Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene woguma ugororotse mw’isi itagororotse

Ingene woguma ugororotse mw’isi itagororotse

Ingene woguma ugororotse mw’isi itagororotse

UKUTAGOROROKA kurakwiragiye hose nka kurya kw’impemu duhema. Usanga abantu babesha, bakaka amahera y’umurengera, bakiba, bagaherana, bakongera bakigamba ku vyerekeye ibikorwa bijanye n’urudandaza birimwo amahinyu. Kubera yuko dukikujwe n’abantu bagira ivyo bintu, akenshi usanga dushikirwa n’ibintu bigerageza umwiyemezo twafashe wo kuba abantu bagororotse. Dushobora gute none kuguma tunanira agatima ko gukora ibitagororotse? Nimuze turimbure ibintu bitatu nyamukuru bizodufasha kubigira. Ivyo bintu ni ugutinya Yehova, ijwi ryo mu mutima ryiza be n’ukubumbwa n’ivyo dufise.

Gutinya Yehova mu buryo bubereye

Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Yehova [ni] we Mucamanza wacu, Yehova ni we adushingira ivyagezwe, Yehova ni we Mwami wacu.” (Yes. 33:22) Kwemera ubukuru bwa Yehova biratuma dutinya Imana, ico kikaba ari ikintu gituma twiyemeza kunanira agatima ko gukora ibitagororotse. Mu Migani 16:6 hagira hati: “Mu gutinya Yehova umuntu arakevya ngo ntagwe mu bibi.” Ugutinya mwene ukwo si ukuranduka umutima imbere y’Imana kubera ko yoba ikunda kwihora, ahubwo ni ukurazwa ishinga mu buryo bwiza n’uko twohava dukora ibidahimbara Data wa twese wo mw’ijuru, uwitwararika cane ineza yacu.​—1 Pet. 3:12.

Hariho ikintu cashitse koko mu buzima cerekana ukuntu kurazwa ishinga mu buryo bwiza nk’ukwo, ari kwo gutinya, bigira ikintu ciza bikoze ku muntu. Uwitwa Ricardo n’umugore wiwe Fernanda * barakuye kuri konte yabo amahera angana n’amadolari y’amanyamerika amajana indwi (nk’amarundi 862.000). Fernanda yaciye ashira uwo mukama w’amahera mu gasakoshi kiwe atabanje kuyaharura. Bashitse i muhira, bakaba bari bamaze kuriha amafagitire amwamwe, barakubiswe n’inkuba basanze mu gasakoshi ka Fernanda hasigayeyo amahera ahakwa kungana n’amwe bari bakuye muri banki. Baciye bavuga bati: “Uwukorera ku gasandugu ategerezwa kuba yaduhaye amahera arenze.” Mu ntango, barashatse kugumana ayo mahera, kubera ko bari bagifise amafagitire menshi batari bwarihe. Ricardo asigura ati: “Twarasenze Yehova tumusaba inguvu zo gusubiza ayo mahera. Icipfuzo twari dufise co kumuhimbara mu kwitabira amajambo yiwe yo kwinginga dusanga mu Migani 27:11, catumye twipfuza gusubiza ayo mahera.”

Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya

Turashobora gutsimbataza ijwi ryo mu mutima rikora neza mu kwiga Bibiliya no mu kwihatira gushira mu ngiro ivyo twiga. Gutyo ‘ijambo ry’Imana, rino rikaba ari rizima kandi rigira ububasha,’ ntirizoshikira imizirikanyi yacu gusa ariko rizoshikira n’imitima yacu. Ivyo bizotuvyurira umutima wo “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Heb. 4:12; 13:18.

Rimbura ivyashikiye João. Yarafashe ideni rinini cane, ringana n’amadolari y’amanyamerika ibihumbi bitanu (nk’amarundi arenga 6.000.000). Mu nyuma, yarimukiye mu kindi gisagara atarishe iryo deni. Haciye imyaka umunani, João yarize ukuri, maze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rituma arondera uwari yamuguranye kugira ngo amurihe iryo deni! Kubera ko João abwirizwa gutunga umugore n’abana bane ku gashahara k’intica ntikize aronka, uwo yari yamuguranye yaremeye yuko yoshobora kuza aramuriha makemake ku kwezi.

Kubumbwa n’ivyo dufise

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye. . . . Iyo [rero] dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Tim. 6:6-8) Gufata nkama iyo mpanuro iranga ubukerebutsi bizodufasha kwirinda gutwarwa n’umwina, ibikorwa bijanye n’urudandaza birimwo amahinyu canke imigambi idashoboka yo kurondera gutunga ningoga na ningoga. (Imig. 28:20) Gukurikiza iyo mpanuro Paulo yatanze bizodufasha kandi gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere, twizigiye yuko tuzoronswa ivya nkenerwa.​—Mat. 6:25-34.

Ariko rero, kubera “ububasha buhendana bw’ubutunzi,” ntidukwiye kwigera dufatira mu rwara akaga kari mu gutwarwa n’umunoho be n’umwina. (Mat. 13:22) Ibuka ivyashikiye wa mugabo Akani. Yari yariboneye ukuntu Abisirayeli bajabuka Uruzi Yorodani ku gitangaro. Naho vyari ukwo, kubera ko yatwawe n’umunoho, ntiyananiye icipfuzo co kwiba ifeza n’inzahabu be n’impuzu y’igiciro abikuye ku vyari vyanyazwe mu gisagara ca Yeriko. Ico kintu yakoze catumye ahasiga ubuzima. (Yos. 7:1, 20-26) Ntibitangaje kubona haciye imyaka amajana ivyo bibaye, Yezu yaragabishije ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina”!​—Luka 12:15.

Nube umuntu agororotse ku kazi

Nimuze ubu na ho turimbure ibintu bimwebimwe bishobora kugerageza umwiyemezo twafashe wo kuguma turi abantu bagororotse muri vyose. Kuba abagororotse ku kazi kacu birimwo no ‘kutiba,’ mbere naho kwiba vyoba bibonwa ko ari ibisanzwe. (Tito 2:9, 10) Uwitwa Jurandir, akaba akora mu gisata ca Leta, yaravugisha ukuri igihe yaba ariko aratanga raporo y’amahera yakoresheje ku rugendo. Ariko rero, abo bakorana bavuga ko bakoresheje amahera aruta ayo baba bakoresheje koko. Ivyo babigenza gutyo kubera ko umuyobozi w’ico gisata yakingira ikibaba abo bakozi babesha. Nkako, uwo muntu nyene yarahambariye Jurandir kubera yuko yavugishije ukuri maze ntiyasubira kumurungika mu ngendo zijanye n’ivy’akazi. Ariko rero, haciye igihe haragizwe isuzumwa ry’amahera akoreshwa muri ico gisata, maze Jurandir arakezwa kubera ko yavugishije ukuri. Vyongeye, yaradugijwe igiti.

Uwitwa André, uno akaba yari ajejwe kwakira abakiriya, umukoresha wiwe yamubwiye kugwiza na kabiri amahera bahora batanga kugira babakorere ibikorwa binaka. Uwo muvukanyi wacu yarasenze Yehova amusaba uburindutsi bwo gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Zab. 145:18-20) Yaragerageje kandi gusigurira uwo mukoresha wiwe igituma adashobora gukurikiza ubwo buyobozi yari yamuhaye, mugabo biba ivy’ubusa. André yaciye afata ingingo yo guheba ako kazi kamuronsa umushahara munini. Ariko rero haciye nk’umwaka, uwo yahoze ari umukoresha wiwe yaramutumyeko ngo agaruke ku kazi, aramusubiraza umutima mu nda yuko abakiriya batagisabwa amahera arenze. André yaradugijwe igiti araba umukuru muri iryo shirahamwe.

Nurihe amadeni ufata

Intumwa Paulo yahanuye abakirisu ati: “Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe.” (Rom. 13:8) Twoshobora kugerageza gusigura igituma tutariha ideni rinaka, tukiyumvira ko nyene kutugurana afise amahera menshi akaba rero adakeneye ayo mahera. Ariko rero, Bibiliya igabisha iti: “Umubisha aragurana ntiyishure.”​—Zab. 37:21.

Tuvuge iki none mu gihe “ibishika giturumbuka” bitubujije kuriha ideni dufitiye umuntu? (Umus. 9:11) Uwitwa Francisco yaratse Alfredo ideni ringana n’amadolari y’amanyamerika ibihumbi indwi (nk’amarundi arenga 8.500.000) kugira ngo arihe ingurane yari yaratse. Mugabo kubera ingorane Francisco yagize mu rudandaza, ntiyashoboye kuriha iryo deni ku gihe bari bumvikanyeko. Yaribwirije kwegera Alfredo kugira ngo bayage ico kintu, maze Alfredo aremera ko yoza aramuriha makemake.

Niwirinde kwiyerekana uko utari

Niwibuke ka karorero kabi ka Ananiya na Safira, bano bakaba bari abubakanye bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere. Aho bamariye kugurisha itongo, bazaniye intumwa igice gusa c’ayo bari barigurishije maze bavuga yuko ari yo mahera yose bari barigurishije. Bashaka gutangaza abandi mu kwerekana yuko batanze vyinshi kandi atari vyo. Ariko rero, intumwa Petero afashijwe n’impwemu nyeranda y’Imana, yarashize ku kabarore ububeshi bwabo, maze Yehova arabica.​—Ivyak. 5:1-11.

Mu buryo butandukanye n’abo babeshi Ananiya na Safira, abanditsi ba Bibiliya bobo bavuga ibintu uko vyaba biri koko. Musa yaravuze atabesha ivy’uko yatwawe n’ishavu bigatuma atemererwa kwinjira mu Gihugu c’isezerano. (Guh. 20:7-13) Muri ubwo buryo nyene, Yona ntiyahishije ubugoyagoye yagize imbere y’uko aja kwamamaza i Ninewe be n’igihe aviriyeyo. Ahubwo yaravyanditse.​—Yona 1:1-3; 4:1-3.

Nta gukeka ko ukeneye kugira uburindutsi kugira ngo ube imvugakuri mbere n’igihe vyotuma ushikirwa n’ibintu bibabaje, nk’uko vyerekanwa n’ivyashikiye uwitwa Nathalia w’imyaka 14 igihe yari kw’ishure. Yarihweje urupapuro yari yakoreyeko ikibazo maze arabona yuko imwe mu nyishu umwigisha wiwe yari yerekanye ko yayitoye itari yo vy’ukuri. Nathalia ntiyagonanywe kubibwira umwigisha wiwe, naho yari azi yuko ivyo vyotumye amanuta yiwe agabanuka. Yavuze ati: “Abavyeyi banje bamye banyigisha yuko kugira ngo mpimbare Yehova, ntegerezwa kuba imvugakuri. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryari kumbuza amahoro iyo ntabimenyesha umwigisha wanje.” Uwo mwigisha yarashimye ukuntu Nathalia ari imvugakuri.

Kuba umuntu agororotse ni kamere itera iteka Yehova

Umwigeme w’imyaka 17 yitwa Giselle yaratoye ikotomoni yarimwo ivyangombwa n’amahera angana n’amadolari y’amanyamerika 35 (nk’amarundi 43.000). Abicishije ku bayobozi b’ishure, yaratunganije ivy’uko iyo kotomoni isubizwa nyeneyo. Haciye ukwezi kumwe, icegera c’umuyobozi w’iryo shure yarasomeye ikete ishure ryose Giselle yigamwo, iryo kete rikaba ryaramuhayagiza kubera yuko ari inzirabugunge rikongera rigakeza umuryango wiwe kubera wamureze neza ukongera ukamwigisha ivy’Imana. “Ibikorwa . . . vyiza” vyiwe vyaraninahaje Yehova.​—Mat. 5:14-16.

Bisaba akigoro kugira ngo tube abantu bagororotse igihe tuba mu bantu ‘bikunda, b’inkunzi z’amahera, bishima, bibona, kandi b’ibihemu.’ (2 Tim. 3:2) Naho ari ukwo, ugutinya Yehova mu buryo bubereye, ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya hamwe no kubumbwa n’ivyo dufise biradufasha kuguma turi abantu bagororotse mw’isi itagororotse. Vyongeye, turarushiriza kugiranira ubucuti somambike na Yehova, we ‘agororotse akaba kandi akunda ibikorwa bigororotse.’​—Zab. 11:7.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Bamwebamwe si ko bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

[Amafoto ku rup. 7]

Gutinya Yehova mu buryo bubereye birakomeza umwiyemezo dufise wo kuba abantu bagororotse

[Ifoto ku rup. 8]

Kuba twigenza mu buryo bugororotse biraninahaza Yehova