Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bagabo, mwoba muyobokera ubukuru bwa Kristu?

Bagabo, mwoba muyobokera ubukuru bwa Kristu?

Bagabo, mwoba muyobokera ubukuru bwa Kristu?

“Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu.”​—1 KOR. 11:3.

1. Ni igiki kigaragaza yuko Yehova ari Imana y’urutonde?

MU VYAHISHUWE 4:11 hagira hati: “Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye ibintu vyose, kandi kubera ukugomba kwawe vyarabayeho, kandi vyararemwe.” Kubera ko Yehova Imana ari we Muremyi ni we Segaba Kaminuza w’ijuru n’isi kandi ari hejuru y’ivyo yaremye vyose. Kuba Yehova ‘atari Imana y’umuvurungano, ariko ari iy’amahoro,’ biragaragarira mu buryo umuryango wiwe ugizwe n’abamarayika utunganijwe.​—1 Kor. 14:33; Yes. 6:1-3; Heb. 12:22, 23.

2, 3. (a) Ni nde yabaye ikiremwa ca mbere ca Yehova? (b) Wa Mwana w’imfura afise ikibanza ikihe umugereranije na Se?

2 Imbere y’uko Imana irema ikintu na kimwe, yaramaze imyaka idaharurika ari yo yonyene iriho. Ikiremwa cayo ca mbere na mbere cabaye ca kiremwa c’impwemu citwa “Jambo” kubera ko uwo yari Umuvugizi wa Yehova. Ibindi bintu vyose vyabayeho biciye kuri uwo Jambo. Mu nyuma, yaraje kw’isi ari umuntu atagira agasembwa maze yitwa Yezu Kristu.​—Soma Yohani 1:1-3, 14.

3 Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’ibibanza bitangana Imana be n’Umwana wayo w’imfura bafise? Mu kwandika ahumekewe, intumwa Paulo atubwira ati: “Nshaka ko mumenya yuko umutwe w’umugabo wese ari Kristu; umutwe w’umugore na wo ni umugabo; umutwe wa Kristu na wo ni Imana.” (1 Kor. 11:3) Kristu ari munsi y’ubukuru bwa Se. Ubukuru be n’ukuyoboka ni ntahara kugira ngo habe amahoro n’urutonde mu biremwa bifise ubwenge. Mbere n’umwe ‘ibintu vyose vyaremwe biciye kuri we’ asabwa kuyobokera ubukuru bw’Imana.​—Kol. 1:16.

4, 5. Yezu yabona gute ibijanye n’ikibanza afise umugereranije na Yehova?

4 Yezu yabona gute ibijanye no kuyobokera ubukuru bwa Yehova be no kuza kw’isi? Ivyanditswe bivuga biti: “[Kristu Yezu] naho yari mu mero y’Imana, ntiyiyumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana. Oya, ahubwo yahevye vyose afata imero y’umushumba, acika uwusa n’abantu. N’ikiruta ivyo, igihe yasanga ameze nk’umuntu, yaricishije bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, egome, urupfu rwo ku giti co gusinzikarizwako.”​—Flp. 2:5-8.

5 Mu bihe vyose, Yezu yarayoboka yicishije bugufi ivyo Se agomba. Yavuze ati: “Sinshobora gukora ikintu na kimwe ndavyigeneye; . . . urubanza nca ruragororotse, kubera ko ntarondera ukugomba kwanje bwite, ahubwo ndondera ukugomba kw’uwandungitse.” (Yoh. 5:30) Yamenyesheje ati: ‘Nama nantaryo nkora ibihimbara Dawe.’ (Yoh. 8:29) Amaja mu mpera y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi, yavuze mw’isengesho yatuye Se wiwe ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore.” (Yoh. 17:4) Biragaragara ko Yezu bitamugora kwemera ubukuru Imana imufiseko.

Kuyobokera Se biratuma Umwana ahakura ivyiza

6. Ni kamere nziza igitangaza izihe Yezu yagaragaje?

6 Igihe Yezu yari kw’isi, yaragaragaje kamere nziza igitangaza nyinshi. Muri izo kamere harimwo urukundo rukomeye yagaragarije Se wiwe. Yavuze ati: ‘Ndakunda Data.’ (Yoh. 14:31) Yaranagaragarije abantu urukundo rukomeye. (Soma Matayo 22:35-40.) Yezu yari umunyabuntu kandi yaritwararikana, ntiyari akaze kandi ntiyakandamiza abandi. Yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzoronka ukuruhuka kw’imitima yanyu. Kuko ingǒgo yanje yoroshe n’umutwaro wanje uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Abantu bameze nk’intama b’imyaka yose, na canecane abacurwa bufuni na buhoro be n’abahahazwa, bararuhurirwa cane na kamere zihimbaye za Yezu be n’ubutumwa buremesha yashikiriza.

7, 8. Mu gihe ca rya Tegeko, ni ibiki wa mukenyezi yari arwaye indwara yo kuva amaraso atashobora gukora, ariko Yezu yamufashe gute?

7 Rimbura ukuntu Yezu yafata abakenyezi. Muri kahise hose, abagabo benshi bamye bafata nabi cane abakenyezi. Ivyo ni ko vyari biri ku ndongozi z’idini zo muri Isirayeli ya kera. Ariko Yezu yarafatana icubahiro abakenyezi. Ivyo biragaragarira ku kuntu yafashe wa mukenyezi yari amaze imyaka 12 arwaye indwara yo kuva amaraso. ‘Yari yarababajwe cane’ n’abaganga kandi yari yarasesaguye utwiwe twose arondera gukira. Naho yari yaragize ako kigoro kose, ‘yarushirije kurwara.’ Mu gihe ca rya Tegeko, yabonwa ko ahumanye. Umuntu wese yamukorako na we nyene yaca ahumana.​—Lew. 15:19, 25.

8 Igihe uwo mukenyezi yumva ko Yezu yariko arakiza abarwaye, yaciye aja mw’isinzi ryari rimukikuje, yibwira ati: “Ninakora gusa ku mitamana yiwe ndakira.” Yarakoze kuri Yezu, ubwo nyene aca arakira. Yezu yari azi yuko uwo mukenyezi atari akwiye gukora ku mpuzu ziwe. Naho ari ukwo, ntiyamuhambariye. Ahubwo nyabuna, yaramugaragarije ubuntu. Yaratahura ukuntu uwo mukenyezi ategerezwa kuba yari amerewe kubera iyo myaka yose yari amaze arwaye kandi yarabonye ko yipfuza cane uwomufasha. Yezu abigiranye ikibabarwe yamubwiye ati: “Mukobwa, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire.”​—Mrk. 5:25-34.

9. Igihe abigishwa ba Yezu bagerageza kubuza abana ngo ntibaze aho ari, yavyifashemwo gute?

9 Mbere n’abana barumva bamerewe neza bari kumwe na Yezu. Igihe abantu bamuzanira abana, abigishwa biwe barabahambariye, bikaba biboneka ko biyumvira yuko atashaka ko abana bamugora. Ariko ukwo si ko Yezu yabibona. Inkuru yo mu Vyanditswe itubwira iti: “Yezu abibonye biramushavuza hanyuma [a]bwira [abo bigishwa] ati: ‘Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo.’” Vyongeye, yaciye “afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza.” Yezu ntiyihanganira gusa abana, yarabaha ikaze abigiranye igishika.​—Mrk. 10:13-16.

10. Vyagenze gute ngo Yezu agire kamere yagaragaje?

10 Vyagenze gute ngo Yezu agire kamere yagaragaje igihe yari ng’aha kw’isi? Imbere y’uko aba umuntu nkatwe, yaramaze imyaka idaharurika yihweza Se wiwe wo mw’ijuru arongera arigana ukuntu akora ibintu. (Soma Imigani 8:22, 23, 30.) Igihe yari mw’ijuru, yarabonye ukuntu Yehova akoresha abigiranye urukundo ubukuru afise ku biremwa vyiwe vyose yongera aramwigana. Yezu yoba yari gushobora kubigira iyo ataza kuba ayoboka? Vyaramuhimbara kuyobokera Se wiwe, kandi vyaranezereza Yehova kugira Umwana nk’uwo. Igihe Yezu yari kw’isi, yaragaragaje ata gahaze kamere nziza igitangaza za Se wiwe wo mw’ijuru. Ese ukuntu ari agateka kuri twebwe kuyobokera Kristu, uwo Imana yagenye ngo abe Umutegetsi w’Ubwami bwo mw’ijuru!

Niwigane kamere za Kristu

11. (a) Ni nde dukwiye kwihatira kwigana? (b) Ni kubera iki abagabo bo mw’ishengero ari bo canecane bakwiye kwihatira kwigana Yezu?

11 Abagize ishengero rya gikirisu bose, na canecane abagabo, barakwiye kubandanya bihatira kwigana kamere za Kristu. Nk’uko twamaze kubivuga, Bibiliya igira iti: “Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu.” Nk’uko Kristu yiganye Umutwe wiwe, ni ukuvuga ya Mana y’ukuri, abagabo bakirisu barakwiye kwihatira kwigana umutwe wabo, ari wo Kristu. Igihe intumwa Paulo yacika umukirisu, ivyo ni vyo neza na neza yakoze. Yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu.” (1 Kor. 11:1) Intumwa Petero na we yavuze ati: “Iyo nzira ni yo mwahamagariwe, kuko na Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.” (1 Pet. 2:21) Impanuro yo kwigana Kristu iraraba canecane abagabo kubera n’iyindi mvo. Ni bo baba abakurambere n’abakozi b’ishengero. Nk’uko Yezu yahimbarwa no kwigana Yehova, abagabo bakirisu bakwiye guhimbarwa no kwigana Kristu be na kamere ziwe.

12, 13. Abakurambere bakwiye gufata gute intama bajejwe?

12 Abakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu babwirizwa kwiga kumera nka Kristu. Petero yahimirije abagabo b’inararibonye, ari bo bakurambere, muri ubu buryo: “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze; atari ku bw’ugukunda inyungu mbi, ahubwo mubishashaye; atari nko mu gukandamiza abari intoranwa y’Imana, ahubwo mu gucika uburorero ku busho.” (1 Pet. 5:1-3) Abakurambere bakirisu ntibakwiye gutwaza igikenye, gukandamiza abandi, gupfa uko babatwaye canke kubakarira. Mu kwigana akarorero ka Kristu, barihatira kuba abanyarukundo, abitwararikana, abicisha bugufi be n’abanyabuntu mu kuntu bafata intama bajejwe.

13 Abaja imbere abandi mw’ishengero ni abagabo b’abanyagasembwa, kandi barakwiye kwama bazi ico kintu gituma haba ivyo badashoboye. (Rom. 3:23) Bategerezwa rero kwipfuza cane kwiga ivyerekeye Yezu bakongera bakigana urukundo rwiwe. Barakeneye kuzirikana ku kuntu Imana be na Kristu bafata abantu maze bakihatira kubigana. Petero aduhimiriza ati: “Mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira, kuko Imana irwanya abibona, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.”​—1 Pet. 5:5.

14. Abakurambere bakwiye gutera iteka abandi ku rugero rungana iki?

14 Abagabo bagenywe mw’ishengero babwirizwa kugaragaza kamere nziza mu kuntu bafata umukuku w’Imana. Mu Baroma 12:10 hagira hati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” Abakurambere n’abakozi b’ishengero baratera iteka abandi. Nk’uko biri ku bakirisu muri rusangi, abo bagabo babwirizwa ‘kutagira ikintu na kimwe bakora babitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko bakwiye kwiyumvira biyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.’ (Flp. 2:3) Abaja imbere abandi nta nkeka ko bakwiye kubona yuko abandi babaruta. Mu kubigenza gutyo, abo bagabo bagenywe bazoba bariko barakurikiza impanuro ya Paulo igira iti: “Mugabo, twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye, ntitwishimishe ubwacu. Umwe wese muri twebwe nashimishe mugenziwe mu vyiza ku bw’ukwubakwa kwiwe. Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe.”​—Rom. 15:1-3.

‘Gutera iteka abagore’

15. Abagabo bakwiye gufata gute abagore babo?

15 Ubu na ho rimbura impanuro Petero yahaye abagabo bubatse. Yanditse ati: “Namwe bagabo, ni kwo kw’ukwo, mushishikare kubana [n’abagore banyu] mwisunze ubumenyi, mubatera iteka nk’abaritera urwavya rurushirije kuba goyigoyi, urw’urugore.” (1 Pet. 3:7) Gutera iteka umuntu bisobanura kubona ko afise agaciro kanini. Ku bw’ivyo, wokwitwararika ivyiyumviro vy’uwo muntu, ivyo akeneye be n’ivyo yipfuza kandi wokwemera kwiyorosha ku bimwerekeye igihe ata kintu gihambaye cotuma utabigira. Ukwo ni ko umugabo akwiye gufata umugore wiwe.

16. Ni ingabisho iyihe Ijambo ry’Imana riha abagabo mu bijanye no gutera iteka abagore?

16 Igihe Petero yariko abwira abagabo gutera iteka abagore babo, yongeyeko ingabisho igira iti: “Kugira ngo amasengesho yanyu ntatangirwe.” (1 Pet. 3:7) Ivyo birerekana neza yuko Yehova abona ko ukuntu umugabo afata umugore wiwe ari ikintu gihambaye cane. Igihe umugabo adateye iteka umugore wiwe birashobora gutangira amasengesho yiwe. Vyongeye, ubwo muri rusangi abagore ntibakunze kuvyakira neza igihe abagabo babo babateye iteka?

17. Umugabo akwiye gukunda umugore wiwe ku rugero rungana iki?

17 Ku bijanye n’ukuntu umugabo yokunda umugore wiwe, Ijambo ry’Imana rihanura riti: “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. . . . Kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite; ahubwo arawugaburira akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero . . . , umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda.” (Ef. 5:28, 29, 33) Abagabo bakwiye gukunda abagore babo ku rugero rungana iki? Paulo yanditse ati: “Bagabo, mushishikare gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero kandi akitanga ku bwaryo.” (Ef. 5:25) Egome, umugabo akwiye kuba mbere afise umutima ukunze wo gutanga ubuzima bwiwe ku bw’umugore wiwe, nk’uko Kristu yabutanze ku bw’abandi. Igihe umugabo mukirisu afatana ikibabarwe umugore wiwe, akamwitwararika, akamubabara kandi akamufata mu buryo butaranga ubwikunzi, birarushiriza kworohera umugore wiwe kuyoboka ubukuru bwiwe.

18. Ni imfashanyo iyihe abagabo baronka mu bijanye no kwitwararika amabanga bajejwe mu mubano w’ababiranye?

18 None gusaba abagabo gutera iteka abagore muri ubwo buryo, kwoba ari ukubasaba amananiza? Oya, Yehova ntiyokwigera abasaba gukora ikintu kirengeye ubushobozi bwabo. N’ikindi kandi, abasenga Yehova barashobora kuronka inguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’isi no mw’ijuru, iyo na yo ikaba ari impwemu nyeranda y’Imana. Yezu yavuze ati: “Nimba . . . mwebwe, naho muri babi, muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:13) Mu masengesho abagabo batura, barashobora gusaba yuko Yehova abicishije ku mpwemu yiwe yobafasha mu bijanye n’ukuntu bafata abandi, harimwo n’abagore babo.​—Soma Ibikorwa 5:32.

19. Ikiganiro cacu co kwiga gikurikira kizoca irya n’ino iki?

19 Vy’ukuri, abagabo barafise ibanga ritoroshe ryo kwiga ukuntu boyobokera Kristu bakongera bakigana ubukuru bwiwe. Mugabo tuvuge iki ku bijanye n’abagore, na canecane abakenyezi? Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ukuntu bakwiye kubona uruhara bafise mu ndinganizo ya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Ni kamere za Yezu izihe dukwiye kwigana?

• Abakurambere bakwiye gufata gute intama?

• Umugabo akwiye gufata gute umugore wiwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 10]

Niwigane Yezu mu gutera iteka abandi