Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu—Yakomotse he?

Yezu—Yakomotse he?

Yezu​​—Yakomotse he?

“[Pilato] yongera kwinjira mu kirimba ca buramatari abwira Yezu ati: ‘Uva hehe?’ Mugabo Yezu ntiyamwishura.”​—YOHANI 19:9.

BURAMATARI w’Umuroma Ponsiyo Pilato yabajije ico kibazo igihe Yezu yariko acirwa urubanza rwashobora gutuma apfa canke akira. * Pilato yari azi akarere ko muri Isirayeli Yezu yaturukamwo. (Luka 23:6, 7) Yari azi kandi yuko Yezu atari umuntu asanzwe. Pilato yoba none yariko yibaza nimba Yezu yarabayeho imbere y’uko aza kw’isi? Uwo mutegetsi w’umupagani yoba vy’ukuri yari afise umutima ukunze wo kwemera ukuri no kukwisunga? Uko biri kwose,Yezu yaranse kwishura, kandi ntivyatevye kwibonekeza ko ukuri n’ubutungane atari vyo vyari biraje ishinga Pilato, ahubwo ko canecane yari arajwe ishinga n’akazi kiwe.​—Matayo 27:11-26.

Igishimishije ni uko abipfuza vy’ukuri kumenya aho Yezu yaje ava bashobora kubimenya bitabagoye. Bibiliya iravuga mu buryo butomoye amamuko ya Yezu Kristu. Rimbura ibintu bikurikira.

Aho yavukiye Ibiharuro vyagizwe mu gihe ca none birerekana ko Yezu yavutse mu ntango z’agatasi k’ico bita ubu umwaka wa 2 B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu), akaba yavukiye ahantu haciye bugufi mu kigwati c’i Yudaya citwa Betelehemu. Itegeko rivuye kwa Sezari Ogusito ryo kwandikwa ryatumye Mariya nyina wa Yezu, “[uw]ari aremerewe n’imbanyi,” ajana n’umugabo wiwe Yozefu i Betelehemu aho Yozefu yakomoka. Kubera ko uwo mugore n’umugabo batashoboye kuronka uburaro muri ico kigwati carimwo abantu benshi, baciye bikora ku ruhongore rw’inka, aho Yezu yavukiye baca bamushira mu bwato bw’inka.​—Luka 2:1-7.

Nk’ibinjana bingahe imbere y’aho, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwaravuze aho Yezu yovukiye buti: “Ewe Betelehemu Efurata, wewe mutoyi cane ku buryo utoharurwa mu bihumbi vya Yuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoba umutware muri Isirayeli.” * (Mika 5:2) Biboneka ko Betelehemu kari akagwati gatoyi ku buryo katoharuwe mu bisagara vyo mu Buyuda. Yamara ako kagwati kotewe iteka ridasanzwe. Mesiya yari yarasezeranywe, ari we Kristu, yokomotse i Betelehemu.​—Matayo 2:3-6; Yohani 7:40-42.

Aho yakuriye Inyuma y’aho umuryango wa Yezu umariye igihe gito mu Misiri, waciye wimukira i Nazareti, igisagara kiri mu ntara ya Galilaya nko ku bilometero 96 mu buraruko bwa Yeruzalemu. Ico gihe Yezu ntiyari bwakwize imyaka itatu. Yezu yakuriye muri ako karere gateye igomwe kakoreramwo abarimyi, abungere n’abarovyi, akurira mu muryango munini biboneka ko wari ubayeho mu buryo bubayabaye.​—Matayo 13:55, 56.

Ibinjana n’ibindi imbere y’igihe, Bibiliya yari yaravuze ko Mesiya yokwiswe “Umunyanazareti.” Umwanditsi w’Injili Matayo avuga ko umuryango wa Yezu waje kuba i “Nazareti, kugira haranguke ivyavuzwe biciye ku bahanuzi, ngo: ‘Azokwitwa Umunyanazareti.’” (Matayo 2:19-23) Izina Umunyanazareti risa n’irifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo “umunago.” Biboneka ko Matayo yariko avuga ibijanye n’ubuhanuzi bwa Yesaya bwise Mesiya ngo ni “umunago” wa Yese, bisobanura ko Mesiya yokomotse kuri Yese, se w’Umwami Dawidi. (Yesaya 11:1) Kukaba nkako, Yezu yakomoka kuri Yese biciye kuri Dawidi.​—Matayo 1:6, 16; Luka 3:23, 31, 32.

Aho yakomotse mu ntango Bibiliya yigisha yuko ubuzima bwa Yezu bwatanguye kera cane, imbere y’uko avukira mu ruhongore i Betelehemu. Bwa buhanuzi bwa Mika twamaze kuvuga bubandanya buvuga yuko “amamo yiwe . . . ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera.” (Mika 5:2) Yezu Umwana w’imfura w’Imana, yahoze ari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi ari umuntu. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Namanutse mva mw’ijuru.” (Yohani 6:38; 8:23) Uti ivyo vyashobotse gute?

Biciye ku mpwemu nyeranda, Yehova Imana yarakoze igitangaro co kwimurira ubuzima bw’Umwana wiwe wo mw’ijuru mu nda y’Umuyudakazi w’isugi Mariya kugira ngo ashobore kuvuka ari umuntu atunganye. * Igitangaro mwene ico kiroroshe ku Mana Mushoboravyose. Nk’uko vyavuzwe na wa mumarayika yasigurira Mariya ingene vyogenze, “ku Mana [nta] jambo na rimwe riba akadashoboka.”​—Luka 1:30-35, 37.

Bibiliya iratubwira n’ibindi vyinshi uretse gusa ibijanye n’aho Yezu yakomotse. Za Njili zine, ni ukuvuga iya Matayo, iya Mariko, iya Luka n’iya Yohani, ziratubwira vyinshi ku bijanye n’ivyo yabaho akora.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 3 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu Yezu yafashwe akongera agacirwa urubanza, raba ikiganiro kivuga ngo “Urubanza rw’akarenganyo kuruta izaciwe zose,” kiri ku rupapuro rwa 18-22 muri iki kinyamakuru.

^ ing. 6 Biboneka ko Efurata ari izina Betelehemu yahora yitwa mu ntango.​—Itanguriro 35:19.

^ ing. 10 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.