Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kunda abantu, ntukunde amahera n’amatungo

Kunda abantu, ntukunde amahera n’amatungo

Ikintu ca 1

Kunda abantu, ntukunde amahera n’amatungo

BIBILIYA YIGISHA IKI? “Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.”​—1 Timoteyo 6:10.

KUBERA IKI BITOROSHE? Abahayagiza ibidandazwa batuma tutabumbwa n’ivyo dufise. Bashaka ko dukora twiyahagura mu kurondera amahera kugira ngo tuyagure ibintu bishasha, vyiza, binini kuruta ivyo twari dufise. Amahera arakwegakwega umuntu, kandi biroroshe cane ko dusanga twayakunze. Ariko rero, Bibiliya itugabisha itubwira yuko umuntu akunda ubutunzi atazokwigera abumbwa n’ivyo afise. Umwami Salomo yanditse ati: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.”​—Umusiguzi 5:10.

WOKORA IKI? Niwigane Yezu, wige gukunda abantu kuruta uko ukunda ibintu. Yezu yaragize umutima ukunze wo guheba ivyo yari afise vyose, ushizemwo mbere n’ubuzima bwiwe, kubera ko yakunda abantu. (Yohani 15:13) Yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Tugize akamenyero ko guha abandi umwanya wacu n’ivyo dufise, abantu bazodusubiriza mu ndumane. Yezu yavuze ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.” (Luka 6:38) Abiruka inyuma y’amahera n’amatungo bikwegera imibabaro. (1 Timoteyo 6:9, 10) Ariko gukunda no gukundwa vyo bituma umuntu ashima vy’ukuri uko ivyiwe vyifashe.

Ubona gute urimbuye ivyawe ukaraba nimba wokworosha uburyo ubayeho? Woba ushobora kugabanya ivyo utunze canke ivyo wipfuza kuronka? Ubigize, ushobora gusanga uronse umwanya n’inguvu vyiyongereye wokoresha mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima, ni ukuvuga gufasha abandi no gukorera Imana, yo yaguhaye ivyo ufise vyose.​—Matayo 6:24; Ivyakozwe 17:28.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 4]

“Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha”