Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova boba basengera abarwaye?

Ivyabona vya Yehova boba basengera abarwaye?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Ivyabona vya Yehova boba basengera abarwaye?

▪ Ivyabona vya Yehova ntibigeze bakora ivyo gusengera abarwaye ngo bakire ku gitangaro. Cokimwe na Yezu, babona ko igikorwa nyamukuru bashinzwe ari ico kwamamaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Bemera kandi yuko abakirisu b’ukuri batamenyekanira ku vyo gusengera abarwaye, ahubwo ko bamenyekanira ku kintu gihambaye rwose kuruta ico.

Mu vy’ukuri, ibitangaro biranga impuhwe vyo gukiza abarwaye Yezu Kristu yakoze mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), biri n’ikintu gihambaye bivuze kuri twese. Mu gukiza abarwaye, yaratanze ikimenyamenya gikura amazinda c’uko igihe azoba aganza isi ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24.

Bite ho muri iki gihe? Mu madini y’abiyita abakirisu no mu yandi amwamwe atari ay’abakirisu, abantu basengera abarwaye usanga bavuga yuko batuma abantu bakira ku gitangaro. Yamara, Yezu yaratugabishije ashimitse ku bijanye n’abantu bovuze ngo “[barakoze] ibitangaza vyinshi” mw’izina ryiwe. Yobwiye abo bantu ati: “Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.” (Matayo 7:22, 23, Bibiliya Yera) None, ivyo vyitwa ngo ni ibitangaro bikorwa n’abasengera abarwaye muri iki gihe, vyoba vy’ukuri ari ikimenyamenya c’uko bashimwa n’Imana canke bahezagirwa na yo?

Rimbura ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ibitangaro vyo gukiza abantu Yezu yakoze. Ayo makuru dusanga mu Vyanditswe tuyagereranije n’ukuntu abasengera abarwaye muri iki gihe bakora, turashobora guca tumenya yuko ivyo gusengera abarwaye muri iki gihe vyoba canke bitoba biva ku Mana.

Yezu ntiyigeze akoresha ibitangaro vyo gukiza abarwaye kugira ngo yikwegereko abayoboke canke amasinzi y’abantu. Ahubwo riho ibitangaro bitari bike yakoze vyo gukiza abantu, yabikoze ata bantu bariko baritegereza. Akatari gake yarabwiye abo akijije ngo ntihagire n’umwe babwira ico gitangaro abakoreye.​—Luka 5:13, 14.

Yezu ntiyigeze asaba amahera ku bw’ibitangaro yakora. (Matayo 10:8) Kandi nta na rimwe yananiwe gukiza umuntu. Abarwaye bose baza kuri we barakira neza, kandi ugukira kw’umurwayi ntikwavana n’ukwizera yaba afise. (Luka 6:19; Yohani 5:5-9, 13) Ushima Yezu ata camunanira, yaranazuye abapfuye!​—Luka 7:11-17; 8:40-56; Yohani 11:38-44.

Ariko naho Yezu yakoze ivyo bitangaro, intumbero nyamukuru y’igikorwa c’Imana yakora ntiyari iyo kwegeranya abayoboke biciye ku biringo vyo gukora ibitangaro mu gusenga asemerera n’ibishuhirane bidasanzwe. Ahubwo riho, igikorwa ciwe nyamukuru cari ico kumenyekanisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yezu yarateguye neza abayoboke biwe kugira ngo babe abahindura abandi abigishwa, bakabigisha ivyerekeye icizigiro co kuzoronka amagara atagira akanenge ku ngoma y’Ubwami bw’Imana.​—Matayo 28:19, 20.

Ego ni ko, bamwebamwe mu bayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bari bafise ingabirano zidasanzwe z’ugukiza, ariko izo ngabirano zabwirizwa kugera aho zihagarara. (1 Abakorinto 12:29, 30; 13:8, 13) Abakirisu b’ukuri muri iki gihe ntibamenyekanira ku vyo gukiza abarwaye, ahubwo bamenyekanira ku rukundo rwo kwiheberanira rutuma bunga ubumwe. (Yohani 13:35) Ivy’ugusengera abarwaye bigirwa muri iki gihe ntivyashoboye gutuma habaho umuryango nyawo w’abakirisu b’amabara yose y’urukoba kandi bakomoka mu mice yose y’ubuzima bunze ubumwe biciye ku rukundo mwene urwo.

Ariko rero, hariho umugwi w’abakirisu bunze ubumwe biciye ku rukundo rukomeye cane ku buryo banka kugiriranira nabi ubwabo canke mbere kugirira nabi uwundi muntu uwo ari we wese, naho aba ari mu gihe c’imishamirano y’abantu ikaze gute. Uti abo ni bande? Ni Ivyabona vya Yehova. Kw’isi yose barazwi ko bagaragaza urukundo nk’urwa Kristu. Guhuza abantu badasangiye ibara ry’urukoba, igihugu, imico kama n’ubwoko bakagira ubumwe, twovuga ko ari igitangaro; kandi ivyo bishoboka biciye gusa ku mpwemu nyeranda y’Imana. Ubona gute witavye rimwe mu makoraniro yabo kugira ngo uvyibonere?

[Ifoto ku rup. 13]

Abasengera abarwaye muri iki gihe (nk’uko vyerekanwa kuri iyi foto) boba vy’ukuri bashigikiwe n’Imana?