Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Icamwa c’impwemu” kiraninahaza Imana

“Icamwa c’impwemu” kiraninahaza Imana

“Icamwa c’impwemu” kiraninahaza Imana

“Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi.”​—YOH. 15:8.

1, 2. (a) Ni uturyo utuhe dufise two kuremesha abandi? (b) Ni ingabirano iva kuri Yehova iyihe idufasha kuryohora ubushobozi dufise bwo kumukorera?

RIMBURA ibi bintu bibiri biriko biraba: Umugore mukirisu umwe arabonye yuko mushiki wacu akiri muto asa n’uwufise ikintu kimuraje ishinga. Aciye atunganya ivyo gukorana na we mu murimo wo mu ndimiro. Igihe bariko barayaga bavuye ku muhana umwe baja ku wundi, uwo mushiki wacu akiri muto atanguye kumubwira ingorane afise. Umusi witereye, uwo mushiki wacu akiri muto arakengurukira Yehova mw’isengesho ku kuntu uwo mushiki wacu ahumuye yamwitwararitse mu buryo burangwa urukundo. Emwe, ico ni co nyene yari akeneye. Ahandi hantu, hari umugabo n’umugore bubakanye baheruka kuva mu kindi gihugu kwamamaza. Igihe batororokaniye hamwe n’abandi bakaba bariko barigana ivyo biboneye, umuvukanyi umwe akiri muto arumviriza yitonze. Haciye imyaka ivyo bibaye, magingo uwo muvukanyi ariko aritegurira kuja mu kindi gihugu yarungitswe gukoreramwo, aribuka uwo mugabo n’umugore be n’ico kiyago catumye yipfuza kuba umumisiyonari.

2 Kumbure ivyo birakwibutsa umuntu yagize ico akoze ku buzima bwawe canke umuntu ubuzima bwiwe bwagize ico bugukozeko. Ego ni ko, ni gake ikiyago kimwe gusa gihindura ubuzima bw’umuntu, mugabo ku musi ku musi, turaronka uturyo two kuremesha abandi no kubakomeza. Dufate yuko hoba hariho ikintu cogufasha kuryohora ubushobozi na kamere ufise, bigatuma urushiriza kugirira akamaro abavukanyi bawe n’Imana. Ico kintu none nticoba ari ciza cane? Mu vy’ukuri, Yehova araduha ingabirano nk’iyo, na yo akaba ari impwemu nyeranda yiwe. (Luka 11:13) Uko impwemu y’Imana ikorera mu buzima bwacu, irama muri twebwe kamere nziza zidufasha kuryohora umuce wose w’umurimo turangurira Imana. Mbega ingabirano nziza igitangaza!​—Soma Abagalatiya 5:22, 23.

3. (a) Gutsimbataza “icamwa c’impwemu” bininahaza Imana gute? (b) Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?

3 Kamere impwemu nyeranda yama zirerekana ukuntu uwo ikomokako ameze, uwo na we akaba ari Yehova Imana. (Kol. 3:9, 10) Yezu yarerekanye imvo nyamukuru ikwiye gutuma abakirisu bihatira kwigana Imana igihe yabwira intumwa ziwe ati: “Dawe araninahazwa muri ibi: ko muguma mwama ivyamwa vyinshi.” * (Yoh. 15:8) Uko dutsimbataza “icamwa c’impwemu,” biragaragarira cane mu kuntu tuvuga no mu kuntu dukora ibintu; ivyo biraheza bigatuma Imana yacu ishemezwa. (Mat. 5:16) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe icamwa c’impwemu gitandukanye na kamere ziranga isi ya Shetani? Dushobora gute gutsimbataza icamwa c’impwemu? Ni kubera iki kubigira vyoshobora kutubera urugamba? Turaza kurimbura ivyo bibazo uko duca irya n’ino imice itatu ya mbere y’icamwa c’impwemu, ari yo urukundo, akanyamuneza n’amahoro.

Urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako ihanitse

4. Ni urukundo bwoko ki Yezu yigishije abayoboke biwe kugaragaza?

4 Urukundo impwemu nyeranda yama ruratandukanye bimwe biboneka n’urukundo abantu bo mw’isi bagaragaza. Uti gute? Rworwo rushingiye ku ngingo ngenderwako ihanitse. Yezu yarashize ahabona iryo tandukaniro muri ya Nsiguro yo ku Musozi. (Soma Matayo 5:43-48.) Yavuze yuko mbere n’abacumuzi usanga bafise agatima ko gufata abandi nk’uko na bo babafata. Mwene ico kintu bita ngo ni urukundo ntigisaba yuko umuntu yitanga koko ahubwo ni ukugirira abandi neza kubera ko na bo bakugirira neza. Nimba twipfuza ‘kwerekana ko turi abana ba Data ari mw’ijuru,’ ntidukwiye kumera gutyo. Aho gufata abandi nk’uko na bo badufata, dutegerezwa kubabona nk’uko Yehova ababona kandi tukabafata nk’uko abafata. Ariko none, bishoboka gute ko dukunda abansi bacu nk’uko Yezu yabidutegetse?

5. Dushobora gute gukunda abaduhama?

5 Rimbura akarorero kamwe ko muri Bibiliya. Igihe Paulo na Silasi bariko baramamaza i Filipi barafashwe, barakubitwa bimwe bibi, maze batabwa mw’ibohero ry’imbere, aho ibirenge vyabo vyashizwe mu mpatane z’ibiti. Igihe ivyo vyariko biraba, birashoboka rwose ko umurinzi w’ibohero na we nyene yabafashe nabi. Igihe babohorwa batari bavyiteze bivuye kuri nyamugigima, boba baranezerejwe n’uko baronse akaryo ko kwihora uwo mugabo? Oya. Kuba baritwararitse ineza yiwe babikuye ku mutima, ni ukuvuga kuba baramugaragarije urukundo rurangwa n’ukwitanga, vyarabavyuriye umutima wo kugira ico bakoze badatebaganye ku neza yiwe, ivyo bikaba vyaratumye uwo murinzi w’ibohero n’urugo rwiwe rwose bacika abemera. (Ivyak. 16:19-34) Benshi mu bavukanyi bacu bo mu bihe vya none na bo nyene barakurikiye ingendo yo “[g]uhezagira ababahama.”​—Rom. 12:14.

6. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe dushobora kugaragariza abavukanyi bacu urukundo rurangwa n’ukwitanga? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 21.)

6 Urukundo dukunda abo dusangiye ukwemera rurashika kure. Bibiliya ivuga iti: “Tubwirizwa kwigura bene wacu.” (Soma 1 Yohani 3:16-18.) Ariko rero, akenshi usanga dushobora kugaragaza urukundo mu bintu bitobito. Nk’akarorero, mu gihe tuvuze canke dukoze ikintu kibabaza umuvukanyi, turashobora kumugaragariza urukundo mu kwibwiriza kugarukana amahoro. (Mat. 5:23, 24) Tuvuge iki mu gihe hari uwutubabaje? Twoba “[t]witeguriye kubabarira,” canke vyoba bishika tukarondera kubika inzika? (Zab. 86:5) Urukundo rukomeye impwemu nyeranda yama rurashobora kudufasha gupfuka amakosa adahambaye, tukababarira abandi ata gahigihigi “nk’uko Yehova ya[tu]babariye ata gahigihigi.”​—Kol. 3:13, 14; 1 Pet. 4:8.

7, 8. (a) Gukunda abantu bifitaniye isano gute no gukunda Imana? (b) Dushobora gute kurushiriza gukunda Yehova? (Raba amafoto ari aho hepfo.)

7 Dushobora gute kurushiriza gukunda abavukanyi bacu urukundo rurangwa n’ukwitanga? Ni mu kurushiriza gukunda Imana. (Ef. 5:1, 2; 1 Yoh. 4:9-11, 20, 21) Ibiringo tumara turi kumwe na Yehova turiko turasoma Bibiliya, tuzirikana, twongera dusenga biraturemesha bikongera bigatuma turushiriza gukunda Data wa twese wo mw’ijuru. Ariko rero, turakeneye kwicungurira umwanya wo kwiyegereza Imana.

8 Tubitangire akarorero: Nufate yuko vyoba bishoboka ko usoma Ijambo ry’Imana, ukazirikana ivyo usoma, ukongera ugasenga Yehova kw’isaha yinaka buri musi. Ntiwokingira cane none uwo mwanya kugira ngo ntihagire ikintu kibangamira ikiringo wishingiye co kuba uri kumwe na Yehova? Ego ni ko, nta n’umwe ashobora kutubuza gutura Imana isengesho, kandi benshi muri twebwe barashobora gusoma Bibiliya igihe cose bashatse. Naho ari ukwo, hari aho twoba dukeneye kugira ivyo dukoze kugira ngo ibintu vyinshi tubwirizwa gukora ku musi ku musi ntibibangamire ikiringo twishingiye co kuba turi kumwe n’Imana. Woba wicungurira umwanya mwinshi ushoboka buri musi kugira ngo wiyegereze Yehova?

“Akanyamuneza k’impwemu nyeranda”

9. Impwemu nyeranda ishobora kudufasha kuguma tunezerewe naho twoshikirwa n’iki?

9 Akanyamuneza, kano kakaba ari umwe mu mice y’icamwa c’impwemu, karashobora kuguma muri twebwe naho twoba turi mu ngorane. Akanyamuneza kameze nk’igiterwa kirinda ibihe gishobora gutotahara n’igihe nyene kiba kiri ahantu hatameze neza. Hirya no hino kw’isi, benshi mu basavyi b’Imana “[bar]emeye rya jambo mu makuba menshi [ba]ri n’akanyamuneza k’impwemu nyeranda.” (1 Tes. 1:6) Abandi barashikirwa n’ingorane zikomeye bakongera bakabura ivyo bakeneye. Yamara, Yehova abicishije ku mpwemu yiwe arabaronsa ububasha bwo ‘kwihangana bimwe bishitse no kwiyumanganya banezerewe.’ (Kol. 1:11) None ako kanyamuneza kava hehe?

10. Akanyamuneza kacu kava hehe?

10 Ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu twahawe na Yehova buratandukanye n’“ubutunzi butari ubwo kwizigirwa” bwo mw’isi ya Shetani kuko bwobwo bufise agaciro karamba. (1 Tim. 6:17; Mat. 6:19, 20) Yehova aratuma tugira icizigiro giteye umunezero cerekeye kazoza katagira iherezo. Turafise akanyamuneza ko kuba turi mu bagize umuryango wa gikirisu ukwiye kw’isi yose. N’ikiruta vyose, akanyamuneza kacu gashingiye ku bucuti dufitaniye n’Imana. Turafise inyiyumvo nk’izo Dawidi yaseruye, uno, naho yabwirijwe kubaho aza arahunga, akaba yashemeje Yehova mu ruririmbo, ati: “Kubera ko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari bwiza kuruta ubuzima, iminwa yanje izogukeza. Gutyo nzoguhezagira nkiriho.” (Zab. 63:3, 4) N’igihe nyene dushikiwe n’ingorane zikomeye, turashemeza Imana tunezerewe.

11. Ni kubera iki bihambaye ko dukorera Yehova dufise akanyamuneza?

11 Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ati: “Mwame munezerwa mu Mukama. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe!” (Flp. 4:4) Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu bakorera Yehova bafise akanyamuneza? Ni kubera ca kibazo Shetani yavyura cerekeye ubusegaba bwa Yehova. Shetani avuga yuko ngo ata muntu n’umwe akorera Imana abikunze. (Yobu 1:9-11) Hamwe twokorera Yehova kubera gusa tubwirizwa kubigira mugabo tutanezerewe, ikimazi cacu c’ishemezo coba kiri n’agahaze. Ku bw’ivyo, turihatira gukurikiza amajambo yo kuduhimiriza umwanditsi wa Zaburi yavuze, ati: “Nimukorere Yehova munezerewe. Nimuze imbere yiwe mwiha akamo k’umunezero.” (Zab. 100:2) Umurimo umuntu arangura anezerewe kandi abikunze uraninahaza Imana.

12, 13. Twokora iki kugira ngo turwanye inyiyumvo zica intege?

12 Ariko rero, birumvikana ko n’abasavyi ba Yehova bamwihebeye bishika bakadendebukirwa bakongera bakita ku rutare kugira ngo bagume babona ibintu mu buryo bwiza. (Flp. 2:25-30) Ni igiki codufasha igihe turi mu bihe nk’ivyo? Mu Banyefeso 5:18, 19 havuga hati: “Mugume mwuzuzwa impwemu, [mukoresheje] amazaburi n’amashemezo aturwa Imana be n’indirimbo z’ivy’impwemu, muririmba mwongera mujanisha n’umuziki mu mitima yanyu mubigirira Yehova.” Dushobora gute gushira mu ngiro iyo mpanuro?

13 Igihe twugarijwe n’inyiyumvo zica intege, turashobora gutakambira Yehova mw’isengesho tukongera tukihatira kuzirikana ibintu bibereye gushimagizwa. (Soma Abafilipi 4:6-9.) Hari ababona ko kunwingira bajana n’indirimbo z’Ubwami zacu ziba ziriko ziravuga bibaremesha bikongera bikabafasha kubona ibintu mu buryo bwiza. Umuvukanyi umwe yashikirwa n’ingorane ikomeye yatuma akenshi yumva ishavu akongera agacika intege, avuga ivyo yibuka ati: “Uretse ko naguma ntura isengesho rivuye ku mutima, narafashe ku mutwe indirimbo z’Ubwami nkeya. Kuririmba izo ndirimbo nziza zishemeza Yehova, nkabigira n’ijwi ryumvikana canke mu mutima, vyatuma numva mfise amahoro. N’ikindi kandi, igitabu Niwiyegereze Yehova carasohowe nko muri ico gihe nyene. Mu mwaka wakurikiye, naragisomye incuro zibiri. Cari kimeze nk’amavuta agabanya ububabare asigwa ku mutima wanje. Ndazi ko Yehova yahezagiye utwigoro twanje.”

“Umugozi w’amahoro wunga ubumwe”

14. Ni ikintu gihambaye ikihe kiranga amahoro impwemu nyeranda yama?

14 Ku mahwaniro mpuzamakungu yacu, ababa bavuye mu bihugu bitandukanye no mu mico kama itandukanye barahimbarwa no kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo. Ibintu nk’ivyo birashira ahabona ikintu kiranga amahoro abasavyi b’Imana binovora muri iki gihe, na co kikaba ari ubumwe bafitaniye kw’isi yose. Ababa bariko baravyihweza barakunda gutangara igihe babonye abantu vyari vyitezwe ko bankana “[b]ihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:3) Ubwo bumwe ni ikintu kidasanzwe vy’ukuri uravye ivyo benshi babwirijwe gutsinda.

15, 16. (a) Petero yari yakuriye mu mico kama iyihe, kandi ivyo vyamuteje ingorane gute? (b) Yehova yafashije gute Petero guhindura ukuntu yabona ibintu?

15 Gutuma abantu bo mu mice kama itandukanye bunga ubumwe si ikintu coroshe. Kugira ngo dufashwe gutahura ivyo dutegerezwa gutsinda kugira ngo dushike ku bumwe nk’ubwo, nimuze turimbure akarorero ko mu kinjana ca mbere, ni ukuvuga intumwa Petero. Urashobora kumenya ukuntu yabona Abanyamahanga batagenyerewe ufatiye kuri aya majambo yavuze ati: “Murazi neza yuko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umuntu w’ubundi bwoko canke ngo amwegere; yamara Imana yanyeretse ko ata muntu nkwiye kwita uwuhumanye canke uwanduye.” (Ivyak. 10:24-29; 11:1-3) Petero yisunze ukuntu abantu bo muri ico gihe babona ibintu, biboneka ko yakuze yemera yuko Itegeko ryamutegeka gukunda Abayuda bagenziwe gusa. Kubona ko Abanyamahanga ari abansi bo kwankwa, ashobora kuba yabona ko ari ikintu gisanzwe cane. *

16 Iyumvire ukuntu Petero ategerezwa kuba yaragize ubuyega igihe yinjira kwa Koruneliyo. Umuntu yari yahoze abona nabi Abanyamahanga yoba yari gushobora ‘gufatanirizwa hamwe na bo bakanywana’ mu “mugozi w’amahoro wunga ubumwe”? (Ef. 4:3, 16) Yari kubishobora kubera ko imisi mikeyi imbere y’aho impwemu y’Imana yari yuguruye umutima wa Petero, igatuma ashobora gutangura guhindura ukuntu yabona ibintu maze ararengera umwikeko yari afise. Yehova abicishije kw’iyerekwa, yaramutomoreye yuko atisunga ubwoko canke ubwenegihugu mu kuntu afata abantu. (Ivyak. 10:10-15) Ni co catumye Petero abwira Koruneliyo ati: “Ni ukuri ndatahuye yuko Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyak. 10:34, 35) Petero yarahindutse, maze arunga ubumwe vy’ukuri n’“umuryango wose w’abavukanyi.”​—1 Pet. 2:17.

17. Ni mu buryo nyabaki ubumwe abasavyi b’Imana bafitaniye ari ikintu kidasanzwe?

17 Ivyashikiye Petero biradufasha gutahura ukuntu abasavyi b’Imana bariko baragira amahinduka akomeye muri iki gihe. (Soma Yesaya 2:3, 4.) Abantu amamiliyoni “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” barahinduye ivyiyumviro vyabo kugira ngo bahuze n’“ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge.” (Ivyah. 7:9; Rom. 12:2) Benshi muri bo barigeze kuba boshwa cane n’agatima k’urwanko, ukubika inzika be n’ukwicamwo ibice karanga isi ya Shetani. Mugabo biciye ku kwiga Ijambo ry’Imana no ku gufashwa n’impwemu nyeranda, barize “[gukurikirana] ibiremesha amahoro.” (Rom. 14:19) Ubumwe buvamwo buratuma Imana ishemezwa.

18, 19. (a) Umwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico aterereye ku mahoro n’ubumwe birangwa mw’ishengero? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Umwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico aterereye ku mahoro n’ubumwe birangwa mu basavyi b’Imana? Mu mashengero menshi usanga harimwo abavuye mu mahanga. Bamwebamwe boshobora kuba baturuka mu mico kama itandukanye n’iyacu canke bakaba bavuga ururimi rutandukanye n’urwacu. Twoba tugira akigoro ko kubamenya? Ivyo ni vyo Ijambo ry’Imana ridusaba. Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Roma, rino rikaba ryarimwo abemera b’Abayuda n’Abanyamahanga, yagize ati: “Muhane ikaze . . . , nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (Rom. 15:7) Mw’ishengero urimwo, hoba hari umuntu worushiriza kumenya?

19 Ni ikindi kintu ikihe twokora kugira ngo tureke impwemu nyeranda ikorere mu buzima bwacu? Tuzokwihweza ico kibazo mu kiganiro gikurikira igihe tuzoba turiko turaca irya n’ino imice y’icamwa c’impwemu isigaye.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 3 Ico camwa Yezu yavuze kigizwe n’“icamwa c’impwemu” be n’“icamwa c’iminwa” abakirisu bashikanira Imana biciye ku gikorwa co kwamamaza Ubwami.​—Heb. 13:15.

^ ing. 15 Mu Balewi 19:18 havuga hati: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe; kandi utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” Indongozi z’idini ry’Abayuda zabona ko imvugo ngo “abo mu gisata cawe” na “mugenzawe” yerekeza ku Bayuda gusa. Itegeko ryasaba yuko Abisirayeli baguma bitandukanije n’ayandi mahanga. Ariko rero, ntiryashigikira iciyumviro caremeshwa n’indongozi z’idini zo mu kinjana ca mbere, cavuga yuko abantu bose batari Abayuda bari abansi bakaba kandi bategerezwa kwankwa umwe wese ukwiwe.

Wokwishura gute?

• Dushobora gute gukunda abavukanyi bacu urukundo rurangwa n’ukwitanga?

• Ni kubera iki bihambaye ko dukorera Imana tunezerewe?

• Dushobora gute kugira ico duterereye ku mahoro n’ubumwe birangwa mw’ishengero?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro ku rup. 21]

“Aba ni bo bakirisu b’ukuri”

Igitabu kimwe (Between Resistance and Martyrdom​—Jehovah’s Witnesses in the Third Reich) kirimwo amajambo yavuzwe n’umusore w’Umuyuda yari apfunzwe, akaba adondora ukuntu yabonanye n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere amaze gushika mw’ikambi ry’itunatuniro rya Neuengamme, ati:

“Twebwe Abayuda bari bavuye i Dachau tukimara gushika mu nyubakwa twari kubamwo, abandi Bayuda baciye batangura kunyegeza ibintu vyose bari bafise kugira ngo ntibabisabikanye natwe. . . . Igihe tutari bwaze muri [iryo kambi ry’itunatuniro], twarafashanya. Mugabo tumaze gushika ng’aho, turi hagati y’ubuzima n’urupfu, ikintu ca mbere na mbere kiraza ishinga umwumwe wese ni ukurokora igufa ryiwe, akibagira abandi. Mugabo zirikana ukuntu Abatohoji ba Bibiliya bobo bavyifatamwo. Ico gihe, babwirizwa gukora cane, mu gusanura imiringoti imwimwe y’amazi. Hari hakanye kandi bamara umusi wose bahagaze mu mazi akanye nk’ibarafu. Nta muntu n’umwe yatahura ingene bashobora kuvyihanganira. Bavuga ko Yehova abaha inkomezi. Bari bakeneye cane umukate, nk’uko nyene natwe twari tuwukeneye, kubera ko bari bashonje. Ariko none bagira iki? Baregeranya imikate yose baba bafise, bakiha igice, ikindi na co bakagiha abo basangiye ukwemera baba ari ho bagishika bavuye i Dachau. Vyongeye, barabaha ikaze kandi bakabasoma. Imbere y’uko bafungura, barasenga. Ivyo biheze, bose barumva yuko ata nzara bagifise kandi ko bahimbawe. Baca bavuga ko batagishonje. Ico ni co catumye niyumvira nti: Aba ni bo bakirisu b’ukuri.”

[Amafoto ku rup. 19]

Woba wicungurira umwanya buri musi uwukuye ku bindi bikorwa kugira ngo wiyegereze Yehova?