yehova ategeka neza.

Ubutegetsi bw’abantu ntibwijana ukwo nyene

8, 9. Ni ikintu ikihe kitaranga ubukerebutsi Abisirayeli basavye, kandi vyavuyemwo iki?

8 Ariko rero, uko igihe cagiye kirahaca, Abisirayeli bagiye baratera akagere ubutegetsi bw’Imana maze bituma iba itakibakingira. Amaherezo, biciye ku muhanuzi Samweli, Abisirayeli barasavye kuronswa umwami bashobora kubona w’umuntu. Yehova yabwiye Samweli ngo abaronse ico kintu bari basavye. Yamara, Yehova yongeyeko ati: “[Si] wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.” (1 Sam. 8:7) Naho Yehova yemeye ko Abisirayeli baronswa umwami aboneka, yarababuriye yuko ubutegetsi bw’umwami w’umuntu butokwijanye ukwo nyene.​—Soma 1 Samweli 8:9-18.

9 Kahise karerekanye yuko iyo mburi ya Yehova ari iy’ukuri. Gutegekwa n’umwami w’umuntu vyatumye muri Isirayeli haba ingorane zikomeye na canecane igihe uwo mwami yaba yerekanye ko atari umwizigirwa. Dufise mu muzirikanyi ako karorero k’Abisirayeli, ntibitangaje kubona mu myaka n’iyindi ihaciye ubutegetsi bw’abantu batazi Yehova bwarananiwe gutuma haboneka ivyiza biramba. Ni ivy’ukuri ko abanyapolitike bamwebamwe basaba ko Imana ihezagira utwigoro bagira barondera gushikira amahoro n’umutekano, ariko none Imana ishobora gute guhezagira abantu batayoboka uburyo itegeka?​—Zab. 2:10-12.

Ihanga rishasha ritegekwa n’Imana

10. Ni kubera iki Isirayeli yasubirijwe ica irareka kuba ihanga ryatowe n’Imana?

10 Ihanga rya Isirayeli ryaragaragaye ko ridafise umutima ukunze wo gusukurira Yehova ridahemuka. Ryahavuye ritera akagere Mesiya yagenywe n’Imana, maze Yehova arariheba aca afata umugambi wo kurisubiriza n’umugwi w’abantu bagize ihanga rishasha. Icavuyemwo ni uko mu mwaka wa 33 G.C. havutse ishengero rya gikirisu rigizwe n’abasavyi ba Yehova barobanuwe. Mu bisanzwe, iryo shengero ryari rigize ihanga rishasha ritwarwa na Yehova. Paulo yavuze ko iryo hanga ari “Isirayeli y’Imana.”​—Gal. 6:16.

11, 12. Ni amasano ayahe ari hagati ya Isirayeli be na “Isirayeli y’Imana” mu bijanye no guhagarikira abandi?

11 Hagati y’ihanga rya Isirayeli ya kera be na “Isirayeli [nshasha] y’Imana,” hariho amatandukaniro hamwe n’amasano. Mu buryo butandukanye na Isirayeli ya kera, ishengero rya gikirisu nta mwami w’umuntu rifise kandi ntibikenewe ko ritangira abacumuzi ibimazi vy’ibitungwa. Isano rimwe riri hagati y’ihanga rya Isirayeli be n’ishengero rya gikirisu ni indinganizo y’abagabo b’inararibonye, ari bo bakurambere. (Kuv. 19:3-8) Bene abo bakurambere bakirisu ntibategeka ubusho. Ahubwo riho, bararagira ishengero kandi bakaja imbere mu mirimo ya gikirisu babigiranye ukwitanga. Bafatana urukundo umwe wese mu bagize ishengero, bakubahiriza bose kandi bakabatera iteka.​—2 Kor. 1:24; 1 Pet. 5:2, 3.

12 Biciye ku kuzirikana ku vyo Imana yagiranye n’Abisirayeli, abagize “Isirayeli y’Imana” be na bagenzi babo bo mu “zindi ntama” bararushiriza gukengurukira Yehova, bagakenguruka n’uburyo ategeka. (Yoh. 10:16) Nk’akarorero, kahise karerekana yuko abategetsi b’abantu batwaye Isirayeli bagize ikintu gikomeye bakoze ku bo batwara, haba mu vyiza canke mu bibi. Ico kintu kiratuma abaja imbere abandi mu bakirisu batahura yuko, naho atari abategetsi nka ba bami ba kera, bategerezwa kwama batanga akarorero keza k’ukwizera.​—Heb. 13:7.

Ukuntu Yehova ategeka muri iki gihe

13. Ni ikintu gihambaye c’intibagirwa ikihe cashitsweko mu 1914?

13 Abakirisu muri iki gihe baramenyesha isi yuko ubutegetsi bw’abantu batwara abandi buri hafi yo kurangira. Mu 1914, Yehova yarashinze Ubwami bwiwe mw’ijuru butwarwa n’Umwami yagenye ari we Yezu Kristu. Muri ico gihe, yarahaye Yezu ubukuru kugira ngo agende “atsinda no kugira ngo anonosore intsinzi yiwe.” (Ivyah. 6:2) Uwo Mwami yari aherutse kwimikwa yabwiwe ati: “Ganza hagati y’abansi bawe.” (Zab. 110:2) Ikibabaje ni uko amahanga yagumye yanka kuyobokera ubutegetsi bwa Yehova. Yabandanije gukora nk’aho ‘ata Mana iriho.’​—Zab. 14:1.

14, 15. (a) Ubwami bw’Imana butegeka gute muri kino gihe, kandi dufatiye kuri ivyo, ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza? (b) Kuba ubutegetsi bw’Imana buruta ubundi bwose biboneka gute no muri kino gihe?

14 Abantu bakeyi bo mu bagize “Isirayeli y’Imana” ni bo bagisigaye, kandi bwa bavukanyi ba Yezu, babandanya bakora ari ‘ivyariho bisubirira Kristu.’ (2 Kor. 5:20) Baragenywe ngo babe umugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge kugira ngo bitwararike bongere baronse ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu abarobanuwe be n’isinzi riguma ryongerekana ry’abakirisu ubu bashika amamiliyoni bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. (Mat. 24:45-47; Ivyah. 7:9-15) Kuba Yehova ahezagira iyo ndinganizo birabonekera mu gusagamba kwo mu vy’impwemu abasenga b’ukuri bafise muri iki gihe.

15 Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Noba ntahura neza amabanga nkwiye kurangura mw’ishengero rya gikirisu? Noba ndiko ndashigikira bimwe bibereye uburyo Yehova ategeka? Noba nishimiye kuba ndi umutwarwa w’Ubwami bwa Yehova butegeka? Noba niyemeje kubandanya mbwira abandi ibijanye n’Ubwami bw’Imana ku rugero rwose nshobora gushikanako?’ Uko tugize umugwi, turayoboka n’umutima ukunze ubuyobozi butangwa n’Inama Nyobozi tukongera tugasenyera ku mugozi umwe n’abakurambere bagenywe mu mashengero. Muri ubwo buryo, turagaragaza ko twemera uburyo Imana itegeka. (Soma Abaheburayo 13:17.) Ukuyoboka tubigiranye umutima ukunze bituma tugira ubumwe kw’isi yose ata handi buboneka muri iyi si yigabaguyemwo ibice. Biratuma kandi turonka amahoro be n’ubugororotsi bikongera bikaninahaza Yehova, bikerekana yuko uburyo ategeka ari bwo bwiza cane kuruta ubundi bwose.

Ubutegetsi bwa Yehova butahukana intsinzi

16. Ni ingingo iyihe umwe wese ategerezwa gufata muri iki gihe?

16 Igihe kiriko kiregereza cihuta c’uko ibibazo vyavyuwe muri Edeni bitorerwa umuti. Ku bw’ivyo, ubu ni co gihe c’uko abantu bafata ingingo. Umuntu wese ategerezwa gufata ingingo nimba azokwemera uburyo Yehova atwara canke azoguma yumiye ku butegetsi bw’abantu. Turafise agateka ko gufasha abantu batekereza kugira ngo bafate ingingo ibereye. Vuba, kuri Harumagedoni, ubutegetsi bwa Yehova buzosubirira rimwe rizima intwaro z’abantu ziyobowe na Shetani. (Dan. 2:44; Ivyah. 16:16) Ubutegetsi bw’abantu buzovaho, maze Ubwami bw’Imana butegeke isi yose. Mu buryo bushitse, uburyo Yehova ategeka buzoguma bwemezwa ko ari bwo bwiza.​—Soma Ivyahishuwe 21:3-5.

17. Ni ibiki bifasha abantu batekereza gufata ingingo nziza mu bijanye n’ubutegetsi?

17 Abatarafata ingingo ntabanduka yo gushigikira Yehova bakwiye kurimbura babijanishije n’isengesho ivyiza uburyo Imana itegeka buzozanira abantu. Ubutegetsi bw’abantu ntibwashoboye gutorera umuti ingorane yerekeye ubwicanyi, harimwo n’ibitero vya bagaterabwoba. Ubutegetsi bw’Imana bwobwo buzokura kw’isi ababi bose. (Zab. 37:1, 2, 9) Ubutegetsi bw’abantu bwatumye haba intambara z’urutavanako, ariko ubutegetsi bw’Imana buzoca “intambara gushitsa ku mpera y’isi.” (Zab. 46:9) Emwe, ubutegetsi bw’Imana buzotuma mbere abantu basubira kubana mu mahoro n’ibikoko! (Yes. 11:6-9) Ubukene na kigoyi vyamye biranga ubutegetsi bw’abantu, ariko ubutegetsi bw’Imana buzobikuraho. (Yes. 65:21) Mbere n’abategetsi b’abantu usanga bafise imigambi myiza kuruta abandi barananiwe gukuraho indwara n’urupfu, ariko mu gihe c’ubutegetsi bw’Imana, abasaza n’abarwaye bazohimbarwa no gusubira kugira inkomezi zo mu buto. (Yobu 33:25; Yes. 35:5, 6) Mu vy’ukuri, isi izoba Iparadizo aho mbere n’abapfuye bazozuka.​—Luka 23:43; Ibik. 24:15.

18. Dushobora gute kwerekana ko twemera yuko uburyo Imana itegeka ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose?

18 Ego cane, ubutegetsi bw’Imana buzokuraho amabi yose Shetani yateje igihe yosha abavyeyi bacu ba mbere ngo batere ibitugu Umuremyi wabo. Vyongeye, rimbura iki kintu: Shetani aramaze imyaka nka 6.000 ateza amabi, ariko Imana ibicishije kuri Kristu, izoyakuraho yose mu myaka 1.000! Ese ukuntu ico ari ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko uburyo Yehova ategeka ari bwo buruta ubundi bwose! Kubera ko turi Ivyabona vy’Imana yacu, turemera ko ari yo Mutegetsi wacu. Ku bw’ivyo, nimuze buri musi, eka mbere buri saha mu buzima bwacu, twame twerekana ko turi abasavyi ba Yehova, ko tuyobokera Ubwami bwiwe be n’uko twishimiye kuba turi Ivyabona vyiwe. N’ikindi kandi, nimuze dukoreshe akaryo kose turonse kugira tubwire uwo ari wese ashobora kutwumviriza, yuko uburyo Yehova ategeka ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose.

Ku bijanye n’ubutegetsi bw’Imana, ni ibiki twigiye ku gusoma . . .

Gusubira mu vyagezwe 7:7, 8?

1 Samweli 8:9-18?

Abaheburayo 13:17?

Ivyahishuwe 21:3-5?

[Study Questions]

[Amafoto ku rup. 29]

Yehova ntiyigeze areka gutegeka

[Ifoto ku rup. 31]

Kuyobokera n’umutima ukunze uburyo Yehova ategeka bituma tugira ubumwe kw’isi yose