Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umurasta umwe amwesha amaderedi yiwe akongera agatsinda ivyo kwinuba abazungu? Vyongeye, ni igiki catumye umusore umwe w’inkazi yatororokaniriza amahera abadandaza b’ibiyayuramutwe ashobora guhindura uburyo yari abayeho? Rimbura ivyo abo bantu bivugira.

‘Naratsinze mbere ivyo kwinubana’​—HAFENI NGHAMA

IMYAKA: 34

IGIHUGU AKOMOKAMWO: ZAMBIYA

IVYO YACIYEMWO: YARI UMURASTA

KAHISE KANJE: Navukiye mw’ikambi y’impunzi muri Zambiya. Mawe yari yahunze ava muri Namibiya igihe hari intambara, aca aja mu muhari witwa abantu bo muri Afirika yo mu Bumanuko bushira Uburengero (SWAPO). Uwo muhari warwanya intwaro ya Afirika y’Epfo yategeka Namibiya ico gihe.

Mu myaka 15 ya mbere y’ubuzima bwanje narabaye mu makambi y’impunzi atari make. Abakiri bato bo muri wa muhari SWAPO bo mu makambi barigishwa ko bakwiye gukwiragiza hose ivyiyumviro vy’uwo muhari waharanira ukwiganzura. Twarinjizwamwo cane ivya politike tukongera tukigishwa kwanka abazungu.

Igihe nari mfise imyaka 11, naripfuje kuronka ikomfirimasiyo mw’idini rimwe ryo mw’ikambi ryari rihurikiyemwo abo muri gatolika y’i Roma, abaluteri, abangilikani be n’abandi. Umupasitori nabibwiye yaranciye intege ngo sintere iyo ntambwe. Kuva ico gihe, naciye ntangura kwemera inyigisho z’uko ata Mana ibaho. Ariko rero, igihe nari mfise imyaka 15, ukuntu nakunda umuziki wa rege be n’icipfuzo nari mfise co kwiyamiriza ibintu bimwebimwe vy’akarenganyo vyagirirwa abirabure b’Abanyafirika vyatumye nja mu muhari w’abarasta. Nararetse imishatsi yanje irakura ihinduka amaderedi, ndatangura kunywa urumogi rwitwa marijuwana, ndaheba kurya inyama nongera ndaharanira umwidegemvyo w’abirabure. Yamara rero, sinahinduye ingeso nari mfise z’ubuhumbu canke ngo mpebe kurorera amasenema y’ubukazi. Kandi nagumye nkoresha imvugo mbi.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu 1995, igihe nari mfise nk’imyaka 20, naratanguye kuzirikana ata gupfyina ku bikanye n’ingendo nari nkwiye gufata mu buzima bwanje. Nariga ibitabu vyose vy’abarasta nashobora kuronka. Bimwebimwe muri vyo vyaravuga ibijanye na Bibiliya, ariko insobanuro vyatanga ntizanyura. Naciye rero mfata ingingo yo kwisomera Bibiliya.

Mu nyuma, hari umugenzi w’umurasta yampaye igitabu cakoreshwa mu kwiga Bibiliya casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Jewe ubwanje nariyigishije ico gitabu nkoresheje Bibiliya. Mu nyuma, narahuye n’Ivyabona vya Yehova maze ndabandanya kwiga Bibiliya ndabifashijwemwo na bo.

Naragize akigoro gakomeye ndahagarika kunywa itabi be n’inzoga nyinshi. (2 Abakorinto 7:1) Nararyohoye ukuntu nasa, ndamwa ya maderedi nari mfise, ndareka kurorera amasanamu yerekana ubushegabo be n’amasenema y’ubukazi nongera ndirinda gukoresha imvugo mbi. (Abanyefeso 5:3, 4) Nahavuye mbere ntsinda ivyo kwinuba abazungu. (Ibikorwa 10:34, 35) Kugira ayo mahinduka vyasaba kuvavanura n’imiziki yaremesha urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba be no guhagarika kwifatanya n’abahoze ari abagenzi banje, bano bakaba bogerageje kunyosha ngo nsubire kubaho nk’uko nahoze.

Maze kugira ayo mahinduka, nararondeye ahari Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova maze ndabasaba ko nokwinjira mw’idini ryabo. Igihe nafata ingingo yo kubatizwa nkaba Icabona ca Yehova, abagize umuryango wanje ntivyabanezereye. Mawe yambwiye ngo mpitemwo irindi dini iryo ari ryo ryose yita ngo ni irya gikirisu, ariko sinje mu Vyabona vya Yehova. Umugabo umwe wo mu ncuti zo kwa mawe, uno akaba yari umuntu akomeye muri leta, yaguma anebagura kubera ingingo nari nafashe yo kwifatanya n’Ivyabona.

Ariko rero, kumenya ibijanye n’ukuntu Yezu yafata abantu maze ngaca nshira mu ngiro impanuro yatanze vyaramfashije kwihanganira ukurwanywa hamwe n’ugutyekezwa. Igihe nagereranya ivyo Ivyabona bigisha be n’ivyo Bibiliya ivuga, narajijutse yuko nari natoye idini ry’ukuri. Nk’akarorero, barakurikiza itegeko Bibiliya itanga ryo kubwira abandi inkuru nziza. (Matayo 28:19, 20; Ibikorwa 15:14) Vyongeye, ntibisuka mu vya politike.​—Zaburi 146:3, 4; Yohani 15:17, 18.

IVYIZA NAHAKUYE: Kwiga kubaho nisunga ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya vyaramfashije mu buryo ngirakamaro butandukanye. Nk’akarorero, guheba marijuwana vyaratumye nirinda gusesagura buri kwezi amadolari amajana n’amajana. Sinkibona mu bwenge ibintu vy’indoto, kandi nararushirije kumera neza mu bwenge no kugira amagara meza ku mubiri.

Ubu ubuzima bwanje burafise intumbero namye nipfuza cane kuronka kuva nkiri umwana. N’igihambaye kuruta vyose, ubu ndumva ko nashoboye kwiyegereza Imana.​—Yakobo 4:8.

“Narize gucungera ishavu ryanje”​—MARTINO PEDRETTI

IMYAKA: 43

IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSITARALIYA

IVYO YACIYEMWO: YADANDAZA IBIYAYURAMUTWE

KAHISE KANJE: Umuryango wacu warakunda kuza urimuka igihe nari nkiri muto. Narabaye mu dusagara dutoduto, mu gisagara kinini nongera ndamara igihe gitoyi mba ahantu abamisiyonari b’imvukira baba mu gihugu hagati. Ndacibuka ibintu bimwebimwe bishimishije vyerekeye ico gihe nabana na bavyaranje na ba marume, tukaba twararoba, tugahiga, tugakora n’utundi tuntu twari dusanzwe duhingurwa n’imvukira.

Dawe yakina wa mukino wo guterana ibipfunsi kandi yatanguye kunyigisha kurwana nkiri muto cane. Nahavuye mba inkazi cane. Mu myaka yanje y’ubuyabaga, naramara umwanya munini ndiko ndanywa inzoga mu tubare. Jewe n’abagenzi banje twarashobora gusomborotsa intambara. Twarakoresha imbugita be n’ibibando bakinisha mu rukino rwitwa baseball kugira ngo dutere umugwi w’abantu 20 canke barenga.

Naronka amahera mu kugurisha ibiyayuramutwe be n’ibintu vyaba vyibwe n’abakozi bo ku kivuko. Naratororokaniriza kandi amahera abadandaza b’ibiyayuramutwe nkaba narashobora no gutera ubwoba abantu kugira barihe amahera baba babafitiye, nkoresheje mwene za nkoho bakoresha mu guhiga be na twa dukoho dutoduto. Nari mfise umugambi wo gucika umwicanyi. Icivugo canje cari iki: Utanyishe ndakwica.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Nari narumvise ivyerekeye Ivyabona vya Yehova igihe nari nkiri muto. Igihe nari ndengeje gatoyi imyaka 20, ndibuka ko nabajije mawe nimba yoba yari azi ahoba haba n’umwe muri bo. Haciye imisi ibiri, hari Icabona yitwa Dixon yadodoye ku rugi iwacu. Tumaze kuganira umwanya mutoyi, yarantumiye ngo nze nitabe ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Naragiye kuri iryo koraniro kandi ubu maze imyaka irenga 20 nitaba ayo makoraniro. Ikibazo ico ari co cose nari mfise, Ivyabona barashoboye kukinyishura bakoresheje Bibiliya.

Narahimbawe no kumenya ko Yehova yitwararika umuntu umwumwe ku giti ciwe, mbere n’abatamwubaha. (2 Petero 3:9) Naratahuye ko ari Umuvyeyi w’umunyarukundo yonyitwararitse, mbere n’igihe ata wundi n’umwe yobigize. Narahumurijwe kandi no kumenya yuko yombabariye ibicumuro ndamutse mpinduye ingendo yanje. Imirongo yo muri Bibiliya iri mu Banyefeso 4:22-24 yaragize ikintu kinini cane inkozeko. Ico canditswe carandemesheje “kwambura kamere ya kera” maze “[n]kambara kamere nshasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana.”

Vyarantwaye igihe kugira mpindure ukuntu nari mbayeho. Narashobora kumara umushamvu ntakoze ku kiyayuramutwe ariko ku mpera yawo, igihe naba ndi kumwe n’abagenzi banje, ngaca nsanga nagondojwe. Narabonye ko nobwirijwe kwimuka nkavana n’abo bagenzi banje, asangwa naripfuza kuryohora ubuzima bwanje, gutyo nca mfata ingingo yo kwimukira mu yindi leta. Bamwebamwe muri abo bagenzi baransavye ngo bamperekeze muri urwo rugendo, nanje ndabemerera. Igihe twari kuri urwo rugendo, baratanguye kunywa ca kiyayuramutwe marijuwana hanyuma barambwira ngo bampeko. Narababwiye yuko nariko ndavavanura n’izo ngeso, maze tugeze ku rubibe rw’iyo leta turatandukana na bo hanyuma mbandanya urugendo ndi jenyene. Mu nyuma naramenye ko inyuma y’aho gatoyi abo bagenzi banje basahuye ibanki bitwaje inkoho.

IVYIZA NAHAKUYE: Maze kuvavanura n’abo bagenzi, vyararushirije kunyorohera kugira amahinduka yari akenewe mu buzima bwanje. Mu 1989, narabaye Icabona yabatijwe. Maze kubatizwa, mushikanje, mawe be na dawe bose barifatanije nanje mu gusukurira Yehova.

Ubu maze imyaka 17 nubatse urwanje kandi mfise abana b’igikundiro batatu. Narize gucungera ishavu ryanje, mbere n’igihe mba nsomborokejwe. Narize kandi gukunda abantu bo mu ‘miryango yose, mu bwoko bwose no mu ndimi zose.’ (Ivyahishuwe 7:9) Ndabona ko amajambo Yezu yavuze yabaye ay’ukuri ku binyerekeye. Yavuze ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.”​—Yohani 8:31, 32.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Kugira amahinduka vyasaba kuvavanura n’imiziki yaremesha urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]

Jewe n’abagenzi banje twarashobora gusomborotsa intambara. Twarakoresha imbugita be n’ibibando bakinisha mu rukino rwitwa baseball kugira ngo dutere umugwi w’abantu 20 canke barenga