Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhanuzi bwa 2. Ikigoyi

Ubuhanuzi bwa 2. Ikigoyi

Ubuhanuzi bwa 2. Ikigoyi

“Hazoba amapfa.”​—MARIKO 13:8.

● Umugabo umwe ararondera aho ahungira mu kigwati c’i Quaratadji, muri Niger. Incuti z’uwo mugabo, bene wabo na bashikiwe, na bo nyene baje bava mu gihugu hagati bahunga inzara. Yamara, nya mugabo aryamye ari wenyene hasi ku karago. Kubera iki yigunze? Umukuru w’ico kigwati yitwa Sidi, asigura ati: “Ntashobora kugaburira [abagize umuryango wiwe] kandi ntashobora kuguma abaraba mu maso.”

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Hirya no hino kw’isi, nk’umuntu 1 ku bantu 7 ntashobora kuronka ivyo afungura bihagije buri musi. Muri Afrika yo musi ya Sahara ibintu vyifashe nabi gusumba kuko usanga umuntu 1 kuri 3 abonwa ko yama atubitse uwa vubi. Kugira utahure ico kintu, iyumvire umuryango ugizwe na sebibondo, inabibondo hamwe n’umwana. Igihe hari utwo kurya dukwiranye na babiri gusa muri bo, ni nde yohebera abandi? Yoba ari sebibondo, inabibondo, canke uwo mwana? Iryo ni ihitamwo mwene iyo miryango ibwirizwa kwama yagize buri musi.

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Isi irimbuka ibifungurwa birengeye ivyo buri muntu akeneye. Ivyo isi yimbuka bikeneye gusa kugaburwa neza.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ni ivy’ukuri ko ubu abarimyi bashobora kwimbura no gushora ibifungurwa vyinshi kuruta uko vyigeze kuba muri kahise. Ku bwa ngingo, intwaro z’abantu zari zikwiye kuba zishoboye kugabura neza ibifungurwa isi yimbuka kugira ngo zitorere inyishu ikibazo c’inzara. Ariko rero, n’inyuma y’imyaka mirongo zimaze zigerageza kubigira, vyarazitaye ku w’amazi.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Ibivugwa muri Mariko 13:8 vyoba biriko biraranguka? Naho habaye iterambere mu vy’ubuhinga, amapfa yoba asinzikaje umuryango w’abantu kw’isi yose?

Vya nyamugigima be n’ikigoyi akenshi bikurikirwa n’ingorane ziterwa n’uwundi muce w’ikimenyetso kiranga imisi ya nyuma.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]

“Abana barenga ica gatatu c’abicwa n’umusonga, ugucibwamwo be n’izindi ndwara boshoboye kudahitanwa n’izo ndwara iyo baba badafungura nabi.”​—VYAVUZWE NA ANN M. VENEMAN, UWAHOZE ARI UMUYOBOZI NSHINGWABIKORWA W’ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU RYITAHO ABANA (UNICEF).

[Abo dukesha ifoto ku rup. 5]

© Paul Lowe/Panos Pictures