Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni nde yashizeho ivyagezwe biganza ijuru n’isi?

Ni nde yashizeho ivyagezwe biganza ijuru n’isi?

Ni nde yashizeho ivyagezwe biganza ijuru n’isi?

“MBEG’URAZI ivyagezwe biganza ijuru?” (Yobu 38:33, Bibiliya Yera) Mu kubaza ico kibazo Yobu, Imana yariko irafasha uwo musavyi wayo yari mu ngorane gutahura iki kintu: Mu vy’ukuri abantu bazi bike cane ugereranije n’ubukerebutsi butagira aho bugarukira Umuremyi afise. Ivyo uvyibazako iki?

Abantu baramaze kumenya ibitari bike ku bijanye n’ivyagezwe biganza ibisyo vyo mu kirere, ariko abahinga b’abanyasiyansi benshi baremera vy’ukuri yuko hakiriho n’ibindi bintu vyinshi tutaramenya. Incuro n’izindi, ibintu bishasha abanyasiyansi bubuye vyatumye basubira kwihweza ivyiyumviro bari bafise ku bijanye n’ukuntu isi n’ibindi bisyo biri kumwe na yo mu kirere bikora. Ibintu bishasha bubuye vyoba vyaratumye ca kibazo Imana yabaza Yobu imwereka ko abantu bazi bike gisigara ari ikibazo ata co kivuze? Canke iryo terambere ryoba nyabuna ritanga ibimenyamenya vyerekana ko Yehova ari we yashizeho ivyagezwe biganza ijuru?

Bibiliya iravuga ibintu bitangaje bidufasha kwishura ivyo bibazo. Ego ni ko, Bibiliya ntivuga ko ari igitabu c’ivya siyansi. Ariko, igihe ivuga ibijanye n’ijuru, biratangaje kubona ibivuga ata kwihenda kandi abantu bakaza kuvyubura haciye igihe kirekire yarabivuze.

Ivyiyumviro bimwebimwe abantu bari bafise

Kugira ngo tumenye ivyiyumviro bimwebimwe abantu bari bafise, reka tuje mu kinjana ca kane B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu), nk’inyuma y’ikinjana kimwe harangiye kwandikwa igice ca Bibiliya co mu giheburayo, igikunze kwitwa Isezerano rya kera. Ico gihe, umufilozofe w’Umugiriki yitwa Arisitote yarigisha incabwenge zikomakomeye zo mu gihe ciwe ibijanye n’amajuru. Muri iki gihe, aracaharurwa mu banyasiyansi bubahwa cane gusumba abandi bose bigeze kubaho. (Raba  uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 25.) Nk’uko igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kibivuga, “Arisitote ni we yabaye umunyasiyansi wa mbere w’ukuri. . . . Umunyasiyansi wese ari n’ico amukesha.”

Arisitote yaratunganije yitonze ishusho yerekana ukuntu amajuru ameze. Yerekanye ko isi iri hagati na hagati mu kirere kigizwe n’imburungu zirenga 50 zibonerana nk’ikiyo, imwimwe ikaba iteretse mu yindi. Inyenyeri zari zimase ku mburungu y’inyuma y’izindi, imibumbe na yo ikaba imase ku mburungu ziri hafi y’isi. Ibintu vyose vyari inyuma y’isi vyari ivyamaho, ibidahinduka. Kuri twebwe muri iki gihe, womengo ivyo vyiyumviro ntibigira umutwe n’amaguru, ariko vyaramaze nk’imyaka 2.000 vyisungwa n’abanyasiyansi.

None tuvuge iki kuri izo nyigisho za Arisitote tuzigereranije n’izo muri Bibiliya? Ni izihe zagaragaye ko ari iz’ukuri? Reka twihweze ibibazo bitatu bijanye n’ivyagezwe biganza isi n’ibindi bisyo biri kumwe na yo mu kirere. Inyishu z’ivyo bibazo ziraza kudufasha kwizera Umwe yandikishije Bibiliya, Umwe ashinga amategeko yashizeho “ivyagezwe bigenga amajuru.”​—Yobu 38:33.

1. Ikirere coba kiguma uko kiri?

Arisitote yiyumvira ko za mburungu zo mu majuru ziguma uko ziri. Yabona ko ya mburungu iriko inyenyeri, cokimwe n’izindi mburungu zose, itagabanuka canke ngo yaguke.

Bibiliya yoba itanga amakuru mwene ayo atagira ishingiro? Oya; nta kintu itomora ijana kw’ijana ku bijanye n’ivyo. Naho ari ukwo, raba ubu buryo bushimishije idondora ibintu mu kuvuga ivy’amajuru: “Hariho Umwe yibera hejuru y’umuzingi w’isi, ababa muri yo bakaba ari nk’uduhori, Umwe aramvura amajuru nk’igitambara gihwahutse kinoze, akayasanza nk’ihema ryo kubamwo.”​—Yesaya 40:22. *

Hagati ya ya shusho Arisitote yiyumvira hamwe n’ivyo Bibiliya idondora ni ikihe cibonekeza ko ari ic’ukuri muri iki gihe? Ivyigwa vya none vyerekeye ikirere kirimwo isi n’ibindi bisyo vyerekana iki ku bijanye n’ibiri muri ico kirere? Mu kinjana ca 20, abahinga mu vy’imibumbe baratangajwe no kumenya ko ibisyo be n’ikirere birimwo bitaguma uko biri. Kukaba nkako, ibigwi vy’inyenyeri biboneka ko bigenda biraja kure na kure binyaruka. Ni abanyasiyansi bake, nimba hariho n’umwe, bigeze biyumvira ko ikirere kiza kiraguka gutyo. Muri iki gihe, muri rusangi abatohoza ibijanye n’ibisyo babona ko mu ntango ikirere cari gito cane maze gica kigenda kiraguka. Rero, ivyo siyansi yashitseko vyarerekanye ko ya shusho Arisitote yiyumvira atari yo.

None tuvuge iki kuri ya majambo Bibiliya ivuga? Biroroshe kubona mu bwenge umuntu nk’umuhanuzi Yesaya Imana yavugisha ariko araraba mu kirere gisharije inyenyeri kiri hejuru yiwe maze akabona ko nya kirere cogereranywa neza n’ihema riramvuye. * Ashobora kuba yaranabonye ko ca kigwi c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru kigomba gusa n’“igitambara gihwahutse kinoze.”

Vyongeye, amajambo Yesaya yavuze aratuma tubona mu bwenge ukuntu ikirere kimeze. Tugerageje kwiyumvira ihema ryo mu bihe vya Bibiliya, kumbure duca tubona ikintu kimeze nk’igitambara kigumye kandi kizinze batekurura, bakazingurura, maze bakagisanza imbere y’uko bakimanika ku nkingi kigaca kimera nk’inzu. Canke turashobora kwiyumvira umudandaza atoye igitambara gihwahutse kinoze kizinze maze akakizingurura kugira umuguzi acihweze. Muri ivyo bigereranyo vyompi, turabona ko ikintu kiboneka ko ari gitoyi bagisanza kikaguka.

Ego ni ko, ntidushaka kuvuga ko ayo majambo ndyoshamvugo Bibiliya ikoresha mu kugereranya ikirere n’ihema be n’igitambara gihwahutse kinoze ari ayo gusigura iyaguka ry’ikirere. Ariko none, ntibishimishije kubona Bibiliya idondora ikirere mu buryo buhuye neza n’uko siyansi ya none ikidondora? Yesaya yabayeho ibinjana birenga bitatu imbere y’igihe ca Arisitote, n’imyaka ibihumbi imbere y’uko siyansi itanga ibimenyamenya ku bijanye n’uko ivy’ikirere bimeze. Yamara, ivyo uwo muhanuzi avugishwa n’Imana w’Umuheburayo yicisha bugufi yanditse adondora uko ikirere kimeze, ntibikeneye gukosorwa nk’uko vyagenze kuri ya shusho Arisitote yiyumvira.

2. Ni igiki gituma ibisyo vyo mu kirere bidatana?

Arisitote yerekanye ko ikirere cuzuyemwo ibintu. Yabona ko isi n’ikirere kiyikikuje bigizwe n’ibintu bine ari vyo ivu, amazi, umuyaga n’umuriro. Ikirere c’inyuma yavyo yabona ko cuzuye imburungu zibonerana nk’ikiyo, zose zikaba zigizwe n’ibintu vyamaho yise eteri (éther). Ibisyo vyo mu kirere yabona ko bifashe kuri izo mburungu zitaboneka. Ico ciyumviro ca Arisitote caramaze igihe kirekire cemerwa n’abanyasiyansi benshi cane, kuko wamengo kirahuye n’iki ciyumviro c’ishimikiro: Ikintu kibwirizwa kuba giteretse ku kindi canke gifashe ku kindi, ahandiho coca gikoroka.

Tuvuge iki kuri Bibiliya? Irimwo amajambo y’umuntu w’umwizigirwa yitwa Yobu, uwavuze ku vyerekeye Imana ati: “Isi iyeneneka ku busa.” (Yobu 26:7) Iyo Arisitote yumva ico ciyumviro ntiyari kubura kuvuga ko kitumvikana.

Mu kinjana ca 17 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), hakaba hari haciye nk’imyaka 3.000 Yobu abayeho, ivyiyumviro vy’abanyasiyansi vyemerwa cane vyashigikira iciyumviro c’uko ikirere kituzuye imburungu zibonerana nk’ikiyo, ahubwo ko cuzuye ubwoko kanaka bw’ibintu biseseka. Ariko mu nyuma muri ico kinjana nyene, umuhinga umwe yitwa Isaac Newton yashikirije iciyumviro ata ho gihuriye n’ico. Yavuze ko inguvu ibisyo vyo mu kirere bifise zo kwikwegerako ibintu zatuma bikwegakwegana. Newton yari ateye intambwe mu bijanye no gutahura ko isi n’ibindi bisyo vyo mu kirere vy’ukuri vyari vyenetse mu kirere kigaragara, aho abantu boshobora kubona ko ari “ubusa.”

Ico ciyumviro Newton yashitseko cararwanijwe cane. Abantu benshi biyumvira ibintu bafatiye kuri siyansi vyari bikibagora gutahura yuko ata kintu gifadika catuma inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere bidatana. Baribaza ukuntu isi yacu amahero n’ibindi bisyo vyo mu kirere vyenena mu kirere ata kibifashe. Ico ciyumviro bamwebamwe wasanga babona ko gisiga ubwenge. Kuva mu gihe ca Arisitote, abanyasiyansi benshi bari bafise iciyumviro c’uko ikirere gitegerezwa kuba cuzuye ibintu kanaka.

Ariko ntiwumve, nta co Yobu yari azi ku bijanye n’ibintu bitaboneka bituma isi iguma mu nzira icamwo izunguruka izuba. None ni igiki catumye avuga ko uyu mubumbe wacu wenetse “ku busa”?

N’ikindi kandi, iciyumviro c’uko ata kintu na kimwe gifashe isi gica kivyura ikindi kibazo: Ni igiki gituma yo hamwe n’ibindi bisyo vyo mu kirere bidata inzira yavyo? Raba aya majambo ashimishije cane Imana yabwiye Yobu: “Mbega woshobora gupfundika imvuto z’akarundo k’inyenyeri ka Kima, canke woshobora gutekurura imigozi y’akarundo k’inyenyeri ka Kesili?” (Yobu 38:31) Mu kiringo cose c’ubuzima bwiwe, buri joro Yobu yarabona utwo turundo tw’inyenyeri yari amenyereye duseruka twongera tuzimangana. * Ariko kubera iki uko haciye umwaka, eka mbere n’imyaka mirongo, twaguma tumeze kwa kundi? Ni imvuto bwoko ki zatuma izo nyenyeri be n’ibindi bisyo vyose vyo mu kirere bidatana? Nta gukeka ko Yobu azirikanye ico kintu yaca yumva yumiwe.

Iyo inyenyeri ziba zari zimase ku mburungu zo mu majuru, izo mvuto ntizobaye zikenewe. Haciye imyaka ibihumbi ni ho abanyasiyansi bamenya n’ibindi ku bijanye n’izo “mvuto” canke iyo “migozi” bitaboneka bituma ibisyo vyo mu kirere biguma biri kumwe mu rugendo rurerure bigira bigenda buhorobuhoro, bica mu kirere cijimye. Isaac Newton n’uwaje mu nyuma ziwe Albert Einstein baramenyekanye kubera ivyo bubuye ku bijanye n’ivyo. Ni ivy’ukuri yuko Yobu ata co yari azi ku bijanye n’inguvu Imana ikoresha mu kubohera hamwe ibisyo vyo mu kirere. Yamara, amajambo yahumetswe yo mu gitabu ca Yobu yagumye ari ay’ukuri, mu gihe vya vyiyumviro vya ya ncabwenge Arisitote vyovyo vyataye igihe. Hari uwundi none afise ubukerebutsi bugera iyo hose atari Umwe ashinga amategeko?

3. Vyoba vyamaho canke bigenda birahera?

Arisitote yabona ko hariho itandukaniro rikomeye cane hagati y’ijuru n’isi. Yavuze ko isi ihinduka, ko igenda irahera be n’uko yononekara, ariko vya bintu yise eteri (éther) bigize amajuru yuzuye inyenyeri vyovyo ngo vyamaho, ntibishobora na gato guhinduka. Za mburungu yavuga zibonerana nk’ikiyo be n’ibisyo vyo mu kirere bifashe kuri zo ngo ntibishobora guhinduka, guhera canke gupfa.

Ivyo vyoba none ari vyo Bibiliya yigisha? Muri Zaburi 102:25-27 havuga hati: “Kera washinze imishinge y’isi, kandi amajuru ni igikorwa c’amaboko yawe. Vyo bizoyogera, mugabo wewe uzogumaho; bizoshira vyose nka kurya kw’impuzu. Nka kurya kw’icambarwa, uzobisubiriza, bimare ikiringo cavyo. Ariko wewe wama uri wa wundi, kandi imyaka yawe ntizohera.”

Urabona ko uwo mwanditsi w’amazaburi, uwushobora kuba yanditse ayo majambo ibinjana bibiri imbere y’igihe ca Arisitote, atariko ahushanya isi n’amajuru yuzuye inyenyeri, nk’aho isi yoba igenda irahera ariko inyenyeri zo zikaba zamaho. Ahubwo riho, ijuru be n’isi vyompi ariko abihushanya n’Imana, yo Mpwemu y’inyabubasha yahagarikiye iremwa ryavyo. * Iyo zaburi yerekana ko inyenyeri zigenda zirahera cokimwe n’ikindi kintu ico ari co cose co kw’isi. Ni ibiki ubuhinga bwa siyansi bwa none bwubuye?

Ivyigwa bijanye n’umubumbe w’isi birashigikira Bibiliya na Arisitote mu kwerekana ko isi igenda irahera. Kukaba nkako, ibitandara vy’iyi si tubako bigenda birahera mu kuvungurwa n’amazi be n’umuyaga ariko mu nyuma bigasubira uko vyahora bivuye ku birunga n’ibindi bintu bibera mu mubumbe w’isi.

Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’inyenyeri? Uravye ukuntu zisanzwe ziremwe, zoba zigenda zirahera nk’uko Bibiliya ivyerekana, canke zoba zamaho nk’uko Arisitote yigishije? Mu kinjana ca 16 G.C., igihe abahinga mu vy’ibisyo vyo mu kirere b’Abanyaburaya babona ari bwo bwa mbere iturika ritangaje ry’urunyenyeri, baratanguye gukekeranya ku ciyumviro ca Arisitote c’uko inyenyeri zamaho. Kuva ico gihe, abanyasiyansi barabonye ko inyenyeri zishobora gupfa mu guturika muri ubwo buryo canke zikagenda zirasha buhorobuhoro canke mbere zigashonga. Ariko rero, abahinga mu vy’ibisyo vyo mu kirere barabonye kandi inyenyeri nshasha ziriko ziravukira mu co twokwita ‘iyakiriro ry’inyenyeri,’ ni ukuvuga ahantu zivukira hari ibicu vy’ivyuka vyongerezwa ivya ngombwa n’ibisigarira vy’inyenyeri zishaje zaturitse. Rero, irya mvugo ngereranyo umwanditsi wa Bibiliya yakoresheje y’impuzu isaza maze igasubirizwa iyindi irabereye rwose. * Biratangaje koko kubona uwo mwanditsi w’amazaburi wo mu bihe vya kera yarashoboye kwandika amajambo ahuje neza n’ivyo abahinga bubuye mu gihe ca none!

Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Bibiliya yoba yigisha ko isi n’amajuru yuzuye inyenyeri uko yakabaye umusi uri izina bizohera canke bigakenera gusubirizwa?’ Oya, Bibiliya isezerana ko bizokwamaho. (Zaburi 104:5; 119:90) Ariko si kubera yuko ivyo biremwa ubwavyo ari ibintu vyamaho ibihe bidahera, ahubwo ni kubera yuko Imana yo yabiremye isezerana ko izobibungabunga. (Zaburi 148:4-6) Ntivuga ukuntu izobigenza; ariko none, ubwo Uwaremye ijuru n’isi yobura koko ububasha bwo kubibungabunga? Ni nka kurya nyene umwubatsi w’umuhanga yoshobora kubungabunga abigiranye urukundo inzu yubatse ngo yiberemwo we n’umuryango wiwe.

Ni nde abereye ubuninahazwa n’iteka?

Kuzirikana ku vyagezwe bikeyi biganza ijuru biradufasha cane kumenya inyishu y’ico kibazo. Iyo twiyumviriye uwatumye inyenyeri zidaharurika zikwiragira mu kirere amahanga yose, ari na we atuma zidatana akoresheje inguvu ibisyo vyo mu kirere bifise zo kwikwegerako ibintu, akongera akabibungabunga biciye ku kuntu bimwe bivaho bigasubirirwa n’ibindi, bikama ari ukwo, ntiduca none twumva tumugiriye akoba?

Imvo zituma tugira ako koba twovuga ko ziserurwa neza cane muri Yesaya 40:26, ahagira hati: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo.” Birabereye kubona inyenyeri zigereranywa n’ingabo, izishobora kuba zigizwe n’igitigiri kinini cane c’abasoda. Hamwe hatoba hariho umukomanda aha izo ngabo amategeko, nta ho zoba zitaniye n’akagwi gakorera mu kajagari. Hamwe imibumbe, inyenyeri n’ibigwi vy’inyenyeri vyoba bidafise ivyagezwe biva kuri Yehova, ntivyokurikira inzira ziri ku rutonde; koba ari akajagari gusa. Aho kuba akajagari, niwiyumvire ingabo amamiliyaridi zifise Umukomanda ataziha gusa amategeko y’ingene zigenda, ariko kandi azi neza izina ry’umusoda umwe wese, ikibanza arimwo n’ingene amerewe!

Ivyagezwe biganza ijuru biratuma dutahura gatoyi ubukerebutsi butagira aho bugarukira uwo Mukomanda afise. Ni nde wundi yari gushobora gushiraho ivyo vyagezwe akongera agahumekera abantu ngo bandike ata makosa ibijanye n’ivyo bintu, imyaka amajana n’amajana, eka mbere n’ibihumbi imbere y’uko abanyasiyansi babitahura? Emwe, turafise koko imvo zose zibaho zo guha Yehova “ubuninahazwa n’iteka.”​—Ivyahishuwe 4:11.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 11 Birashimishije kubona Bibiliya ivuga ko isi ari umuzingi, canke imburungu nk’uko nyene ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo isi rishobora kandi guhindurwa. Arisitote be n’abandi Bagiriki bo mu bihe vya kera biyumvira ko isi ari imburungu, ariko ico kibazo caramaze imyaka ibihumbi kigiharirwako.

^ ing. 13 Iyo mvugo ngereranyo irakoreshwa akatari gake muri Bibiliya.​—Yobu 9:8; Zaburi 104:2; Yesaya 42:5; 44:24; 51:13; Zekariya 12:1.

^ ing. 22 “Akarundo k’inyenyeri ka Kima” gashobora kuba ari ka kagwi k’inyenyeri kitwa Pléiades. “Akarundo k’inyenyeri ka Kesili” na ko gashobora kuba ari ka karundo k’inyenyeri kitwa Orion. Bisaba imyaka ibihumbi mirongo kugira mwene utwo tugwi tw’inyenyeri duhinduke bimwe biboneka.

^ ing. 27 Kubera ko Yehova yakoresheje Umwana wiwe w’impwemu w’ikinege bwa “mukozi w’umuhanga” mu kurema ibintu vyose, amajambo yo muri iyo zaburi yoshobora no kwerekeza kuri uwo Mwana wiwe.​—Imigani 8:30, 31; Abakolosayi 1:15-17; Abaheburayo 1:10.

^ ing. 29 Mu kinjana ca 19, umunyasiyansi yitwa William Thomson azwi kandi kw’izina rya Lord Kelvin, yarubuye itegeko rigira kabiri rigenga ibijanye n’ubushuye (thermodynamique) risigura igituma uko haca igihe ibintu biriho bigenda birahera maze ntibibe bigikora. Kimwe mu vyatumye ashika kuri ico ciyumviro ni uko yize yitonze Zaburi 102:25-27.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 24, 25]

 Ivyiyumviro vyiwe baravyisunze cane

Igitabu kimwe (The 100​—A Ranking of the Most Influential Persons in History) kivuga giti: “Arisitote yari umufilozofe n’umunyasiyansi ahambaye kuruta abandi bose bo mu gihe ca kera.” Ntibigoye kubona igituma havugwa amajambo mwene ayo kuri uwo mugabo adasanzwe. Arisitote (uwabayeho kuva mu 384 gushika mu 322 imbere y’igihe cacu) yari umwigishwa wa wa mufilozofe rurangiranwa Pulato, mu nyuma akaba yabaye umwigisha wa wa muganwa yahavuye aba Alegizandere Mukuru. Twisunze intonde za kera, mu bintu vyinshi cane Arisitote yanditse harimwo ibitabu nka 170, muri vyo 47 bikaba bikiriho. Yaranditse ibintu vyinshi cane ku bijanye n’ibisyo vyo mu kirere, ibinyabuzima, ivya shimi (chimie), ibikoko, ivya fizike, ivy’umubumbe w’isi, n’ivy’inyifato y’abantu. Bimwebimwe mu bintu vy’ido n’ido yanditse ku bijanye n’ibinyabuzima haraciye ibinjana n’ibindi bitarasubira kwigwa no kwihwezwa. Ca gitabu twavuga kigira giti: “Mu nyuma, ivyiyumviro vyose Abanyaburaya bagendeyeko vyisunze cane ivyiyumviro vya Arisitote.” Ariko rero, congerako giti: “Arisitote yahavuye aba umuntu bemera cane ku buryo . . . bahatswe no kumusenga.”

[Abo dukesha ifoto]

Royal Astronomical Society / Photo Researchers, Inc.

Bikuwe mu gitabu A General History for Colleges and High Schools, 1900

[Ifoto ku rup. 26, 27]

Inguvu ibisyo bifise zo kwikwegerako ibintu ni zo zituma bidatana

[Abo dukesha ifoto]

NASA and The Hubble Heritage Team (AURA/STScl)

[Ifoto ku rup. 26, 27]

Akagwi k’inyenyeri kitwa “Pléiades”

[Ifoto ku rup. 28]

Inyenyeri zimwezimwe zipfa mu guturika

[Abo dukesha ifoto]

ESA/Hubble

[Ifoto ku rup. 28]

Inyenyeri nshasha ziravukira mu co twokwita iyakiriro ry’inyenyeri

[Abo dukesha ifoto]

J. Hester and P. Scowen (AZ State Univ.), NASA

[Abo dukesha ifoto ku rup. 24]

© Peter Arnold, Inc./Alamy