Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nukorere Yehova ata gufyina namba

Nukorere Yehova ata gufyina namba

Nukorere Yehova ata gufyina namba

“Ibihambaye vyose, . . . bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”​—FLP. 4:8.

1, 2. Ni igiki catumye abantu benshi bo muri iyi si bafata minenerwe ibijanye n’ubuzima, kandi ivyo bituma havyuka ibibazo ibihe?

TUBA mw’isi iriko irashikirwa n’ibintu bigoye kandi bibabaje kuruta ibindi vyose vyigeze gushika. Ku bantu badafitaniye na Yehova ubucuti bukomeye, kuvyifatamwo neza muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira” birashobora gusa n’ibidashoboka. (2 Tim. 3:1-5) Kubera ko babwirizwa kwirwanako mu ngorane zibashikira ku musi ku musi, usanga badashobora kuzitorera umuti bimwe bishitse. Mu kugerageza kwirinda kwitwararika birenze urugero ibijanye n’ubuzima, abantu benshi bama barondera uburyo bushasha bwo kwinezereza kugira ngo bubafashe kwibagira ingorane zibashikira mu buzima.

2 Kugira ngo abantu bashobore kwihanganira imikazo yo mu buzima, akenshi usanga bashira ivyo kwironderera ibibahimbara mu kibanza ca mbere. Abakirisu batabaye maso, boshobora gusanga batanguye kubaho muri ubwo buryo bitagoranye. Ivyo none twovyirinda gute? Vyoba none vyosaba ko tuba abantu batigera bafyina na gato? Dushobora gute kugira uburimbane hagati yo kwinezereza no kurangura amabanga tujejwe? Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zikwiye kutuyobora kugira ngo, naho twitwararika ibintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima, ntitube abantu batigera bafyina na gato?

Kuba abantu badafyina mw’isi ikunda ivy’ukwinezereza

3, 4. Ivyanditswe bidufasha gute kubona ko bihambaye ko tuba abantu badafyina?

3 Nta woharira ko iyi si yitwararika birenze ivyo “[gu]kunda ibinezereza.” (2 Tim. 3:4) Kuba yitwararika cane ivyo kwinezereza birashobora kubangamira kamere yacu y’ivy’impwemu. (Imig. 21:17) Ku bw’ivyo, birabereye kubona amakete Paulo yandikiye Timoteyo na Tito arimwo n’impanuro zivuga ibijanye no kudafyina. Gushira mu ngiro izo mpanuro bizodufasha kwirinda gufata minenerwe ibijanye n’ubuzima nk’uko isi ibigira.​—Soma 1 Timoteyo 2:1, 2; Tito 2:2-8.

4 Ibinjana n’ibindi imbere y’aho, Salomo yaranditse ivy’uko bihambaye ko tuza turirengagiza ivyo kwinezereza kugira ngo twitwararike ibintu bihambaye cane vyo mu buzima. (Umus. 3:4; 7:2-4) Nkako, kubera ko ubuzima bumara igihe gito, turakeneye ‘kwihata rwose’ kugira ngo dushikire ubukiriro. (Luka 13:24) Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye kuguma twiyumvira ibintu vyose “bihambaye.” (Flp. 4:8, 9) Ivyo bisobanura ko dukwiye kwitwararika neza imice yose igize ubuzima bw’umukirisu.

5. Ni umuce umwe w’ubuzima uwuhe tudakwiye gufyinako?

5 Nk’akarorero, mu kwigana Yehova na Yezu, abakirisu ntibafyina ku bijanye n’ibanga bajejwe ryo gukora cane. (Yoh. 5:17) Ivyo biratuma akenshi bavugwa neza ko ari abakozi bakora cane bashobora kwizigirwa. Ba serugo ni bo canecane babwirizwa gukora cane kugira ngo batunge imiryango yabo. Nakare, utaronkeje urugo rwawe ivyo rukeneye mu vy’umubiri uba “[w]ihakanye ukwizera,” ivyo bikaba ari cokimwe no kwihakana Yehova!​—1 Tim. 5:8.

Naho tudafyina ku bijanye n’ugusenga kwacu, turakunezerererwa

6. Tumenya gute yuko dukwiye gufatana uburemere ugusenga Yehova kwacu?

6 Yehova ntiyigeze afata minenerwe ugusenga kw’ukuri. Nk’akarorero, mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, Abisirayeli barashikirwa n’ingaruka zikomeye igihe baba bakebeje bakareka gusenga Yehova. (Yos. 23:12, 13) Mu kinjana ca mbere G.C., abayoboke ba Kristu bari bakeneye kurwana urugamba rukomeye kugira ngo ugusenga kw’ukuri kugume kutandujwe n’inyigisho be n’inyifato vyononekaye. (2 Yoh. 7-11; Ivyah. 2:14-16) Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri barabandanya gufatana uburemere ugusenga kwabo.​—1 Tim. 6:20.

7. Paulo yitegurira gute ubusuku bwiwe?

7 Ubusuku bwo mu ndimiro turangura ni isôko ry’umunezero. Ariko rero, kugira ngo tugume dufise umunezero mu busuku, turakeneye kubuzirikana twitonze tukongera tukabwitegurira imbere y’igihe. Paulo yarasiguye ukuntu yitwararika abantu yigisha. Yanditse ati: “Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza. Mugabo nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi.” (1 Kor. 9:22, 23) Paulo yarahimbarwa no gufasha abandi mu buryo bw’impwemu, kandi yarazirikana yitonze ukuntu yokwitwararika ibintu binaka abamwumviriza baba bakeneye. Ivyo vyatumye ashobora kubaremesha no kubavyurira umutima wo gusenga Yehova.

8. (a) Dukwiye kubona gute abantu twigisha mu busuku turangura? (b) Kurongora inyigisho ya Bibiliya bishobora kugira ico biterereye gute ku munezero turonka mu busuku?

8 Paulo yabona ko ubusuku yarangura buhambaye ukungana iki? Yari afise umutima ukunze wo ‘gushumbira’ Yehova be n’abokwumvirije ubutumwa bwerekeye ukuri. (Rom. 12:11; 1 Kor. 9:19) Mu gihe twemeye ibanga ryo kwigisha abantu Ijambo ry’Imana, haba mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, kw’ikoraniro rya gikirisu, canke mu kiringo c’Ugusenga kwo mu muryango, twoba dutahura ibanga tujejwe ku bijanye n’abo tuba turiko turigisha? Kumbure tubona ko kurongora inyigisho ya Bibiliya tudahorereza ari umuzigo uremereye cane ku buryo tutowikorera. Ego niko, akenshi bisaba ko turondera umwanya mu guheba ibintu bimwebimwe dukora maze tukawukoresha mu gufasha abandi. Ariko none ivyo ntibihuye n’amajambo Yezu yavuze yuko “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa”? (Ivyak. 20:35) Kwigisha abandi ukuntu boronka ubukiriro biratuma vy’ukuri tugira agahimbare tudashobora kuronka dukoze ikindi gikorwa ico ari co cose.

9, 10. (a) Kuba abantu badafyina vyoba bisobanura ko tudashobora kwiruhura no kumara umwanya turiko turanezeranwa n’abandi? Sigura. (b) Ni igiki kizofasha umukurambere kuba umuntu aremesha kandi yegereka?

9 Kuba abantu badafyina ntibisobanura ko tudashobora gufata akanya ko kwiruhura no kuryoherwa turi kumwe n’abandi. Yezu yaratanze akarorero katagira agahaze mu bijanye no gufata akanya ko kwigisha no kwiruhura be no kugiranira n’abandi ubucuti buri n’ico buvuze. (Luka 5:27-29; Yoh. 12:1, 2) Kuba abantu badafyina ntibisobanura kandi yuko dukwiye kwama tuboneka ko turi abantu batanyinyuka. Iyo Yezu aza kuba ari umuntu atanyinyuka kandi adafyina na gato nta gukeka ko abantu batari kumwegera. Mbere n’abana barumva bisanze igihe baba bari kumwe na we. (Mrk. 10:13-16) Dushobora gute none kwigana ukwo kuntu Yezu yari umuntu agira ibintu ku burimbane?

10 Hari umuvukanyi yavuze ibijanye n’umukurambere umwe ati: “Yitega vyinshi kuri we mugabo ntiyigera yitega ko abandi baba abatagira agasembwa.” Ivyo vyoba bishobora kuvugwa ku bikwerekeye? Birabereye ko twitega ku bandi ibintu bitegereka. Nk’akarorero, abana baravyakira neza igihe abavyeyi babo babashingiye imigambi bashobora gushitsa bakongera bakabafasha kuyishikako. Muri ubwo buryo nyene, abakurambere boshobora kuremesha abo mw’ishengero gukura mu buryo bw’impwemu bakongera bakabagira inama ku bijanye n’ukuntu bobigenza. Vyongeye, igihe umukurambere abona ibimwerekeye mu buryo buri ku burimbane, azoba umuntu w’umunyagishika kandi aruhurira abandi. (Rom. 12:3) Hari mushiki wacu yavuze ati: “Sinkunda umukurambere ajajura mu bintu vyose. Mugabo igihe ata na rimwe yigera afyina, usanga bigoye kumwegera.” Hari uwundi yavuze yuko abona ko abakurambere bamwebamwe “bashobora kuba abantu batinyitse cane kubera ko usanga batigera bafyina na gato.” Abakurambere ntibokwigera bipfuza kugabanya umunezero abo basangiye ukwemera bose bakwiye kuba bafitiye ugusenga Yehova, we “Mana ihimbawe.”​—1 Tim. 1:11.

Niwemere kuzezwa ibanga mw’ishengero

11. ‘Kurondera gushikira’ ibanga mw’ishengero bisobanura iki?

11 Igihe Paulo yaremesha abagabo bo mw’ishengero kwihatira gukwiza ibisabwa kugira ngo bashingwe amabanga yiyongereye, ntiyari afise intumbero yo kugira uwo aremesheje ngo ashike ku kintu kinaka ahahamiye. Ahubwo yanditse ati: “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza.” (1 Tim. 3:1, 4) ‘Kurondera gushikira’ iryo banga bisaba ko abagabo bakirisu bagira icipfuzo gikomeye co gukora cane kugira ngo batsimbataze kamere za gikirisu zikenewe zobafasha gukorera abavukanyi babo. Nimba umuvukanyi amaze n’imiburiburi umwaka umwe abatijwe akaba kandi akwije ku rugero rutegereka ivyo Ivyanditswe bisaba abipfuza kuba abakozi b’ishengero bivugwa muri 1 Timoteyo 3:8-13, arashobora kuratwa kugira ngo agenwe. Urabona ko umurongo wa 8 uvuga mu buryo butomoye uti: “Abakozi b’ishengero na bo nyene bakwiye kuba abadafyina.”

12, 13. Vuga uburyo butandukanye abavukanyi bakiri bato boshobora kurondera gushikira ibanga.

12 Woba uri umuvukanyi adafyina yabatijwe ukaba kandi uri mu kurangiza imyaka y’ubuyabaga? Hariho uburyo butari buke ushobora kurondera gushikira ibanga. Bumwe muri ubwo buryo ni ukurushiriza kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Woba ukunda gukorana n’abo musangiye ukwemera b’imyaka itandukanye mu murimo wo mu ndimiro? Woba uriko uragerageza kurondera uwo wokwigisha Bibiliya? Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya wisunze inama zitangwa ku makoraniro ya gikirisu, uzoryohora ubuhanga bwawe bwo kwigisha. Vyongeye, uzokwiga kugirira impuhwe uwo muntu azoba ariko ariga inzira za Yehova. Uko uwo mwigana atangura kubona yuko bikenewe ko agira ivyo ahinduye, ni ko uzokwiga kumufasha gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wihanganye kandi ubigiranye ubugenge.

13 Mwebwe bavukanyi mukiri bato murashobora kureka abageze mu zabukuru bo mw’ishengero bakabaronka, mukitanga kugira ngo mubafashe mu buryo ubwo ari bwo bwose bushoboka. Murashobora kandi kwitwararika ukuntu Ingoro y’Ubwami iboneka, mugafasha kugira ngo igume isukuye kandi irimwo urutonde. Igihe mwitanze kugira ngo mufashe uko mushoboye kwose, agatima kanyu ko gufasha karatanga ikimenyamenya c’uko muri abantu badafyina ku bijanye n’ubusuku bwanyu. Nka kumwe kwa Timoteyo, murashobora kwiga kwitwararika bivuye ku mutima ivyo ishengero rikeneye.​—Soma Abafilipi 2:19-22.

14. Abavukanyi bakiri bato bashobora gute “kugezwa kugira ngo birabwe ko bakwiriye” gusukura mw’ishengero?

14 Yemwe bakurambere, nimwitwararike ivyo kumenyereza abavukanyi bakiri bato bariko barihatira “[gu]hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto” kandi bariko barakurikirana “ubugororotsi, ukwizera, urukundo, amahoro,” hamwe n’izindi kamere zerekana ko badafyina. (2 Tim. 2:22) Mubashinze ivyo bakora mw’ishengero, barashobora “kugezwa kugira ngo birabwe ko bakwiriye” kuzezwa ibanga, kugira ngo “iterambere rya[bo] ryibonekeze ku bantu bose.”​—1 Tim. 3:10; 4:15.

Niwerekane ko udafyina mw’ishengero no mu muryango

15. Twisunze ibivugwa muri 1 Timoteyo 5:1, 2, dushobora gute kwerekana ko turi abantu badafyina mu kuntu tubona abandi?

15 Kudafyina birimwo gutera iteka bene wacu na bashiki bacu. Mu mpanuro Paulo yahaye Timoteyo, yarerekanye ko bikenewe kwubaha abandi. (Soma 1 Timoteyo 5:1, 2.) Ivyo birahambaye canecane mu bijanye n’ukuntu dufata abo tudasangiye igitsina. Akarorero Yobu yatanze mu bijanye no gutera iteka abagore, na canecane umugore wiwe, birabereye ko tukigana. Yaragize akigoro gakomeye ko kwirinda gushinga ijisho uwundi mugore mu buryo butuma amwipfuza. (Yobu 31:1) Gufata bene wacu na bashiki bacu mu buryo bwerekana ko tudafyina vyotuma twirinda kumenyerana na bo mu buryo butabereye canke gukora ikintu ico ari cose cohava gituma mwene wacu canke mushiki wacu yumva ko atamerewe neza turi kumwe. Gutera iteka abandi birahambaye na canecane igihe abantu babiri bariko baragiranira imigenderanire y’ivy’urukundo bafise intumbero yo kwubakana. Umukirisu adafyina ntiyokwigera akinisha inyiyumvo z’uwo badasangiye igitsina.​—Imig. 12:22.

16. Erekana itandukaniro riri hagati y’ukuntu abantu bamwebamwe bo mw’isi babona uruhara rw’umunega na sebibondo be n’ingene Bibiliya ivuga uruhara rwiwe.

16 Turakeneye kandi kuba maso kugira ngo tugume turi abantu badafyina mu kuntu tubona uruhara twahawe n’Imana mu muryango. Isi ya Shetani iratyekeza uruhara umunega na sebibondo bafise mu muryango. Inzego z’ivy’ukwinezereza zirahimbarwa no gutuma abanega na ba sebibondo baboneka ko babereye gutyekezwa no gusuzugurwa. Ariko rero, Ivyanditswe birerekana ko umunega ajejwe ibanga rihambaye, mu kuvuga ko ari “umutwe w’umugore wiwe.”​—Ef. 5:23; 1 Kor. 11:3.

17. Sigura ukuntu ukuba tugira uruhara mu gusenga kwo mu muryango bishobora kwerekana yuko turi abantu badafyina ku bijanye n’amabanga tujejwe.

17 Umunega yoshobora kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri. Ariko mu gihe adatanga ubuyobozi bwo mu vy’impwemu, yoba ariko arerekana ko atagira ukwiyubara n’ubukerebutsi. (Gus. 6:6, 7) Ni co gituma muri 1 Timoteyo 3:4 havuga yuko nimba uri serugo kandi ukaba uriko urarondera gushikira amabanga yiyongereye mw’ishengero, utegerezwa kuba uri umuntu “ahagarikira neza urugo rwiwe bwite, afise abana bayoboka ata gufyina namba.” Mu bijanye n’ivyo, niwibaze uti: ‘Noba nama ntegekanya umwanya ugenewe ugusenga kwo mu muryango mu rugo rwanje?’ Abagore bakirisu bamwebamwe usanga ari nk’aho ari bo babwirizwa kwinginga abanega babo ngo baje imbere mu vy’impwemu. Umunega wese akwiye gusuzuma ata gufyina ukuntu we ubwiwe abona iryo banga. Ariko ntiwumve, umukenyezi mukirisu arakwiye gushigikira intunganyo y’Ugusenga kwo mu muryango akongera agasenyera ku mugozi umwe n’umunega wiwe kugira ngo atume ukwo gusenga kugenda neza.

18. Abana boshobora gute kwiga kuba abantu badafyina?

18 Abana na bo nyene bararemeshwa kuba abantu badafyina mu bijanye n’ubuzima. (Umus. 12:1) Nta kibi kiri mu gufasha abana bakiri bato kwiga gukora cane, bagakora udukorwa tw’i muhira tutarengeye imyaka n’ubushobozi bafise. (Int. 3:27) Igihe Umwami Dawidi yari akiri agahungu, yarize kuba umwungere mwiza. Yarize kandi gucuraranga no gutunganya indirimbo, ubwo bukaba ari ubuhanga bwatumye aja gukorera umutware wa Isirayeli. (1 Sam. 16:11, 12, 18-21) Nta gukeka ko igihe Dawidi yari umusore yari azi kunezereza abantu, ariko kandi yarize ubuhanga bw’agaciro yahavuye yikorako mu gushemeza Yehova. Ukuba yari umwungere w’umuhanga vyaramufashije kuyobora ihanga rya Isirayeli yihanganye. Mwebwe abakiri bato, ni ubuhanga ngirakamaro butandukanye ubuhe muriko muratsimbataza, ni ukuvuga ubuhanga buzobafasha gukorera Umuremyi wanyu no kwitegurira kuzorangura amabanga muri kazoza?

Nugume ubona ibintu ku burimbane

19, 20. Ni agatima ko kubona ibintu ku burimbane akahe wiyemeje kuguma ufise ku bikwerekeye no ku vyerekeye ugusenga kwawe?

19 Twese turashobora kwihatira kubona ibitwerekeye mu buryo buri ku burimbane, ntitwerekane ko turi abantu badafyina na gato. Ntitwokwipfuza kuba “[aba]gororotsi birenze urugero.” (Umus. 7:16) Igihe turi abantu bafise agatima ko gutwenza ku rugero runaka birashobora gutuma duturura igihe imitsi yaranze, haba i muhira, ku kazi, canke mu migenderanire tugiriranira na bene wacu be na bashiki bacu bakirisu. Abagize umuryango bakwiye kuba maso ku bijanye no kunebagura abandi mu buryo burenze urugero kugira ngo ntibahungabanye amahoro akwiye kurangwa mu muryango. Mw’ishengero, twese turashobora kwiga gutwenga turi kumwe n’abandi tukongera tugahimbarwa no kuba turi kumwe na bo, tukitwararika ivy’uko ibiyago vyacu be n’uburyo twigisha biguma ari vyiza kandi vyubaka.​—2 Kor. 13:10; Ef. 4:29.

20  Tuba mw’isi ititwararika ivyerekeye Yehova n’amategeko yiwe. Abasavyi ba Yehova bobo baritwararika cane ibijanye no kugamburukira Imana yabo no kuba intahemuka kuri yo. Ese ukuntu bihimbaye kuba mu bagize ishirahamwe rinini ry’abantu basenga Yehova “ata gufyina namba”! Nimuze twiyemeze kuguma turi abantu badafyina mu kuntu tubona ibijanye n’ubuzima bwacu be n’ugusenga kwacu.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki dukwiye kwirinda gufata minenerwe ibijanye n’ubuzima nk’uko isi ibigira?

• Dushobora gute kunezerererwa ubusuku bwacu mugabo ntidufyine ku bijanye na bwo?

• Ukuntu tubona ivyo kwemera gushingwa amabanga vyerekana gute ko turi abantu bafyina canke badafyina?

• Sigura igituma gutera iteka abavukanyi bacu be n’abagize umuryango wacu ari ikintu dukwiye gufatana uburemere.

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 12]

Umunega ategerezwa kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu