Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1 Kubera iki twosenga?

1 Kubera iki twosenga?

Isengesho

1 Kubera iki twosenga?

ISENGESHO. Ni ibintu bike bijanye na Bibiliya uzosanga abantu bitwararika kandi bipfuza kumenya cane nk’uko biri ku bijanye n’isengesho. Rimbura ibibazo indwi bikunze kubazwa ku bijanye n’isengesho, maze ubikunze duce turabira hamwe inyishu Bibiliya itanga. Ibi biganiro bigenewe kugufasha gusenga, ni ukuvuga kukwereka ingene wotangura gusenga canke ingene wotuma amasengesho yawe arushiriza kuba ngirakamaro.

HIRYA no hino kw’isi, mu mico kama iyo ari yo yose no mu madini ayo ari yo yose, abantu usanga basenga. Barasenga bari ukwa bonyene canke bagasenga bari mu migwi. Barasenga bari mu masengero, mu masinagogi, mu misigiti no mu tunyabugoro. Boshobora gusenga bakoresheje imikeka, amashapure, utwo bita udukurudumu tw’amasengesho, amasanamu, ibitabu vy’ibisabisho canke bagakoresha ibisabisho vyanditswe ku bibaho bitobito bamanika ahantu.

Isengesho ni ikintu gitandukanya umuntu n’ibindi binyabuzima vyose vyo kw’isi. Ego niko hariho ibintu vyinshi duhuriyeko n’ibikoko. Turakeneye ibifungurwa, impemu be n’amazi nk’uko na vyo nyene bibikeneye. Turavuka, tukabaho hanyuma tugapfa nk’uko biri no ku bikoko. (Umusiguzi 3:19) Ariko abantu ni bo bonyene basenga. Kubera iki?

Kumbure inyishu yoroshe cane twotanga ni iy’uko twumva tubikeneye. Nakare isengesho muri rusangi ribonwa ko ari uburyo abantu bacako kugira ngo bashikirane n’akarere k’impwemu, bashikirane n’ikintu babona ko ari ceranda kandi gihoraho. Bibiliya irerekana ko twaremanywe icipfuzo co gusenga. (Umusiguzi 3:11) Yezu Kristu yarigeze kuvuga ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

Uravye zirya nyubakwa zose z’amadini, ukaraba birya bintu vy’utugenegene vyose bijanye n’idini be n’arya masaha yose atoharurwa abantu bamara basenga, hari ukundi wobisigura utavuze ko “bakeneye ivy’impwemu,” ni ukuvuga ivy’Imana? Ego ni ko, abantu bamwebamwe usanga ari bo bimenya canke bagahanga amaso abandi bantu kugira bironse ivyo bakeneye mu vy’Imana. Mugabo none, ubwo ntubona ko abantu ata bushobozi bafise bwo gufasha abandi bimwe bishitse? Turi abanyantege nke, ntituramba kandi ntitubona kure. Umuntu aturusha kure n’iyo ubukerebutsi, ubushobozi n’ukuramba ni we wenyene ashoboye kuturonsa ivyo dukeneye. None neza na neza ivyo bintu dukeneye mu vy’Imana bituma dusenga ni ibiki?

Zirikana gatoyi: Vyoba birashika ukumva wipfuza cane kuronka ubuyobozi, ubukerebutsi canke inyishu ku bibazo bisa n’ibirengeye ubumenyi bw’abana b’abantu? Vyoba birashika ukumva ukeneye guhumurizwa igihe utuntujwe n’ukubura guteye agahinda, ukumva ukeneye ubuyobozi igihe uhanganye n’ugufata ingingo igoye cane canke ukumva ukeneye kubabarirwa igihe uremerewe n’ukwiyagiriza?

Nk’uko Bibiliya ivyerekana, izo zose ni imvo zumvikana zotuma usenga. Bibiliya ni co gitabu co kwizigirwa kuruta ibindi vyose ku bijanye n’isengesho, kandi irimwo amasengesho yatuwe n’abagabo be n’abakenyezi benshi b’abizigirwa. Barasenze basaba guhumurizwa, ubuyobozi, kubabarirwa be n’inyishu ku bibazo bigoye kuruta ibindi vyose.​—Zaburi 23:3; 71:21; Daniyeli 9:4, 5, 19; Habakuki 1:3.

Naho mwene ayo masengesho yari atandukanye, yari afise ikintu ahuriyeko. Umwe wese mu batuye ayo masengesho yari n’ikintu ntahara gituma isengesho ryiwe riba ngirakamaro, kikaba ari ikintu akenshi usanga abantu badafise canke birengagiza mw’isi ya kino gihe. Bari bazi uwo amasengesho akwiye guturwa.