Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Niwige Ijambo ry’Imana

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Kw’isi ni ho umuntu yagenewe kuba. Imana imaze kurema abamarayika ngo babe mw’ijuru, yararemye umuntu ngo ahimbarirwe kuba kw’isi. (Yobu 38:4, 7) Rero, Yehova yashize umuntu wa mbere mw’Iparadizo nziza cane yitwa Edeni maze we hamwe n’uruvyaro rwomukomotseko abaha icizigiro co kuba mw’isi ibihe bidahera.​—Itanguriro 2:15-17; soma Zaburi 115:16.

Umurima wa Edeni wari mu gace gatoyi gusa k’isi. Umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, bari kuvyara abana. Uko umuryango w’abantu wogiye urongerekana, bari kurima isi bakayigira Iparadizo. (Itanguriro 1:28) Isi ntizokwigera isangangurwa.​—Soma Zaburi 104:5.

2. Kubera iki ubu isi atari Iparadizo?

Kubera ko Adamu na Eva bagambarariye Imana, baciye rero birukanwa muri Edeni. Iparadizo yaratakaye kandi nta muntu n’umwe yashoboye kuyigarukana. Bibiliya ivuga iti: “Isi yatanzwe mu kuboko kw’umubisha.”​—Yobu 9:24; soma Itanguriro 3:23, 24.

Mugabo Yehova ntiyibagiye umugambi yari afitiye abantu mu ntango, kandi Imana ntishobora kunanirwa. (Yesaya 45:18) Azotuma umuryango w’abantu usubira kumera nk’uko yashaka ko umera.​—Soma Zaburi 37:11.

3. Imana izogarukana gute amahoro kw’isi?

Kugira ngo abantu bagire amahoro, Imana itegerezwa kubanza gukuraho abanyakibi. Ku ntambara ya Harumagedoni, abamarayika b’Imana bazosangangura abo bose barwanya Imana. Shetani azobohwa imyaka 1.000, ariko abantu bakunda Imana bazorokoka babe kw’isi ibintu vyabaye bishasha.​—Soma Ivyahishuwe 16:14, 16; 20:1-3; 21:3, 4.

4. Umubabaro uzohera ryari?

Muri ya myaka 1.000, Yezu azoganza isi ari mw’ijuru asubire kuyigira Iparadizo. Azohanagura kandi ibicumuro vy’abantu bakunda Imana. Rero, Yezu azokuraho indwara, ubusaza n’urupfu.​—Soma Yesaya 11:9; 25:8; 33:24; 35:1.

None Imana izokura ububi kw’isi ryari? Yezu yaratanze “ikimenyetso” cokwerekanye ko iherezo riri hafi. Uko ibintu vyifashe kw’isi muri iki gihe birageramiye ubuzima bw’abantu kandi birerekana ko ubu tubayeho mu gihe c’“insozero y’ivy’isi.”​—Soma Matayo 24:3, 7-14, 21, 22; 2 Timoteyo 3:1-5.

5. Ni bande bazoba mw’Iparadizo igiye kuza?

Yezu yategetse abayoboke biwe guhindura abantu abigishwa no kubigisha inzira ziranga urukundo z’Imana. (Matayo 28:19, 20) Yehova ariko arategura abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi kugira ngo bazobeho mw’isi nshasha. (Zefaniya 2:3) Ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova abantu barahigira ukuntu boba abanega na ba sebibondo beza kuruta be n’ukuntu boba abakenyezi na ba inabibondo beza kuruta. Abana n’abavyeyi barigira hamwe ibituma bizera ko hazobaho kazoza keza kuruta.​—Soma Mika 4:1-4.

Ku Ngoro y’Ubwami uzohasanga abantu bakunda Imana kandi bipfuza kwiga kuyihimbara.​—Soma Abaheburayo 10:24, 25.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.