Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?

Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?

Ukuntu wiruhura vyoba bikugirira akamaro?

“Mugume mwiyemeza neza ivyemerwa ku Mukama ivyo ari vyo.”​—EF. 5:10.

1, 2. (a) Ijambo ry’Imana ryerekana gute yuko Yehova yipfuza ko tunezererwa ubuzima? (b) Kubona ko ukwiruhura ari “ingabirano y’Imana” bizotuvyurira umutima wo gukora iki?

MURI Bibiliya, turahasanga amajambo yerekana ko Yehova atipfuza gusa ko tubaho, mugabo kandi ko yipfuza yuko tunezererwa ubuzima. Nk’akarorero, muri Zaburi 104:14, 15 havuga yuko Yehova atuma “ibifungurwa bisokoroka biva mw’ivu, n’umuvinyu unezereza umutima w’umuntu buntu, ngo akayanganishe mu maso amavuta, n’umukate utunga umutima w’umuntu apfa.” Ego cane, Yehova aratuma ibiterwa bikura bigatanga intete, amavuta, n’umuvinyu kugira ngo bitubesheho. Mugabo kandi umuvinyu ‘uranezereza umutima.’ Uretse ko utuma turonka ivyo dukeneye kugira ngo tubeho, uratuma kandi tunezerwa. (Umus. 9:7; 10:19) Vyemere, Yehova yipfuza ko tunezerwa, imitima yacu ikanengesera “urweze.”​—Ivyak. 14:16, 17.

2 Ku bw’ivyo, ntidukwiye kwiyagiriza igihe tuza turacishamwo tugategekanya umwanya wo “[kwihweza] neza inyoni zo mu kirere” n’“amashurwe y’amalisi yo mw’itongo” canke umwanya wo gukora ibindi bikorwa bituruhurira bikongera bigatuma ubuzima bwacu burushiriza kumera neza. (Mat. 6:26, 28; Zab. 8:3, 4) Ubuzima bumeze neza ni “ingabirano y’Imana.” (Umus. 3:12, 13) Kubona ko umwanya wo kwisamaza ari kimwe mu bigize iyo ngabirano bizotuvyurira umutima wo kuwukoresha mu buryo buzohimbara nyene kuyitanga. *

Kwiruhura mu buryo butandukanye ariko tukagira aho tugarukiriza

3. Ni kubera iki kuba abantu bahitamwo kwiruhura mu buryo butandukanye ari ikintu cumvikana?

3 Ababona ivyo kwiruhura mu buryo bubereye bariruhura mu buryo butandukanye ariko kandi bagatahura yuko bakwiye kugira aho bagarukiriza. Uti kubera iki? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze tugereranye ukwinezereza n’ibifungurwa. Abantu usanga bakunda ibifungurwa bitandukanye bivanye n’aho baba. Nkako, ivyo abantu bo mu karere kamwe bakunda cane vyoshobora kuba bitaryohera abantu bo mu kandi karere. Muri ubwo buryo nyene, ivyo abakirisu bo mu gace kamwe k’isi babona ko ari ukwiruhura guhimbaye, vyoshobora kudashimisha abakirisu bo mu kandi gace. Mbere no mu bakirisu baba mu karere kamwe, ivyo umwe yoshobora kuba abona ko biruhura (nko gusoma igitabu kiryoshe), uwundi yoshobora kubona ko ari ikintu kirambira; ivyo umwe yoshobora kuba abona ko bimuruhurira (nko kuratira ijisho ahantu hanaka ari kw’ikinga), uwundi yoshobora kubona ko ari ikintu kiruhisha. Naho ari ukwo, turemera yuko mu bintu bimwebimwe nk’ibifungurwa be n’ukwiruhura, abantu bashobora guhitamwo no gukunda ibintu bitandukanye.​—Rom. 14:2-4.

4. Ni kubera iki dukwiye kwishingira uturimbi ku bijanye n’uburyo bwo kwiruhura duhitamwo? Bitangire akarorero.

4 Ariko rero, turatahura kandi yuko kuba abantu bashobora guhitamwo kwiruhura mu buryo butandukanye bitabaha uburenganzira bwo kurenza urugero. Kugira ngo tubitangire akarorero, dusubire turimbure ka karorero kajanye n’ibifungurwa. Naho twoshobora kuba twipfuza gufungura ibifungurwa bitandukanye, ntitwofungura n’ibigirankana ibifungurwa biboze. Gufungura ivyo bifungurwa coba ari ikintu kitumvikana kandi vyoshobora kubangamira amagara yacu. Muri ubwo buryo nyene, naho twoshobora kuba dufise uburyo bwiza butandukanye bwo kwinezereza, ntitwokora ibikorwa bijanye no kwisamaza bishobora kubangamira ubuzima bwacu, birangwa ubukazi, canke vyonona ingeso runtu. Dukoze ibikorwa nk’ivyo twoba turenze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kandi vyobangamira amagara yacu yo mu buryo bw’umubiri n’ayo mu buryo bw’impwemu. Kugira ngo twiyemeze neza ko tutarenga uturimbi, vyoba vyiza tumenye imbere y’igihe nimba ibikorwa bimwebimwe bijanye n’ukwiruhura bidushimisha ari ngirakamaro canke atari ngirakamaro. (Ef. 5:10) Twobigenza gute none?

5. Dushobora gute kumenya nimba uburyo twiruhura buhuza n’ingingo mfatirwa z’Imana?

5 Kugira ngo ukwiruhura kutugirire akamaro kandi kube uguhimbaye imbere y’Imana, gutegerezwa guhuza n’ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ry’Imana. (Zab. 86:11) Kugira ngo umenye nimba ari ukwo biri ku bijanye n’uburyo bunaka bwo kwiruhura woba ukunda, woshobora gusuzuma urutonde rusanzwe. Urwo rutonde rugizwe n’ibibazo bitatu bishobora kuvugwa muri make muri aya majambo: Ibiki, ryari, bande. Nimuze twihweze rimwerimwe ukwaryo.

Ukwo kwiruhura kugizwe n’ibiki?

6. Ni ukwinezereza ukuhe dutegerezwa kwiyamiriza, kandi kubera iki?

6 Imbere y’uko duhitamwo uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kwinezereza, dukwiye kwibaza duti: ‘Ukwo kwisamaza kugizwe n’ibiki?’ Uko urondera inyishu, vyoba vyiza ugumye wibuka ko muri rusangi ukwinezereza kuri mu migwi ibiri. Uwa mbere ugizwe n’ibintu tutokwigera dukora; uwa kabiri ugizwe n’ibintu twoshobora guhitamwo gukora. None uwo mugwi wa mbere ni uwuhe? Muri iyi si irangwa ububisha, uburyo bwinshi bwo kwinezereza usanga bugizwe n’ibikorwa bihonyanga imbonankubone ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya canke birenga ku mategeko y’Imana. (1 Yoh. 5:19) Abakirisu b’ukuri bariyamiriza bashikamye mwene ubwo buryo bwose bwo kwinezereza. Aho harimwo ukwinezereza kwerekana ivyo gusinzikaza ubuzima ata kagongwe, ivy’amadayimoni, ivy’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina, amashusho yerekana ubushegabo canke ubukazi, kibure ayahayagiza ayandi mabi hamwe n’ubusambanyi. (1 Kor. 6:9, 10; soma Ivyahishuwe 21:8.) Aho twoba turi hose, tuba tweretse Yehova ko ‘tuzinukwa ikibi’ mu kwirinda ukwinezereza nk’ukwo.​—Rom. 12:9; 1 Yoh. 1:5, 6.

7, 8. Dushobora gute gusuzuma yuko uburyo bunaka bwo kwinezereza bwoba bubereye? Bitangire akarorero.

7 Umugwi ugira kabiri w’ibikorwa bijanye n’ukwisamaza ugizwe n’uburyo bwo kwinezereza budashingiye ku bikorwa Ijambo ry’Imana ryiyamiriza mu buryo butomoye. Mu bihe nk’ivyo, imbere y’uko duhitamwo ukwo kwinezereza, turakwiye gusuzuma twitonze ivyo bikorwa twisunze ukuntu Yehova abona ibibereye, nk’uko vyerekanwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Imig. 4:10, 11) Dukwiye guca dufata ingingo ituma tuguma dufise ijwi ryo mu mutima ryiza. (Gal. 6:5; 1 Tim. 1:19) None twobigenza gute? Zirikana iki kintu: Imbere y’uko dufungura ibifungurwa tutarigera turya, twobanza kurondera kumenya ibintu nyamukuru bibigize. Muri ubwo buryo nyene, imbere y’uko twiruhura mu buryo bunaka, turakeneye gutohoza ibintu nyamukuru bigize ukwo kwiruhura.​—Ef. 5:17.

8 Nk’akarorero, woshobora kuba ukunda inkino zijanye no kwinonora imitsi, kandi kuba zigushimisha ni ikintu cumvikana. Inkino zo kwinonora imitsi zirashobora kuduhimbara no kuturyohera. Ariko none tuvuge iki mu gihe ushimishwa n’inkino zimwezimwe zivyura uguhiganwa kurimwo ubukazi, zishira ubuzima bw’abantu mu kaga, zishobora rwose gutuma bavunagurika, zirangwa no kwigina intsinzi mu buryo burimwo urwamo rwinshi, zituma abantu bagaragaza agatima ko kwishimira igihugu, canke zirangwa n’ibindi bintu nk’ivyo? Umaze gusuzuma ibintu birangwa muri izo nkino, birashoboka rwose ko woshika ku ciyumviro c’uko ukwo kwiruhura kudahuza n’ukuntu Yehova yiyumvira be n’ubutumwa bw’amahoro n’urukundo tubwira abandi. (Yes. 61:1; Gal. 5:19-21) Ariko rero, nimba ibikorwa binaka bijanye no kwisamaza bigizwe n’ibintu bibereye imbere ya Yehova, ukwiruhura nk’ukwo kwoshobora rero kukugirira akamaro kukongera kugatuma wumva uruhuriwe.​—Gal. 5:22, 23; soma Abafilipi 4:8.

Niruhura ryari?

9. Inyishu dutanga ku kibazo kibaza ngo ‘Nzokwiruhura ryari?’ ihishura iki?’

9 Ikibazo kigira kabiri ukwiye kwibaza ni iki: Ryari? Turakeneye rero kwibaza duti: ‘Nzokwiruhura ryari kandi nzomara umwanya ungana iki ndiko ndiruhura?’ Inyishu dutanga kuri ca kibazo kibaza ngo ibiki? irahishura vyinshi ku bijanye n’agatima dufise, ni ukuvuga ivyo tubona ko bibereye be n’ivyo tubona ko bitabereye. Ariko rero, inyishu dutanga kuri ico kibazo kibaza ngo ryari? yerekana ivyo dushira imbere y’ibindi, ni ukuvuga ivyo tubona ko bihambaye be n’ivyo tubona ko bidahambaye. Dushobora gute none kumenya yuko urugero dushikanako mu kubona ko uburyo bwacu bwo kwinezereza buhambaye rwoba rubereye?

10, 11. Amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 6:33 adufasha gute kumenya umwanya twomara turiko turiruhura?

10 Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mrk. 12:30) Ku bw’ivyo, gukunda Yehova ni vyo dushira imbere mu buzima bwacu. Turerekana yuko ivyo ari ukwo biri mu gukurikiza inkeburo Yezu yatanze igira iti: “Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” (Mat. 6:33) Ayo majambo ashobora gute kudufasha kumenya umwanya dukwiye kumara turiko turiruhura be n’agaciro dukwiye kubiha?

11 Zirikana iki kintu: Yezu yaduhanuye ‘kuguma tubanza kurondera ubwami.’ Ntiyatubwiye ‘kuguma turondera gusa ubwami.’ Biragaragara yuko Yezu yari azi ko twokeneye kurondera ibintu vyinshi mu buzima kiretse Ubwami. Turakeneye uburaro, ibifungurwa, ivyambarwa, kwiga amashure y’ishimikiro, akazi, ukwiruhura, n’ibindi n’ibindi. Ariko rero, mu bintu vyose turondera, ikintu kimwe gusa ni co kiza imbere, na co kikaba ari ukwitwararika ivyungura Ubwami. (1 Kor. 7:29-31) Ukwo kuri kw’ishimikiro kurakwiye kutuvyurira umutima wo gukurikirana ibikorwa vyacu biza mu kibanza kigira kabiri, harimwo n’ukwiruhura, ku buryo vyotuma dushobora kurangura igikorwa cacu nyamukuru, na co kikaba ari ukwitwararika ivyungura Ubwami. Tubigenjeje gutyo, ukwiruhura kurashobora kutugirira akamaro.

12. Ingingo ngenderwako dusanga muri Luka 14:28 ishobora gute gushirwa mu ngiro ku bijanye n’ukwiruhura?

12 Ku bw’ivyo rero, igihe tugomba kumara umwanya turiko turiruhura, vyoba vyiza duharuye imbere y’igihe ico vyotwara. (Luka 14:28) Turakeneye kumenya umwanya igikorwa kinaka kijanye no kwisamaza kizodutwara. Ubukurikira, dutegerezwa gushinga umwanya ubereye ico gikorwa. Mu gihe ukwiruhura kunaka kuzotuma dufata minenegwe ibikorwa bihambaye nko kwiyigisha Bibiliya, ugusenga kwo mu muryango, ukwitaba amakoraniro ya gikirisu, canke kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, ukwo kwiruhura ntikwoba kubereye. (Mrk. 8:36) Mugabo nimba ibintu bijanye no kwisamaza dukora rimwerimwe bituma turonka utuguvu two kubandanya twitwararika ivyungura Ubwami, twoshobora gushika ku ciyumviro c’uko umwanya tumara turiko turiruhura muri ubwo buryo ubereye.

Nifatanya na bande?

13. Ni kubera iki dukwiye kurimbura twitonze abo twifatanya mu kwiruhura?

13 Ikibazo kigira gatatu ukwiye kwibaza ni iki: Bande?, ni ukuvuga ‘Nipfuza kuba ndi kumwe na bande mu bikorwa vyanje bijanye no kwisamaza?’ Birahambaye kurimbura uwo muce ujanye no kwiruhura. Kubera iki? Ukuntu abo twifatanya bameze biragira ikintu kinini bikoze ku kwiruhura kwacu. Nka kurya nyene gufungura ibifungurwa usanga birushiriza kuba ibihimbaye igihe umuntu abifungura ari kumwe n’abagenzi beza, ni ko no kwiruhura akenshi usanga birushiriza kuba ibiteye umunezero igihe umuntu abigira ari kumwe n’abantu beza. Ku bw’ivyo, kuba benshi muri twebwe, na canecane abakiri bato, baryoherwa no kwiruhura bari kumwe n’abandi ni ikintu cumvikana. Ariko rero, kugira ngo wiyemeze neza ko igikorwa kinaka kijanye n’ukwiruhura kizokugirira akamaro, vyoba biranga ubukerebutsi umenye imbere y’igihe abantu ukwiye guhitamwo ngo muzobe muri kumwe be n’abo ukwiye kwirinda.​—2 Ngo. 19:2; soma Imigani 13:20; Yak. 4:4.

14, 15. (a) Yezu yatanze akarorero akahe mu bijanye no guhitamwo abantu babereye twokwifatanya? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza ku bijanye n’abo twifatanya?

14 Gukurikiza akarorero ka Yezu mu bijanye no guhitamwo abo twifatanya bizodufasha cane. Kuva mu gihe c’irema, Yezu yarakunda abantu. (Imig. 8:31) Igihe yari ng’aha kw’isi, yaritwararika abantu bose abigiranye urukundo. (Mat. 15:29-37) Ariko rero, Yezu yarashize akarimbi hagati yo kwifata kigenzi no kuba umugenzi somambike. Naho yifata kigenzi ku bantu muri rusangi, abashitsa ibisabwa binaka ni bo gusa yagiranira na bo ubugenzi somambike. Yezu yabwiye intumwa ziwe 11 z’intahemuka ati: “Muri abagenzi banje nimba mukora ico ndabategetse.” (Yoh. 15:14; raba kandi Yohani 13:27, 30.) Abantu bonyene Yezu yagira abagenzi bari abamukurikira bakongera bagakorera Yehova.

15 Ku bw’ivyo rero, igihe urimbura nimba ukwiye canke udakwiye guhitamwo umuntu munaka ngo akubere umugenzi somambike, vyoba vyiza ugumye wibuka ayo majambo ya Yezu. Niwibaze uti: ‘Uwu muntu yoba yerekana mu vyo avuga no mu vyo akora yuko agamburuka amategeko ya Yehova na Yezu? Yoba yisunga ingingo ngenderwako zigenga ikibereye n’ikitabereye zishingiye kuri Bibiliya nk’izo nisunga? Kuba ndi kumwe na we vyoba bizondemesha gushira Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima no kuba umusavyi wa Yehova w’intahemuka?’ Nimba uzi neza yuko inyishu z’ivyo bibazo ari ego, urafise umuntu mwiza mwofatanya kwisamaza.​—Soma Zaburi 119:63; 2 Kor. 6:14; 2 Tim. 2:22.

Ukwiruhura kwacu kwoba gukwije ibisabwa?

16. Dukeneye kumenya iki ku bijanye n’ukwinezereza kwacu?

16 Twarimbuye muri make imice itatu igize ukwinezereza, na yo ikaba ari iyi: ukuntu kumeze, umwanya dukoresha, be n’abo twifatanya. Kugira ngo ukwinezereza kwacu kutugirire akamaro, gukwiye guhuza cane n’ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zijanye n’umwumwe wose muri iyo mice. Ku bw’ivyo, imbere y’uko twiruhura mu buryo bunaka, turakeneye kubanza kuraba ko ukwo kwiruhura gukwije ibisabwa. Ku bijanye n’ukuntu kumeze, twipfuza kumenya iki kintu: ‘Ukwo kwiruhura kugizwe n’ibiki? Kwoba kubereye canke kuronona inyifato runtu?’ (Imig. 4:20-27) Ku bijanye n’umwanya dukoresha, twipfuza kumenya iki kintu: ‘Nomara umwanya ungana gute muri ukwo kwiruhura? Uwo mwanya woba ubereye canke ntubereye?’ (1 Tim. 4:8) Ku bijanye n’abo twifatanya na ho, turakeneye kumenya iki kintu: ‘Ni bande tuzoba turi kumwe mu kwinezereza? Abo bantu boba ari beza canke ni babi?’​—Umus. 9:18; 1 Kor. 15:33.

17, 18. (a) Twomenya gute nimba ukwinezereza kwacu guhuza n’ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya? (b) Wiyemeje gukora iki wewe ubwawe ku bijanye n’ukuntu uhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

17 Mu gihe uburyo bunaka bwo kwinezereza budahuza n’ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya mu muce uwo ari wo wose muri iyo itatu, ntikuba gukwije ibisabwa. Ariko rero, nitwiyemeza neza yuko ivyo dukora mu kwisamaza bihuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya muri iyo mice uko ari itatu, ukwiruhura kwacu kuzoninahaza Yehova kwongere kutugirire akamaro.​—Zab. 119:33-35.

18 Ku bw’ivyo rero, ku bijanye n’ukwiruhura, nimuze twihatire gukora ikintu kibereye mu mwanya ubereye kandi turi kumwe n’abantu babereye. Ese rero umwumwe wese muri twebwe yogira icipfuzo kivuye ku mutima co gukurikiza iyi mpanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana”!​—1 Kor. 10:31.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Muri iki kiganiro, imvugo ngo “ukwiruhura” hamwe n’“ukwinezereza” zikoreshwa kumwe mu kwerekeza ku mwanya dutegekaniriza ibikorwa vyo kwisamaza bituma tugira agahimbare.

Woshobora kubisigura?

Ku bijanye n’ukwiruhura, woshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako dusanga . . .

• Mu Bafilipi 4:8?

• Muri Matayo 6:33?

• Mu Migani 13:20?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Igicapo ku rup. 9]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Ibiki

[Igicapo ku rup. 10]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Ryari

[Igicapo ku rup. 12]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Bande

[Ifoto ku rup. 10]

Twokwigana gute akarorero ka Yezu mu bijanye no guhitamwo abagenzi bacu be n’ivyo dukora mu kwisamaza?