Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki ubuzima busa n’ubutagira intumbero?

Kubera iki ubuzima busa n’ubutagira intumbero?

Kubera iki ubuzima busa n’ubutagira intumbero?

KUBERA IKI ukwiye kwemera ko ubuzima buzogera aho buba bwiza cane aho kuba gusa “ikiringo kigufi c’ukubaho ata co kumaze” ducamwo “nk’igitutu,” nk’uko Umwami Salomo yabivuze? (Umusiguzi 6:12, The New English Bible) Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari ryo Bibiliya, rino rikaba ryamye ari isôko ry’amakuru yo kwizigirwa, risezerana yuko muri kazoza ubuzima buzoba bufise intumbero koko.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

Bibiliya iratubwira umugambi Imana yari ifitiye isi mu ntango. Irasigura kandi igituma isi yuzuye akarenganyo, agacinyizo n’imibabaro. Kubera iki none bihambaye ko ivyo tubitahura? Kubera yuko imvo nyamukuru ituma abantu biyumvira ko ubuzima butagira intumbero namba ari uko batazi canke bashima kwiyobagiza umugambi Imana ifitiye uyu mubumbe wacu be n’abantu bawubako.

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Yehova Imana * yaremye isi kugira ngo ibe Iparadizo itagira akanenge umuryango w’abantu ubamwo, ahantu abagabo n’abagore bobaye ibihe bidahera bafise ubuzima bwuzuye agahimbare kandi batagira akanenge. Ukwo kuri kw’ishimikiro ntiguhuza n’iciyumviro cemerwa na benshi yamara kidashigikiwe na Bibiliya kivuga yuko Imana yaremye isi ngo ibe ahantu isuzumira abantu kugira ngo irabe ko boba babereye ubuzima bwo mw’ijuru bufise intumbero kuruta ubwo kw’isi.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Vyoba ari ngombwa ko tuva kw’isi kugira ngo tugire ubuzima bufise intumbero?” ruri ku rupapuro rwa 6.

Imana yaremye umugabo n’umugore mw’ishusho yayo, ibaha ubushobozi bwo kugaragaza kamere zayo z’agahore. (Itanguriro 1:26, 27) Yabaremye batagira akanenge. Bari bafise ikintu cose bakeneye kugira ngo babeho ibihe bidahera bafise ubuzima buri n’ico buvamwo kandi bufise intumbero. Ivyo vyobaye birimwo n’ukwuzura isi bakayigaba, uwo mubumbe wose bakawuhindura Iparadizo imeze nka wa murima wa Edeni.​—Itanguriro 1:28-31; 2:8, 9.

Ni igiki cagenze nabi?

Birumvikana ko hari ikintu cagenze nabi cane. Abantu muri rusangi ntibagaragaza cane ishusho y’Imana. Biribonekeza ko isi atari Iparadizo. Uti none vyagenze gute? Abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, bakoresheje nabi umwidegemvyo wabo wo kwihitiramwo. Bashatse ‘kumera nk’Imana,’ bagasigara ari bo bishingira “iciza n’ikibi.” Gutyo, bari biyunze kuri Shetani wa Mubesheranyi mu ngendo yari amaze gutangura y’ubugarariji.​—Itanguriro 3:1-6.

Ikibi rero nticari mu mugambi kanaka w’amayobera Imana yoba yari yarateguye imbere y’igihe. Catanguye kubaho igihe Shetani yagarariza ubutegetsi bw’Imana, mu nyuma Adamu na Eva bakamwigana. Kubera ubwo bugarariji, abavyeyi bacu ba mbere baratakaje ya Paradizo na kwa kutagira akanenge, baba bikwegeye igicumuro n’urupfu, babikwegera n’abobakomotseko, ni ukuvuga umuryango wose w’abantu. (Itanguriro 3:17-19; Abaroma 5:12) Ivyo ni vyo vyatumye haba ibi bintu bigoye abantu babayemwo bituma ubuzima busa n’ubutagira intumbero.

Kubera iki Imana itaciye ikuraho ikibi ubwo nyene?

Hari abibaza bati: ‘Kubera iki none Imana itaciye ikuraho ikibi ubwo nyene mu guca gusa irandura Shetani n’abo bandi bagarariji, ngo ice isubira gutangura ibintu bushasha?’ Ubwo none ivyo vyobaye vy’ukuri biranga ubukerebutsi? Mbega nka hamwe wokwumva ko hari Leta ikomeye ica yica uwo wese yanse kwemera ubutegetsi bwayo, wovyakira gute? Ubwo none ivyo ntivyotuma abantu bakunda ubutungane batiyumvamwo iyo Leta, ikaba kandi itanze akarorero kabi?

Imana yashimye kudaca ikuraho abo bagarariji ubwo nyene. Ibigiranye ubukerebutsi, yararetse haraca igihe kugira ngo ibibazo vyavyuwe muri Edeni ku bijanye n’uburyo itegeka bitorerwe umuti rimwe rizima.

Ibibi vyose bizokurwaho

Ikintu nyamukuru dukwiye kwibuka ni iki: Imana yaretse ngo ikibi kibeho ku bw’igihe kinaka gusa. Yabigize izi neza ko ibibazo bihambaye cane vyavyuwe n’abagararije uburyo itegeka bimaze gutorerwa umuti, yoshoboye gukuraho ingaruka zose zibabaje z’ikibi.

Imana ntiyahevye umugambi ifitiye isi n’umuryango w’abantu. Biciye ku muhanuzi Yesaya, Yehova aradukura amazinda yuko ari we yahinguye isi, “ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu.” (Yesaya 45:18) Ubu bwa vuba, azotangura gutuma isi isubira kuba iyitagira akanenge nk’uko yari yabigabiye mu ntango. Bimaze kwibonekeza neza ko uburyo ategeka bugororotse, azoba ari n’imvo yumvikana yo gukoresha ububasha bwiwe ntananirwa kugira ngo atume ivyo agomba bikorwa yongere arandurane n’imizi icitwa ikibi. (Yesaya 55:10, 11) Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu Kristu yarashizemwo amajambo yo gutakambira Imana ngo ikore ivyo bintu. Yatwigishije gusenga duti: “Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) None mu vyo Imana igomba harimwo iki?

Ivyo Imana igomba ku bijanye n’isi

Mu vyo Imana igomba ku bijanye n’isi, harimwo ivy’uko ‘abatekereza bigabira isi.’ (Zaburi 37:9-11, 29; Imigani 2:21, 22) Yezu Kristu “azorokora umworo atabaza, n’umurushwa.” Azobakiza “agahahazo n’ubukazi.” (Zaburi 72:12-14) Nta ntambara izoba ikiriho; eka n’imibabaro, urupfu, amosozi n’ububabare ntibizoba bikiriho. (Zaburi 46:9; Ivyahishuwe 21:1-4) Abantu amasinzi bazoba bapfuye mu gihe cose Imana izoba yaramaze yihanganiye ikibi bazozurirwa kuba kw’isi, maze bahabwe akaryo ko kwungukira kuri iyo mihezagiro no ku yindi.​—Yohani 5:28, 29.

Mu bisanzwe, Yehova azokuraho ingaruka zibabaje z’ubugarariji bwa Shetani. Yehova azozihagurukira koko ku buryo “amarushwa ya kera [ni ukuvuga ibintu vyose bitera intuntu n’umubabaro muri iki gihe] azokwibagirwa vy’ukuri.” (Yesaya 65:16-19) Ako kazoza ni ntakekeranywa. Imana ntibesha. Ivyo isezerana vyose biraranguka. Ubuzima ntibuzoba bukiri “ubusa no guhahamira umuyaga.” (Umusiguzi 2:17, Bibiliya Yera) Ahubwo riho, buzoba bufise intumbero koko.

Ariko tuvuge iki muri iki gihe? Kumenya ivyo Bibiliya yigisha no gutahura umugambi Imana ifitiye isi vyoba bishobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kugira intumbero koko muri iki gihe? Ikiganiro ca nyuma muri uru rukurikirane rw’ibiganiro kiraca irya n’ino ico kibazo.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Muri Bibiliya, Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.

[Uruzitito ku rup. 6]

Vyoba ari ngombwa ko tuva kw’isi kugira ngo tugire ubuzima bufise intumbero?

Mu binjana n’ibindi, abantu batazi umugambi Imana ifitiye isi bigishije yuko ari ngombwa ko tuva kw’isi kugira ngo dushobore kugira ubuzima bufise intumbero vy’ukuri.

Hari abavuze ko imitima “yari ifise ubuzima bwo ku rwego rwo hejuru imbere y’uko yinjira mu mibiri y’abantu.” (New Dictionary of Theology) Abandi na bo bavuze ko umutima “wapfungiwe mu mubiri kugira ngo uhanirwe ivyaha wari wakoze ukiri mw’ijuru.”​—Cyclopedia of Biblical, Theological, and Ecclesiastical Literature.

Abafilozofe b’Abagiriki, nka Sokarate na Pulato, bigisha iki ciyumviro: Igihe umutima uvuye mu mubiri w’umuntu aho uba wugaraniwe, ni ho gusa uba “ubohowe ukareka kuyerera, gusaragurika no gutinyatinya, ukavavanura n’ivyipfuzo vyawo vy’ubunyamaswa be n’izindi ngorane zugarije abantu” maze ukabana “n’ibimana mu gihe cose gikurikira.”​—Plato’s Phaedo, 81, A.

Mu nyuma, abitwa ngo ni indongozi z’abakirisu barinjije mu nyigisho zabo “ivyiyumviro bitagira ishingiro bijanye n’uko umutima w’ubwenge udapfa,” bikaba ari ivyiyumviro vyigishwa n’abafilozofe b’Abagiriki.​—Christianity​—A Global History.

Nurabe itandukaniro riri hagati y’ivyo vyiyumviro n’inyigisho z’ukuri zitatu z’ishimikiro dusanga muri Bibiliya:

1. Umugambi Imana ifise ni uko isi iba ari yo abantu babako ibihe vyose, aho kuba ahantu bamara igihe kanaka gusa iriko irabasuzuma kugira irabe aboba babereye kubana na yo mw’ijuru. Iyo Adamu na Eva bagamburuka amategeko y’Imana, ubu baba bakiriho bibera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Itanguriro 1:27, 28; Zaburi 115:16.

2. Naho amadini nka yose yigisha yuko umuntu afise umutima w’ubwenge, ni ukuvuga ikintu kitaboneka kiba muri we, Bibiliya yoyo yigisha ibintu vyoroshe cane gutahura. Bibiliya ntiyigera ivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Ivuga yuko iyo umuntu apfuye areka kubaho. (Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4, 20) Umuntu wa mbere Adamu yarapfuye koko maze asubira mu mukungugu yari yarakuwemwo. Yasubiye kutabaho.​—Itanguriro 2:17; 3:19.

3. Icizigiro co kubaho muri kazoza ntigihagaze ku vy’uko umuntu yoba afise umutima w’ubwenge udapfa umuvamwo ukaja kuba mu karere kanaka k’impwemu, ahubwo gihagaze ku muhango Imana itanga w’uko abapfuye bazozuka bagasubira kuba bazima, bakibera mw’isi y’iparadizo.​—Daniyeli 12:13; Yohani 11:24-26; Ivyakozwe 24:15.