Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima bufise intumbero—Ubu n’ibihe bidahera

Ubuzima bufise intumbero—Ubu n’ibihe bidahera

Ubuzima bufise intumbero​​—Ubu n’ibihe bidahera

URASHOBORA kugira ubuzima bufise intumbero koko no muri iki gihe. Uti gute? Mu kwisunga ingingo ngenderwako ziranga ubukerebutsi dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Reka dusuzume nkeyi gusa muri zo.

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: Umwami Salomo yanditse ati: “Nta ciza kihari kuruta ko [umuntu] yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.”​UMUSIGUZI 2:24.

Twaremwe kugira ngo duhimbarwe no gukora akazi kabereye. Mbere n’igihe uba uri mu bihe bigoye cane, urashobora kwumva uhimbawe ku rugero runaka mu buzima muri kino gihe kubera ukorana umwete kandi ata bugunge.

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​IVYAKOZWE 20:35.

Abantu benshi basanze kugira ivyo bakoreye abandi, nk’akarorero guheba umwanya wabo n’inguvu zabo kugira bafashe abandi mu bihe bigoye, ari ikintu gituma bahimbarwa cane kikongera kigatuma barushiriza kugira ubuzima bufise intumbero. Salomo yanditse ati: “Ntureke kugirira iciza abagikwiriye kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora.”​—Imigani 3:27.

Rimbura akarorero k’uwitwa Ralph. Amaze gukukuruka, yaciye yifatanya n’umukenyezi wiwe mu gikorwa co kuvuga inkuru nziza igihe cose. Umwe wese muri bo aramara amasaha atari make buri kwezi muri ico gikorwa, akitanga mu kwigisha abandi Bibiliya. Ralph avuga ati: “Iyo dushitse i muhira ku mugoroba, ntituba turushe ngo ni uko gusa turiko turiterera mu myaka, ariko tuba turushe kubera tuba twitanze ata kwiziganya mu gikorwa turangurira Data wa twese wo mw’ijuru. Emwe, ukwo ni ukuruha kwiza!” We n’umukenyezi wiwe barahimbawe kubera ko ubuzima bwabo bushingiye ku gutanga.

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​IMIGANI 17:17.

Iyo uronse uwukuba hafi mu ngorane, zirashobora kworoha kwihanganira. Umwanditsi w’Umwongereza yitwa Francis Bacon yanditse ko abadafise abagenzi nyakuri babona ko “isi ari agahinga ka nyaganande.” Kugira abagenzi nyakuri, ariko nawe ukababera umugenzi mwiza, birashobora gutuma ubuzima burushiriza kukworohera; burashobora kuba bwiza bukongera bukaguhimbara.

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​MATAYO 5:3.

Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yarerekanye ikintu gihambaye cane usabwa nimba ushaka kwungukira kw’iranguka ry’imihango y’Imana, na co kikaba ari kumenya ivyo ‘ukeneye mu vy’impwemu,’ ni ukuvuga mu vy’Imana, ukongera ukavyironsa. Twebwe ntitumeze nk’ibikoko; turafise icipfuzo mvukanwa co gutahura insobanuro y’ubuzima be n’intumbero yabwo. Yehova Imana ni we wenyene ashobora kuturonsa ico kintu dukeneye, kandi akituronsa abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Bibiliya irahishura umugambi Imana ifitiye isi. Iratubwira igituma turi ng’aha kw’isi, igituma hari imibabaro myinshi be n’ico Imana itwitezeko. Gutahura ukwo kuri gushingiye ku Vyanditswe ni ntahara kugira ngo tugire ubuzima bufise intumbero kandi buhimbaye. Abafata akanya bakiga Bibiliya bakongera bagashira mu ngiro ivyo biga bararonka agahimbare. Uti kubera iki? Kubera ko bituma barushiriza kugiranira n’Umuremyi wacu Yehova, “ya Mana ihimbawe,” ubucuti burangwa ukumwizigira.​—1 Timoteyo 1:11.

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA: “Niwibuke Umuremyi wawe . . . imbere y’uko igihe c’ivyago gishika n’imyaka ikegereza aho uzovuga uti: ‘Nta ntumbero ndabibonamwo.’”​UMUSIGUZI 12:1, THE NEW ENGLISH BIBLE.

Impanuro Umwami Salomo yahaye urwaruka, bano mu kiringo bakiri bato bakaba boshobora kutamenya ivyago bishobora gushika mu buzima, iraturaba twese. Umuremyi wawe nabe ari we ushira imbere mu buzima bwawe. Ico ni co kizotuma ugira ubuzima bufise intumbero koko. Niwamirire kure ka gatima kavuga ngo: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.” (1 Abakorinto 15:32) Niwashira imbere Imana, mu Musiguzi 8:12 havuga ko ibintu “bizo[ku]gendera neza.”

Umwigeme umwe yitwa Wendi yasanze ukwo ari ukuri. Igihe yari akiri muto, we na mutoyi wiwe barize ururimi rw’igisupanyoli kugira ngo bimukire muri République dominicaine, ahari hakenewe abantu benshi babwira abandi inkuru nziza yo muri Bibiliya. Avuga ati: “Hari ibintu vyinshi twahevye kugira ngo dukorere ahari inkenero, ariko twarahagiriye ibihe vyiza cane. Amezi atandatu twahamaze nta kindi noshobora kuyaguza! Imihezagiro twironkeye yararengeye kure n’iyo ivyo twahevye.”

Kuba intahemuka ku Mana bituma ubuzima bugira intumbero

Gutsimbataza ubucuti bwiza na Yehova birashobora gutuma ubuzima bwawe burushiriza kugira intumbero mu buryo budasanzwe. Uti gute? Shetani yaroheje Adamu na Eva ngo bagararize ubutegetsi bw’Imana, ariko kandi aba nk’uwerekana ko ata muntu n’umwe yoshoboye kuguma ari intahemuka ku Mana igihe ari mu kigeragezo. (Yobu 1:9-11; 2:4) Urashobora kugira ico uterereye mu kwerekana ko Shetani ari umubeshi. Ivyo wobigira gute? Mu kuguma uri intahemuka ku Mana, mu kwumira ku ngingo ngenderwako zayo no mu kugaragaza ko wemera uburenganzira ntangere Yehova afise bwo kudushingira iciza n’ikibi.​—Ivyahishuwe 4:11.

Vyoshika tukabwirizwa kwihanganira ingorane nimba dushaka gukora ibigororotse. None izo ngorane zoba zizotuma tutagira ubuzima bufise intumbero? Dufate ko hari umwansi w’umubisha ariko yambika ibara umugenzi canke incuti twikundira. Bishitse kuburanira uwo muntu twikundira bigatuma duhura n’ingorane dutejwe n’uwo mwansi wacu, none vyoca bituma tugira ubuzima ata co bumaze? Oya nawe nu! Twokwihanganira tubigiranye umunezero iyo ngorane idushikiye kugira akurweko iceyi. Ni ko bimeze no mu bijanye no kuguma turi intahemuka ku Mana. Iyo tugumye turi intahemuka mu bihe bibi, biranezereza vy’ukuri umutima w’Imana.​—Imigani 27:11.

Ubuzima bufise intumbero ibihe bidahera

Niwishingire rero umugambi wo kwiga ivyo ushoboye vyose ku bijanye n’Imana be n’umugambi wayo. Yezu Kristu ubwiwe yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Imana niyashitsa umugambi yari ifitiye isi mu ntango, abantu b’abizigirwa bazokwironkera ivyo Yehova yabipfuriza mu ntango, ni ukuvuga “ubuzima budahera” kw’isi izoba yahindutse Iparadizo. Ubuzima buzoca bugira intumbero bimwe bishitse bwongere bube ubuhimbaye.​—Zaburi 145:16.

None ubwo bumenyi Yezu yavuze wobukura hehe? Mw’Ijambo ryahumetswe n’Imana Bibiliya. Nimba woshima ko hagira uwogufasha kuburonka, ntiwitinye kwandikira abasohora iki kinyamakuru. Bazohimbarwa no kurondera umuntu agufasha kumenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha.