Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Ivyimburwa indwi” vyo muri ca gihugu ciza

“Ivyimburwa indwi” vyo muri ca gihugu ciza

“Ivyimburwa indwi” vyo muri ca gihugu ciza

MURI Bibiliya, igihugu ca Isirayeli kidondorwa ko ari igihugu c’imirambi n’imyonga, ibiyaya n’amataba, inzuzi n’imbizi. Kubera ko ico gihugu cari gifise ubwoko bw’isi n’imimerere y’ikirere bitandukanye, ushizemwo n’ubugaragwa bugadutse bwari mu bumanuko be n’imisozi yuzuyeko ibibarafu yari mu buraruko, carameramwo ibiterwa vy’ubwoko bwinshi cane. Igihe Musa yatuma Abisirayeli barushiriza kwitegana igishika ca “gihugu ciza” bagira binjiremwo, yavuze ko ari “igihugu c’ingano na sayiri n’imizabibu n’insukoni n’amakomamanga, igihugu c’imyelayo itanga amavuta menshi kikaba n’igihugu c’ubuki,” aho akaba yariko avuga ibintu indwi vyimburwa muri ico gihugu.​—Gusubira mu vyagezwe 8:7, 8. Gushika n’ubu, imvugo ngo “ivyimburwa indwi” iracakoreshwa mu kuvuga ibintu vyimburwa muri ico gihugu. Mu bihe bitandukanye, ivyo vyimburwa vyarigeze kuba biboneka ku biceri vy’ico gihugu no ku dupapuro bamadika ku makete barungika biciye kuri posita, mu kwerekana ko ico gihugu cimbuka cane. None ivyo vyimburwa vyarimwa gute mu bihe vya Bibiliya? Vyagira ico bikoze gute ku buzima bw’abantu? Reka tubirabe.

“Ingano na sayiri” Naho vyompi vyabibwa mu gatasi, sayiri yera hasigaye ukwezi kumwe ngo ingano zere. Umuganda wa sayiri yeze ubwa mbere warashikanirwa Yehova ku rusengero mu gihe c’Umusi mukuru w’imikate itambiwe, muri Ntwarante canke Ndamukiza. Ishikanwa ry’imikate y’ingano ryoryo ryatangwa muri Rusama, mu gihe c’Umusi mukuru w’amayinga, ari wo Pentekoti.​—Abalewi 23:10, 11, 15-17.

Gushika mu myaka ya vuba, abarimyi bo muri Isirayeli baramaze ibijana n’ibindi babiba imbuto n’amaboko, mu kuza baramija intete baba bashize mu gikondorero c’impuzu yabo. Intete za sayiri bapfa kuzimija hasi. Ariko intete z’ingano barinda kuzifurira, ivyo bakaba babigira mu kureka ibitungwa birima bikazihonyanga canke bakazirenzako akavu n’isuka.

Bibiliya iravuga kenshi ibijanye n’ukubiba intete, kuzimbura, kuzikubita, kuzigosora, no kuzisya. Kimwe cose muri ivyo bikorwa casaba inguvu. Buri musi, mu mihana barasya intete baba bimbuye maze bakazikoramwo imikate umuryango wikorako. Ivyo bituma dutahura igituma Yezu yatubwiye ko dukwiye gusenga dusaba “umukate” wacu w’uyu musi. (Matayo 6:11, akajambo k’epfo) Mu bihe vya Bibiliya, abantu bari bamenyereye gufungura umukate ukozwe mw’ifu y’ingano canke ya sayiri bidakoboye.​—Yesaya 55:10.

“Imizabibu n’insukoni n’amakomamanga” Aho Musa amariye imyaka 40 ayobora mu gahinga abantu b’iwabo, yarababwiye ikintu gishimishije bari biteze: bofunguye ivyamwa vyo muri ca Gihugu c’Isezerano. None imyaka mirongo ine imbere y’aho, ni igiki ba batasi cumi bazaniye Abisirayeli bari bakambitse mu gahinga kugira babereke ingene ca Gihugu c’Isezerano cimbuka cane? Bazanye “umusoko umwe w’inzabibu” uremereye cane ku buryo “babiri muri nya bagabo” bategerejwe kuwutwara “ku mwamba.” Barazanye kandi insukoni n’amakomamanga. Ese ukuntu ivyo vyatumye abo bantu bariko barayerera mu bugararwa bamiramitwa! Iyo yari imponjo y’ivyiza vyari bibarindiriye!​—Guharūra 13:20, 23.

Imirima y’inzabibu yasaba kuguma yitwararikwa, igatuturirwa, ikavomerwa, ikongera ikimburwa kugira ngo igume yama cane. Uruzabibu rwo ku mpinga y’umusozi rwitwararitswe neza rwaba rukikujwe n’uruhome rurukingira, rukaba rugizwe n’imikobeko itunganijwe neza, rukabamwo n’agasago k’umurinzi. Abisirayeli bahavuye batahura neza ibikorwa uruzabibu rusaba be n’ivyoshika ruramutse rufashwe minenegwe.​—Yesaya 5:1-7.

Iyimbura ry’inzabibu rigeze, igikorwa co guhingura umuvinyu caca gitangura. Imisoko y’inzabibu barayiganisha amaguru mu bikono canke bakayikanyira mu ruganiro rw’umuvinyu. Umutobe barashobora kuwuteka kugira ngo bawukuremwo isukari usanganywe canke bakawureka ugasha kugira ucike umuvinyu. Igihugu ca Isirayeli cari gifise ikirere n’agataka bituma igiterwa c’inzabibu kihakunda, n’umuvinyu ukoroha gukora. *

Abantu baba kure y’aho barima insukoni bashobora kuba babona gusa insukoni zumye canke zikānye. Insukoni ikiva ku giti iba itandukanye cane n’izo, kuko iba isosa ikagira n’amazi menshi. Kugira insukoni zibikike n’inyuma y’ikiringo kigufi c’iyimbura, babwirizwa kuzumisha ku zuba maze bakazitekera. Bibiliya iravuga kenshi ibijanye n’“udutsima . . . tw’insukoni zafyonzwe zikegerana.”​—1 Samweli 25:18.

Ufashe ikomamanga ihiye ukayikurako igishishwa, uca ubona utuntu twinshi twegeranye twokwita utwamwa ushobora guca urya canke ugakuramwo umutobe, kikaba ari icamwa kinovera, gitanga inguvu, kandi kirimwo ingaburo nyinshi. Kuba ibisharizo bifise imero y’ico camwa vyarigeze gushirwa ku mubuga w’impuzu y’umuherezi mukuru no ku nkingi z’urusengero rwubatswe na Salomo, birerekana ko abantu bagiha agaciro.​—Kuvayo 39:24; 1 Abami 7:20.

‘Imyelayo n’ubuki’ Bibiliya iravuga ibijanye n’umwelayo hafi incuro 60, ico camwa kikaba caratanga ibifungurwa vyinshi n’amavuta menshi. Ibiti vy’imyelayo biracaboneka henshi muri Isirayeli. (Gusubira mu vyagezwe 28:40) Gushika n’uno musi, ahatari hake iyimbura riba muri Gitugutu rirahuza imiryango. Mu kwimbura imyelayo barakubita amashami y’igiti kugira ngo bayikorore bagaca begeranya iyakorotse. Imyelayo irabikwa maze umwaka wose ugahera umuryango uyifungura canke igatwarwa kw’iganiro rusangi ry’amavuta. Washaka, mu bibanza bakoreyemwo ivy’ubucukuzi harubuwe inganiro amajana za kera z’ubwoko butandukanye. Muri iki gihe, birahimbaye kubona ukuntu imiryango iguma ihingura ayo mavuta y’ibara ry’urwatsi rubisi rikeye kugira iyakoreshe mu kiringo c’umwaka wose canke kugira iyagurishe. Uretse ukuyafungura, amavuta y’imyelayo barayisiga bakongera bakayacana mu matara.

Ubuki Musa yavuze bushobora kuba bwari ubuki bw’inzuki canke ukaba wari umutobe w’amatende n’inzabibu. Ubuki buva muri ivyo vyamwa n’ubu buracakoreshwa cane mu kwongereza uburyohe bw’ibintu. Ariko ubuki buvugwa mu nkuru zo muri Bibiliya zerekeye Samusoni na Yonatani bigaragara ko bwari ubuki bwo mw’ishamba buvuye mu kimamara. (Abacamanza 14:8, 9; 1 Samweli 14:27) Ahantu haherutse kwuburwa imizinga irenga 30 i Tel Rehov mu buraruko bwa Isirayeli, harerekana ko ubworozi bw’inzuki bwagirwa muri ico gihugu kuva mu gihe ca Salomo.

Muri iki gihe, umuntu wese afashe akanya agatembera mw’isoko yuzuyemwo ibintu yo muri Isirayeli, iyo usanga irimwo aho badandariza imikate n’amameza anihiriye ivyamwa n’imboga, arashobora kwibonera mu buryo bumwe canke ubundi ko vya “vyimburwa indwi” ari agasenga. Ariko ntiwumve, ivyo vyimburwa indwi ni bikeyi gusa mu bwoko bwinshi cane bw’ibintu vyimburwa muri ico gihugu. Ubuhinga bwa none mu vy’uburimyi bwaratumye bishoboka ko harimwa n’ibiterwa vyo mu bindi bihugu. Uwo musesekara wose urerekana ko ako gace gatoya k’isi kabereye vy’ukuri kwitwa ca “gihugu ciza.”​—Guharūra 14:7.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Inzabibu kandi barashobora kuzumisha.​—2 Samweli 6:19.

[Ifoto ku rup. 11]

Ingano

[Ifoto ku rup. 11]

Sayiri

[Ifoto ku rup. 12]

Inzabibu

[Ifoto ku rup. 12, 13]

Insukoni

[Ifoto ku rup. 12]

Amakomamanga

[Ifoto ku rup. 13]

Imyelayo

[Ifoto ku rup. 13]

Ubuki