Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

KUBERA IKI umugore ageze mu myaka 60 yahevye ivyo gusenga ibigirwamana? Ni igiki catumye umuherezi wo mw’idini ry’abashinto aheba igikorwa yakorera ku rusengero rwabo agatangura gukorera Imana ari umukirisu? Umugore yakuze ari umurerano kuva akiri uruyoya, yashoboye gute kwihanganira ukwumva umengo ni akahebwe? Raba ivyo abo bantu batuyagira.

“Singishumbira ibigirwamana.”​—ABA DANSOU

YAVUTSE MU 1938

IGIHUGU AKOMOKAMWO: BÉNIN

IVYO YACIYEMWO: YASENGA IBIGIRWAMANA

KAHISE KANJE: Nakuriye mu kigwati citwa So-Tchahoué kiri mu karere kajaga kari hafi y’ikiyaga. Ababa muri ico kigwati bararoba bakongera bakorora inka, impene, intama, ingurube n’inyoni. Kubera ko muri ako karere ata mabarabara ahari, abantu usanga mu kwiyunguruza bakoresha amato n’utwato dutoduto. Muri rusangi amazu yabo bayubakisha ibiti n’ivyatsi, naho bamwebamwe bubakisha amatafari. Benshi mu banyagihugu baho ni abakene. Naho ari ukwo, nta bugizi bwa nabi bwinshi buharangwa nko mu bisagara.

Nkiri umwana, dawe yaraturungitse twe na murumunanje ku kigo cigisha ivy’ubupfumu, aho twatanguriye kwigishwa ibijanye n’ubupfumu. Maze gukura, imana y’abo mu bwoko bw’Abayoruba yitwa Dudua (canke Oduduwa) nayigize yo mana yanje. Narayubakiye akanyabugoro maze ntangura kwama ndayishikanira ibijumbu, amamesa, ibifyera, inkoko, inuma n’ibindi bitungwa bitandukanye. Ivyo bimazi vyari bizimvye, bikaba akenshi vyarantwara hafi uburyo bwanje bwose.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe natangura kwiga Bibiliya, naramenye ko Yehova ari yo Mana yonyene y’ukuri. Naramenye kandi ko yiyamiriza ivyo gukoresha ibigirwamana mu gusenga. (Kuvayo 20:4, 5; 1 Abakorinto 10:14) Naratahuye ico nari nkeneye gukora. Naciye rero nshibura ibishushanyo vyanje vyose nongera nkura mu nzu ikintu cose cari gifitaniye isano n’ugusenga ibigirwamana. Narahevye kuraguza, ndareka no kuza ndagira uruhara mu migirwa no mu migenzo ijanye n’ivy’amaziko vyo mu karere iwacu.

Kugira ngo umugore nkanje ageze mu myaka 60 agire ayo mahinduka, ntivyabaye ivyoroshe. Abagenzi, incuti n’ababanyi barandwanije bongera barantwenga. Ariko narasenze Yehova ndamusaba inkomezi zo gukora ibigororotse. Nararemeshejwe n’amajambo yo mu Migani 18:10 avuga ngo: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa.”

Ikindi kintu camfashije ni ukwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Aho ku makoraniro nariboneye ico ari co urukundo rwa gikirisu, kandi narakozwe ku mutima kubera ko abo bantu bihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziri hejuru zerekeye ukwigenza runtu. Ivyo niboneye vyaranjijuye yuko Ivyabona vya Yehova ari bo bagize idini ry’ukuri.

IVYIZA NAHAKUYE: Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyaramfashije kuryohora ubucuti mfitaniye n’abana banje. Vyongeye, ndumva ko hari umuzigo wamvuye ku bitugu. Nahora marira utwanje ku bigirwamana bitagira ubuzima kandi ata na kimwe vyamarira. Ubu nsenga Yehova, we aturonsa umuti uramba w’ingorane zacu zose. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Ntiworaba umunezero mfise: singishumbira ibigirwamana, ahubwo nshumbira Yehova! Yarandonkeje umutekano n’ugukingirwa nyakuri.

“Nari nararondeye Imana kuva nkiri umwana.”​—SHINJI SATO

YAVUTSE MU 1951

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBUYAPANI

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUHEREZI W’UMUSHINTO

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gisagara co hagati mu gihugu mu ntara ya Fukuoka. Abavyeyi banje bari abantu bakunda cane gusenga; kuva nkiri umwana baranyigishije kwubaha cane imana z’abashinto. Nkiri agahungu, narakunda kwiyumvira ibijanye n’ubukiriro bwanje kandi naripfuza cane gufasha abari mu ngorane. Ndibuka ko igihe kimwe nciga mu mashure y’intango umwigisha wacu yatubajije ico twipfuza kuzokora tumaze gukura. Abana twigana bari bazi ibintu bifadika bipfuza kuzokora, nko kuba abanyasiyansi. Jeho navuze ko icipfuzo canje cari ico gukorera Imana. Bose baciye bantwenga.

Ndangije amashure yisumbuye, naciye nja mw’ishure ry’abigisha ivy’Imana. Ndi kuri iryo shure, narabonye umuherezi umwe w’umushinto. Umwanya ataba ari mu bikorwa wasanga ariko arasoma igitabu kimwe gifise igipfukisho cirabura. Umusi umwe yambajije ati: “Mbe Sato, iki gitabu urakizi?” Kubera ko nari maze kubona igipfukisho caco, naciye ndamwishura nti: “Ni Bibiliya.” Ni kwo guca ambwira ati: “Umuntu wese ashaka kuba umuherezi w’umushinto arakwiye gusoma iki gitabu.”

Ubwo nyene naciye nsohoka nja kugura Bibiliya. Naciye nshira iyo Bibiliya ahantu hibonekeza cane kuruta ahandi ku kagēge kanje k’ibitabu, nza ndayibungabunga. Ariko ntiwumve, sinafata umwanya wo kuyisoma kubera ko ivyo kw’ishure vyamfatira cane. Ndangije amashure, naciye mba umuherezi mu rusengero rw’abashinto. Icipfuzo canje co mu bwana cari kirangutse.

Ariko sinatevye kwibonera ko kuba umuherezi w’umushinto bitameze nk’uko nari naravyiyumviriye. Benshi mu baherezi wasanga badakunda vy’ukuri abandi canke ngo babitwararike. Vyongeye, benshi nta kwizera bari bafise. Umwe mu bankurira wewe ntiyayivugije yayiciye umurya. Yambwiye ati: “Nimba ushaka ko bikugendera neza ng’aha, ukwiye kuganira gusa ibijanye na filozofiya. Ntivyemewe kuganira ibijanye n’ukwizera.”

Ayo majambo be n’ayandi mwene ayo yatumye ntaba ncizigira idini ry’abashinto. Naho nabandanije gukorera ku rusengero, naratanguye gutohoza ibijanye n’ayandi madini. Ariko nta na rimwe muri yo nabonyemwo akarusho. Uko narushiriza gutohoza ivy’ayandi madini ni ko narushiriza kwumva ncitse intege. Nabona ko ata dini na rimwe ririmwo ukuri.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu 1988 narahuye n’umuntu wo mw’idini ry’ababuda, andemesha gusoma Bibiliya. Vyaciye binyibutsa wa muherezi w’umushinto yari yarandemesheje kuyisoma imyaka nk’ingahe imbere y’aho. Naciye mfata ingingo yo gushira mu ngiro iyo mpanuro. Ntanguye gusoma Bibiliya, sinatevye kuyicokeramwo. Hari igihe natangura kuyisoma mw’ijoro, nkazosoma gushika bukeye imishwarara y’izuba irashe mw’idirisha.

Ivyo nasomye vyaramvyuriye umutima wo gusenga Imana ivugwa muri Bibiliya. Nahereye kuri rya sengesho ry’akarorero riri muri Matayo 6:9-13. Iryo sengesho narisubiramwo uko haciye amasaha abiri, mbere n’igihe naba ndiko ndakorera ku rusengero rw’abashinto.

Nari mfise ibibazo vyinshi ku vyo nasoma. Ico gihe, nari maze kwubaka urwanje, kandi nari nzi ko Ivyabona vya Yehova bigisha abantu ibijanye na Bibiliya kuko bari barigeze kugendera umugore wanje. Nararondeye Icabona ca Yehova, ndamucucagira ibibazo. Narakozwe ku mutima n’ukuntu uwo mukenyezi yanyishura kimwekimwe cose muri vyo akoresheje Bibiliya. Yaciye atunganya ivy’uko hogira Ivyabona vya Yehova twigana Bibiliya.

Haciye igihe gito, naratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ico gihe sinari nzi ko mu Vyabona vya Yehova bari ng’aho harimwo bamwebamwe nari narigeze gufata nabi. Ariko nticabujije ko bandamutsa n’igishika, batuma numva nisanze.

Kuri ayo makoraniro, naramenye yuko Imana yiteze ko abagabo bakunda kandi bagatera iteka abo mu rugo rwabo. Gushika ico gihe, nitaho cane ivy’igikorwa c’ubuherezi nakora ku buryo ntitwararika umukenyezi wanje n’abana bacu babiri. Naciye ntahura yuko natega yompi abaza gusengera ku rusengero, ariko nkaba ntari bwigere ntega yompi umukenyezi wanje.

Uko nabandanya kwiga, naramenye ibintu vyinshi vyerekeye Yehova, ivyo bikaba vyaratumye ndamwiyegereza. Narakozwe ku mutima cane n’ivyanditswe bimwebimwe, nk’ico mu Baroma 10:13 kivuga giti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” Nari nararondeye Imana kuva nkiri umwana, none raba nari ngiye nayironka!

Naratanguye kwumva umengo nta co ngifise nkora kuri rwa rusengero rw’abashinto. Mu ntango, naribajije ukuntu abantu bonyiyumviriye ndamutse mvuye mw’idini ry’abashinto. Ariko namye nibwira yuko ndamutse ndonse Imana y’ukuri ahandi nociye ndarivamwo. Mu mpeshi yo mu 1989, naciye rero mfata ingingo yo kwumvira ijwi ryanje ryo mu mutima. Narahevye idini ry’abashinto maze nishira mu maboko ya Yehova.

Kuva muri iryo dini, ntihabaye aho gutuma umwana. Abankurira barampambariye, baragerageza kundemera ngo ndahagume. Icangoye kuruta ivyo kwabaye ukubimenyesha abavyeyi banje. Igihe nari ngiye kubaraba, narahagaritse umutima cane ku buryo numva mbabara mu gikiriza, amaguru na yo araregarega! Narahagaze akatari gake mu nzira kugira ngo nsabe Yehova inkomezi.

Nshitse aho abavyeyi banje baba, nabanje kugira ubwoba ku buryo bingora gutangura kubibabwira. Haraheze amasaha ntarabibabwira. Maze gutura amasengesho menshi, naratevye ndasigurira dawe vyose. Namubwiye yuko nari naronse Imana y’ukuri, ko rero nari navuye mw’idini ry’abashinto kugira ngo ndayikorere. Dawe vyaramuvunye umutima, biramubabaza. N’izindi ncuti zaraje muhira ziragerageza kungondoza. Ku ruhande rumwe, sinashaka kubabaza umuryango, ariko ku rundi ruhande nari nzi neza ko gukorera Yehova ari vyo bibereye. Umuryango wahavuye unyubaha kubera iyo ngingo nafashe.

Ego ni ko, nari nahevye kwinjira muri rwa rusengero rw’abashinto, ariko kureka kuhiyumvira vyovyo vyambereye urugamba. Ubuzima bw’umuherezi bwari bumaze kunyinjira mu maraso. Ntako ntagira ngo ndabwikuremwo, yamara aho naba ndi hose wamengo hariho ibintu biguma bibunyibutsa.

Hari ibintu bibiri nakoze vyamfashije kuvyikuramwo. Ica mbere, nararondeye hose mu nzu yanje ibintu vyose vyari bifitaniye isano n’iryo dini nahozemwo. Naciye ndabiha umuriro vyose: uri ibitabu, uri amashusho, eka mbere n’ibintu bizimvye vyanyibutsa ivy’iryo dini. Ica kabiri, nararondeye uturyo twinshi dushoboka two kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Ukuntu bambereye abagenzi be n’ukuntu banshigikiye vyaramfashije cane. Wa wundi ati ‘bukebuke bushikana umusiba ku mugezi,’ ivyo nari naraciyemwo vyaratevye biramva mu bwenge.

IVYIZA NAHAKUYE: Kare sinitwararika umukenyezi wanje n’abana banje, ivyo bikaba vyaratuma bicwa n’irungu. Ariko igihe natangura kuza ndamarana umwanya na bo nk’uko Bibiliya ibisaba abagabo, ubucuti bwacu bwararushirije gukomera. Umukenyezi wanje yahavuye anyiyungako mu gukorera Yehova. Twe n’umuhungu wacu, umukobwa wacu be n’umugabo wiwe, ubu turunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri.

Iyo ntereje amaso inyuma nkibuka icipfuzo nari mfise nkiri umwana co gukorera Imana no gufasha abandi bantu, nca mbona ko naronse ivyo narondera vyose, mbere n’ibirengako. Nta majambo noronka yo gukurira ubwatsi Yehova.

“Narumva ko hari ico nari mbuze.”​—LYNETTE HOUGHTING

YAVUTSE MU 1958

IGIHUGU AKOMOKAMWO: AFRIKA Y’EPFO

IVYO YACIYEMWO: YUMVA UMENGO NI AKAHEBWE

KAHISE KANJE: Navukiye i Germiston, ako kakaba ari agasagara bacukuramwo ubutaka kabamwo abantu bafise ubuzima bubayabaye, kandi nta bugizi bwa nabi bwinshi buharangwa. Kubera ko abavyeyi banje babona ko batoshoboye kuntunga, bafashe ingingo yo kunshikiriza abandi bavyeyi ngo babe ari bo bandera. Nkiri akayoya k’imisi 14, hari umugabo n’umugore b’abanyarukundo bashimye kundera, bakaba ari bo nahavuye mbona ko ari mawe na dawe. Ariko kuva aho mariye kumenya kahise kanje, nararwanye urugamba rwo kwihanganira ukwumva umengo ndi akahebwe. Natanguye kwiyumvamwo yuko ntari umwana w’abo bavyeyi bari bandeze, ntangura no kwumva umengo ntibantahura vy’ukuri.

Mfise nk’imyaka 16, naratanguye kuza ndaja mu bunywero badandarizamwo inzoga z’uruvange, aho twe n’abagenzi banje twatamba tukongera tukumviriza imiziki iharirimbirwa. Mfise imyaka 17, naratanguye gukwega agatabi. Nipfuza kuba mutomuto nka ba bantu ba rurangiranwa berekanwa mu mahayanishwa ahayagiza ivyo kunywa itabi. Nshikanye imyaka 19, naratanguye gukorera i Johannesburg, bidatevye nca ntangura kwifatanya n’abagenzi babi. Kerakera nari nsigaye mfise imvugo nk’iz’abungere, ntumura itabi biteye ubwoba, nywa n’inzoga zirenze urugero ku mpera z’umushamvu.

Yamara, nari umuntu yinonora cane. Narakunda kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi no gukina urukino rwo mu bwoko bwa tenisi be n’umupira w’amaguru w’abagore. Vyongeye, narakora akazi kanje ntiziganya, ivyo bikaba vyaratumye mba umuntu bemera cane mu vya orodinateri. Ivyo vyatumye nisohora mu vy’ubutunzi, kandi abantu benshi babona ko ndi umuntu aroraniwe. Yamara, mu vy’ukuri nta munezero nari mfise: numva ntagira iyo mva n’iyo nja, nkumva kandi ntahimbawe n’ubuzima bwanje. Muri jewe narumva ko hari ico nari mbuze.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe natangura kwiga Bibiliya, naramenye ko Yehova ari Imana y’urukundo. Naramenye kandi ko yatweretse urwo rukundo mu kuduha Ijambo ryiwe Bibiliya. Ni nk’aho umwumwe wese muri twebwe yamwandikiye ikete kugira riyobore intambuko zacu. (Yesaya 48:17, 18) Naratahuye yuko nimba nipfuza kwungukira ku buyobozi buranga urukundo bwa Yehova, nabwirizwa kugira ibintu bimwebimwe bihambaye mpinduye mu buzima bwanje.

Ikintu kimwe vyabaye ngombwa ko mpindura cari kijanye n’abo twifatanya. Narafashe nka nkama amajambo yo mu Migani 13:20, ayagira ati: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” Iyo ngingo ngenderwako yaratumye mpeba abagenzi nahorana maze nca ndondera abagenzi bashasha mu Vyabona vya Yehova.

Icambereye urugamba kuruta ibindi vyose ni uguheba itabi; emwe, ryari ryaranyiziziye koko. Uko nagiye buhorobuhoro ndatsinda iyo ntambamyi, narahanganye n’ikindi kintu kitoroshe. Guheba itabi vyatumye niyongerako ibilo 13 n’amagarama 600! Ivyo vyarambabaje cane bituma ntaba ngishima uko ndi, kandi vyasavye hafi imyaka cumi kugira ngo ivyo bilo niyongereyeko biveko. Yamara, nari nzi neza yuko vyari bibereye ko mpeba itabi. Narasenze Yehova ntahorereza, na we arampa inkomezi zo gutsinda urwo rugamba.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu mfise amagara meza kuruta. Vyongeye, ndahimbawe n’ukuntu ivyanje vyifashe: sinciruka inyuma y’agahimbare k’uruhendo umuntu yibaza ko yoronka afise akazi, icubahiro mu kibano be n’ubutunzi. Ahubwo riho, ndaronkera agahimbare mu kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ico vyavuyemwo ni uko batatu mu bo twahoze dukorana ubu bifatanije nanje be n’umunega wanje mu gukorera Yehova. Imbere y’uko umwe wese mu bavyeyi bandeze ahwera, narashoboye kumubwira ibijanye n’umuhango Bibiliya itanga w’ukuzukira kuba kw’isi y’iparadizo.

Kwiyegereza Yehova vyaramfashije kwihanganira ukwumva umengo ndi akahebwe. Yaratumye numva ko nanje ndi n’umuryango mu kunzana mu muryango ukwiye kw’isi yose ugizwe n’abo dusangiye ukwizera. Muri bo, ndafise ba mawe benshi, ba dawe benshi, basazanje benshi na bene wacu benshi.​—Mariko 10:29, 30.

[Ifoto ku rup. 12]

Mu Vyabona vya Yehova nariboneye ico ari co urukundo rwa gikirisu

[Ifoto ku rup. 13]

Rwa rusengero rw’abashinto nahora nsengeramwo