Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Vyoba bishika ukumva umengo uri wenyene ukagira n’ubwoba?

Vyoba bishika ukumva umengo uri wenyene ukagira n’ubwoba?

ABANTU benshi muri iki gihe bumva bishwe n’irungu, bakumva ko ata muntu n’umwe abitwararika vy’ukuri. Abantu bageze mu zabukuru barakunda kwiyumva gutyo. Ariko abana benshi muri iki gihe, washaka harimwo n’abakorera Imana batari bake, na bo nyene barumva bishwe n’irungu be n’ubwoba. Woba uzi igituma?​ *

Hariho imvo nyinshi zishoboka. Reka dufate akarorero k’umuntu yabayeho kera cane, hafi imyaka igihumbi imbere y’uko Yezu avuka. Uwo muntu yitwa Eliya. Yabayeho igihe abantu bo mw’ihanga rya Isirayeli bari barahevye gukorera Imana y’ukuri Yehova. Benshi bari basigaye basenga imana y’ikinyoma yitwa Bayali. Eliya yavuze ati: “[Ni] jewe jenyene nsigaye.” Ariko wibaza ko vy’ukuri Eliya ari we wenyene yari agikorera Yehova?​

Naho Eliya ata vyo yari azi, hari abandi bantu muri Isirayeli bari bagisenga Imana y’ukuri. Ariko bari banyegeye. Bari bafise ubwoba. Woba none uzi igituma?​

Ahabu umwami wa Isirayeli ntiyakorera Yehova, ahubwo yasenga Bayali imana y’ikinyoma umugore wiwe w’umubisha Yezebeli yasenga. Rero Ahabu n’umugore wiwe bariko barahiga abakorera Yehova ngo babice, na canecane Eliya. Ni co catumye Eliya ahunga. Yaragize urugendo rw’ibilometero hafi 483, aragenda ashika no mu bugaragwa ahitwa i Horebu, aho Bibiliya yita kandi Sinayi. Aho ni ho Yehova yari yarahereye abantu biwe ya Mabwirizwa Cumi be n’ayandi yo muri rya Tegeko ryiwe, imyaka amajana imbere y’igihe ca Eliya. Eliya yaciye yinyegeza mw’isenga ry’i Horebu ari wenyene. Woba wibaza ko Eliya yari akwiye kugira ubwoba?​

Bibiliya irerekana ko imbere y’aho Yehova yari yarakoresheje Eliya mu gukora ibitangaro bikomeye. Igihe kimwe Yehova yarishuye isengesho Eliya yatuye asaba ko umuriro wova mw’ijuru ukarigata ikimazi. Ico kintu Yehova yakoze carerekanye ko Imana y’ukuri ari Yehova, atari Bayali. Ico gihe rero Eliya yari mw’isenga, Yehova yaravuganye na we.

Yehova yamubajije ati: “Ukora iki ng’aha?” Ni ho Eliya yaca avuga ati: ‘Ni jewe jenyene nsigaye mu bagusenga.’ Yehova rero abigiranye umutima mwiza yareretse Eliya ko atari ko vyari biri mu kuvuga ati: ‘Ndacafise abantu ibihumbi indwi bankorera.’ Yehova yabwiye Eliya ngo asubire inyuma, amusigurira ko yari afise ikindi gikorwa yashaka ko akora.

Wibaza ko akarorero ka Eliya gashobora kutwigisha iki?​— N’abakorera Yehova vyoshika bakagira ubwoba. Rero twese, abato n’abakuze, turakeneye kwibuka gutabaza Yehova. Bibiliya isezerana iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.”

Hariho ikindi cigwa tuhigira: Turafise abavukanyi na bashiki bacu hirya no hino kw’isi bakunda Yehova kandi badukunda. Ku bijanye n’ibidushikira, Bibiliya ivuga iti: “Iyo mibabaro nyene i[ra]shikira umuryango wose wa bene wa[c]u mw’isi.” Ntunezerewe none no kumenya yuko tutigera vy’ukuri tuba twenyene?

^ ing. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.