Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukoreshe umusi wose w’ukubaho kwawe ku bw’ubuninahazwa bw’Imana

Nukoreshe umusi wose w’ukubaho kwawe ku bw’ubuninahazwa bw’Imana

Nukoreshe umusi wose w’ukubaho kwawe ku bw’ubuninahazwa bw’Imana

UMWANDITSI wa zaburi Dawidi yasenze Yehova ati: “Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe . . . ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo.” (Zab. 143:8) Igihe uba uvyutse maze ugakengurukira Yehova ku bw’umusi mushasha aba aguhaye, ubwo nk’ukwo kwa Dawidi, woba uhora utakambira Yehova kugira ngo akuyobore mu gufata ingingo, maze ugahitamwo gukora ibibereye kuruta ibindi vyose? Nta gukeka ko uhora ubigira.

Kubera yuko turi abasavyi ba Yehova biyeguye, ‘twaba turya canke tunywa canke dukora ikindi kintu cose,’ turihatira “[gukora] vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Kor. 10:31) Turatahura yuko uburyo tubaho ku musi ku musi bushobora gutera iteka Yehova canke bukamutukisha. Turibuka kandi ko Ijambo ry’Imana rivuga yuko Shetani yagiriza abavukanyi ba Kristu “ku murango no mw’ijoro”, ariko ku bwa ngingo akaba yagiriza abasavyi b’Imana bose bari kw’isi. (Ivyah. 12:10) Ku bw’ivyo rero, twiyemeje gutanga inyishu ku birego vy’ikinyoma vya Shetani be no kunezereza umutima wa Yehova we Data wa twese wo mw’ijuru, biciye ku kumukorera igikorwa ceranda “ku murango no mw’ijoro.”​—Ivyah. 7:15; Imig. 27:11.

Nimuze turimbure muri make uburyo bubiri buhambaye dushobora gukoreshamwo umusi wose w’ukubaho kwacu ku bw’ubuninahazwa bw’Imana. Uburyo bwa mbere bujanye n’ingene twoshinga ibija imbere y’ibindi, ubugira kabiri na bwo bukaba bujanye n’ukuntu twokwitwararika abandi.

Ukuntu twobaho twisunga isezerano twagize

Igihe twiyegurira Yehova, twaraseruye icipfuzo cacu kivuye ku mutima co kumukorera. Vyongeye, twarasezeraniye Yehova yuko tuzoguma tugendera mu nzira ziwe “uko bukeye,” emwe, gushika ibihe bidahera. (Zab. 61:5, 8) None ni gute tubaho twisunga iryo sezerano twagize? Twerekana gute buri musi urwo dukunda Yehova n’umutima wacu wose?

Ijambo ry’Imana rirerekana neza amabanga Yehova yiteze ko turangura. (Gus. 10:12, 13) Ayatari make aravugwa mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 22 rufise umutwe uvuga ngo  “Amabanga Imana yatujeje.” Ivyo bikorwa vyose tubizezwa n’Imana, akaba ari co gituma bihambaye. None duhitamwo gute icoja imbere y’ikindi mu gihe bibiri muri vyo canke ibirenga bibaye ngombwa ko tuvyitwararika mu mwanya umwe?

Igikorwa ceranda turangura ni co dushira imbere, na co kikaba kirimwo ukwiyigisha Bibiliya, gutura isengesho, kwitaba amakoraniro ya gikirisu, be n’ubusuku. (Mat. 6:33; Yoh. 4:34; 1 Pet. 2:9) Ariko ntiwumve, imirimo yo mu vy’impwemu ntishobora kwihariza umusi wose. Mu vyo dukora buri musi, harakwiye kujamwo ibijanye n’akazi, ishure, be n’utundi dukorwa tw’i muhira. Naho ari ukwo, turakora uko dushoboye kwose kugira ngo ibijanye n’akazi k’ivy’umubiri be n’ibindi bikorwa, tubitunganye mu buryo bitanyoha igikorwa ceranda turangura, nk’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu. Nk’akarorero, igihe dutunganya ibijanye no kuja gufata akaruhuko, turiyemeza neza yuko tuzoba ari ho turi mu gihe c’ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, mu gihe c’iteraniro ridasanzwe, ic’iteraniro ry’umuzunguruko, canke mu gihe c’ihwaniro ry’intara. Rimwe na rimwe, hari aho vyoshoboka ko turangurira icarimwe amabanga nk’angahe mu yo tujejwe. Nk’akarorero, mu muryango turashobora kwishingira umugambi wo kwama dusukura Ingoro y’Ubwami canke tugafata umwanya ugenewe kwivuna umusase tukawukoresha ku kazi canke kw’ishure kugira ngo dushinge intahe ku bo dukorana canke ku banyeshure bagenzi bacu. Mu vy’ukuri, igihe cose tuba dukeneye kugira ihitamwo mu buzima bwacu, nko mu bijanye no kurondera akazi, guhitamwo amashure tuzokwiga, canke guhitamwo abagenzi, turipfuza ko ingingo dufata zisunga ivyo dushira imbere kuruta ibindi mu buzima bwacu, na vyo bikaba ari ibijanye no gusenga Yehova, Data wa twese munyarukundo.​—Umus. 12:13.

Niwitwararike abandi

Yehova yipfuza ko twitwararika abandi kandi tukabagirira neza. Ariko Shetani wewe aremesha agatima k’ubwikunzi. Isi yiwe yuzuye abantu b’“abikunzi” be n’“abakunda ibinezereza,” hamwe n’“[aba]biba ku bw’umubiri.” (2 Tim. 3:1-5; Gal. 6:8) Benshi usanga biyumvira buhoro ibijanye n’ingene ivyo bakora bigira ingaruka ku bandi. “Ibikorwa vy’umubiri” biribonekeza ahantu hose.​—Gal. 5:19-21.

Ese ukuntu ako gatima gatandukanye n’akagaragazwa n’abantu bakora ibintu bisunze impwemu nyeranda ya Yehova, bano bakaba bagaragaza urukundo, ubuntu be n’ukumera neza mu vyo bagirana n’abandi! (Gal. 5:22) Ijambo ry’Imana ritubwira yuko dukwiye gushira imbere ivy’abandi bakeneye aho gushira imbere ivyacu. Ni co gituma twitwararikana mu buryo buboneka, ariko tukiyubara kugira ngo ntitwite mu biraba umuntu ku giti ciwe. (1 Kor. 10:24, 33; Flp. 2:3, 4; 1 Pet. 4:15) Turitwararika bimwe bidasanzwe abo dusangiye ukwizera. Naho ari ukwo, turihata kandi kugira ngo dufashe abo tudasangiye ukwizera. (Gal. 6:10) None ubona uyu musi worondera akaryo ko kugaragariza ubuntu uwo muza guhura?​—Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 23 ruvuga ngo “Nubitwararike.”

Kwitwararika abandi ntibigarukira gusa ku gihe kinaka kidasanzwe canke ku gihe ibintu ari ibidasanzwe. (Gal. 6:2; Ef. 5:2; 1 Tes. 4:9, 10) Ahubwo riho, buri musi turagerageza kumenya ukuntu ivy’abandi vyifashe kandi tukagira ico tubafashije tubikunze igihe haba hari ico bakeneye, mbere no mu gihe kubigira usanga bitatworohereza. Turipfuza kuba abantu batanga ico ari co cose twoba dufise: umwanya wacu, amatungo yacu, ubuhanga dufise be n’ubukerebutsi. Yehova aradukura amazinda yuko igihe duhaye abandi, na we aheza akaduha.​—Imig. 11:25; Luka 6:38.

Igikorwa ceranda “ku murango no mw’ijoro”

Ubwo vy’ukuri vyoba bishoboka ko dukorera Yehova igikorwa ceranda “ku murango no mw’ijoro”? Egome, biciye ku gukora tudatezura mu mice yose ijanye n’ugusenga kwacu kandi tubigirana umwete. (Ibik. 20:31) Ubuzima bwacu dushobora kubwuzuza igikorwa ceranda mu gusoma Ijambo ry’Imana buri musi no kurizirikanako, mu gusenga tudahorereza, mu kwihatira gushika ku makoraniro yose, no mu kutagisha akaryo na kamwe ko gushinga intahe.​—Zab. 1:2; Luka 2:37; Ibik. 4:20; 1 Tes. 3:10; 5:17.

Twoba none, umwumwe ku giti ciwe, turiko turakorera Yehova ico gikorwa ceranda? Nimba ari uko bimeze, icipfuzo dufise co kumuhimbara no gutanga inyishu ku birego vya Shetani kizokwigaragaza mu mice yose y’ubuzima bwacu bwa misi yose. Turihatira kuninahaza Yehova mu vyo dukora vyose no mu kuntu ivyacu vyoba vyifashe kwose. Turareka ingingo ngenderwako ziwe zikatuyobora mu vyo tuvuga be no mu kuntu twigenza, kandi tukazisunga mu ngingo dufata. Turagaragaza ko dukenguruka ukuntu atwitwararika akongera akadushigikira mu buryo buranga urukundo, biciye ku kumwizigira bimwe vyuzuye no ku gukoresha mu gikorwa ciwe inkomezi zose twoba dufise. Igihe tunaniwe gushitsa ibisabwa n’ingingo mfatirwako ziwe, turakiriza yompi impanuro aduha be n’ugutoza indero kwiwe.​—Zab. 32:5; 119:97; Imig. 3:25, 26; Kol. 3:17; Heb. 6:11, 12.

Uko bukeye ukwo bwije, nimuze tubandanye kubaho ku bw’ubuninahazwa bw’Imana. Nitwabigenza gutyo, tuzoronka ukuruhurirwa kw’imitima yacu kandi Data wa twese wo mw’ijuru azotwitwararikana urukundo ibihe bidahera.​—Mat. 11:29; Ivyah. 7:16, 17.

[Uruzitiro ku rup. 22]

 Amabanga Imana yatujeje

• Gutura isengesho kenshi.​—Rom. 12:12.

• Gusoma no kwiyigisha Bibiliya, ivyo twiga tukavyiyerekezako.​—Zab. 1:2; 1 Tim. 4:15.

• Gusenga Yehova turi mw’ishengero.​—Zab. 35:18; Heb. 10:24, 25.

• Kuronsa abagize umuryango wacu ivyo bakeneye mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no mu vy’inyiyumvo.​—1 Tim. 5:8.

• Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abantu abigishwa.​—Mat. 24:14; 28:19, 20.

• Kwitwararika amagara yacu mu vy’umubiri, mu vy’impwemu no mu vy’inyiyumvo, ivyo bikaba birimwo gutunganya ivy’ukwiruhura kubereye.​—Mrk. 6:31; 2 Kor. 7:1; 1 Tim. 4:8, 16.

• Kwitwararika amabanga y’ishengero.​—Ibik. 20:28; 1 Tim. 3:1.

• Kwitwararika ukuntu inzu yacu be n’Ingoro y’Ubwami biboneka.​—1 Kor. 10:32.

[Uruzitiro ku rup. 23]

Nubitwararike

• Umuvukanyi canke umuvukanyikazi ageze mu zabukuru.​—Lew. 19:32.

• Uwurwaye ku mubiri canke afise indwara iva ku mubabaro wo mu mutima.​—Imig. 14:21.

• Uwo mw’ishengero akeneye bimwe vyihutirwa ko hari ico womufasha.​—Rom. 12:13.

• Uwo mu muryango wawe wa hafi.​—1 Tim. 5:4, 8.

• Uwo musangiye ukwizera yabuze uwo bubakanye.​—1 Tim. 5:9.

• Umukurambere akora agatama mw’ishengero iwanyu.​—1 Tes. 5:12, 13; 1 Tim. 5:17.