Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Niwige Ijambo ry’Imana

Ubwami bw’Imana ni iki?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Ubwami bw’Imana ni iki?

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Buzosubirira izindi ntwaro zose maze butume ivyo Imana igomba bikorwa mw’ijuru no kw’isi. Rero, Ubwami bw’Imana ni yo ntwaro nziza twari dukeneye.​—Soma Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10.

Ubwami ubwo ari bwo bwose butegerezwa kuba bufise umwami. Yehova yaragenye Umwana wiwe Yezu ngo abe Umwami w’Ubwami bwiwe.​—Soma Luka 1:30-33.

2. Kubera iki Yezu ari we Mutware abikwiriye?

Umwana w’Imana ni we Mwami abikwiriye kuko ari umunyabuntu, yumira ku bigororotse kandi akaba afise ububasha buhagije bwo gufasha abantu. (Matayo 11:28-30) Yezu amaze kuzuka, yaraduze mw’ijuru maze atangura kurindirira iburyo bwa Yehova. (Abaheburayo 10:12, 13) Amaherezo, Imana yaramuhaye ububasha bwo gutangura kuganza ari mw’ijuru.​—Soma Daniyeli 7:13, 14.

3. Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza?

Imana iracagura umugwi w’abantu bitwa “aberanda” kugira bafadikanye na Yezu kuganza bari mw’ijuru. (Daniyeli 7:27) Aba mbere bacaguwe ngo babe muri abo beranda ni za ntumwa za Yezu z’intahemuka. Gushika muri iki gihe, Yehova yarabandanije gucagura abagabo n’abagore b’intahemuka ngo babe muri abo beranda. Nk’uko vyagenze kuri Yezu, bazuka bafise umubiri w’impwemu.​—Soma Yohani 14:1-3; 1 Abakorinto 15:42-45.

Abantu baja mw’ijuru ni bangahe? Yezu yabise “ubusho buto.” (Luka 12:32) Bose hamwe ni 144.000, kandi bazoganza isi bafadikanije na Yezu.​—Soma Ivyahishuwe 5:9, 10; 14:1.

4. Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari?

Yezu yabaye Umwami mu 1914. * Gatoyi inyuma y’aho, yaratereye Shetani n’amadayimoni yiwe kw’isi. (Ivyahishuwe 12:7-10, 12) Kuva ico gihe, ingorane zishikira abantu zarongerekanye cane. Intambara, vya nyamugigima, inzara, ibiza n’ubugarariji ni bimwe mu bigize ikimenyetso cerekana ko ivy’iyi si bigeze mu misi yavyo ya nyuma. (2 Timoteyo 3:1-5) Abantu bose bashaka kwungukira ku Bwami bw’Imana bakwiye kwiga ukuntu bocika abayoboke b’uwo Mwami Yezu.​—Soma Luka 21:7, 10, 11, 31, 34, 35.

5. Ni ibiki Ubwami bw’Imana bushikako?

Biciye ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kiriko kirakorwa kw’isi yose, Ubwami bw’Imana buriko burafasha abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose kwiga inzira z’Imana. (Matayo 24:14) Nibwakuraho iyi si mbi, buzokingira “isinzi rinini” ry’abatwarwa ba Yezu b’intahemuka.​—Soma Ivyahishuwe 7:9, 10, 13-17.

Mu kiringo c’imyaka 1.000, ubwo Bwami buzogenda burahindura isi gushika ibaye Iparadizo. Amaherezo, Yezu azosubiza Ubwami Se. (1 Abakorinto 15:24-26) Hari umuntu ubona woshima kubwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana?​—Soma Zaburi 37:10, 11, 29.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 8 n’ica 9 vy’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 13 Ushaka kumenya amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ukuntu ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana umwaka wa 1914, raba urupapuro rwa 215-218 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.