Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mw’ijuru hameze gute?

Mw’ijuru hameze gute?

Mw’ijuru hameze gute?

ABANTU bamwebamwe biyumvira yuko bidashoboka ko umuntu amenya ibijanye n’ijuru kubera yuko ata n’umwe yigeze amanuka avuyeyo kugira ngo atubwire ivyaho. Kumbure baribagiye ko Yezu yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru.” (Yohani 6:38) Vyongeye, hari indongozi z’idini yabariye ati: “Mwebwe muri abo mu turere two hasi; jewe ndi uwo mu turere two hejuru.” (Yohani 8:23) None Yezu yavuze iki ku bijanye n’ijuru?

Yezu yaremeje yuko mw’ijuru ari ho Yehova aba. Yise Imana ngo “Data ari mw’ijuru.” (Matayo 12:50) Ariko rero, Yezu yarakoresheje ijambo “ijuru” mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, yaravuze ko ikirere ari “ijuru” igihe yavuga ati: “Iyo bugorovye mukunda kuvuga muti: ‘Haraza kuba heza, kuko ijuru ritukura nk’umuriro.’” (Matayo 16:2) Yamara rero, Yehova aba ahantu harengeye ikirere. Bibiliya igira iti: “Iyo ni yo ivyagiye ahihese hejuru y’isi.”​—Yesaya 40:22.

Mbega “Data ari mw’ijuru” yoba aba aho inyenyeri ziri? Ikirere dushobora kubona na co nyene citwa “ijuru” mu Vyanditswe Vyeranda. Nk’akarorero, umwanditsi umwe wa Zaburi yanditse ati: “Iyo nitegereje ijuru, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki ah’umwibuka?”​—Zaburi 8:3, 4.

Oya, Yehova Imana ntabwirizwa kuba mu kirere yaremye dushobora kubona nka kurya nyene umubaji atoba mu kabati aba yakoze. Ni co gituma igihe Umwami Salomo yegurira Yehova urusengero rw’i Yeruzalemu, yavuze ati: “N’ivy’ukuri Imana yoza kuba mur’iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!” (1 Abami 8:27) Nimba Yehova ataba muri iryo juru, ni ukuvuga ikirere dushobora kubona, none ijuru abamwo ni irihe?

Naho abantu bamaze kwiga ibijanye n’ikirere dushobora kubona bakoresheje ivyuma bikomakomeye bishobora gutuma umuntu abona kure cane mu kirere kandi hakaba hari abamaze kuja kure cane mu kirere, ivyo Bibiliya ivuga biguma ari ukuri, ikaba igira iti: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yohani 1:18) Yezu yarasiguye impamvu igihe yavuga ati: “Imana ni Impwemu.”​—Yohani 4:24.

Ikinyabuzima c’impwemu kirarengeye umuntu. Ikinyabuzima c’impwemu ntikigizwe n’ibintu bifadika, nk’inyama n’amaraso, ivyo umuntu ashobora kubona canke gukorakora. Igihe rero Yezu yavuga yuko yahoze abana na Se mw’“ijuru,” yashaka kuvuga ko yahoze afise ubuzima buninahaye cane kuruta ubw’ikinyabuzima ico ari co cose dushobora kubona. (Yohani 17:5; Abafilipi 3:20, 21) Ako karere k’impwemu Yezu yahoze abamwo ari kumwe na Se, ni ko Bibiliya yita “ijuru.” None kameze gute? Ni ibiki bikorerwayo?

Ni ahantu harangurirwa igikorwa giteye agahimbare

Bibiliya ivuga ko mw’ijuru ari ahantu harangurirwa ibikorwa vyinshi. Iravuga ibijanye n’ibiremwa vy’impwemu amamiliyoni amajana n’amajana vy’intahemuka bibayo. (Daniyeli 7:9, 10) Kimwekimwe cose muri ivyo biremwa vy’impwemu gifise kamere cisangije. Uti ivyo tubimenya gute? Mu biremwa vyose dushobora kubona, nta kinyabuzima na kimwe usanga kimeze neza na neza nk’ikindi, akaba ari co gituma dushobora guhera amazinda yuko ibiremwa vyo mw’ijuru na vyo nyene biri mu mice myinshi cane. Igitangaje, ivyo biremwa vyose vyo mw’ijuru bifise izo kamere birakorana mu bumwe, gutyo bikerekana ko hatandukanye cane no mw’isi ya kino gihe, aho usanga ari imbonekarimwe ko abantu basenyera ku mugozi umwe.

Raba ukuntu Bibiliya idondora ibikorwa birangurirwa mw’ijuru. Igira iti: “Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe kubangira ugutwi ijwi ry’ijambo ryiwe. Muhimbaze Uhoraho, mwebge ngabo ziwe zose, yemwe basavyi biwe bakora ibimuhimbara.” (Zaburi 103:20, 21) Gutyo rero, mw’ijuru harakorerwa ibikorwa vyinshi. Turashobora kwemera tudakeka yuko ivyo ari ibikorwa bimara akanyota.

Abamarayika baramaze igihe kirekire barangura umurimo uteye agahimbare, uno ukaba watanguye mbere isi itararemwa. Twisunze ico Ivyanditswe bivuga, igihe Yehova yarema isi, abana b’Imana ‘bararirimbiye hamwe’ bongera ‘barasesereza impundu.’ (Yobu 38:4, 7) Umwe muri abo bana b’Imana bo mw’ijuru yaratewe mbere agateka ko gukorana n’Imana mu kurema ibindi bintu vyose. (Abakolosayi 1:15-17) Ukwo kuntu umurimo uteye agahimbare urangurirwa mw’ijuru udondorwa mu buryo bukwegera vyoshobora kuvyura ibibazo mu muzirikanyi wawe ku vyerekeye ijuru be n’abantu.

Umuntu yoba yari yagenewe kuja mw’ijuru?

Kubera ko abamarayika bariko basukurira Imana mw’ijuru imbere yuko isi iremwa, biragaragara ko umugabo n’umugore ba mbere batari baremwe kugira ngo babe mw’ijuru. Ahubwo riho, Imana yabwiye uwo mugabo n’umugore ba mbere iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi.” (Itanguriro 1:28; Ibikorwa 17:26) Adamu ni we yabaye uwa mbere mu bantu baremwe kugira ngo babe kw’isi, akaba yarashobora kumenya Imana no kuyisukurira adahemuka. Yabwirizwa kuvyara abantu bobaye kw’isi. Bibiliya ivuga iti: “Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu.”​—Zaburi 115:16.

Mu bisanzwe abantu ntibipfuza gupfa; abantu ntibaremwe ngo bazopfe. Imana yabwiye Adamu ivyerekeye urupfu igihe gusa yamubwira ko ari co gihano yoronse aramutse agambaraye. Iyo Adamu agamburuka, ntiyari kwigera apfa.​—Itanguriro 2:17; Abaroma 5:12.

Ntibitangaje rero kuba Imana ata kintu na kimwe yabwiye Adamu cerekeye kuja mw’ijuru. Ku bw’ivyo rero, kw’isi ntihari ahantu abantu bosuzumiwe kugira ngo vyihwezwe ko babereye kuja mw’ijuru. Umuntu yaremwe kugira ngo abe kw’isi ibihe bidahera, kandi uwo mugambi w’Imana n’ubu uzoranguka. Bibiliya isezerana ko “abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29) Biragaragara ko mu ntango umuntu atari yaremwe kugira ngo aje mw’ijuru. None ni kubera iki Yezu yasezeraniye intumwa ziwe ubuzima bwo mw’ijuru? Yoba yashaka kuvuga yuko abantu beza bose bazoja mw’ijuru?