Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni ibiki intumwa Paulo yariko yerekezako igihe yavuga ko ku mubiri wiwe yari afise “imyotso y’umushumba wa Yezu”?​—Abagalatiya 6:17.

Ayo majambo Paulo yavuze, abayasoma mu kinjana ca mbere bashobora kuba barayatahuye mu buryo butandukanye yoshobora gutahurwamwo. Nk’akarorero, icuma carunguriye carakoreshwa mu bihe vya kera mu gushira ikimenyetso ku mubiri w’imbohe zafashwe mu ntambara, ku basahura ivyo mu nsengero no ku bashumba batorotse. Igihe ico kimenyetso c’umwotso gishizwe ku muntu muri ubwo buryo, cabonwa ko ari agatetereza.

Ariko rero, hari igihe imyotso wasanga itabonwa nabi. Abantu benshi ba kera barayikoresha mu kwerekana ko ari abo mu muryango canke mw’idini kanaka. Nk’akarorero, twisunze ibivugwa n’inyizamvugo imwe (Theological Dictionary of the New Testament), “Abasiriya barihebera imana Hadadi na Atarigati mu gushirwako ibimenyetso vy’umwotso ku gikonjo canke ku gikanu . . . Uwihebeye imana Diyonisi yashirwako ikimenyetso c’umwotso gifise ishusho y’ibabi ry’icatsi citwa ingurukizi.”

Abasobanuzi benshi b’ivya Bibiliya bo muri iki gihe biyumvira yuko Paulo yariko yerekeza ku bihe bitandukanye yagiriwe nabi ku mubiri mu gikorwa yarangura ari umumisiyonari w’umukirisu. (2 Abakorinto 11:23-27) Ariko Paulo ashobora kuba atashaka kuvuga ibimenyetso yari afise ku mubiri, ahubwo akaba yashaka kuvuga ko uburyo yari abayeho bwari nk’ikimenyetso cerekana ko ari umukirisu.

Ibisagara vy’ubuhungiro vyo muri Isirayeli ya kera vyoba vyaracitse ubwihisho bw’inkozi z’ikibi?

Mu bihugu vya kera vy’abapagani, insengero nyinshi wasanga zinyegezamwo ababa bariko barahunga canke inkozi z’ikibi. Mu myaka yo mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15, ibigo vy’abamonaki be n’amasengero vy’amadini y’abiyita abakirisu vyarakoreshwa muri ubwo buryo. Ariko rero, amategeko yagenga ibisagara vy’ubuhungiro muri Isirayeli ya kera yaratuma bidacika ubwihisho bw’inkozi z’ikibi.

Itegeko rya Musa ryavuga yuko ibisagara vy’ubuhungiro vyakingira gusa uwaba yishe umuntu atabishaka. (Gusubira mu vyagezwe 19:4, 5) Uwo muntu yarashobora guhungira mu gisagara c’ubuhungiro kimwegereye, aho incuti y’uwishwe ya hafi cane y’igitsina-gabo itashobora kumushikira, kuko iramutse imushikiriye yoshoboye guca imwihora kubera amaraso yasheshe. Nya muntu yahunze amaze kwisigura imbere y’abagabo b’inararibonye b’ico gisagara c’ubuhungiro, baca bamurengutsa imbere y’intahe mu gisagara caba gitegeka aho nya muntu yiciwe. Ageze ng’aho yararonka akaryo ko kwerekana ko yera. Abagabo b’inararibonye baca bihweza imigenderanire yaba iri hagati y’uwo yahunze be n’uwishwe, bakaraba nimba bari basanzwe bafitaniye urwanko.​—Guharūra 35:20-24; Gusubira mu vyagezwe 19:6, 7; Yosuwa 20:4, 5.

Bibonetse ko uwo yahunze ata caha kimwagira, yaca asubira mu gisagara c’ubuhungiro, akabwirizwa kutaja kure yaco. Ivyo bisagara ntivyari amabohero. Uwahungiyeyo yarakora, akagira ico amariye ikibano. Umuherezi mukuru apfuye, abahungiye mu bisagara vy’ubuhungiro bose barashobora guca bitahira impundu amarembe.​—Guharūra 35:6, 25-28.

[Ikarata ku rup. 15]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

IBISAGARA VY’UBUHUNGIRO

1 KEDESHI

2 GOLANI

3 RAMOTI-GILEYADI

4 SHEKEMU

5 BEZERI

6 HEBURONI

Uruzi Yorodani