Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu Kristu ni nde vy’ukuri?

Yezu Kristu ni nde vy’ukuri?

Yezu Kristu ni nde vy’ukuri?

“Buno yinjiye i Yeruzalemu, igisagara cose kija mu ruyogoyogo, kivuga ngo: ‘Uyu ni nde?’ Amasinzi aguma avuga ngo: ‘Uyu ni wa muhanuzi Yezu, w’i Nazareti h’i Galilaya!’”​—MATAYO 21:10, 11.

NI KUBERA iki igihe Yezu Kristu * yashika i Yeruzalemu muri iyo mpeshi yo mu 33 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu) vyateye uruyogoyogo? Abantu benshi muri ico gisagara bari barumvise ivyerekeye Yezu be n’ibintu bidasanzwe yari yarakoze. Bagumye babwira abandi ibimwerekeye. (Yohani 12:17-19) Yamara, ayo masinzi ntiyari azi vy’ukuri ko hagati muri bo hari umuntu yogize akosho kanini ku bantu bo hirya no hino kw’isi mu binjana n’ibindi gushika no muri iki gihe cacu.

Rimbura uburorero bukeyi bwerekana ingene Yezu yagize ikintu kinini akoze ku buzima bw’abantu.

▪ Ikirangamisi gikunze gukoreshwa mu mihingo myinshi yo kw’isi cisunga umwaka abantu biyumvira ko ari wo Yezu yavukiyeko.

▪ Abantu nk’imiliyaridi zibiri, ni ukuvuga hafi ica gatatu c’abantu bari kw’isi yose, biyita abakirisu.

▪ Idini rya Isilamu, iririmwo abantu barenga umuliyaridi hirya no hino kw’isi, ryigisha ko Yezu ari “umuhanuzi ahambaye kuruta Aburahamu, Nowa na Musa.”

▪ Menshi mu majambo y’ubukerebutsi Yezu yavuze aramaze kwinjira mu buryo butandukanye mu mvugo ya misi yose. Amwamwe muri yo ni aya:

‘Ivya Sezari mubihe Sezari.’​MATAYO 22:21.

‘Kunda mugenzawe nk’uko wikunda.’​MATAYO 22:39.

‘Nta wusaba abami babiri.’​MATAYO 6:24.

‘Umwana w’icangazi.’​LUKA 15:11, 12.

‘Ikintu cose ushaka ko abantu bakugirira, nawe nyene utegerezwa kukibagirira.’​MATAYO 7:12.

‘Umusamariya w’imbabazi.’​LUKA 10:33.

Nta wohakana yuko Yezu yagize akosho kanini ku buzima bw’abantu. Yamara, ivyo abantu biyumvira be n’ivyo bemera ku bimwerekeye biratandukanye cane. Ku bw’ivyo, woshobora kwibaza uti: ‘Yezu Kristu ni nde vy’ukuri?’ Bibiliya yonyene ni yo itubwira aho Yezu yaje ava, ingene yabaho n’igituma yapfuye. Kumenya ivyo bintu bimwerekeye birashobora kugira ikintu kinini bihinduye ku buzima bwawe, haba ubu no muri kazoza.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Izina ry’uwo muhanuzi w’i Nazareti ari ryo “Yezu” risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.” Ijambo “Kristu” ni izina ry’icubahiro risobanura ngo “Uwarobanujwe amavuta,” bikaba bisigura ko Yezu yarobanujwe amavuta canke yagenywe n’Imana ngo aje mu kibanza kidasanzwe.