Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Irumva amasengesho’

‘Irumva amasengesho’

Niwiyegereze Imana

‘Irumva amasengesho’

1 NGOMA 4:9, 10

YEHOVA IMANA yoba vy’ukuri yishura amasengesho avuye ku mutima abasavyi biwe bamwihebeye bamutura? Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye umuntu atazwi cane yitwa Yabezi irerekana ko Yehova “[y]umva amasengesho” koko. (Zaburi 65:2) Iyo nkuru ngufi tuyisanga ahantu bisa n’uko umuntu atokwitega kuyisanga, aho na ho akaba ari mu ntonde zitangura igitabu ca Mbere c’ivyo ku Ngoma zerekana ingene imiryango yagiye irakurikirana. Reka dusuzume ibivugwa muri 1 Ngoma 4:9, 10.

Ivyo tuzi vyose kuri Yabezi tubisanga muri iyo mirongo ibiri. Twisunze umurongo wa 9, nyina “yamwise Yabezi, mu kuvuga ati: “Namwibarukiye mu mubabaro.’” * Kubera iki yashimye kumwita iryo zina? Yoba yaragize ibise bidasanzwe igihe yibaruka uwo muhungu? Yoba kumbure yari umupfakazi, akaba yariko yerekana umubabaro afise kubona umunega wiwe atari ho yari ari ngo asanganire ico kibondo cabo cari kibonye izuba? Bibiliya nta co ibivugako. Ariko umusi uri izina, uwo muvyeyi yogize imvo yo kwishimira uwo muhungu bimwe bidasanzwe. Abavukana na Yabezi bashobora kuba bari abantu b’abagororotsi, mugabo “Yabezi [yaragize] icubahiro kuruta bene wabo.”

Yabezi yari umuntu akunda gusenga. Yatanguye isengesho ryiwe mu gutakambira Imana ayisaba umuhezagiro. Yaciye ayisaba ibintu bitatu vyerekana ko yari afise umutima wuzuye ukwizera.

Ubwa mbere, Yabezi yatakambiye Imana ngo ‘yagure akarere kiwe.’ (Umurongo wa 10) Uwo mugabo yubahwa ntiyari umuntu arondera kwigarurira amatongo, yipfuza ivya mugenziwe. Ico kintu yasavye ashimitse gishobora kuba cari kijanye ahanini n’abantu aho kuba kijanye n’amatongo. Ashobora kuba yariko asaba ko akarere kiwe kokwagurwa mu mahoro kugira ngo gashobore kubamwo abasenga Imana y’ukuri biyongereye. *

Ubwa kabiri, Yabezi yatakambiye Imana asaba ko “ukuboko” kwayo kwoba kumwe na we. Ukwo kuboko kw’Imana kugereranya ububasha bwayo ikoresha mu gufasha abayisenga. (1 Ngoma 29:12) Kugira ngo Yabezi aronke ivyo umutima wiwe wasaba, yahanga amaso iyo Mana ifise ukuboko atari kugufi ku bijanye n’abayizera.​—Yesaya 59:1.

Ubwa gatatu, Yabezi yasenze ati: ‘Undinde ivyago, kugira ngo ntibingirire nabi.’ Iyo mvugo ngo “ntibingirire nabi” ishobora kwerekana ko Yabezi atasavye ko ivyago bitomushikira, ahubwo ko yasavye ngo ntatuntuzwe canke ngo arengerwe n’ingaruka z’ikibi.

Isengesho rya Yabezi ryarerekanye ko yari arajwe ishinga n’ugusenga kw’ukuri be n’uko yizera akongera akizigira Umwe yumva amasengesho. None Yehova yakoze iki? Iyo nkuru ngufi isozerwa n’amajambo agira ati: “Nuko Imana ishitsa ivyo yari yasavye.”

Iyo Mana yumva amasengesho ntiyahindutse. Irahimbarwa n’amasengesho abayisenga bayitura. Abayizera bakayizigira barashobora guhera amazinda yuko “ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.”​—1 Yohani 5:14.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Izina Yabezi rikomoka kw’ijambo rishobora gusobanura ngo “umubabaro.”

^ ing. 4 Ivyitwa Amatarugumu, bikaba ari ibihimba vya Bibiliya vy’Abayuda bigenda vyerekana gusa ico Ivyanditswe Vyeranda vyashatse kuvuga, bihindura amajambo Yabezi yavuze, biti: “Numpezagire umpe abana, wongere wagure imbibe z’akarere kanje, kagwiremwo abigishwa.”