Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umusoda ari mu mugwi w’abitwaza ibirwanisho akaba n’umusuma, ahindura uburyo yari abayeho? Kubera iki umwigeme umwe karuhariwe mu nkino zo gukubitana yahinduye imigambi yari afise mu buzima? Vyagenze gute ngo ivyizigiro sebibondo umwe yari afise ku bijanye n’umuhungu wiwe bivemwo ivyiza? Nusome izi nkuru uheze wironkere inyishu.

“Naho kahise kanje gateye agahinda, ubu ndahimbawe.”​—GARRY P. AMBROCIO

IMYAKA: 47

IGIHUGU AKOMOKAMWO: FILIPINE

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUSODA WO MU MUGWI WITWAZA IBIRWANISHO

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gasagara kitwa Vintar. Ikiyaya cagutse twabamwo cari gikikujwe n’imisozi itotahaye, inzuzi zirimwo amazi y’umusarara, hakaba n’akayaga keza. Naho twaba ahantu hatekanye, ubuzima ntibwari bworoshe. Abantu baratwiba ibitungwa bakongera bakamena inzu yacu.

Ngeze mu myaka y’ubuyabaga, naranywa cane ndi kumwe n’abagenzi, agatabi ngasogota, nkongera nkiba kugira ndonke ayo gukoresha muri izo ngeso zanje mbi. N’ibisharizo nyokuru yambara sinabigeze umutwe, naravyivye. Igisirikare c’igihugu cariketse yuko nari uwo mu mugwi w’abitwaza ibirwanisho witwa ngo Igisoda gishasha c’abanyagihugu (Nouvelle armée du peuple) kandi akenshi abo basirikare b’igihugu barankubita ngashaya. Ivyo vyatumye mfata ingingo yo kwinjira muri uwo mugwi w’abitwaza ibirwanisho. Namaze imyaka itanu mba mu misozi, ndi muri ico gisoda c’abanyagihugu. Ubuzima ntibwari bworoshe. Twama nantaryo turiko turiruka duhunga igisirikare c’igihugu. Nahavuye ndambirwa no kuza ndabundabunda mu misozi, nca ndishikana kwa buramatari w’i Ilocos Norte. Yamfashe neza, mbere aramfasha kuronka akazi gatomoye. Ariko rero, nagumanye za ngeso zanje za kera, nkaza ndamena amazu nongera ntera ubwoba abantu.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Hari umugore yaba aho nakorera yitwa Loida, akaba yari Icabona ca Yehova. Yaraduhuje na Jovencio, duca dutangura kwigana Bibiliya. Ariko rero, bwa buryo nari mbayeho bwari bwaranyiziziye. Mu biringo vyo kwigana Bibiliya na Jovencio ni ho gusa nirinda gusogota agatabi, kandi nari ngikora ibintu binyuranye n’amategeko. Impera n’imperuka, igipolisi caramfashe ndiko ndahonyanga amategeko, nca ndya umunyororo w’amezi 11. Muri ico kiringo, narasenze Yehova ndamutakambira ngo amfashe. Naramusavye ngo ambabarire kandi ampe impwemu yiwe nyeranda ngo indongore yongere inkomeze.

Mu nyuma, hari Icabona ca Yehova yangendeye mu gasho, aranzanira Bibiliya. Narayisomye maze ndamenya ko Yehova ari umunyembabazi, akundana kandi aharira. Naratahuye yuko Yehova yangiriye imbabazi arampa akaryo ko kwiga inzira ziwe. Naramusavye ngo ampe inkomezi zo gutsinda ingeso zanje mbi. Ivyo nasomye mu Migani 27:11 vyarankoze ku mutima. Nsomye uwo murongo wamengo ni Yehova ariko aranyibwirira imbonankubone. Uwo murongo ugira uti: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.”

Mu nyuma narakuwe mu gasho, nsubira kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ndatangura kwifatanya na bo mu makoraniro bagira, nongera ndatangura kubaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Vyakabaye kera, naravavanuye na za ngeso zanje mbi ndabifashijwemwo na Yehova. Naciye rero negurira Yehova Imana ubuzima bwanje.

IVYIZA NAHAKUYE: Naho kahise kanje gateye agahinda, ubu ndahimbawe. Naho nari narabaye umuja w’ingeso zihumanye, naracitse umuntu mushasha. (Abakolosayi 3:9, 10) Muri kino gihe, ndi n’iteka ryo kwifatanya n’abasavyi ba Yehova batyoroye no gufasha abandi kwiga ivyerekeye Imana yacu mushoboravyose Yehova.

“Nashaka guserukira Berezile.”​—JULIANA APARECIDA SANTANA ESCUDEIRO

IMYAKA: 31

IGIHUGU AKOMOKAMWO: BEREZILE

IVYO YACIYEMWO: YARI IGIHANGANGE MU NKINO ZO GUKUBITANA

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gisagara ca Londrina. Naho ababa muri ako karere nka bose bari bakenye, iyo ntara yari isukuye kandi irangwa n’amahoro. Igihe nari mfise imyaka cumi, musazanje ankurira yarandemesheje kwifatanya na we mu rukino rwo gukubitana bita tae kwon do, bisobanura ngo “uburyo bwo gukoresha amaboko n’amaguru.” Dawe ntiyashima ko nja muri urwo rukino, mugabo ntiyatevye kugondozwa.

Narimenyereje nivuye inyuma maze ndatahukana intsinzi mu mahiganwa menshi y’urwo rukino yatunganywa muri leta ya Parana. Mu nyuma, naratsinze amahiganwa ku rwego rw’igihugu, maze mu 1993 barantangaza icese yuko ndi karuhariwe mu rukino rwa tae kwon do muri Berezile. Nashaka kwipima mu mahiganwa mpuzamakungu. Ariko rero, umuryango wanje wari ukenye, ukaba utashobora kundihira itike yo kuja mu mahanga.

Nari nizigiye ko urwo rukino rwoshizwe mu nkino mpuzamakungu (Jeux olympiques), kandi ivyo vyahavuye biba. Nashaka guserukira Berezile mu nkino mpuzamakungu mwene izo, nkaba rero narimenyereje nkobeje nongera ndaronka abamfata mu mugongo kugira ngo nje mu nkino zabereye mu Bufaransa, i Viyetinamu, muri Koreya y’Epfo, mu Buyapani no muri Amerika y’Epfo. Umugambi naciye nishingira wari uwo kwitaba inkino zihuza ibihugu vyose vyo muri Amerika, kandi naravyifashemwo neza ku buryo nabaye umwe muri batatu batowe ngo baje muri iryo higanwa ryobereye i Saint-Domingue muri République dominicaine mu 2003.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu 2001, twe n’umuhungu twakundana twarahuye n’Ivyabona vya Yehova, baca batangura kwigana Bibiliya natwe. Mu ntango sinokubesha ngo vyarampimbara. Imisi yose naba ndushe cane ku buryo ntashobora gukurikirana neza mu kiringo c’inyigisho, akenshi nkaba naza ndatura ingiga. Naho ari ukwo, ivyo nariko ndiga vyarashikiriye umutima wanje, bikaba vyaribonekeje kw’ihiganwa rikomeye rikurikira nagomba kwitaba.

Kubera yuko nari nacaguwe ngo mbe mu mugwi wokwitavye inkino zihuza ibihugu vyose vyo muri Amerika, abamenyereza ba tae kwon do baranshize mw’irushanwa ry’intangamarara. Igihe hari hageze ko ndwana, narahagaze aho badusasiye ngo turwanire, biranka ko nkoma kubera ko ata shaka nari ngifise. Naciye ubwo nyene ntahura yuko umukirisu adakwiye kurwana, n’ubwo hoba ari mu vy’inkino. Rya tegeko ryo muri Bibiliya risaba “gukunda mugenzawe nk’uko wikunda” ryaragarutse mu bwenge. (Matayo 19:19) Narahindukiye nca ndava kw’ikiniro ata kwijijanya imitima. Abantu barandavye batavyumva.

Nshitse i muhira, naricaye ndibaza ico nari ngiye gukora mu buzima bwanje. Naciye ntora agatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova kavuga ibijanye n’ivyo Imana idusaba. Narabonyemwo icanditswe co muri Zaburi 11:5 kivuga ibijanye na Yehova giti: “Uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.” Ayo majambo y’umwanditsi w’amazaburi yarankozeko, nca mfata ingingo yo kuvavanura n’urukino rwa tae kwon do.

Ba bamenyereza banje ntivyabaguye neza. Baragerageje gutuma mpindura ivyiyumviro bambwira yuko ari je nari umukinyi mwiza kuruta abandi bose mu gihugu be n’uko nari negereje kuja guhiganwa muri za nkino mpuzamakungu. Ariko nari namaze gufata ingingo.

Ico gihe, narubakanye na wa muhungu twari dukundanye. Yari asanzwe yifatanya n’Ivyabona vya Yehova mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza. Yaraza i muhira akamwemwe kamusya, akambwira ibiyago biryoshe vyose yaba yagiranye n’abantu. Naratahura yuko kugira ngo nterwe ako gateka nabwirizwa kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje. Naravavanuye n’idini nahoramwo, mu nyuma ndakwiza ibisabwa mba Icabona ca Yehova yabatijwe.

IVYIZA NAHAKUYE: Twe n’umunega wanje turahimbawe cane kandi turafatanye mu nda kubera twihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu mubano wacu. Ndahimbarwa no kumushigikira uko agira uruhara mu kwitwararika ishengero turimwo. Nari gushobora kwita ku rutare kugira ngo ntsindire umudari w’inzahabu mu nkino mpuzamakungu nkaba rurangiranwa. Ariko kuri jewe nta kintu na kimwe iyi si yuzuye akarenganyo yoshobora gutanga cogereranywa n’agateka ko gukorera Yehova Imana.

“Dawe ntiyigeze ampeba.”​—INGO ZIMMERMANN

IMYAKA: 44

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUDAGI

IVYO YACIYEMWO: YACUNGERA UMUTEKANO KU KIRABO CO KWIDAGADURIRAMWO

KAHISE KANJE: Navukiye mu rugo rugizwe n’abantu badasangiye idini, mu gisagara bacukuriramwo ibizuku ca Gelsenkirchen. Dawe yari Icabona ca Yehova. Ariko mawe yararwanije utwigoro dawe yagira kugira ngo twe na mwene wacu hamwe na bashiki banje babiri aturere yisunze ukwizera kwiwe. Yakora amasaha cumi canke arenga ku musi anyonga ibikamyo. Akenshi yatangura gukora isaha umunani canke icenda z’ijoro. Yamara, yama yitwararika indero yacu yo mu vy’Imana. Ariko rero, sinaha agaciro utwigoro yagira.

Igihe nari mfise imyaka 15, narageze aho ndambirwa n’amakoraniro y’ivy’ugusenga dawe yanjanamwo, nca ndagarariza. Haheze umwaka umwe, narinjiye mu mugwi w’abakina ivyo guterana ibipfunsi. Mu myaka ibiri yakurikiye, narakoze ibintu vyatumye dawe ata umutwe. Nshikanye imyaka 18, naromotse ndava i muhira.

Narakunda cane ivy’inkino ku buryo nimenyereza gatandatu mu ndwi, ubwa mbere mu vyo guterana ibipfunsi hanyuma ivyo guterura ivyuma. Mu mpera z’indwi, twe n’abagenzi banje twaca tuja mu birabo vyo kwidagaduriramwo. Igihe kimwe twaratanye mu mitwe n’umukiriya umwe yasa n’uwushaka gukwega induru ariko naramumaze amanyama bitagoranye. Nyene ico kirabo yarabibonye aca ubwo nyene ampa akazi ko gucungera umutekano. Kubera ko agahembo kari gashimishije, naciye nemera.

Kuri buri mpera y’indwi, narahagarara ku bwinjiriro bw’ico kirabo maze akaba ari jewe menya uwokwinjira n’uwutokwinjira. Abantu bashika 1.000 baraza kuri ico kirabo, bigatuma ngumana akazi kenshi. Abantu bama barwanye. Barantera ubwoba bakoresheje inkoho n’amacupa yamenetse. Bamwebamwe mu bo nankira kwinjira canke nata haze y’ikirabo baca bandindirira hanze kugira ngo banyihore. Nari mfise imyaka 20 kandi nibwira ko ata wonesha. Ariko mu vy’ukuri, nari ikinani kuko nari inkazi, nkibona, nkarondera kuba igihangange, kandi nkaba intabarirwa.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Dawe ntiyigeze ampeba. Yararaba ukuntu ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! a vyonshikira aho naba. Vyararundanye mu cumba canje ariko sinabisoma. Ni ho umusi umwe navuga nti reka mbe ndazingurura bimwebimwe muri vyo. Ibiganiro nasomye bivuga yuko ivya politike, ivy’ubutunzi be n’ivy’idini vyo muri iki gihe vyorangiye, vyatumye mpamagara mushikanje. We n’umunega wiwe bari Ivyabona vya Yehova. Baransavye ko twokwigana Bibiliya, ndemera.

Ingingo ngenderwako dusanga mu Bagalatiya 6:7 yaramvyuriye umutima wo kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje. Nisunze ivyo nari naraciyemwo, nari nzi yuko ivyo nkora vyose, ivyo mvuga vyose be n’ingingo mfata zose ku musi ku musi bizohava bikagira ico bikoze ku buzima bwanje. Vyongeye, nararemeshejwe cane n’amajambo yo muri Yesaya 1:18 aduhimiriza ati: “‘Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,’ ni ko Yehova avuga. ‘Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.’” Kuva ngitangura kwiga, ico canditswe caramfashije kutumva ko ata co maze canke ngo mbone ko bitagishoboka ko nsubiza hamwe na Yehova.

Mu mezi atandatu, nari namaze kugira amahinduka akomeye mu buzima bwanje, ariko ntugire ngo ntirwari urugamba. Nari nkeneye guheba ha hantu habi nakorera be na ba bagenzi babi nari mfise. Ku bw’ivyo, naratanguye kubwira abagenzi banje yuko nariko ndatohoza Bibiliya nongera ndababwira ivyo nariko ndiga. Baciye batangura kumpunga, banyita ngo ndi patiri. Ndabifashijwemwo na mushikanje, nararonse akandi kazi kabereye kuruta.

Naratanguye kandi kwitaba amakoraniro ajanye n’ugusenga yabera ku Ngoro y’Ubwami mushikanje n’umunega wiwe bikoranirizamwo, naho nyene hari ku bilometero 30. Hafi y’aho naba hariho Ingoro y’Ubwami mugabo naratinya guhura n’abantu bari banzi kuva nkiri umwana. Vyongeye, naratinya kugenda namamaza inzu ku nzu, mu karere nabamwo. Mbega vyogenze gute ga yemwe duhwanye n’umuntu nari mperutse guta hanze ya ca kirabo, canke tugahura n’uwo nari narahaye ibiyayuramutwe? Ariko rero, narakuye icigwa ku myimenyerezo nari narakoze yo kwinonora, na co kikaba ari uko imyimenyerezo igoye cane usanga ari yo ikenerwa cane. Ni co gituma igihe nakwiza ibisabwa kugira nje kuvuga inkuru nziza naciye nza ndakora uko nshoboye kwose.

Iyindi ngorane nategerezwa gutsinda ni uko ntakunda gusoma canke kwiga. Ariko rero, nari nzi ko kugira ngo ntsimbataze ukwizera gukomeye, nobwirijwe kugira umwete mu kwiga ukuri kwo muri Bibiliya mu buryo bugera ibwina. Narabonye ko nka kurya nyene bigenda mu vyo guterura ivyuma, umuntu abwirizwa kugira akigoro kugira aronke inguvu.

IVYIZA NAHAKUYE: Ica mbere coco, ndacariho! Ego ni ko ndacakeneye kuguma ncungera ubugoyagoye bwanje kugira ngo ntibunganze. Ariko rero, ubu ntiworaba ukuntu twibaniye neza n’umukenyezi wanje, na we akaba ari umukirisu ameze neza cane. Mu Vyabona vya Yehova ndifitiye abagenzi b’ukuri nshobora kwizigira ngaherezako. Haheze imyaka itanu dawe apfuye, mugabo yapfuye amaze kugira umunezero wo kubona umwana wiwe yasubiye i buntu.

[Akajambo k’epfo]

a Bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.