Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

woba wari ubizi?

woba wari ubizi?

woba wari ubizi?

Ni kubera iki igitabu co muri Bibiliya c’Abakorinto ba Mbere kivuga ibijanye n’inyama zashikaniwe ibigirwamana?

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibigurishwa mu kaguriro k’inyama vyose mubandanye kubirya ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima.” (1 Abakorinto 10:25) None izo nyama zava hehe?

Gushikana ibitungwa vyari vyo birori nyamukuru vyagirwa mu nsengero z’Abagiriki n’Abaroma, ariko inyama z’ibitungwa vyatangwako ikimazi ntibazirira muri ivyo birori zose. Inyama zasigara mu nsengero z’abapagani zaca zija kugurishwa mu tuguriro tw’inyama. Igitabu kimwe (Idol Meat in Corinth) kivuga giti: “Abakora ibirori bijanye n’ivy’ugusenga . . . wasanga rimwe na rimwe bitwa abatetsi canke abayangayanga, kibure bakitwa ayo mazina yompi. Umuturi w’inyama baronka kubera ko baba babaze igitungwa co gutangako ikimazi, barawukurako izo bagurisha mu kaguriro.”

Ku bw’ivyo, inyama zagurishwa mu kaguriro si zose zaba ari izo basigaje mu birori bijanye n’ivy’ugusenga. Mu vyacukuwe mu bisigarira vy’akaguriro k’inyama (ari ko macellum mu kilatini) k’i Pompeii, harimwo ibikankara bikwiye vy’intama. Incabwenge imwe yitwa Henry J. Cadbury ivuga yuko ivyo vyerekana ko “inyama zishobora kuba zaragurishwa muri macellum ari ibitungwa bibona canke vyahabagiwe, izindi zikagurishwa ari inyama z’ibitungwa vyabagiwe mu rusengero canke vyahashikaniwe.”

Ico Paulo yagomba kwerekana ni iki: Mu vy’ukuri abakirisu ntibogize uruhara mu nsengo y’igipagani, ariko kandi inyama z’igitungwa caba catanzweko ikimazi ubwazo ntizaba zihumanye.

Ni kubera iki Abayuda n’Abasamariya batahuza mu gihe ca Yezu?

Muri Yohani 4:9 havuga yuko “Abayuda ata migenderanire [bari] bafitaniye n’Abasamariya.” Imvo y’ukwo kwinubana bisa n’uko yatanguye kubaho kera igihe Yerobowamu yashinga ivy’ugusenga ibigirwamana mu bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi. (1 Abami 12:26-30) Abasamariya bari abantu bava i Samariya, hakaba ari ho hari umugwa mukuru w’ubwo bwami bwo mu Buraruko. Igihe iyo miryango cumi yigarurirwa n’Abashuri mu 740 B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu), abo bene gutahukana intsinzi baciye bazana i Samariya abanyamahanga b’abapagani ngo bahabe. Ukwabirana hagati y’abo banyamahanga n’imvukira z’i Samariya, biboneka ko kwatumye ugusenga kw’Abasamariya kurushiriza gutosekara.

Haciye ibinjana, Abasamariya bararwanije utwigoro Abayuda bavuye mu bunyagano i Babiloni bariko baragira two gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova be n’impome z’igisagara ca Yeruzalemu. (Ezira 4:1-23; Nehemiya 4:1-8) Ubukeba mu bijanye n’ivy’ugusenga bwarongerekanye igihe Abasamariya bubaka urusengero rwabo ku Musozi Gerizimu, bikaba biboneka ko hari mu kinjana ca kane B.G.C.

Mu gihe ca Yezu, uvuze ngo “Umusamariya” umuntu yaca ahanini abona ibijanye n’idini aho kubona ibijanye n’intara. Izina Umusamariya ryerekeza ku kagwi k’idini kari gashinze imizi i Samariya. Ico gihe Abasamariya bari bagisengera ku Musozi Gerizimu, kandi Abayuda barabasuzugura, bakabagaya.​—Yohani 4:20-22; 8:48.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 12]

Igisahani c’ibumba gishushanijweko abantu bagomba gushikana igitungwa, mu kinjana ca gatandatu B.G.C.

[Abo dukesha ifoto]

Musée du Louvre, Paris

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 12]

Yerobowamu yarashinze ivy’ugusenga ibigirwamana