Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Muri Edeni hoba ari ho abantu batanguye kuba?

Muri Edeni hoba ari ho abantu batanguye kuba?

Muri Edeni hoba ari ho abantu batanguye kuba?

IYUMVIRE wibereye mw’itongo ry’akaroruhore. Nta bintu bisamaza bihari, eka nta rwamo ruranga ubuzima budurumbanye bwo mu gisagara rukuvogera aho wibereye. Iryo tongo riragutse cane, kandi nta na kimwe kiza gihungabanya amahoro aharangwa. N’ikiruta ivyo, nta kikuvuruga ubwenge, eka ntuniha n’umutwe canke ngo ugire umusonga. Urashobora kwitegereza, kwumva, no gukorakora ibigukikije mu mwidegemvyo ntangere.

Amaso yawe abanza kuryohererwa amabara ateye igomwe y’amashurwe, agaca yitegereza amazi atemba aca ibibatsi, agasubira akitegereza amababi n’ivyatsi bitotahaye bitagira uko bingana birasiweko n’akazuba canke vyisakaye agatutu. Akayaga karyoshe karagukuyakuya ku rukoba, ukumva n’utumoto twiza ako kayaga kaje kakuzaniye. Urumva ukuntu amababi ahungabana, ukuntu amazi agenda yikina amatavu ku bibuye, ingene inyoni zihibongoza zongera zihamagarana, ukumva n’ukuyingira kw’udukoko twibereye mu vyatwo. Wihaye ishusho y’ivyo bintu, ntuca none wumva wipfuje kuba aho hantu?

Abantu bo hirya no hino kw’isi bemera yuko umuryango w’abantu watanguye kuba ahantu nk’aho. Abari mw’idini ry’Abayuda, mu madini y’abiyita abakirisu no mw’idini rya Isilamu bamaze ibinjana n’ibindi bigishwa ibijanye n’itongo ry’i Edeni, aho Imana yashize Adamu na Eva ngo babe. Bibiliya yerekana yuko bari babayeho mu mahoro, bahimbawe. Hariho amahoro hagati yabo, hagati yabo n’ibikoko no hagati yabo n’Imana, yo yabahanye umutima mwiza icizigiro co kubaho ibihe bidahera bari aho hantu heza igitangaza.​—Itanguriro 2:15-24.

Abo mw’idini ry’Abahindu na bo nyene bari n’ivyo bisangije bizera ku bijanye n’Iparadizo yo mu bihe vya kera. Abo mw’idini ry’Ababuda bemera yuko indongozi zikomeye mu vy’Imana, ari zo zitwa Buda, ziseruka mu bihe vy’akaroruhore aho usanga isi iba imeze nk’Iparadizo. Vyongeye, amadini menshi cane yo muri Afrika arigisha inkuru zifitaniye isano cane n’inkuru ya Adamu na Eva.

Mu bisanzwe, iciyumviro c’Iparadizo yo mu ntango usanga kiri hose mu madini abantu barimwo no mu nkuru bamye bumva kuva kera. Umwanditsi umwe yavuze ati: “Ibibano vyinshi vy’abantu vyaremera yuko habayeho Iparadizo yo mu ntango aho vyose wasanga ari agahore, hari ukwishira n’ukwizana, amahoro, agahimbare, umusesekara, ata gikenye, uruhagarara canke amahane biharangwa. . . . Ico kintu bemera catumye imitima y’abantu muri rusangi yipfuza rwose gusubira kubona iyo Paradizo yatakaye mugabo itibagiranywe, congera gituma bipfuza cane kubona yagarukanywe.”

Izo nkuru zose abantu bemera zoba zishobora kuba zifise inkomoko imwe? Vyoba bishoboka ko “imitima y’abantu muri rusangi” yipfuza iyo Paradizo bivuye ku kintu atari umugani bacibuka cabaye? Hoba vy’ukuri harabayeho itongo ry’i Edeni kera cane? Adamu na Eva boba barabayeho koko?

Abantu bakekeranya barasuzugura ico ciyumviro. Muri iki gihe ivya siyansi vyemerwa cane, abantu benshi babona yuko inkuru mwene izo ari imigani canke ibitito gusa. Igitangaje, abo bantu bakekeranya si bose ari abatemera ivy’Imana. Indongozi nyinshi z’amadini ziraremesha abantu kutemera ibijanye n’itongo ry’i Edeni. Zivuga yuko ahantu nk’aho hatigeze habaho. Zivuga yuko iyo nkuru ari imvugo ngereranyo gusa, umugani canke igitito.

Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya irimwo imigani. Yezu ubwiwe yariganye iyizwi cane kuruta iyindi yose muri iyo migani. Ariko rero, Bibiliya yerekana ko inkuru ivuga ivya Edeni atari umugani, ahubwo ari inkuru y’ibintu vyabayeho koko. Yamara nimba ibivugwa muri iyo nkuru bitigeze bibaho, none umuntu yokwizigira gute ibisigaye vyose bivugwa muri Bibiliya? Reka twihweze igituma abantu bamwebamwe batemera ibijanye n’itongo ry’i Edeni twongere turabe nimba imvo batanga zumvikana. Turaheza turabe igituma iyo nkuru ikwiye kugira ico ivuze kuri umwe wese muri twebwe.