Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhanuzi bwa 5. Uguhonya isi

Ubuhanuzi bwa 5. Uguhonya isi

Ubuhanuzi bwa 5. Uguhonya isi

“[Imana izo]honya abahonya isi.”​—IVYAHISHUWE 11:18.

● Umushingantahe Pirri arakora inzoga y’umungazi mu kigwati ca Kpor, muri Nijeriya. Igikorwa ciwe carononywe n’ibitoro vyasesetse aho uruzi Niger rusesera. Avuga ati: “Birica amafi yacu, bikonona urukoba rwacu n’inzuzi zacu. Sinkigira ikintunga.”

IBIMENYAMENYA VYEREKANA IKI? Nk’uko abahinga bamwebamwe babivuga, amatoni 6.500.000 y’imicafu arasukwa mu mabahari yo kw’isi buri mwaka. Nk’ibice 50 kw’ijana vy’iyo micafu bigizwe n’ibipurasitike bimara imyaka amajana n’amajana bizungeta mu mazi imbere y’uko bibora. Uretse ko abantu batosekaza isi, barakoresha cane ubutunzi bwayo kama ku rugero ruteye ubwoba. Ivyigwa vyagizwe birerekana ko isi ikeneye umwaka n’amezi atanu kugira ngo isubirize ivyo abantu baba bakoresheje mu mwaka umwe. Ikinyamakuru kimwe co muri Ositaraliya (Sydney Morning Herald) kivuga giti: “Abantu nibabandanya kugwirirana kandi bakabandanya gukoresha [ubutunzi bw’isi] ukuraho, mu mwaka wa 2035 tuzoba dukeneye imibumbe y’isi ibiri.”

ICIYUMVIRO ABABIHAKANA BAKUNZE GUTANGA: Abantu turaciye ubwenge. Turashobora gutora umuti w’ivyo bibazo maze tugakiza isi.

ICO CIYUMVIRO COBA ARI CO? Abantu benshi be n’imigwi y’abantu baragize utwigoro baratuma abantu batahura ibibazo bijanye n’ibidukikije. Mugabo isi ibandanya gutosekazwa ku rugero runini cane.

UVYIYUMVIRAKO IKI? Vyoba bikenewe ko Imana igira ico ikoze maze igakiza umubumbe wacu ntuhone, nk’uko yasezeranye ko izobigira?

Uretse ubwo buhanuzi butanu duhejeje kurimbura, Bibiliya yari yaranavuze ibintu vyiza vyobaye mu misi ya nyuma. Rimbura akarorero kamwe mu buhanuzi bugira gatandatu.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 8]

“Numva umengo natakaje agaparadizo nsigarana ikigunguzi c’iyarara ririmwo ubumara.”​—VYAVUZWE NA ERIN TAMBER, ABA MURI LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA KU NKENGERA Y’IKIGOBE CO MURI MEGIZIKE, KU BIJANYE N’INGARUKA Z’IBITORO VYASESETSE MURI ICO KIGOBE MU 2010.

[Uruzitiro ku rup. 8]

Imana yoba ari yo yobibazwa?

Ko Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’ibi bintu bibi tubona muri iki gihe, vyoba bisobanura ko Imana ari yo yobibazwa? Yoba ari yo ituma dushikirwa n’imibabaro? Ivyo bibazo urashobora kubironkera inyishu zishimishije mu kigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 8]

U.S. Coast Guard photo