Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba utegerezwa kuriha amakori?

Woba utegerezwa kuriha amakori?

Woba utegerezwa kuriha amakori?

NI ABANTU bake bahimbarwa no kuriha amakori. Benshi babona yuko amahera y’ikori batanga abantu bayapfisha ubusa mu kuyakoresha nabi, mu kuyakoresha ku bw’inyungu zabo bwite, canke mu kuyanyuruza imbonankubone. Ariko rero, hari abanka kuriha amakori bishimikije yuko akoreshwa mu kugirira nabi abandi. Ababa mu gisagara kimwe co mu Karere k’ibihugu vy’abarabu, mu gusigura ingingo bafashe yo kutariha amakori bavuze bati: “Ntidushobora gutanga amahera yo kugura amasasu yica abana bacu.”

Abantu benshi usanga babona ibintu muri ubwo buryo kandi ni ko vyamye. Ya ndongozi y’abahindu, umuhisi Mohandas K. Gandhi, yaravuze igituma ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamurekurira kuriha ikori, ati: “Uwushigikira Igihugu gifatwa mu mugongo n’igisirikare, yaba agishigikira mu buryo buboneka canke butaboneka, aba agize uruhara mu gicumuro. Umuntu wese, yaba umuto canke uwukuze, aragira uruhara muri ico gicumuro igihe aterereye agacumu k’ubumwe mu bijanye no kubungabunga ico Gihugu biciye ku kuriha amakori.”

Muri ubwo buryo nyene, umufilozofe wo mu kinjana ca 19 ari we Henry David Thoreau yaratanze imvo zijanye no gushigikira ikibereye kugira ngo asigure igituma atariha amakori yakoreshwa mu gushigikira intambara. Yabajije ati: “Umunyagihugu yoba ategerezwa kureka uwushinga amategeko akamufatira ingingo yari akwiye kwifatira yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima? None ijwi ryo mu mutima umuntu wese afise ryoba rimaze iki?”

Ico kibazo kiraraba abakirisu, kuko Bibiliya yigisha mu buryo butomoye yuko bakwiye kuguma bafise ijwi ryo mu mutima ridahumanye muri vyose. (2 Timoteyo 1:3) Ku rundi ruhande, Bibiliya iremera icese uburenganzira intwaro zifise bwo gutoza amakori. Ivuga iti: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru [ni ukuvuga intwaro z’abantu], kuko ata bukuru buriho bitavuye ku Mana; abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bigereranye. Hariho rero imvo ituma biba ngombwa ko muyoboka, atari gusa kubera ubwo burake, mugabo kandi kubera ijwi ryo mu mutima ryanyu. Kuko ari co gituma kandi muriha amakori; kuko ari abakozi b’Imana bakorera abantu, bama bakora ku bw’iyo ntumbero nyene. Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, mumuhe ikori.”​—Abaroma 13:1, 5-7.

Kubera ivyo, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bazwi yuko bariha amakori batagoranye, naho nyene igitigiri kinini cayo cakoreshwa mu gushigikira igisirikare. Ivyo ni ko biri no ku Vyabona vya Yehova bo mu bihe vya none. * Kubera iki none abakirisu babwirizwa kuriha amakori kandi ashigikira ibikorwa umukirisu adashobora gushigikira? Umukirisu yoba ategerezwa kwirengagiza ijwi ryiwe ryo mu mutima igihe hageze ko ariha amakori?

Amakori be n’ijwi ryo mu mutima

Birahambaye kumenya yuko igice kinaka c’amakori abakirisu bo mu kinjana ca mbere basabwa kuriha cakoreshwa mu bijanye n’igisirikare. Naho vyari ukwo, barariha ayo makori kugira ngo bagume bafise ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Ariko rero, Gandhi na Thoreau babona yuko kugira ngo bagume bafise ijwi ryo mu mutima ryiza bategerezwa kureka kuriha amakori yakoreshwa mu bijanye n’igisirikare.

Urabona ko abakirisu bagamburuka itegeko riri mu Baroma ikigabane ca 13 atari kubera gusa yuko bipfuza kwirinda guhanwa mugabo kandi “kubera ijwi ryo mu mutima rya[bo].” (Abaroma 13:5) Egome, ijwi ryo mu mutima ry’umukirisu rimusaba koko kuriha amakori, naho nyene akoreshwa mu gushigikira ibikorwa we ubwiwe yiyamiriza. Kugira ngo dutahure ivyo bintu bisa n’ibivuguruzanya, dutegerezwa kumenya ikintu nyamukuru kijanye n’ijwi ryacu ryo mu mutima, rino rikaba ritubwira nimba ivyo dukora bibereye canke bitabereye.

Umuntu wese arafise iryo jwi imbere muri we nk’uko Thoreau yabivuze, mugabo si ngombwa ngo duce turyizigira. Kugira ngo duhimbare Imana, ijwi ryacu ryo mu mutima ritegerezwa guhuza n’ingingo mfatirwako zayo zigenga ikibereye n’ikitabereye. Akenshi usanga dukeneye guhindura ivyiyumviro vyacu canke ukuntu tubona ibintu kugira ngo tubihuze n’ivy’Imana, kuko ivyiyumviro vyayo biruta ivyacu. (Zaburi 19:7) Turakwiye rero kwihatira gutahura ukuntu Imana ibona intwaro z’abantu. None izibona gute?

Twabonye yuko intumwa Paulo yavuze ko intwaro z’abantu ari “abakozi b’Imana bakorera abantu.” (Abaroma 13:6) None ivyo bisobanura iki? Muri rusangi bisobanura ko zituma mu gihugu haguma hari urutonde zikongera zigakora ibikorwa bigirira akamaro abanyagihugu. Mbere n’intwaro zononekaye kuruta izindi usanga zirangura ibikorwa bimwebimwe nko gushiraho amaposita, amashure, inzego zijejwe kuzimya umuriro n’izijejwe gutuma amategeko yubahirizwa. Naho Imana izi neza utunenge tw’ubwo butegetsi bwashizweho n’abantu, irareka bukaba buragumyeho ikongera igategeka ko turiha amakori tubitumwe n’uko twubaha iyo ndinganizo yashizeho, na yo ikaba ari iy’uko ibaye iraretse izo ntwaro kugira ngo zitegeke abantu.

Ariko rero, ukuba Imana ibaye iraretse izo ntwaro z’abantu ngo zitegeke, ni ivy’akanya gatoyi gusa. Irafise umugambi wo kuzikuraho zose ikazisubiriza Ubwami bwayo bwo mw’ijuru, amaherezo igakuraho amabi yose ubutegetsi bw’abantu bwateje umuryango w’abantu uko ibinjana vyagiye birarengana. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Ariko rero mu gihe ivyo bitarashika, Imana ntirekurira abakirisu kwisuka mu vyo kugambararira intwaro mu kwanka kuriha amakori canke mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose.

Tuvuge iki none mu gihe wobandanya kubona ko kuriha amakori ashigikira intambara ari igicumuro, nk’uko Gandhi yabibona? Nka kurya nyene turushiriza kubona neza akarere kanaka mu gihe tugiye ku gasozi, turashobora kurushiriza kuba abantu biteguriye guhindura ivyiyumviro vyacu kugira ngo tubihuze n’ivy’Imana mu kuzirikana ukuntu ibona ibintu mu buryo buri hejuru cane y’ukuntu twebwe tubibona. Imana ibicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze iti: “Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru cane y’ivyiyumviro vyanyu.”​—Yesaya 55:8, 9.

Zoba zifise ubukuru ntayegayezwa?

Inyigisho yo muri Bibiliya ijanye no kuriha amakori ntishaka kwerekana yuko intwaro z’abantu zishobora kuvuga yuko zifise ubukuru ntayegayezwa ku bo zitwara. Yezu yigishije yuko Imana iha izo ntwaro ubukuru buri n’aho bugarukira. Igihe yabazwa nimba bibereye mu maso y’Imana kuriha amakori intwaro y’Uburoma yaganza ico gihe, yishuye akoresheje aya majambo aranga ubukerebutsi agira ati: “Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”​—Mariko 12:13-17.

Intwaro, zino zikaba zigereranywa na “Sezari,” zirahingura amahera zikongera zigafasha mu vyo gushinga agaciro kayo. Ku bw’ivyo, Imana ibona ko zifise uburenganzira bwo gusaba yuko zisubizwa ayo mahera mu buryo bw’amakori. Yamara, Yezu yerekanye yuko ata rwego na rumwe rwashizweho n’abantu rushobora gusaba guhabwa “ivy’Imana,” na vyo bikaba ari ubuzima bwacu n’ugusenga kwacu. Igihe amategeko y’abantu canke ivyo basaba biteye kubiri n’amategeko y’Imana, abakirisu “[ba]tegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29.

Muri iki gihe, abakirisu boshobora kubabazwa n’ukuntu amwe mu makori batanga akoreshwa, mugabo ntibagerageza kuburabuza canke guhindura ivyo intwaro zikora mu kuzirwanya canke mu kwanka kuriha amakori. Hamwe bobigira, boba berekanye ko batizigira ukuntu Imana izotorera umuti amagorwa abantu barimwo. Aho kubigenza gutyo, bararindira bihanganye igihe Imana yashinze co kugira ico ikoze mu vyo abantu bakora ibicishije ku butegetsi bw’Umwana wayo Yezu, uwavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”​—Yohani 18:36.

Niwungukire ku gukurikiza inyigisho yo muri Bibiliya

Urashobora kuronka ivyiza bitari bike mu gukurikiza inyigisho yo muri Bibiliya ijanye no kuriha amakori. Uzokwirinda igihano kigenewe abarenga amategeko ukongera ukirinda gutinya yuko wohava ufatwa. (Abaroma 13:3-5) N’igihambaye kuruta, uzoguma ufise ijwi ryo mu mutima ridahumanye imbere y’Imana wongere uyitere iteka mu kuntu ubaho wisunga amategeko. Naho nyene woshobora guhomba amahera kanaka wigereranije n’abanka kuriha amakori canke abariha ayadakwiye, urashobora kwizigira umuhango Imana yatanze wo kwitwararika abasavyi bayo b’intahemuka. Umwanditsi wa Bibiliya Dawidi yabivuze muri ubu buryo: “Narabaye umusore, mbere ndashaje, yamara sinabonye umugororotsi yahebwe buhere, canke uruvyaro rwiwe rusēga umukate.”​—Zaburi 37:25.

Ubwa nyuma, gutahura no gukurikiza itegeko Bibiliya itanga ryo kuriha amakori bizotuma ugira amahoro yo mu mutima. Imana si wewe ibaza ibintu vyose bikorwa n’intwaro bishigikirwa n’amakori utanga, nka kurya nyene itegeko atari wewe ribaza ivyo uwo upangiye inzu akoresha amahera umuriha. Imbere y’uko umugabo yitwa Stelvio yiga ukuri kwo muri Bibiliya, yaramaze imyaka arondera kugira ivyo ahinduye mu vya politike mu bumanuko bw’Uburaya. Mu gusigura icatumye ahagarika utwigoro yariko aragira, yavuze ati: “Vyarabaye ngombwa ko nemera yuko umuntu adashobora kuzana ubutungane n’amahoro mw’isi, no gutuma abantu bunga ubumwe. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene bushobora vy’ukuri gutuma haba ikibano gitandukanye n’iki turimwo kandi kirushirije kuba ciza.”

Cokimwe na Stelvio, ‘ivy’Imana niwavyishura Imana’ udahemuka, na wewe nyene urashobora kugira ukujijuka nk’ukwo. Uzokwibonera igihe Imana izozana ubutegetsi bugororotse kw’isi yose, bugakuraho amabi n’akarenganyo vyazanywe n’ubutegetsi bw’abantu.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Ushaka kumenya amakuru ku bijanye n’ukuntu Ivyabona vya Yehova ari abantu bariha amakori, raba Umunara w’Inderetsi, wo ku wa 1 Munyonyo 2002, urupapuro rwa 12-13, ingingo ya 15; mu gifaransa ni uwo ku wa 1 Munyonyo 2002, urupapuro rwa 13, be n’uwo ku wa 1 Rusama 1996, urupapuro rwa 27, ingingo ya 7; mu gifaransa ni uwo ku wa 1 Rusama 1996, urupapuro rwa 17, ingingo ya 7.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]

Turakeneye guhindura ukuntu tubona ibintu kugira ngo tuguhuze n’ukuntu Imana ibibona kuko ivyiyumviro vyayo biruta ivyacu

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 23]

Mu kuriha amakori babigiranye ukugamburuka, abakirisu baragira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana bakongera bakerekana yuko bizigiye yuko izobaronsa ivyo bakeneye

[Amafoto ku rup. 22]

“Nimwishure Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana”

[Abo dukesha ifoto ku rup. 22]

Copyright British Museum