Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ureka impwemu y’Imana ikakuyobora?

Woba ureka impwemu y’Imana ikakuyobora?

Woba ureka impwemu y’Imana ikakuyobora?

“Impwemu yawe ni nziza; ninyobore mu gihugu c’ukugororoka.”​—ZAB. 143:10.

1, 2. (a) Nuvuge ibihe bimwebimwe aho Yehova yakoresheje impwemu nyeranda ku neza y’abasavyi biwe. (b) Impwemu nyeranda yoba ikora gusa mu bihe bidasanzwe? Sigura.

IYO uzirikanye ukuntu impwemu nyeranda ikora uca ubona iki mu bwenge? Woba uca ubona vya bikorwa vy’ububasha Gideyoni na Samusoni bakoze? (Abc 6:33, 34; 15:14, 15) Kumbure uca wibuka ubutinyutsi bw’abakirisu bo mu ntango canke ukuntu Sitefano yari atekanye igihe yari ahagaze imbere y’Inama Nkuru. (Ivyak. 4:31; 6:15) Mu bihe vya none, tuvuge iki ku munezero urangwa ku mahwaniro mpuzamakungu yacu, ku gutungana kw’abavukanyi bacu batabwa mu mabohero bahorwa yuko batagira aho bahengamiye, no kw’iterambere rikomeye ry’igikorwa co kwamamaza? Utwo turorero twose turatanga ikimenyamenya c’uko impwemu nyeranda ikora.

2 Impwemu nyeranda yoba ikora gusa mu bihe canke mu bintu bidasanzwe? Oya. Ijambo ry’Imana rivuga yuko abakirisu ‘bagenda bisunga impwemu,’ ko ‘bayoborwa n’impwemu,’ be n’uko ‘babaho bisunga impwemu.’ (Gal. 5:16, 18, 25) Izo mvugo zirerekana yuko impwemu nyeranda ishobora kubandanya igira ico ikoze mu buzima bwacu. Ku musi ku musi, turakwiye kwinginga Yehova ngo ayobore ivyiyumviro vyacu, imvugo yacu, be n’ibikorwa vyacu biciye ku mpwemu nyeranda. (Soma Zaburi 143:10.) Igihe tureka impwemu nyeranda igakorera mu buzima bwacu atakiyitangira, irama muri twebwe icamwa gituma abandi bumva baruhuriwe kandi kigatuma Imana ishemezwa.

3. (a) Ni kubera iki dukeneye kuyoborwa n’impwemu nyeranda? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze?

3 Ni kubera iki bihambaye cane ko tuyoborwa n’impwemu nyeranda? Ni kubera yuko hariho iyindi nguvu irondera kutwigarurira, ikaba ari inguvu irwanya impwemu nyeranda kugira ngo ntigire ico ikoze. Iyo nguvu yindi ni yo Ivyanditswe vyita “umubiri,” ikaba yerekeza ku mpengamiro umubiri wacu munyagasembwa ufise yo gukora igicumuro, ni ukuvuga agasembwa twebwe abakomoka kuri Adamu twarazwe. (Soma Abagalatiya 5:17.) None kwemera kuyoborwa n’impwemu y’Imana birimwo iki? Hoba hariho ibintu ngirakamaro twokora kugira ngo turwanye ivyipfuzo vy’umubiri wacu munyacaha? Nimuze twihweze ivyo bibazo uko duca irya n’ino imice itandatu isigaye y’“icamwa c’impwemu,” ari yo “ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.”​—Gal. 5:22, 23.

Ubwitonzi n’ukwiyumanganya biratuma mw’ishengero haba amahoro

4. Ubwitonzi n’ukwiyumanganya bigira ico biterereye gute ku mahoro arangwa mw’ishengero?

4 Soma Abakolosayi 3:12, 13. Mw’ishengero, ubwitonzi n’ukwiyumanganya birasenyera ku mugozi umwe mu gutuma haba amahoro. Iyo mice yompi y’icamwa c’impwemu iradufasha gufatana abandi umutima mwiza, kuguma dutekanye igihe dusomborokejwe hamwe no kwirinda kwihora igihe abandi bavuze canke bakoze ibintu bitaranga ubuntu. Nimba dufitaniye ingorane n’umukirisu mugenzi wacu, ukwiyumanganya ari kwo kwihangana kuzodufasha kudaheba mwene wacu canke mushiki wacu, ahubwo tuzokora uko dushoboye kwose kugira ngo dutunganye iyo ngorane. Ubwitonzi n’ukwiyumanganya vyoba vy’ukuri bikenewe mw’ishengero? Egome birakenewe, kubera ko twese turi abanyagasembwa.

5. Ni ibiki vyabaye hagati ya Paulo na Barunaba, kandi ivyo bishimika ku ki?

5 Rimbura ivyabaye hagati ya Paulo na Barunaba. Bari baramaze imyaka myinshi basenyera ku mugozi umwe mu bijanye no guteza imbere inkuru nziza. Umwumwe wese yari afise kamere nzizanziza. Yamara, vyarigeze gushika hagati yabo haraba “ugutomboka kw’ishavu gukaze, ku buryo batandukana.” (Ivyak. 15:36-39) Ico kintu cabaye kirashimika ku vy’uko no mu basavyi b’Imana bayihebeye, bishika hakaba ukutumvikana. Nimba umukirisu munaka afise ikintu atumvikanako n’uwo basangiye ukwemera, yokora iki kugira ngo ivyo bintu ntibicike imitongano irangwa ishavu yoshobora gutuma ubucuti bari bafitaniye bumara igihe kirekire bwatosekaye?

6, 7. (a) Ni impanuro yo mu Vyanditswe iyihe twokurikiza imbere y’uko ikiyago turiko turagiranira n’uwo dusangiye ukwemera kivamwo uguhazuka? (b) Ni ivyiza ibihe biva ku ‘gutebuka kwumva, guteba kuvuga, guteba kuraka’?

6 Nk’uko vyerekanwa n’aya majambo ngo “ugutomboka kw’ishavu gukaze,” ukutumvikana kwabaye hagati ya Paulo na Barunaba kwaje bukwi na bukwi kandi kwari gukomeye. Mu gihe umukirisu abonye yuko atanguye gushavura igihe ariko araganira ingorane yinaka n’uwo basangiye ukwemera, yoba abaye inkerebutsi akurikije impanuro dusanga muri Yakobo 1:19, 20 igira iti: “Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka; kuko uburake bw’umuntu budashitsa ubugororotsi bw’Imana.” Bivanye n’ukuntu ibintu vyifashe, yoshobora kugerageza guhindura iciyumviro, kureka ico kiyago kugira ngo bazokibandanye ikindi gihe, canke agasaba yuko bogihagarika maze agaca yigira imbere y’uko ico kiyago kivamwo uguhazuka.​—Imig. 12:16; 17:14; 29:11.

7 Ni ivyiza ibihe biva ku gukurikiza iyo mpanuro? Igihe umukirisu afashe umwanya wo gutekana, agasenga ku bijanye n’iyo ngorane, kandi akarimbura ukuntu yokwishura neza, aba yemeye kuyoborwa n’impwemu y’Imana. (Imig. 15:1, 28) Abifashijwemwo n’impwemu, arashobora kugaragaza ubwitonzi n’ukwiyumanganya. Muri ubwo buryo aba ashoboye gukurikiza impanuro dusanga mu Banyefeso 4:26, 29 igira iti: “Murake, yamara ntimucumure . . . Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu, ahubwo havemwo ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.” Ego cane, igihe twambaye ubwitonzi n’ukwiyumanganya, turagira ico duterereye ku mahoro n’ubumwe birangwa mw’ishengero.

Nuruhurire umuryango wawe biciye ku buntu n’ukumera neza

8, 9. Ubuntu n’ukumera neza ni iki, kandi bigira ico bikoze gute ku kuntu ibintu vyifashe mu rugo?

8 Soma Abanyefeso 4:31, 32; 5:8, 9. Nka kurya nyene akayaga be n’ikinyobwa gipfutse biruhurira umuntu igihe hashushe, ni na ko ubuntu n’ukumera neza biruhurira umuntu. Biratuma mu muryango haba ahantu harangwa umunezero. Ubuntu ni kamere ikwegera iva ku kwitwararika abandi bivuye ku mutima, ivyo bikabonekera mu bikorwa ngirakamaro no mu majambo aranga urupfasoni. Ukumera neza, cokimwe n’ubuntu, ni kamere nziza igaragarira mu bikorwa bigirira akamaro abandi. Irangwa n’agatima ko gutanga. (Ivyak. 9:36, 39; 16:14, 15) Mugabo ukumera neza kurimwo n’ibindi.

9 Ukumera neza ni kamere y’agahebuza. Ntikugaragarira gusa mu vyo dukora, ariko n’igihambaye kuruta kugaragarira mu kuntu tumeze. Niwihe ishusho y’umugore ariko arategurira umuryango wiwe ivyamwa, akaza arasuzuma icamwa kimwekimwe cose uko agikatagura kugira ngo yiyemeze neza yuko gisosa be n’uko gihiye hose, kidafise akanenge imbere muri co canke inyuma. Cokimwe n’ico camwa kiba kimeze neza hose, ukumera neza impwemu nyeranda yama kuribonekeza mu buzima bwose bw’umukirisu.

10. Hokorwa iki kugira ngo abagize umuryango bafashwe gutsimbataza icamwa c’impwemu?

10 Mu rugo rw’abakirisu, ni igiki cofasha abagize umuryango gufatana mu buryo buranga ubuntu n’ukumera neza? Ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana burarangura uruhara ruhambaye muri ivyo. (Kol. 3:9, 10) Ba serugo bamwebamwe barashira ku rutonde ivyo kwiga icamwa c’impwemu muri porogarama yabo y’umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango igirwa buri ndwi. Gutunganya uwo mwihwezo ntibigoye. Ukoresheje ibikoresho bigufasha ku- gira ubushakashatsi biboneka mu rurimi utahura nurobanure amayagwa ajanye n’umuce umwumwe wose w’icamwa c’impwemu. Mwoshobora kurimbura ingingo nkeyi gusa ku ndwi, mukamara indwi nka zingahe muriko muraca irya n’ino umuce umwumwe wose. Uko mwiga ayo mayagwa, nimusome mwongere mugire ico muvuze ku vyanditswe vyatanzwe. Nimurabe ukuntu mwoshira mu ngiro ivyo mwiga, mwongere musabe Yehova ahezagire utwigoro mugira. (1 Tim. 4:15; 1 Yoh. 5:14, 15) Inyigisho nk’iyo yoba vy’ukuri ishobora kugira ico ikoze ku kuntu abagize umuryango bafatana?

11, 12. Imiryango ibiri y’abakirisu yungukiye gute ku kwiga ibijanye n’ubuntu?

11 Umugabo n’umugore baheruka kwubakana, bakaba bari bafise icipfuzo co kuroranirwa mu mubano wabo, barafashe ingingo yo kwiga bimwe bigera kure icamwa c’impwemu. None bahungukiye gute? Umugore avuga ati: “Kuba twaramenye vyinshi ku bijanye n’ubuntu bwuzuye urukundo vyaragize ikintu ciza bikoze ku kuntu dufatana gushika uwu musi. Vyaratwigishije kuba abantu batumira ku vyiyumviro vyacu kandi bababarirana. Kandi vyaratwigishije gushima no gusaba imbabazi igihe bikenewe.”

12 Uwundi mugabo n’umugore b’abakirisu bubakanye, bano bakaba bariko barashikirwa n’ingorane zijanye n’umubano, barabonye ko batagaragarizanya ubuntu mu kuntu bafatana. Barafashe ingingo yo kwigira hamwe ibijanye n’ubuntu. Uti none ivyo vyavuyemwo iki? Uwo mugabo avuga ivyo yibuka ati: “Kuba twarize ibijanye n’ubuntu vyaradufashije kubona yuko dukeneye kwizigirana aho kwikekana, be n’uko umwe wese akeneye kurondera iciza muri mugenziwe. Umwe wese muri twebwe yaratanguye kurushiriza kwitwararika ivyo mugenziwe akeneye. Kuba umunyabuntu vyansaba ko nza ndasaba umukenyezi wanje guserura ico yiyumvira yisanzuye, sinshavuzwe n’ivyo yaba avuze. Vyasaba ko mpeba ubwibone nari mfise. Igihe twatangura kugaragaza ubuntu mu mubano wacu, ivyo kuza turisigura vyagiye biragabanuka. Emwe, vyatumye turonka umwidegemvyo.” Umuryango wawe woba wokwungukira ku kwiga icamwa c’impwemu?

Nugaragaze ukwizera igihe uri wenyene

13. Ni ibintu ibihe dutegerezwa kwirinda bishobora gutuma kamere yacu yo mu vy’impwemu yononekara?

13 Abakirisu barakeneye kureka impwemu y’Imana ikabayobora igihe bari kumwe n’abandi be n’igihe bari bonyene. Muri iki gihe mw’isi ya Shetani, amashusho yerekana ubushegabo be n’ukwisamaza kwononekaye vyararushirije kwongerekana. Ivyo birashobora gutuma kamere yacu y’ivy’impwemu yononekara. None umukirisu yokora iki? Ijambo ry’Imana riduhanura riti: “Mwiyambure umucafu wose be na ca kintu kidakenewe, ari co bubi, hanyuma mwemerane ubwitonzi uguterwa kwa rya jambo rishobora gukiza ubuzima bwanyu.” (Yak. 1:21) Nimuze turimbure ukuntu ukwizera, kuno kukaba ari uwundi muce w’icamwa c’impwemu, gushobora kudufasha kuguma tudahumanye imbere ya Yehova.

14. Kubura ukwizera bishobora gute gutuma umuntu yisuka mu ngeso mbi?

14 Nitwaba dufise ukwizera nyakuri tuzobona ko Yehova Imana atari umugani. Hamwe Imana yoba ari umugani kuri twebwe, twoshobora kwisuka bitagoranye mu ngeso mbi. Rimbura ivyabaye mu basavyi b’Imana bo mu bihe vya kera. Yehova yarahishuriye umuhanuzi Ezekiyeli yuko ibintu biteye ishishi vyariko birakorerwa mu mpisho, mu kuvuga ati: “Mbega wabonye ga mwana w’umuntu ivyo abahumure b’inzu ya Isirayeli bariko barakorera mu mwiza, umwe wese mu vyumba vy’igishusho ciwe c’indatwa? Kuko bavuga ngo: ‘Yehova ntatubona. Yehova yarahevye igihugu.’” (Ezek. 8:12) Woba wabonye icateye iyo ngorane? Ntibemera ko Yehova yari azi ivyo bariko barakora. Yehova yari umugani kuri bo.

15. Kwizera Yehova bimwe bikomeye bidukingira gute?

15 Igihushanye n’ivyo, rimbura akarorero ka Yozefu. Naho Yozefu yari kure y’umuryango wiwe n’igisata c’abantu biwe, yaranse kurenga ibigo na muka Potifari. Kubera iki? Yavuze ati: “Noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” (Ita. 39:7-9) Ego cane, Yehova ntiyari umugani kuri we. Nimba Imana itari umugani kuri twebwe, ntituzoraba ibintu vyo kwisamaza bihumanye canke ngo dukore mu mpisho ikindi kintu cose tuzi ko kidahimbara Imana. Umwiyemezo wacu uzoba nk’uwo umwanditsi wa Zaburi yari afise, uno akaba yaririmvye ati: “Nzogendera mu gutungana kw’umutima wanje mu nzu yanje. Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.”​—Zab. 101:2, 3.

Nuzigame umutima wawe mu kugaragaza ukwigumya

16, 17. (a) Nk’uko bivugwa mu gitabu c’Imigani, ni gute “umusore atagira umutima” agwa mu gicumuro? (b) Nk’uko vyerekanwa kw’ifoto iri ku rupapuro rwa 26, ikintu nk’ico coshobora gute gushikira umuntu muri iki gihe, uko yoba angana kwose?

16 Ukwigumya, kuno kukaba ari umuce wa nyuma w’icamwa c’impwemu, kuratuma dushobora kwirinda ibintu Imana yiyamiriza. Kurashobora kudufasha kuzigama umutima wacu. (Imig. 4:23) Rimbura inkuru dusanga mu Migani 7:6-23, ivuga ukuntu “umusore atagira umutima” atwarwa n’uruyeri rw’umumaraya. Aragwa mu mutego aho amariye “[gu]ca mw’ibarabara hafi y’ikorosi ry’iwabo wa nya mugore.” Ashobora kuba yaragiye mu karere uwo mumaraya yabamwo arondera gusa kwimenyera utuntu n’utundi. Ntateba kwibagira yuko ariko arisuka mu ngendo iranga ubupfu “igeramiye ubuzima bwiwe.”

17 None uwo musore yari gushobora gute kwirinda iryo kosa ryamukwegeye akarambaraye? Yari gushobora kuryirinda mu gukurikiza ingabisho igira iti: “Ntiwangare mu mabarabara yiwe.” (Imig. 7:25) Hariho icigwa twohigira: Nimba twipfuza ko impwemu y’Imana ituyobora, turakeneye kwirinda kwishira mu bintu bitwosha nabi. Uburyo bumwe umuntu yoshobora kwangara mu nzira y’ubupfu y’uwo “musore atagira umutima” ni mu kuza arugurura imirongo ya televiziyo canke imihora ya Internet ata ntumbero afise. Yaba abigize nkana canke atabigize nkana, yoshobora gusanga aguye ku mashusho avyura inambu y’umubiri. Yoshobora gusanga agiye aratsimbataza ingeso ihumanye yo kuraba amashusho yerekana ubushegabo, ivyo bikaba vyogira ingaruka zibabaje kw’ijwi ryiwe ryo mu mutima no ku bucuti afitaniye n’Imana. Ivyo vyoshobora kugeramira ubuzima bwiwe.​—Soma Abaroma 8:5-8.

18. Ni ingingo izihe umukirisu yofata kugira ngo azigame umutima wiwe, kandi ni mu buryo ki zisaba ko tugaragaza ukwigumya?

18 Ego ni ko, turashobora kugaragaza ukwigumya mu guca tugira ico dukoze mu gihe tubonye ishusho ivyura inambu y’umubiri. Mugabo ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza twirinze ico kintu imbere y’uko gishika! (Imig. 22:3) Kwishingira ingingo zibereye zodukingira kandi tukazisunga bisaba ko tugaragaza ukwigumya. Nk’akarorero, kugumiza orodinateri aho abandi bashobora kuyibona birashobora kudukingira. Hari ababona yuko vyoba vyiza kuruta bakoresheje orodinateri canke baravye televiziyo igihe gusa bari kumwe n’abandi. Abandi na bo barafashe ingingo yo kutagira umuhora wa Internet. (Soma Matayo 5:27-30.) Ese twofata ingingo zose zikenewe zo kwikingira twebwe n’umuryango wacu kugira ngo dushobore gusenga Yehova “[bivuye] ku mutima udahumanye no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi”!​—1 Tim. 1:5.

19. Ni ivyiza ibihe twironkera iyo twemeye kuyoborwa n’impwemu nyeranda?

19 Icamwa kiboneka biciye kw’ikora ry’impwemu nyeranda kirazana ivyiza vyinshi. Ubwitonzi n’ukwiyumanganya biragira ico biterereye ku mahoro arangwa mw’ishengero. Ubuntu n’ukumera neza biratuma umuryango ugira agahimbare. Ukwizera n’ukwigumya biradufasha kuguma twiyegereje Yehova no kuguma tudahumanye imbere yiwe. Vyongeye, mu Bagalatiya 6:8 hadukura amazinda hati: “Uwubiba ku bw’impwemu azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu.” Egome, Yehova yishimikije incungu ya Kristu, azokoresha impwemu nyeranda kugira ngo ahe ubuzima butagira iherezo abantu bemera kuyoborwa n’iyo mpwemu.

Wokwishura gute?

• Ni gute ubwitonzi n’ukwiyumanganya bituma mw’ishengero haba amahoro?

• Ni igiki cofasha abakirisu kugaragaza ubuntu n’ukumera neza mu rugo iwabo?

• Ukwizera n’ukwigumya bifasha gute umukirisu kuzigama umutima wiwe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 24]

Wokora iki kugira ngo ikiyago kinaka ntikivemwo uguhazuka?

[Ifoto ku rup. 25]

Kwiga ibijanye n’icamwa c’impwemu birashobora kugirira akamaro umuryango wawe

[Ifoto ku rup. 26]

Ni ibintu ibihe biteye akaga twirinda iyo tugaragaje ukwizera n’ukwigumya?