Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana

Yehova yoba ashobora kunezerwa canke kubabara?

Yehova yoba ashobora kunezerwa canke kubabara?

NIMBA ari ko biri, haca rero havyuka ikindi kibazo: Inyifato yacu yoba igira ico ikoze ku kuntu Imana yiyumva? Mu yandi majambo, ivyo dukora vyoba bishobora gutuma Imana inezerwa canke ibabara? Abafilozofe bamwebamwe ba kera wasanga bavuga yuko bidashoboka. Basigura yuko ata kintu na kimwe umuntu yokora cogira ico gikoze ku Mana, bigaca bisigura rero ko Imana idashobora kwiyumva uku canke kuriya. Ariko Bibiliya si ko ivuga. Irerekana yuko Yehova afise ikibabarwe be n’uko ivyo dukora biri n’ico bimubwiye. Rimbura amajambo dusanga muri Zaburi 78:40, 41.

Zaburi ya 78 iravuga ivyo Imana yakoreye Isirayeli ya kera. Yehova amaze gukura iryo hanga mu buja mu Misiri, yarababajije nimba bokwemera kugiranira na we ubucuti budasanzwe. Yabasezeraniye yuko bagumye bagamburuka amategeko yiwe bomubereye ‘inyegu idasanzwe’ maze akabakoresha mu buryo budasanzwe kugira ngo ashitse umugambi wiwe. Baremeye maze baragirana na we isezerano rishingiye kw’Itegeko ryiwe. Boba none barubahirije iryo sezerano?​—Kuvayo 19:3-8.

Uwanditse iyo zaburi avuga ati: “Ese ukuntu bayigarariza kenshi mu gahinga!” (Umurongo wa 40) Umurongo ukurikira uca wongerako uti: “Incuro n’izindi barageza Imana.” (Umurongo wa 41) Urabona ko uwo mwanditsi yerekana ko bagarariza bisubiriza. Ako gatima kabi katanguye kwibonekeza hakiri kare mu gahinga, gatoyi inyuma y’aho barokorewe bagakurwa mu Misiri. Abisirayeli batanguye kwidodombera Imana bakekeranya ku vy’uko yoba ishoboye kubitwararika be n’uko yoba ivyipfuza. (Guharūra 14:1-4) Igitabu kimwe gifasha abahindura Bibiliya mu zindi ndimi kivuga yuko iryo jambo ‘barayigarariza,’ “hakoreshejwe imvugo ngereranyo” rishobora “[gu]hindurwa ngo ‘barakomantaza imitima yabo barwanya Imana’ canke ngo ‘babwira Imana bati: “Oya.”’” Yamara kubera imbabazi ziwe, Yehova yaraharira abo bantu biwe igihe baba berekanye ko bigaye. Ariko ingeso yaca irabuka bagasubira kugarariza, bikama ari ukwo.​—Zaburi 78:10-19, 38.

None Yehova yiyumva gute igihe cose abo bantu biwe ba mahindagu baba bagararije? Umurongo wa 40 uvuga yuko ‘bamubabaza.’ Iyindi Bibiliya ivuga yuko “batuma agira imvo yo gutuntura.” Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya gisigura giti: “Ivyo bisobanura yuko inyifato y’Abaheburayo yari iyituma umuntu agira imvo yo gutuntura, nka kurya nyene kw’inyifato y’umwana w’intumva kandi agarariza.” Nk’uko nyene umwana w’intabarirwa ashobora gutuntuza cane abavyeyi biwe, ni ko n’Abisirayeli “ba[tuntuza] Umweranda wa Isirayeli.”​—Umurongo wa 41.

None ni igiki dushobora kwigira kuri iyo zaburi? Birahumuriza kumenya yuko Yehova afitiye urukundo rukomeye abamusenga be n’uko adahuta arabaheba. Ariko kandi, gutahura ko Yehova ashobora kwiyumva uku canke kuriya be n’uko inyifato yacu ishobora kumunezereza canke kumubabaza, ni ikintu gituma umuntu azirikana. None kumenya ivyo bigira ico bikoze gute kuri wewe? Vyoba bikuvyurira umutima wo gukora ibigororotse?

Aho gukurikira ingendo y’icaha ngo bitume umutima wa Yehova ubabara, turashobora guhitamwo gukurikira ingendo yo gukora ibigororotse maze tukanezereza umutima wiwe. Ivyo ni na vyo asaba umwe wese mu bamusenga, ati: “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.” (Imigani 27:11) Nta kintu c’agaciro twoha Yehova coza kiruta kubaho mu buryo bunezereza umutima wiwe.

Aho turemeshejwe gusoma muri Mukakaro:

Nta kintu c’agaciro twoha Yehova coza kiruta kubaho mu buryo bunezereza umutima wiwe