Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

KUBERA iki umuririmvyi yakundwa n’abantu benshi yahevye uwo mwuga akaba umuntu amara umwanya munini akora ivy’Imana? Vyongeye, ni igiki cafashije inkozi y’ikibi imwe kuba umuntu kirumara mu kibano kandi umucamanza yari yaravuze ko idashobora guhinduka? Nusome izi nkuru kugira uronke inyishu.

“Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri.”​​—ANTOLINA ORDEN CASTILLO

YAVUTSE MU 1962

IGIHUGU AKOMOKAMWO: ESUPANYE

IVYO YACIYEMWO: YAKINA IBIKINO AKABA N’UMURIRIMVYI

KAHISE KANJE: Navukiye mu kagwati gatoyi ka Tresjuncos, mu karere kitwa La Manche. Mu muryango iwacu twari abarimyi. Mawe yari umugatolika, dawe na we akaba umuporoti. Dawe yaranyigishije kwubaha Bibiliya. Igihe cose naramubona ariko arayisoma. Ariko mawe yandeze nk’umugatolika kandi imisi yose ku w’iyinga yaranjana mu misa.

Igihe nari mfise imyaka 15, naravuye mu kigwati nja kubana na mukuru wanje i Madrid. Narakumbuye cane abavyeyi banje ariko amaherezo naramenyereye ubuzima bwo mu gisagara. Mfise imyaka 17, naragize amahirwe yo gukorana amezi makeyi n’umugwi w’abakina zarzuela, ivyo akaba ari ibikino bijana n’ukuririmba vyo mu mico kama yo muri Esupanye. Ubwo buzima bwarandyoheye cane nca mfata ingingo yo kuba umukinyi w’ibikino. Narahagaritse ivyigwa nariko ndakurikirana vyo kuba umunyamabanga nca ntangura gukorana n’imigwi itandukanye y’abakina zarzuela. Ico gihe, naratanguye gukundana na musaza w’umwe mu bagenzi banje. Narumva mpiriwe cane kuba mfise akazi keza, amahera n’umuntu dukundana.

Naratanguye gufata ingendo njana n’imigwi itandukanye y’abakina zarzuela, turaja hirya no hino muri Esupanye no mu bindi bihugu nka Équateur, Kolombiya, Kosta Rika na Venezuwela. Nararirimbanye kandi n’imigwi itandukanye iririmba ubwoko bw’umuziki bwakundwa na benshi i Madrid bwitwa “La movida madrileña.” Umwe mu migwi nari mfisemwo uruhara rwo kuba umuririmvyi nyamukuru warabaye uwukomeye cane.

Narakunda ako kazi ariko sinakunda ubuhumbu bwakarangwamwo. Vyongeye, nari nsigaye ndajwe ishinga cane n’ukuntu nasa be n’uko abandi boguma bambona neza. Naguma niyubara cane mu vyo mfungura, bituma ntangura kurwara indwara ziterwa no gufungura nabinabi kubera ugutinya kuvyibuha (zitwa anorexie na boulimie).

Umugambi wanje nyamukuru wari ukiri uwo kuba umukinyi w’ibikino. Nahavuye nemererwa kwiga mw’ishure ry’ivy’ibikino ry’i Madrid. Twarigishijwe ko kugira ngo umuntu abe umukinyi bisaba ko azirikana cane ukuntu uwo aba aserukira muri ico gikino yiyumva hanyuma akagerageza kwiyumva gutyo nyene. Igihe nashira mu ngiro iyo mpanuro, narabonye ko mu mutima hatimvye. Nari nsigaye ndi umuntu atitaho ibintu bihambaye kandi yikunda.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Naratahura ko kugira ngo ngire kamere nziza, nategerezwa kuvyihatira. Ariko sinari nzi aho ndi buhere. Nahisemwo kugendera ishengero rimwe ry’aba evanjelike ry’i Madrid twari twarigeze kugendera turi kumwe n’abavyeyi banje. Vyongeye, narasenze Imana nkoresheje izina ryayo Yehova.

Inyuma y’aho gatoyi, hari Ivyabona vya Yehova babiri badodoye iwanje. Naraganiriye na bo kuri Bibiliya ndabikunze, ariko kandi naravyuye ibihari vyinshi ku vyo bariko baranyigisha. Icabona ca Yehova yanyigisha Bibiliya yitwa Esther, yari umuntu yihangana cane. We hamwe n’umuryango wabo barangaragarije urukundo n’ikibabarwe bimwe bidasanzwe. Naratanguye kwitaba amakoraniro yagirwa n’Ivyabona vya Yehova kandi sinatevye kumenya ko nubuye kwa kuri nariko ndarondera.

Ngiheza vya vyigwa vyo kw’ishure ry’ivy’ibikino, nararonse uturyo twinshi two gukora uwo mwuga. Narahawe uruhara mu gikino cari gukinirwa mu kibanza bakiniramwo ibikino kizwi cane c’i Madrid. Ariko naratahuye kandi ko kugira ngo nshobore kuroranirwa mu vy’ibikino, nategerezwa kuvyihebera. Amaherezo narafashe ingingo yo kurondera akandi kazi katombujije kwitaho cane ivyo gukorera Imana. Narafashe nka nkama amajambo ya Yezu agira ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Matayo 6:24) Kubera ko tutemera bimwe mu vy’Imana n’umuhungu twari tumaze imyaka umunani dukundana, naciye mfata ingingo yo kumuheba. Muri ivyo bintu nahinduye nta na kimwe cari coroshe.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu nkora akazi katansaba gukora umwanya munini ko kuronsa abageze mu zabukuru ibibanezereza n’ibibasamaza. Ivyo biratuma igice kinini c’umwanya wanje ndakimara ndiko ndigisha Bibiliya abantu bavuga icarabu bo mu karere mbamwo. Ntegerezwa kwinanata mu kwiga urwo rurimi rushasha, ariko ndahimbarwa cane no kubwira ibintu vyiza nize abantu bakirana kandi bashaka kwiga ivyerekeye Imana.

Ubu sincumva ko mu mutima wanje hatimvye nka kumwe niyumva igihe nariko ndiga ivyo kuba umukinyi. Ahubwo riho, ubu nsigaye numva ko ubuzima bwanje bufise intumbero. Ndabona ko Yehova yamfashije kuba umuntu mwiza kandi ahimbawe kuruta uko nahora.

“Umucamanza naramubeshuje.”​​—PAUL KEVIN RUBERY

YAVUTSE MU 1954

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBWONGEREZA

IVYO YACIYEMWO: INKOZI Y’IKIBI Y’IKIRARA

KAHISE KANJE: Navukiye i Dudley, igisagara cagutse kirimwo amahinguriro co mu ntara ya West Midlands. Kuva nkiri umwana, dawe yaranshizemwo ivyo gukunda gusoma. Yaraturemesha kandi gushima ibintu bitangaje biri mu bidukikije, naho yabona ko vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Yanyigishije ko ata Mana iriho. Naho ari ukwo, abavyeyi banje barandungika mu vyigwa vyo ku w’iyinga vyo mw’idini ry’abametodisite ryo muri ako karere.

Igihe nari mfise imyaka umunani, narabonye abahungu bo muri ako karere badomeka ubwato bwari mu mugende. Abapolisi baraje, ariko kubera ubwoba sinababwiye ivyo nari nabonye. Abo bahungu bari bangizeko iterabwoba. Narabeshewe nagirizwa ko ari je nabigize, bica bituma ngira inzika. Nanje nahavuye ndengera ku mashure, amasengero n’amahinguriro bimwebimwe vyo muri ako karere ndonona, nsiga mbomaguye ibintu biciye amadolari ibihumbi. Igihe nari mfise imyaka cumi, nari maze gutangura kumena amazu n’amaduka kugira nibe. Naratanguye kuryoherwa n’ugukoresha umuriro, ndaha umuriro ibintu vya barundi akatari gake. Kw’ishure, abigisha bavuga ko ndi umuntu yananiranye.

Igihe nari mfise imyaka 12, naratoye igitabu kivuga ivy’amageza nca ndikorera utubaho baragurirako twitwa ouija. Kubera ko abavyeyi banje batemera Imana, biyumvira ko kuba nkora ivy’ubupfumu kwari ukwikinira gusa ata co gutwaye kandi ko vyotumye ntisuka mu vyontera ingorane. Mugabo igihe naheba ishure, nari maze kurenguka incuro nyinshi muri sentare icira imanza abana. Nari maze kwifatanya n’akagwi k’inkazi k’abitwa aba skinheads. Ibirwanisho nagendana vyari urwembe n’umunyororo w’ikinga. Nararonse akazi ariko sinakarambiyemwo kuko baciye bancira umunyororo w’igihe gito. Maze kurekurwa, naciye nsubira gutangura kubomagura ibintu maze baramfata bancira umunyororo w’imyaka ibiri. Umucamanza yavuze ko ndi umuntu adashobora guhinduka kandi ageramiye ikibano.

Maze kurekurwa, narabonanye n’umukobwa twahora dukundana yitwa Anita. Twarubakanye maze ndamara igihe ntiba canke ngo ngire ivyo nononye. Ariko haheze imyaka mike, narasubiye muri bwa bukozi bw’ikibi. Naratanguye kumena aho bakorera ivy’urudandaza nkiba mwene vya bisandugu vy’intamenwa babikamwo amahera canke ibintu vy’agaciro. Naratanguye gufata ibiyayuramutwe, kunywa inzoga nyinshi, no kugendana inkoho. Barasubiye kumfata bancira umunyororo.

Ukwo kuntu nari mbayeho kwatumye Anita arengerwa n’amaganya. Umuganga wiwe yamwandikiye imiti ituma aturura ariko amubwira ko ico yari akeneye vy’ukuri kwari ukwahukana. Amahirwe nagize ni uko Anita atakurikije iyo mpanuro.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu ntango z’umubano wacu, Anita yaramaze igihe gito yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Igihe rero nari mpfunzwe incuro yobaye yo ya nyuma, Anita yarasubiye kuyaga n’Ivyabona vya Yehova. Kuri uwo musi nyene basubira kuyaga narasenze Imana ndayibwira nti: “Nimba ubaho koko, binyereke.”

Igihe narekurwa haheze amezi makeyi, naravuganye n’umupatiri wo mu karere nabamwo ndamusaba ko yotwigisha Bibiliya twe na Anita. Yavuze ko yotwigishije inyigisho z’ishimikiro z’idini n’igisabisho.

Amaherezo naratanguye gusoma Bibiliya. Naratangajwe no kumenya ko Bibiliya yiyamiriza ivy’ubupfumu. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Mu nyuma naratoye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi vya Vyabona vya Yehova bari barasigiye Anita wa musi nasenga Imana ngo imfashe. Ivyo nasomye vyaramvyuriye umutima wo kurondera kubonana n’Ivyabona vya Yehova.

Imiryango yacu, abagenzi bacu n’abo twakorana muri bwa bukozi bw’ikibi ntibahimbawe igihe bamenya ko turiko turigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Bamwe bavuga ko bankorofye mu mutwe. Mvugishije ukuri, ubwonko bwanje bwari bukeneye gukoropwa. Nari mfise kamere nyinshi mbi, ijwi ryo mu mutima ryatimvye, kandi turetse n’izindi ngeso mbi nari mfise, nanywa amatabi 60 ku musi. Ivyabona vya Yehova badufasha kwiga Bibiliya be n’abo twifatanya mw’ishengero ryo mu karere iwacu bari abantu bihangana kandi b’abanyabuntu. Naratevye ndaheba za ngeso mbi.​—2 Abakorinto 7:1.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu twe na Anita tumaze imyaka 35 twubakanye. Umwe mu bana bacu na babiri mu buzukuru bacu barakorera Yehova bifadikanije natwe. Mu myaka iheze, twe na Anita twaramaze igice kinini c’umwanya wacu dufasha abandi kwiga ivyerekeye Bibiliya.

Gukorera Yehova Imana vyaratumye ubuzima bwacu buba uburi n’ico buvuze vyongera bituma bugira intumbero. Mu 1970, umucamanza yabwiye sentare ko ntoshoboye guhinduka. Yamara, ndabifashijwemwo n’Imana be n’ubuyobozi bwo muri Bibiliya, uwo mucamanza naramubeshuje.