Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

4 Twosaba iki?

4 Twosaba iki?

BARYISE ryo sengesho risubirwamwo cane kuruta ayandi yose abakirisu batura. Ivyo vyaba ari vyo canke atari vyo, rya sengesho rya Yezu ry’akarorero, iryitwa rimwe na rimwe isengesho rya Dawe wa twese, riri vy’ukuri mu masengesho atahurwa ukutari kwo kuruta ayandi yose. Abantu amamiliyoni barasubiramwo ku musi ku musi ayo majambo ata n’ukwiyumvira, kumbure bakabigira kenshi ku musi. Ariko rero, Yezu ntiyigeze ashaka ko iryo sengesho rikoreshwa muri ubwo buryo. Ivyo tubibwirwa n’iki?

Igihe Yezu yavuga ivy’iryo sengesho, yari ahejeje kuvuga ati: “Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.” (Matayo 6:7) None Yezu yoba yaciye yivuguruza mu gutanga urutonde rw’amajambo abantu bofata ku mutwe bakaza barayasubiramwo? Eka data! Ahubwo riho, Yezu yariko aratwigisha ivyo dukwiye gusaba yongera aduha urutonde rutomoye rw’ibintu biza imbere y’ibindi dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dusenga. Reka twihweze twitonze ivyo yavuze. Iryo sengesho turisanga muri Matayo 6:9-13.

“Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.”

Mu kuvuga ivyo, Yezu yaribukije abayoboke biwe yuko amasengesho yose akwiye guturwa Se, Yehova. Ariko none, woba uzi igituma izina ry’Imana rihambaye cane be n’igituma rikeneye kwezwa, ni ukuvuga kugirwa ryeranda?

Kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu, izina ryeranda ry’Imana ryarasizwe iceyi bivuye ku binyoma. Umwansi w’Imana, ari we Shetani, yise Yehova Umutegetsi abesha kandi yikunda, ata burenganzira namba afise bwo gutegeka ibiremwa vyiwe. (Itanguriro 3:1-6) Abantu benshi baragiye ku ruhande rwa Shetani bigisha yuko Imana itagira igishika, ari ruburakigongwe kandi ko ari mudaheranwa, canke bahakana yuko ari Umuremyi. Abandi na bo mbere bararwanije izina ryayo Yehova ubwaryo, bararikura mu mabibiliya amwamwe bongera barabuza abantu kurikoresha.

Bibiliya irerekana yuko Imana izokosora ivyo bintu vyose birimwo akarenganyo. (Ezekiyeli 39:7) Niyakosora ivyo bintu vyose, izokuronsa ivyo ukeneye vyose yongere itorere umuti ingorane zawe zose. Uti ivyo izobigira gute? Amajambo aca akurikira muri rya sengesho rya Yezu aratanga inyishu.

“Ubwami bwawe nibuze.”

Muri kino gihe, hari ukutumvikana kwinshi hagati y’abigisha b’amadini ku vyerekeye Ubwami bw’Imana. Ariko nk’uko abumviriza Yezu bari babizi, abahanuzi b’Imana hari haheze igihe kirekire baravuze yuko Mesiya, ari we Mucunguzi yatowe n’Imana, yoganje Ubwami bwohinduye isi. (Yesaya 9:6, 7; Daniyeli 2:44) Ubwo Bwami buzokweza izina ry’Imana mu gushira ku kabarore ibinyoma vya Shetani maze buce bukuraho Shetani n’ibikorwa vyiwe vyose. Ubwami bw’Imana buzokuraho intambara, indwara, inzara, eka mbere n’urupfu. (Zaburi 46:9; 72:12-16; Yesaya 25:8; 33:24) Igihe usaba ngo Ubwami bw’Imana buze, uba uriko urasaba ko iyo mihango yose iranguka.

“Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”

Ayo majambo Yezu yavuze atanga iciyumviro c’uko ivyo Imana igomba bizobwirizwa gukorwa kw’isi nk’uko nyene biri no mw’ijuru aho Imana iba. Ivyo Imana igomba vyaragaragaye ko ata cobitangira mw’ijuru; aho mw’ijuru, Umwana w’Imana yararwanye urugamba na Shetani be n’ingabo ziwe, abakororera kw’isi. (Ivyahishuwe 12:9-12) Ico kintu kigira gatatu mu vyo dusaba muri rya sengesho ry’akarorero, cokimwe na bibiri vya mbere, kiradufasha kwitwararika cane ibintu bihambaye kuruta ibindi vyose, na vyo akaba ari ivyo Imana igomba, atari ivyo ubwacu tugomba. Ivyo igomba ni vyo vyama nantaryo bizanira ivyaremwe vyose ivyiza bihambaye kuruta ibindi vyose. Ni co gituma na wa muntu atunganye Yezu yabwiye Se ati: “Ntihabe ukugomba kwanje, ahubwo habe ukugomba kwawe.”​—Luka 22:42.

“Uduhe uno musi ibifungurwa vyacu.”

Mu nyuma Yezu yarerekanye ko mu masengesho dutura dushobora gusaba n’ivyo dukeneye. Nta kibi kirimwo gusaba Imana ibijanye n’ivyo usanga dukenera ku musi ku musi. Mu bisanzwe, kubigenza gutyo biratwibutsa yuko Yehova ari we “[a]ha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose.” (Ivyakozwe 17:25) Bibiliya irerekana ko Imana ari umuvyeyi akundana ahimbarwa no guha abana biwe ivyo bakeneye. Ariko rero, nka kurya kw’umuvyeyi mwiza, ntishobora kubaronsa ikintu bayisavye kandi ari ikibononera.

“Uduhebere imyenda yacu.”

Woba vy’ukuri ufitiye umwenda Imana? Woba ukeneye kubabarirwa ibicumuro? Abenshi muri kino gihe ntibakibona ko igicumuro kibaho koko be n’uko gikomeye cane. Ariko Bibiliya yigisha ko igicumuro ari wo muzi w’ibibi bibishe bidushikira, kubera yuko ari co kintu nyamukuru gituma abantu bapfa. Kubera yuko twavukiye mu gicumuro, twese turacumura kenshi, kandi kazoza k’ibihe bidahera tuzokaronka gusa tubikesheje imbabazi z’Imana. (Abaroma 3:23; 5:12; 6:23) Duhiriwe duhishije, Bibiliya ivuga iti: “Wewe, ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira.”​—Zaburi 86:5.

“Uturokore mu kudukiza wa mubisha.”

Woba ubona ukuntu ukeneye bimwe vyihutirwa kandi bihebuje ko Imana igukingira? Abenshi baranka kwemera yuko “wa mubisha” Shetani yoba anabaho. Ariko Yezu yigishije yuko Shetani abaho koko, mbere amwita “umutware w’iyi si.” (Yohani 12:31; 16:11) Shetani yarahumanije iyi si iri mu vyara vyiwe, kandi si we yobona nawe araguhumanije, akakubuza kugiranira ubucuti somambike na So wawe Yehova. (1 Petero 5:8) Ariko rero, Yehova afise inkomezi zirengeye kure n’iyo iza Shetani, kandi arahimbarwa no gukingira abamukunda.

Uwo mwihwezo mugufi w’ivyiyumviro nyamukuru dusanga muri rya sengesho ry’akarorero rya Yezu ntiwerekana akantu kose kabereye gushirwa mw’isengesho. Wibuke ko muri 1 Yohani 5:14 hatubwira ku bijanye n’Imana hati: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” (1 Yohani 5:14) Ku bw’ivyo, ntuhagarike umutima wibwira ngo ingorane ufise nta co zivuze na gato ku buryo utozibwira Imana.​—1 Petero 5:7.

Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’umwanya be n’ikibanza? Vyoba hari ico bitwaye dusenze umwanya uwo ari wo wose, tugasengera aho ari ho hose?