Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hoba hari ubwoko Imana ibona ko buruta ubundi?

Hoba hari ubwoko Imana ibona ko buruta ubundi?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Hoba hari ubwoko Imana ibona ko buruta ubundi?

▪ Oya ntabwo. Bibiliya ivuga itomora iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

Ukuntu Imana ibona ivy’amoko kurarengeye cane ukuntu twebwe abantu badatunganye tubibona. Abantu benshi babona ko hari ubwoko buruta ubundi (akenshi bukaba ari ubw’iwabo). Ukwo guhengama kugaragaza ivyiyumviro vya Charles Darwin, uwanditse ati: “Umusi uri izina, . . . nta gukeka cane ko ubwoko bw’abantu buteye imbere buzoherengeteza bwongere busubirire ubwoko butaratera imbere.” Birababaje kubona abantu benshi baragiriwe nabi n’abantu bo mu bundi bwoko babona ko ubwoko bwabo ari bwo buruta ubundi.

Ivyo kubona ko hari ubwoko buruta ubundi vyoba bifise ishingiro? Nk’akarorero, siyansi yoba yerekana ko dufatiye ku tugingo ngengakamere (gènes) ubwoko bumwebumwe buruta ubundi? Habe namba! Ahubwo, Bryan Sykes umuhinga mu vy’utugingo ngengakamere akaba n’umwigisha muri kaminuza y’i Oxford avuga ati: “Turavye utugingo ngengakamere, nta co twokwishimikiza mu gutandukanya abantu mu buryo ntabanduka na bumwe dufatiye ku moko canke kw’ibara ry’urukoba. . . . Barakunda kumbaza nimba hariho utugingo ngengakamere tw’Abagiriki canke tw’Abataliyano, ariko mu vy’ukuri ntatwo. . . . Abantu turi bamwe.”

Ivyo bintu abahinga babonye birahuza n’ivyo dusoma muri Bibiliya. Bibiliya yigisha ko Imana yaremye gusa umugabo umwe n’umugore umwe, abo bakaba ari bo abandi bantu bose bakomotseko. (Itanguriro 3:20; Ivyakozwe 17:26) Mu vy’ukuri rero, Imana ibona ko hari ubwoko bumwe gusa, ni ukuvuga abantu.

Urukoba rw’umuntu canke ukuntu asa mu maso nta kintu na kimwe bivuze kuri Yehova. Ahubwo, aha agaciro ikintu gihambaye cane kuruta ico, ni ukuvuga umutima wacu, uwugereranya ico turi imbere muri twebwe. Avuga ati: “Abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.” (1 Samweli 16:7, Bibiliya Yera) Kwibuka ico kintu birashobora kuturemesha cane. Uti gute?

Twaba turi mu bwoko ubuhe, benshi muri twebwe usanga hari utuntu tudashima ku kuntu tuboneka, naho ata kintu kinini tuba dushoboye guhindura. Ariko, turashobora kuryohora igihambaye kuruta ivyo, ni ukuvuga ivyo umutima wacu wiyumvira be n’ukuntu wiyumva. (Abakolosayi 3:9-11) Twisuzumye tutibesha, turashobora gusanga dufise agatima ko kubona ko hari ukuntu turuta canke kumbure turutwa n’abo mu bundi bwoko. Kubera ko ata na kimwe muri ivyo vyiyumviro gihuje n’ivyiyumviro vy’Imana, tubwirizwa kwita ku rutare tukabikura mu mitima yacu.​—Zaburi 139:23, 24.

Igihe twinanata kugira tubone ibitwerekeye nk’uko Yehova abibona twongere tubone abandi nk’uko ababona, twokwizigira tudakeka ko azodufasha. Ijambo ryiwe ritwibutsa riti: “Yehova amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.” (2 Ngoma 16:9) Ukwo ni ko biri naho twoba turi mu bwoko ubuhe.