Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

7 Imana yoba izokwumva amasengesho dutura ikayishura?

7 Imana yoba izokwumva amasengesho dutura ikayishura?

Isengesho

7 Imana yoba izokwumva amasengesho dutura ikayishura?

ICO kibazo kirakabura ubwenge bw’abantu benshi kikanatuma barondera kumenya vyinshi ku bijanye na co. Bibiliya yerekana ko Yehova vy’ukuri yumviriza amasengesho muri kino gihe. Kugira ngo yumve amasengesho yacu canke ntayumve, ahanini bituvako.

Yezu yariyamirije indongozi z’idini zo mu gihe ciwe zasengana uburyarya. Izo ndongozi zitwararika gusa ivyo kwiyerekana ko zubaha Imana cane. Yavuze ko abo bantu boronse “impembo yabo yose.” Ivyo bisobanura ko ata kindi boronse uretse ico bipfuza kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga ukubonwa n’abantu, ariko bakaba batoronse ico bari bakeneye, ni ukuvuga ukwumvirwa n’Imana. (Matayo 6:5) No muri iki gihe, abenshi basenga bisunze ivyo ubwabo bagomba, aho kwisunga ivyo Imana igomba. Kubera ko birengagiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya twaciye irya n’ino, Imana ntiheza ngo ibumve.

Ariko none, tuvuge iki ku bikwerekeye? Imana yoba izokwumva amasengesho utura ikayishura? Inyishu y’ico kibazo ntivana n’ibara ryawe ry’urukoba, igihugu ukomokamwo canke ikibanza ufise mu kibano. Bibiliya idukura amazinda iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Ayo majambo yoba avuga ukuntu ivyawe vyifashe? Nimba utinya Imana, urayubaha kuruta ibindi vyose, ugatinya kuyibabaza. Nimba ukora ivy’ubugororotsi, urarondera gukora ivyo Imana ivuga ko bigororotse aho gukurikirana ivyo ubwawe ugomba canke ivyo bagenzawe bagomba. Woba vy’ukuri wipfuza ko Imana yumviriza amasengesho yawe? Bibiliya irakwereka ukuntu wobishikako. *

Ego ni ko, abantu benshi usanga bipfuza ko Imana yishura amasengesho yabo mu kubakorera ibitangaro. Ariko rero no mu bihe vya Bibiliya, si kenshi Imana yakoze mwene ivyo bitangaro. Rimwe na rimwe wasanga haca ibinjana n’ibindi hagati y’igitangaro kimwe kivugwa muri Bibiliya be n’ikindi. Vyongeye, Bibiliya irerekana ko igihe co gukora ibitangaro caheze inyuma y’ikiringo c’intumwa. (1 Abakorinto 13:8-10) Ivyo none vyoba bisobanura ko Imana itishura amasengesho muri kino gihe? Haba namba! Rimbura amasengesho amwamwe Imana yishura.

Imana iratanga ubukerebutsi. Yehova ni we Sôko ruheta ry’ubukerebutsi nyabwo bwose. Arabutanga atitangiriye itama, akaburonsa ku buntu abipfuza kuyoborwa na we kandi barondera kubaho babwisunga.​—Yakobo 1:5.

Imana iratanga impwemu nyeranda yayo be n’ivyiza biyikomokako vyose. Impwemu nyeranda ni inguvu ikora y’Imana. Nta yindi nguvu ibaho ikomeye kuyiruta. Irashobora kudufasha kwihanganira ibigeragezo. Irashobora kutwuzuza amahoro igihe twumva twataye umutwe. Irashobora kudufasha gutsimbataza izindi kamere zihimbaye kandi z’igikundiro. (Abagalatiya 5:22, 23) Yezu yarasubirije umutima mu nda abayoboke biwe yuko Imana itanga iyo ngabirano ititangiriye itama.​—Luka 11:13.

Imana iraronsa ubumenyi abayironderana umwete. (Ivyakozwe 17:26, 27) Hirya no hino kw’isi, hariho abantu barondera kumenya ukuri ata buryarya. Baripfuza kumenya ivyerekeye Imana, ni ukuvuga izina ryayo, umugambi ifitiye isi n’abantu be n’ukuntu bashobora kuyiyegereza. (Yakobo 4:8) Ivyabona vya Yehova akenshi barahura n’abantu bameze gutyo kandi barahimbarwa no kubaronsa inyishu Bibiliya itanga ku bibazo mwene ivyo.

Ico none coba ari co catumye wakira iki kinyamakuru? Woba uriko urondera Imana? Hari aho wosanga ubu ari bwo buryo Imana iriko irishura isengesho ryawe.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene wosenga Imana ikakwumva, raba ikigabane ca 17 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.