Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhanuzi bwa 3. Indwara

Ubuhanuzi bwa 3. Indwara

Ubuhanuzi bwa 3. Indwara

“Abantu . . . bazorwara indwara ziteye ubwoba.”​—LUKA 21:11, Contemporary English Version.

● Bonzali yitwararika amagara y’abantu mu gihugu kimwe co muri Afrika catabaguwe n’intambara y’abanyagihugu. Arakora ibimushobokeye kugira ngo avure abakozi bo mw’icukuriro ry’ubutare mu gisagara iwabo bariko baricwa n’indwara yitwa Marburg. * Arasaba abategetsi bo mu gisagara kinini kuruta ngo bamufashe, ariko nta nyishu aronka. Haciye amezi ane imfashanyo Bonzali yasavye irahava igashika, ariko igasanga we yamaze gupfa. Ba bakozi bo mw’icukuriro ry’ubutare yariko agerageza kurokora baramwandukije ya ndwara yitwa Marburg.

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Indwara zifatira mu bihimba bifasha guhema biri mu gikiriza (nk’umusonga), indwara z’ugucibwamwo, umugera wa SIDA, igituntu na malariya ni zimwe mu ndwara zica abantu benshi kuruta izindi zibangamiye umuryango w’abantu. Mu mwaka umwe wa vuba, abantu nka 10.700.000 barishwe n’ubwo bwoko butanu bw’indwara. Mu yandi majambo, izo ndwara zarahitanye nk’umuntu umwe buri misegonda itatu muri uwo mwaka wose.

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Abantu bo kw’isi babandanya bagwira, akaba ari co gituma rero igitigiri c’abarwara ciyongera. Abantu bashobora kwandura bariyongereye.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Ego ni ko abantu bo kw’isi bariyongereye cane. Ariko rero ubushobozi abantu bafise bwo gupima indwara, kuzibuza gukwiragira no kuzivura na bwo nyene bwariyongereye. None, ubwo ntivyumvikana ko indwara zari zikwiye kuba ziriko ziraha agahengwe umuryango w’abantu? Yamara, ibihushanye n’ivyo ni vyo turiko turabona.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Abantu boba bariko barasinzikazwa n’indwara ziteye ubwoba nk’uko Bibiliya yari yarabivuze?

Vya nyamugigima, ikigoyi be n’indwara ni ibintu bitagira ubwenge bihitana amamiliyoni y’abantu. Abandi amamiliyoni baragirirwa nabi n’abantu nka bo, benshi muri bo bakaba bagirirwa nabi n’abari bakwiye kubakingira. Raba ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyoshitse.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Inyonko ijana n’ivirirana ry’amaraso yitwa Marburg iterwa n’umugera ufitaniye isano n’uwutera Ebola.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]

“Birababaje cane kuribwa n’ikintu kitakurimwo, nk’intambwe canke ikindi, ariko kandi birababaje cane kuribwa n’indwara iteye ubwoba ikurimwo no kubona ivyo bishikira abantu hirya no hino.”​—VYAVUZWE NA MICHAEL OSTERHOLM, UMUHINGA MU BIJANYE N’IVY’INDWARA.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 6]

© William Daniels/Panos Pictures